Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugumize amaso yawe ku gashimwe

Nugumize amaso yawe ku gashimwe

Nugumize amaso yawe ku gashimwe

“Ndashishikara ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe.”​—FLP. 3:14.

1. Ni agashimwe nyabaki intumwa Paulo yari yarasezeraniwe?

 INTUMWA Paulo, uwitwa kandi Sauli w’i Taruso, yava mu muryango wifise. Yari yigishijwe n’umwigisha rurangiranwa wo mu vya rya Tegeko yitwa Gamaliyeli, mw’idini rya basekuruza biwe. (Ibik. 22:3) Paulo yari yatoranye icafatwa ko ari umwuga mwiza, yamara yarahevye idini yarimwo maze acika umukirisu. Kuva ico gihe, yaciye atangura kurindirana igishika agashimwe k’ubuzima budahera yari yarasezeraniwe, maze akaba umwami n’umuherezi adapfa mu Bwami bw’Imana bwo mw’ijuru. Ubwo Bwami buzoganza isi izoba yahindutse Iparadizo.​—Mat. 6:10; Ivyah. 7:4; 20:6.

2, 3. Ni mu buryo ki Paulo yaha agaciro cane agashimwe k’ubuzima bwo mw’ijuru?

2 Mu kwerekana ukuntu Paulo yaha agaciro cane ako gashimwe, yavuze ati: “Ibintu vyahora ari inyungu kuri jewe, nabibonye nk’uruhombo kubera Kristu. Erega ku bw’ivyo, mbere ibintu vyose mbona koko yuko ari uruhombo kubera agaciro gahebuje ko kumenya Kristu Yezu Umukama wanje. Kubera we naremeye guhomba ibintu vyose ndabibona nk’ikigunguzi c’umwanda.” (Flp. 3:7, 8) Ibintu abantu benshi babona ko bihambaye, nk’akarorero igiti bafise, ubutunzi, umwuga wabo, uguhabwa icubahiro, Paulo yari asigaye abibona ko ari uruhombo inyuma y’aho amenyeye ukuri ku vyerekeye umugambi Yehova afitiye abantu.

3 Kuva ico gihe, ikintu vy’ukuri cari gihambaye kuri Paulo bwari ubumenyi bw’agaciro ku vyerekeye Yehova na Kristu, ubwo Yezu yavuze ibibwerekeye mw’isengesho yatuye Imana, ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yoh. 17:3) Icipfuzo gikomeye cane Paulo yari afise co kuronka ubuzima budahera kiribonekeza mu majambo yavuze dusanga mu Bafilipi 3:14, ati: “Ndashishikara ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga twahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.” Emwe, amaso yiwe yayagumije ku gashimwe k’ubuzima budahera bwo mw’ijuru aho azoba ari mu bagize intwaro y’Ubwami bw’Imana.

Kuba kw’isi ibihe bidahera

4, 5. Ni agashimwe akahe abantu amamiliyoni bariko bakora ivyo Imana igomba muri iki gihe, basezeraniwe?

4 Abenshi cane mu bahitamwo gukora ivyo Imana igomba, kubaho ibihe bidahera mw’isi nshasha y’Imana ni ko gashimwe babona ko bakwiye kubirira akuya. (Zab. 37:11, 29) Yezu yaremeje ko ico cizigiro ari ntakekeranywa. Yavuze ati: “Hahiriwe abitonda, kuko bazotorana isi.” (Mat. 5:5) Nk’uko muri Zaburi 2:8 havyerekana, Yezu ubwiwe ni we muntu wa mbere atorana isi, kandi azoba afise abantu 144.000 bazofadikanya na we kuganza bari mw’ijuru. (Dan. 7:13, 14, 22, 27) Abagize izindi ntama, abo bakaba mu vy’ukuri bazoba kw’isi, “bazotorana” isi izoba itwarwa n’Ubwami ‘bateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.’ (Mat. 25:34, 46) Vyongeye, nta mazinda dufise ko ivyo vyose bizoranguka kubera ko Imana, yo ibisezerana, “idashobora kubesha.” (Tito 1:2) Turashobora kwizigira tudakeka ko imihango Imana yatanze izoranguka nk’uko na Yosuwa yavyizigira adakeka igihe yabwira Abisirayeli ati: “[N]ta kintu na kimwe mu vyiza vyose Uhoraho Imana yanyu yabasezeraniye kitāshitse; vyose vyarasohoye, nta kintu na kimwe muri vyo kitāshitse.”​—Yos. 23:14.

