Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imvo zitanu zikwiye gutuma dutinya Imana ntidutinye abantu

Imvo zitanu zikwiye gutuma dutinya Imana ntidutinye abantu

Imvo zitanu zikwiye gutuma dutinya Imana ntidutinye abantu

UWO musore yari anezerewe cane kandi atangaye. Ivyari bihejeje kuba ntiyari avyiteze na gatoyi. Ikiganiro yagiranye n’Ivyabona vya Yehova babiri cari camuhumuye amaso. Yari amaze imyaka n’iyindi avurugwa n’ikibazo kijanye n’igituma Imana ireka hakabaho ugucumukura, yamara cari gihejeje kwishurwa mu buryo butomoye hakoreshejwe Bibiliya. Ntiyari azi ko Bibiliya irimwo amakuru menshi y’agaciro kandi yeza umutima nk’ayo.

Haheze iminuta mikeya abo bashitsi bagiye, umugore nyene iyo nzu yabamwo yaciye aza marimari no mu cumba ciwe maze amubaza yaratse ati: “Barya bantu bari bande?”

Kubera yuko uwo musore yari atewe atiteguye, ntiyashoboye kwishura.

Wa mugore yaciye avuga akankama ati: “Ndazi abo ari bo, kandi niwasubira kubareka ngo baze ng’aha, uzoca uhava maze urondere ahandi uja kuba!”

Yaciye akubitako umuryango aca aragenda.

Abayoboke ba Kristu b’ukuri baritega ukurwanywa

Ivyo vyashikiye uwo musore ni ibintu bimenyerewe. Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga riti: “Abo bose bipfuza kubaho mu kwihebera Imana bifatanije na Kristu Yezu na bo nyene bazohamwa.” (2 Timoteyo 3:12) Abakirisu b’ukuri muri rusangi ntibakundwa na bose, eka mbere ntibigeze bakundwa na bose. Uti kubera iki? Intumwa Yohani yabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Turazi yuko dukomoka ku Mana, mugabo isi yose iri mu bubasha bwa wa mubi.” Shetani wa Mubesheranyi adondorwa kandi ko ari “intambwe yivuga, arondera kurotsa umuntu.” (1 Yohani 5:19; 1 Petero 5:8) Ugutinya abantu ni kimwe mu birwanisho akoresha akaroranirwa.

Mbere na Yezu Kristu, uwakoze ivyiza vyinshi cane kandi atigeze akora igicumuro, yaracokowe yongera arahamwa. Yavuze ati: “Banyankiye ubusa.” (Yohani 15:25) Mw’ijoro rya buca apfa, yarateguye abayoboke biwe muri aya majambo agira ati: “Isi ibanse, muramenya ko yanyanse imbere y’uko ibanka. Mwibuke ijambo nababwiye: Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.”​—Yohani 15:18, 20.

Kubera ayo majambo yababwiye, benshi baratinye gushigikira ugusenga kw’ukuri. Ku bijanye n’abantu igihe kimwe bariko bararondera Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Ariko rero, nta n’umwe yavuga ivyiwe ku mugaragaro kubera ugutinya Abayuda.” (Yohani 7:13; 12:42) Umuntu wese yahirahira ngo yizere Kristu, indongozi z’idini zo muri ico gihe zaca zimutera ubwoba zimubwira ko azoca aharirwa ivomo. Ku bw’ivyo, ugutinya abantu kwaratumye abenshi bataba abakirisu.​—Ibikorwa 5:13.

Mu nyuma, ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa, turasoma ivyerekeye “uruhamo rukomeye” rwashikiye iryo shengero ryari i Yeruzalemu. (Ibikorwa 8:1) Nkako, hirya no hino mu Nganji y’Abaroma, abakirisu barashikiwe n’amakuba. Abantu bakomakomeye b’i Roma babwiye intumwa Paulo bati: “Ku bijanye n’uwo muce tuzi yuko hose uvugwa nabi.” (Ibikorwa 28:22) Ego cane, abakirisu b’ukuri bararwanywa mu mihingo myinshi.

