Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umusore yagaragaje umutima rugabo

Umusore yagaragaje umutima rugabo

Ku bw’urwaruka rwacu

Umusore yagaragaje umutima rugabo

Ibimenyeshejwe: Uyu mwimenyerezo, nuwukorere ahantu hatekanye. Igihe usoma ivyanditswe, nubone yuko ufise uruhara muri ivyo biriko biraba. Niwihe ishusho y’ibiriko biraba, wumve amajwi. Nugire inyiyumvo nk’iz’abantu nyamukuru bavugwa muri iyo nkuru. Nutume iyo nkuru uriko urasoma iba nzima.

NIWIHWEZE IBIRIKO BIRABA.​—SOMA 1 SAMWELI 17:1-11, 26, 32-51.

Dondora ukuntu Goliyati yari ameze be n’ingene yavuga nk’uko wewe uvyiyumvira.

___________

Naho Dawidi atari mu ngabo z’Abisirayeli, ni igiki catumye aja kurwana na Goliyati? (Raba umurongo wa 26.)

___________

Ni imvo izihe zatuma Dawidi yizigira yuko Yehova yomufashije? (Subira usome umurongo wa 34-37.)

___________

NURUSHIRIZE KWIMBA.

Ukoresheje ibikoresho vy’ubushakashatsi ushobora kuronka, nugerageze kwerekana

(1) Uburebure Goliyati yari afise. (1 Samweli 17:4)

Amatambwe atandatu y’ukuboko uciriye mu nkokora n’itambwe ry’intoke rimwe = ___________.

(2) Uburemere bw’umwinjiro ukozwe mu muringa, ni ukuvuga ikoti y’ivyuma Goliyati yambara. (1 Samweli 17:5)

Shekeli 5.000 z’umuringa = _____________.

(3) Uburemere bw’umuhunda w’uruti rw’icumu rya Goliyati. (1 Samweli 17:7)

Shekeli 600 z’ivyuma = _____________.

NUSHIRE MU NGIRO IVYO WIZE. ANDIKA IVYO WIZE KU VYEREKEYE . . .

Umutima rugabo.

___________

Ukwizigira Yehova aho kwizigira inkomezi zawe bwite.

___________

UBUNDI BURYO BWO KUBISHIRA MU NGIRO.

Ni intambamyi izihe zimeze nka Goliyati usanga ubwawe utegerezwa guhangana na zo?

___________

Ni ibintu ibihe (wiboneye canke vyabonywe n’abandi) bigukura amazinda yuko Yehova atazoguheba?

__________

KU BIJANYE N’IYI NKURU, NI IGIKI UBONA GIHAMBAYE CANE KURI WEWE, KANDI KUBERA IKI?

___________