5 Ubuzima bwo mw’isi nshasha y’Imana ntibuzoba butamara akanyota nk’uko biri muri iki gihe. Ibintu bizoba bitandukanye cane n’uko biri ubu, kubera ko ata ntambara, ubukozi bw’ikibi, ubukene, akarenganyo, indwara n’urupfu bizoba biriho. Ico gihe abantu bazoba bafise ubuzima butunganye bongere babe kw’isi izoba yahindutse Iparadizo. Ubwo buzima buzoba bumara akanyota kuruta uko twoba tubwiyumvira kwose. Emwe, ico gihe umusi wose uzoba uteye akanyamuneza. Ese ukuntu azoba ari agashimwe keza igitangaza!

6, 7. (a) Yezu yerekanye gute ibintu dushobora kwitega ko bizorangurwa mw’isi nshasha y’Imana? (b) Ni mu buryo ki n’abapfuye bazohabwa intango nziza?

6 Igihe Yezu yari kw’isi, impwemu nyeranda y’Imana yaramuronkeje ububasha kugira ngo yerekane ibintu bitangaje bizorangurwa hirya no hino kw’isi nshasha. Nk’akarorero, Yezu yarabwiye umugabo umwe yari amaze imyaka 38 amugaye ngo atambuke. Bibiliya ivuga yuko nya mugabo yatambutse. (Soma Yohani 5:5-9.) Ikindi gihe, Yezu yarahuye n’“umugabo yavutse ari impumyi” maze aramukiza. Mu nyuma, uwo mugabo yahora ari impumyi yarabajijwe ku bijanye n’uwamukijije, maze yishura ati: “Kuva kera hose, ntihigeze humvikana ko hari umuntu yahumuye amaso y’uwavutse ari impumyi. Iyo uwo muntu aba atava ku Mana, nta kintu na kimwe yari gushobora gukora.” (Yoh. 9:1, 6, 7, 32, 33) Yezu yashobora gukora ivyo bintu vyose kubera ko yahabwa ububasha n’Imana. Yezu aho yaja hose, “[yara]kiza abari bakeneye gukizwa.”​—Luka 9:11.

7 Yezu ntiyashobora gukiza gusa abarwaye n’abafise ubumuga, ariko kandi yarashobora kuzura abapfuye. Nk’akarorero, hari umwigeme w’imyaka 12 yari yapfuye, bituma abavyeyi biwe bagira intuntu nyinshi. Naho vyari ukwo, Yezu yavuze ati: “Mwigeme, ndabikubwiye: Haguruka!” Kandi yarahagurutse! Woba ushobora kwiha ishusho y’ukuntu abo bavyeyi be n’abandi bantu bumvise bamerewe? (Soma Mariko 5:38-42.) Mw’isi nshasha y’Imana, hazoba ‘ukwikugura cane’ igihe abantu amamiliyoni n’ayandi bazozurwa, kuko “hagiye kubaho izuka ry’abagororotse n’abatagororotse.” (Ibik. 24:15; Yoh. 5:28, 29) Abo bantu bazohabwa intango nziza y’ubuzima bizigiye kuzobandanya babaho kuva ico gihe, eka mbere n’ibihe bidahera.

8, 9. (a) Mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, ni ibiki bizoshikira igicumuro twarazwe na Adamu? (b) Abapfuye bazocirwa urubanza hisunzwe iki?