No muri iki gihe nyene, Shetani aracakoresha ugutinya abantu bwa kirwanisho co gutuma benshi badacika abayoboke b’ukuri ba Kristu. Abantu b’umutima nziraburyarya bariko barigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova bararwanywa canke bagatyekezwa kw’ishure, ku kazi, mu kibano canke bikagirwa n’incuti zabo. Boshobora gutinya gutakaza icubahiro, abagenzi canke imfashanyo baronka y’ivy’umubiri. Mu turere tumwetumwe two hagati mu gihugu, abarimyi baratinya ko ababanyi boshobora kwanka kubafasha mu bijanye no kwimbura canke gukingira ibitungwa vyabo. Ariko rero naho hariho abagira ubwo bwoba, abantu amamiliyoni baragize umwiyemezo wo kwizigira Imana be no kubaho bisunga Ijambo ryayo, ivyo bakabigira mu kwigana Yezu Kristu. Yehova yarabibahezagiriye.

Igituma dukwiye gutinya Imana ntidutinye abantu

Bibiliya iduhimiriza gutinya Imana, ntidutinye abantu. Ivuga iti: “[“Ugutinya,” NW] Uhoraho n’itanguriro ry’ubgenge.” (Zaburi 111:10) Ukwo gutinya, si uguhinda agashitsi, ahubwo ni uguhagarikwa umutima vy’ukuri n’uko twohava tudahimbara uwaduhaye ubuzima. Ukwo gutinya Imana kurafitaniye isano cane n’ukuyikunda. Ariko none, ni kubera iki dukwiye gutinya Imana ntidutinye abantu? Reka turimbure imvo zitanu.

1 Yehova ni we Musumbavyose. Yehova arafise ububasha burengeye kure n’iyo ubw’umuntu uwo ari we wese. Dutinye Imana, tuba tugiye ku ruhande rwa Mushoboravyose, umwe kuri we “amahanga ameze nk’ima ry’amazi riri mu mubindi.” (Yesaya 40:15) Kubera yuko Imana ishoboye vyose, irafise ububasha bwo gutsinda ‘ikirwanisho cose cacuriwe kurwanya’ abantu b’intahemuka kuri yo. (Yesaya 54:17) Vyongeye, kubera yuko ari yo izoshinga ababereye kuronka ubuzima budahera abo ari bo, tuba tubaye inkerebutsi tutaretse ngo hagire ikintu na kimwe kitubuza kwiga ibiyerekeye no gukora ivyo igomba.​—Ivyahishuwe 14:6, 7.

2Imana izodufasha yongere idukingire. Mu Migani 29:25, Bibiliya ivuga iti: “Gutinya abantu n’ukwitega umutego, arik’uwizigira Uhoraho azoba amahoro.” Ugutinya abantu ni umutego kubera yuko bishobora gutuma dutinya kumenyesha icese ko twizeye Imana. Imana iradukura amazinda ku bijanye n’ububasha bwayo bwo kurokora iti: “Ntutinye, kuko ndi kumwe nawe; ntukihebure, kuko nd’Imana yawe: nzogukomeza, nzogutabara, mbere nzokuramira n’ukuboko kw’i buryo kw’ukugororoka kwanje.”​—Yesaya 41:10.

3Imana irakunda abayiyegereza. Intumwa Paulo yaranditse aya majambo akora ku mutima, ati: “Najijutse yuko rwaba urupfu, canke ubuzima, canke abamarayika, canke intwaro, canke ibiriho ubu, canke ibizoza, canke ububasha, canke uburebure bw’igihagararo, canke ubwimbike, canke ikindi caremwe cose, ata kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Abaroma 8:37-39) Twize kwizigira no kugamburukira Imana, turashobora kwungukira ku rukundo rudahera rwa Segaba w’ijuru n’isi. Mbega agateka!

4Turakenguruka ivyo Imana yadukoreye vyose. Yehova ni Umuremyi wacu, akaba ari na we yatumye ubuzima bushoboka. Vyongeye, ntiyaduhaye gusa ivyo dukeneye mu buzima, ariko kandi yaraduhaye n’ibintu bituma ubuzima buba uburyoshe n’ubushimishije. Mu vy’ukuri, ni we Sôko ry’ingabirano nziza yose. (Yakobo 1:17) Dawidi, uno akaba yari umuntu w’umwizigirwa yakenguruka ubuntu budahemuka bw’Imana, yanditse ati: “Uhoraho, Mana yanje, ibikorwa bitangaje wakoze ni vyinshi, bo n’ivyo wiyumvira kutugirira . . . birenze uko vyoharūrwa.”​—Zaburi 40:5.

