Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Imana yabona gute umugenzo wo kuragurira ku nyenyeri mu Bisirayeli?

Twisunze ibivugwa n’inyizamvugo imwe, ukuragurira ku nyenyeri ni “icigwa cerekeye ukuntu imibumbe, izuba, ukwezi be n’inyenyeri vyiyunguruza, umuntu akabigira yiyumvira ko ukwo kwiyunguruza kugira ico gukoze ku buzima bw’abantu.” Uko isi izunguruka izuba buri mwaka, uburundo bw’inyenyeri busa n’ubwiyunguruza kubera ko ukuntu isi iba ihagaze kuza kurahinduka. Kuva mu bihe vya kera, abantu baritegereza ayo mahinduka kandi bakayaha insobanuro ikomeye.

Bishoboka ko ivyo kuragurira ku nyenyeri vyoba vyakomotse mu Banyababiloni ba kera, bano bakaba barasenga inyenyeri be n’uturundo twazo. Ubwo buryo bwo gusenga bwahavuye butangura kugirwa n’Abisirayeli igihe bakevya bakava ku gusenga kw’ukuri. Gushika mu gihe c’Umwami Yosiya w’Ubuyuda, ukuragurira ku nyenyeri kwari kumenyerewe cane mu gihugu. Ukuntu Imana yabona ivyo bintu kwari gutomoye. Nk’ibinjana bingahe imbere y’aho, rya Tegeko rya Musa ryari ryarabujije ivy’ugusenga inyenyeri kandi uwabirengako yahabwa igihano co gupfa.​—Gusubira mu vyagezwe 17:2-5.

Mu ngingo Umwami Yosiya yafashe mu gutunganya busha ibijanye n’imigenzo y’idini ry’Abayuda, harimwo ukubuza ivyo gushikanira ibimazi “izuba n’ukwezi n’uburundo bg’inyenyeri, ari zo ngabo zose zo kw ijuru.” Inkuru yo muri Bibiliya ivuga ko uwo mwami yakoze ico kintu kubera yuko yipfuza ‘gukurikira Uhoraho no kwitondera ivyagezwe vyiwe.’ (2 Abami 23:3-5) Ivyo birabera akarorero mbere n’abantu bo muri kino gihe bipfuza gusenga Imana “mu mpwemu no mu kuri.”​—Yohani 4:24.

“Bene Zeyu” bavugwa mu Bikorwa 28:11 bari bande?

Igitabu co muri Bibiliya c’Ibikorwa kiravuga yuko igihe intumwa Paulo yari mu rugendo aja i Roma, yavuye i Malita ashika i Puteyoli ari mu bwato bwariko igishusho co ku mpanza kivuga ngo “Bene Zeyu.” (Ibikorwa 28:11) Mwene ico gishusho cari kimenyerewe cane n’abantu ba kera bagendesha amato be n’ingenzi za kera.

Twisunze ibivugwa n’imigani y’ibitito y’Abagiriki n’Abaroma, Zeyu (ikaba kandi yitwa Jipiteri) be na Léda zari zifise abana b’abahungu b’amahasa, ari bo Castor na Pollux. Mu vyo abo “Bene Zeyu” bavugwako, harimwo ukuba bari abagendesha ubwato ba karuhariwe, bafise ububasha ku muyaga no ku bisebuzi. Ku bw’ivyo, bahavuye basengwa bwa bimana bikingira abagendesha ubwato. Ingenzi zarabashikanira ibimazi zikongera zikabatakambira ngo bazikingire mu gihe c’ibihuhusi. Abantu muri rusangi baremera ko izo mana z’amahasa ziyerekana zikongera zikerekana ububasha bwazo bwo gukingira biciye ku muriro witiriwe umweranda Elmo, uno ukaba wari ugizwe n’udusase tw’umuravyo twaboneka ku miringoti y’ubwato mu gihe c’igihuhusi.

Ugusenga Castor na Pollux kwari kwarakwiragiye mu Bagiriki n’Abaroma, kandi igitabu kimwe ca kera kiravuga mu buryo budasanzwe ko kwagirwa mu ntara yo hafi ya Sireni, mu buraruko bwa Afirika. Ubwo bwato buvugwa mu Bikorwa bwari ubwo mu micungararo ya Alegizanderiya, mu Misiri.

[Ifoto ku rup. 9]

Inkingi y’ikibuye y’i Babiloni iriko Umwami Nazimaruttash hamwe n’uburundo bw’inyenyeri

[Ifoto ku rup. 9]

Igiceri c’idenariyo kiriko ishusho ya “Bene Zeyu,” co mu mwaka wa 114-113 B.G.C.

[Abo dukesha amafoto ku rup. 9]

Inkingi y’ikibuye: Réunion des Musées Nationaux/Art Resource, NY; igiceri: Tugikesha Classical Numismatic Group, Inc./cngcoins.com