8 Nta kabuza ko abo bazozurwa bazoronka ubuzima budahera. Abazozurwa ntibazocirwa urubanza hisunzwe ibicumuro bakoze batarapfa. (Rom. 6:7) Mu gihe ca ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi, kubera ko ivyiza biva ku nkuka y’incungu bizoba biriko birakoreshwa, abatwarwa b’Ubwami bagamburuka bazogenda bagana ku kutagira agasembwa, amaherezo bakurweko buhere ingaruka mbi zose ziva ku gicumuro ca Adamu. (Rom. 8:21) Yehova, “urupfu azorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose.” (Yes. 25:8) Ijambo ry’Imana rivuga kandi ko “imizingo i[zo]zingururwa,” ivyo bikaba vyerekana yuko abazoba bariho muri ico gihe bazoronswa ubundi buyobozi. (Ivyah. 20:12) Uko isi izogenda irahindurwa ikaba Iparadizo, “ababa mw’isi [bazokwiga] kugororoka.”​—Yes. 26:9.

9 Abazoba bazutse ntibazocirwa urubanza hisunzwe igicumuro barazwe na Adamu, ariko bazorucirwa hisunzwe ivyo bazoba bahisemwo gukora. Mu Vyahishuwe 20:12 havuga hati: “Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri,” ni ukuvuga, ivyo bazoba bakora bamaze kuzurwa. Ese ukuntu ari akarorero keza igitangaza kagaragaza ubutungane bwa Yehova, imbabazi ziwe be n’urukundo rwiwe! N’ikindi kandi, ibintu bibabaza vyabashikiye mu buzima bwabo bwo muri ino si ishaje “ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa.” (Yes. 65:17) Kubera ko bazoronswa ubuyobozi bushasha bukomeza be n’ubuzima buzoba bwuzuyemwo ivyiza, ntibazosubira kubabazwa n’ibintu bibi vyabashikiye muri kahise. Ivyo bintu vyabashikiye ntibazoba bakivyibuka namba. (Ivyah. 21:4) Ukwo ni ko bizoba bimeze no ku bagize “isinzi rinini” bazorokoka Harumagedoni.​—Ivyah. 7:9, 10, 14.

10. (a) Ubuzima buzoba bumeze gute mw’isi nshasha y’Imana? (b) Ni igiki ushobora gukora cogufasha kugumiza amaso yawe ku gashimwe?

10 Mw’isi nshasha y’Imana, abantu bazoba bashoboye kubaho batagisubira kurwara canke ngo bapfe. “Uwaho ntazovuga, [ngo] Ndarwaye.” (Yes. 33:24) Amaherezo buri gitondo, abazoba bari mw’isi nshasha bazovyuka bafise amagara meza kuruta, akamwemwe kabasya kubera ko bazoba biteze uwundi musi mwiza igitangaza. Bazoba biteganye igishika igikorwa kimara akanyota be n’ukwifatanya n’abandi bantu babipfuriza ineza gusa. Ese ukuntu ubuzima nk’ubwo ari agashimwe keza igitangaza koko! Ubona gute uzinguruye Bibiliya yawe maze ugasoma mu buhanuzi dusanga muri Yesaya 33:24 no muri Yesaya 35:5-7? Nugerageze kwiha ishusho uri aho hantu. Ivyo bizogufasha kugumiza amaso yawe ku gashimwe.

Hari abatagumije amaso yabo ku gashimwe

11. Dondora ukuntu ingoma ya Salomo yatanguye neza.

11 Ko tumaze kumenya ivyerekeye ako gashimwe, turakwiye gukorana umwete kugira ngo tugumize amaso yacu kuri ako gashimwe, ahandi ho koshobora kuduca mu myanya y’intoke. Nk’akarorero, igihe Salomo yaba umwami wa Isirayeli ya kera, yarasenze Imana yicishije bugufi ayisaba ugutahura n’ubushobozi bwo gufata ingingo zibereye kugira ngo ashobore gucira neza imanza abasavyi bayo. (Soma 1 Abami 3:6-12.) Bibiliya iravuga ico vyavuyemwo iti: “Imana iha Salomo ubgenge n’ubuhanga bginshi cane.” Nkako, “ubgenge bga Salomo bgāruta ubg’abanyabgenge bose b’i burasirazuba n’ubg’Abanyegiputa bgose.”​—1 Abm. 4:29-32.