5Abaturwanya bamwebamwe boshobora guhinduka. Urashobora gufasha abakurwanya, atari mu guhemuka, ahubwo mu kwumira kwawe ku gutinya Imana be no ku rukundo uyifitiye. Rimbura ivyashikiye incuti za Yezu. Mu ntango, ntibamwizera, ahubwo bavuga bati: “Yasaze.” (Mariko 3:21; Yohani 7:5) Mu nyuma, Yezu amaze gupfa akongera akazuka, abenshi muri bo baracitse abemera. Bene wabo na Yezu bari basangiye se ari bo Yakobo na Yuda, baranagize uruhara mu kwandika ibitabu vyo muri Bibiliya. Hariho na wa muntu w’ishaka rirenze yahama abakirisu ari we Sauli, yahavuye aba intumwa Paulo. Abantu bamwebamwe baduhama muri kino gihe boshobora kubona ko dufise ukuri kuva muri Bibiliya kubera ukuntu dushikama tubigiranye umutima rugabo.​—1 Timoteyo 1:13.

Nk’akarorero, uwitwa Aberash, uno akaba ari umukenyezi wo muri Afirika, yari amaze igihe asenga asaba ko yomenya ukuri. Amaze gutangura kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, yarahuye n’ukurwanywa gukaze guturutse ku bagize umuryango wiwe be n’indongozi zo mw’idini yarimwo. Bamwebamwe mu ncuti ziwe, bano na bo nyene bakaba bari baratanguye kwiga Bibiliya, baciye babihagarika kubera ugutinya abantu. Ariko yaringinze Imana ngo imuronse inkomezi n’umutima rugabo maze arabatizwa acika Icabona ca Yehova. None vyavuyemwo iki? Abashika umunani mu ncuti ziwe baragize umutima rugabo barasubira kwiga Bibiliya, kandi bariko baratera imbere neza mu nyigisho bagirirwa.

Urashobora gutsinda ugutinya abantu

Kugira ngo wirinde kugwa mu mutego wo gutinya abantu, nukore uko ushoboye kwose kugira ngo ukomeze urukundo ufitiye Imana. Ivyo urashobora kubigira mu kwiga Bibiliya be no mu kuzirikana ku vyanditswe nk’iki co mu Baheburayo 13:6, kigira giti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?” Ntiwibagire imvo zituma gutinya Imana aho gutinya abantu kiba co kintu kibereye kandi kiranga ubukerebutsi ukwiye kugira.

Niwamize kandi ku muzirikanyi imihezagiro myinshi iva ku gushira mu ngiro ivyo wiga muri Bibiliya. Urashobora kuronka inyishu zimara akanyota ku bijanye n’ibibazo bihambaye vyo mu buzima. Urashobora kuronka ubukerebutsi ngirakamaro bugufasha kuvyifatamwo neza mu ngorane uhura na zo mu buzima. Urashobora kugira icizigiro ciza igitangaza naho ukuntu ibintu vyifashe muri kino gihe bitesha umutwe. Vyongeye, urashobora kwitura Imana Mushoboravyose mw’isengesho umwanya uwo ari wo wose.

Intumwa Yohani yanditse ati: “Isi iriko irarengana, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yohani 2:17) Ubu ni igihe co guhagarara dushikamye maze tukagendera mu nzira yo gutinya Imana. Aho gusha coba ngo utinye abantu, urashobora guhitamwo kwitabira akamo Imana igutera iti: “Mwana wanje, uce ubgenge, unezereze umutima wanje, kugira ngo ngire ico nishura uwontuka.” (Imigani 27:11) Ese ukuntu ako ari agateka kadasanzwe!

Niwibuke yuko ata muntu n’umwe ashobora kuguha ivyo Imana izoha abayitinya. Ivuga iti: “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’[“ugutinya,” NW] Uhoraho ni zo butunzi n’icubahiro n’ubugingo.”​—Imigani 22:4.

[Ifoto ku rup. 14]

Kubera umutima rugabo wa Aberash, umunani mu ncuti ziwe barabandanya kwungukira ku nyigisho za Bibiliya