12. Ni gute Yehova yagabishije abobaye abami muri Isirayeli?

12 Ariko rero, Yehova yari yaragabishije imbere y’igihe yuko uwo wese yobaye umwami ‘atokwirondereye amafarasi menshi’ kandi ko ‘atogize umukimba w’abagore, kugira ngo ntibaze bahindure umutima wiwe.’ (Gus. 17:14-17) Igihe uwo mwami yokwongereje amafarasi yiwe vyokwerekanye ko yiheka ku bubasha bwa gisirikare kugira ngo akingire iryo hanga, aho kwiheka kuri Yehova, we Mukingizi. Igihe na ho uwo mwami yogwije abagore vyomukwegeye akarambaraye kubera ko bamwebamwe muri abo bobaye bava mu mahanga yari amukikuje yasenga imana z’ikinyoma, bakaba boshoboye kumuhindura ntabe agisenga Yehova mu buryo yemera.

13. Ni mu buryo ki Salomo atagumije amaso yiwe ku vyo yari yarahawe?

13 Salomo ntiyumviye izo ngabisho. Ahubwo nyabuna, yakoze ivyo Yehova yabwiye abami mu buryo butomoye ko batokoze. Yarirundanirije amafarasi ibihumbi n’ibihumbi be n’abayagenderako. (1 Abm. 4:26) N’ikindi kandi, yarashitse n’aho agira abagore 700 n’incoreke 300, benshi muri bo bakaba bava mu mahanga mabanyi y’abapagani. Abo bagore ‘barakwegeye umutima wiwe ku zindi mana; maze umutima wiwe ntiwaba ugitunganiye Uhoraho.’ Salomo yarisutse mu nsengo y’ikinyoma ishisha yagirwa n’amahanga y’abapagani, iyo abo bagore b’abanyamahanga bamukwegeyemwo. Ivyo vyatumye Yehova avuga ko ‘yoshikuye [Salomo] ubwami.’​—1 Abm. 11:1-6, 11.

14. Ukugambarara kwa Salomo n’ukw’ihanga rya Isirayeli kwavuyemwo iki?

14 Salomo ntiyari agishira umutima ku gateka ntangere yari yaratewe ko guserukira Imana y’ukuri. Uwo mwami yarivobetse mu nsengo y’ikinyoma. Mu nyuma, abagize ihanga ryose bahavuye bahindukirira ubuhuni, bituma risangangurwa mu 607 B.G.C. Naho amaherezo Abayuda basubijeho ugusenga kw’ukuri, ivyo ntivyabujije ko haciye imyaka amajana Yezu avuga ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa hanyuma buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” Ukwo ni ko vyagenze. Yezu yavuze ati: “Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Mat. 21:43; 23:37, 38) Kubera ko iryo hanga ryahemutse, ryaratakaje agateka gahambaye ryari ryaratewe ko guserukira Imana y’ukuri. Mu 70 G.C., ingabo z’Abaroma zarasanganguye Yeruzalemu be n’urusengero rwaho, Abayuda na bo bacitse kw’icumu bacika abaja.

15. Tanga uburorero bw’abantu batagumije amaso yabo ku bintu vy’ukuri vyari bihambaye.

15 Yuda Isikariyoti yari umwe mu ntumwa 12 za Yezu. Yuda yarumvise inyigisho nziza igitangaza Yezu yigisha, yongera aribonera ibitangaro yakoze abifashijwemwo n’impwemu nyeranda y’Imana. Yamara, Yuda ntiyarinze umutima wiwe. Yari ajejwe isandugu y’amahera Yezu n’izo ntumwa 12 bikorako. Mugabo Bibiliya ivuga iti: “Yari igisuma akaba kandi ari we yari afise isandugu y’amahera akaza aratwara amahera yashirwamwo.” (Yoh. 12:6) Yari umunyamwina cane ku buryo yahavuye aja umugambi mubi n’abakuru b’abaherezi b’abiyorobetsi kugira ngo agurishe Yezu ku ntete 30 z’ifeza. (Mat. 26:14-16) Uwundi muntu atagumije amaso ku gashimwe ni Dema, uwakorana n’intumwa Paulo. Dema ntiyarinze umutima wiwe. Paulo yavuze ati: “Dema ya[ra]ntaye kuko yakunze ivy’iyi si.”​—2 Tim. 4:10; soma Imigani 4:23.

Icigwa umwe wese muri twebwe yohakura

16, 17. (a) Ukurwanywa kudushikira gukomeye ku rugero rungana iki? (b) Ni igiki gishobora kudufasha gutsinda ikintu ico ari co cose Shetani yokoresha mu kuturwanya?

16 Abasavyi b’Imana bose barakwiye gufata nka nkama uburorero buvugwa muri Bibiliya, kuko itubwira iti: “Ivyo bintu rero vyababako nk’uburorero, kandi vyaranditswe ngo bitubere imburi twebwe abashitsweko n’amaherezo y’ibihe.” (1 Kor. 10:11) Muri iki gihe, tubayeho mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi.​—2 Tim. 3:1, 13.

17 Shetani wa Mubesheranyi, ari we ya “mana y’iki gihe,” arazi ko asigaje “igihe gito.” (2 Kor. 4:4; Ivyah. 12:12) Azokora uko ashoboye kwose kugira ngo atume abasavyi ba Yehova badohoka ku gutungana kwabo. Shetani ni we aganza iyi si be n’imihora ikoresha mu gukwiragiza ivyiyumviro vyayo. Ariko rero, abasavyi ba Yehova barafise ikintu gikomeye cane rwose, na co kikaba ari “ububasha burengeye ubusanzwe.” (2 Kor. 4:7) Turashobora kwiheka kuri ubwo bubasha buva ku Mana kugira ngo budufashe gutsinda ikintu ico ari co cose Shetani yokoresha mu kuturwanya. Ku bw’ivyo, duhimirizwa gusenga ubudasiba, twizigiye tudakeka ko Yehova “[azo]ha impwemu nyeranda abayimusaba.”​—Luka 11:13.

18. Iyi si dukwiye kuyibona gute?

18 Turakomezwa kandi no kumenya yuko ivy’iyi si ya Shetani vyose bigiye gusangangurwa vuba ariko abakirisu b’ukuri bazorokoka. “Isi iriko irarengana, n’icipfuzo cayo ni ukwo, mugabo uwukora ukugomba kw’Imana agumaho ibihe vyose.” (1 Yoh. 2:17) Twisunze ayo majambo, ese ukuntu vyoba bitaranga ubukerebutsi hagize n’umwe mu basavyi b’Imana yokwiyumvira ko hari ikintu co mu vy’iyi si coza kigira agaciro karamba kuruta ubucuti afitaniye na Yehova! Iyi si itwarwa na Shetani imeze nk’ubwato buriko buranyika. Yehova yarahaye abasavyi biwe b’abizigirwa ishengero rya gikirisu kugira ngo ribabere ico twokwita akato karokora ubuzima bw’abagira basome nturi. Uko bagenda begereza isi nshasha, barashobora kwizigira uwu muhango ugira uti: “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa igihugu.” (Zab. 37:9) Ku bw’ivyo rero, nugumize amaso yawe kuri ako gashimwe keza igitangaza!

Woba uvyibuka?

• Paulo yabona gute agashimwe yari yarasezeraniwe?

• Abazoba kw’isi ibihe bidahera bazoba baciriwe imanza hisunzwe iki?

• Ni ingendo iyihe iranga ubukerebutsi ukwiye kugira ubu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 13]

Igihe usoma inkuru ziganwa muri Bibiliya, woba ubona mu bwenge washikiriye agashimwe?