Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Murikanure”

“Murikanure”

“Murikanure”

“Umuhero w’ibintu vyose uregereje. . . . Murikanure ku bw’amasengesho.”​—1 PET. 4:7.

1. Ivyo Yezu yigisha vyari bishingiye ku ki?

 IGIHE Yezu Kristu yari kw’isi, ivyo yigisha vyari bishingiye ku Bwami bw’Imana. Biciye kuri ubwo Bwami, Yehova azokwemeza ko ari we Segaba w’ibiriho vyose yongere yeze izina ryiwe. Ni co gituma Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga Imana bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.” (Mat. 4:17; 6:9, 10) Ubu bwa vuba iyo ntwaro y’Ubwami igiye gukuraho isi ya Shetani, ice ihagarikira ibijanye n’ugukora ivyo Imana igomba kw’isi yose. Nk’uko Daniyeli yari yarabivuze, Ubwami bw’Imana “buzomara bukomvomvore ubgami bgose bg’abo bami [bo muri iki gihe]; yamara bgo buzohangama gushitsa ibihe vyose.”​—Dan. 2:44.

2. (a) Abayoboke ba Yezu bomenye gute ko ukuhaba kwiwe mu bubasha bw’Ubwami kwatanguye? (b) Ni ikindi kintu ikihe ico kimenyetso cokwerekanye?

2 Kubera ko ukuza kw’Ubwami bw’Imana cari ikintu gihambaye cane ku bayoboke ba Yezu, bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Mat. 24:3) Hotanzwe ikimenyetso kigaragara kubera ko ukuhaba kwa Kristu ari mu bubasha bw’Ubwami kutoshoboye kubonwa n’abari kw’isi. Ico kimenyetso cobaye kigizwe n’ibintu bitandukanye vyari vyaravuzwe mu Vyanditswe. Abayoboke ba Yezu bobaye bari kw’isi ico gihe, bafatiye kuri ico kimenyetso, botahuye ko yatanguye kuganza mw’ijuru. Ico kimenyetso cokwerekanye kandi ko ari intango y’ikiringo Bibiliya yita “imisi ya nyuma” y’ivy’iyi si mbi vyiganje muri iki gihe.​—2 Tim. 3:1-5, 13; Mat. 24:7-14.

Murikanure mu misi ya nyuma

3. Ni kubera iki abakirisu bari bakwiye kurikanura?

3 Intumwa Petero yanditse ati: “Umuhero w’ibintu vyose uregereje. Mube abaroranye mu muzirikanyi rero, kandi murikanure ku bw’amasengesho.” (1 Pet. 4:7) Abayoboke ba Yezu bari bakwiye kurikanura, bakaguma bareretse ibintu biba kw’isi vyokwerekanye ko ari ho ari mu bubasha bw’Ubwami. Vyongeye, ukwo kurikanura kwabo kwobaye kwihutirwa cane uko umuhero w’ivy’iyi si wegereza. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mugume muteramye, kuko mutazi igihe nyen’urugo azozirako [gucira urubanza iyi si ya Shetani].”​—Mrk. 13:35, 36.

4. Vuga itandukaniro riri hagati y’ingene abantu bagize isi ya Shetani babona ibintu be n’ingene abasavyi ba Yehova babibona. (Nushiremwo n’ibivugwa mu ruzitiro.)

4 Abantu muri rusangi baganzwa na Shetani, kandi ntibabaye maso ngo bamenye ico ibiba mw’isi bisobanura. Ntibatahura ko Kristu ari ho ari mu bubasha bw’Ubwami. Abayoboke ba Kristu b’ukuri bobo bamye barikanuye kandi baratahuye ico ivyabaye mu kinjana giheze bisobanura koko. Kuva mu 1925, Ivyabona vya Yehova baremeye icese ko Intambara ya mbere y’isi yose be n’ibintu vyakurikiye vyari ikimenyamenya ntakekeranywa c’uko ukuhaba kwa Kristu mu bubasha bw’Ubwami bwo mw’ijuru kwatanguye mu 1914. Gutyo, imisi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi ya Shetani yari itanguye. Abantu benshi babonye ivyo bintu vyabaye, naho batari bazi ico vyasobanura, ubu baremera icese ko hariho itandukaniro rikomeye cane hagati y’ikiringo c’imbere y’Intambara ya mbere y’isi yose be n’icakurikiye.​—Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ikiringo kirangwamwo umudurumbanyo caratanguye.”

5. Ni kubera iki bihambaye ko tuguma turikanuye?

5 Ibintu biteye ikinya cane biriko biraba hirya no hino kw’isi, ubu hakaba haciye hafi imyaka ijana, birerekana ko tubayeho mu misi ya nyuma. Hasigaye igihe gito cane ngo Yehova ahe itegeko Kristu ryo kuyobora ingabo z’abamarayika b’abanyabubasha kugira ngo barwanye isi ya Shetani. (Ivyah. 19:11-21) Abakirisu b’ukuri basabwa kuguma bari maso. Ku bw’ivyo rero, birihutirwa ko tubandanya kubigenza gutyo uko tubona umuhero w’ivy’iyi si uguma wegereza. (Mat. 24:42) Dutegerezwa kuguma turi maso, kandi tuyobowe na Kristu, dutegerezwa kurangura kw’isi yose igikorwa kidasanzwe.

Igikorwa kirangurirwa kw’isi yose

6, 7. Igikorwa co kwamamaza Ubwami cateye imbere gute muri iyi misi ya nyuma?

6 Igikorwa abasavyi ba Yehova bategerezwa gukora cari caravuzwe ko cobaye kiri mu bigize ikimenyetso cerekana ko turi mu misi ya nyuma y’ivy’iyi si mbi. Yezu yaravuze ibijanye n’ico gikorwa coranguwe kw’isi yose igihe yadondagura ibintu bitandukanye vyobaye mu gihe c’iherezo. Mu buhanuzi bwiwe, yarashizemwo aya majambo ahambaye agira ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.”​—Mat. 24:14.

7 Zirikana ku bintu bimwebimwe bifitaniye isano n’ico kintu kivugwa mu buhanuzi bwa Yezu. Igitigiri c’abantu batangaza inkuru nziza cari gitoyi cane igihe imisi ya nyuma yatangura mu 1914. Muri iki gihe, ico gitigiri carongerekanye cane rwose. Ubu hari Ivyabona vya Yehova barenga 7.000.000 bariko bamamaza kw’isi yose, bari mu mashengero arenga 100.000. Mu 2008, igihe hahimbazwa Icibutso c’urupfu rwa Kristu, abantu 10.000.000 barifatanije n’Ivyabona vya Yehova. Iryo ryari iyongerekana rinini ugereranije n’abacitavye mu mwaka uheze.

8. Ni kubera iki ukurwanywa kutabujije ko igikorwa co kwamamaza turangura kigenda neza?

8 Ese ukuntu iyo ari intahe ikomeye yerekeye Ubwami bw’Imana iriko irashingwa mu mahanga yose imbere y’uko umuhero w’ivy’iyi si uza! Iyo ntahe iriko ishingwa naho Shetani ari we “mana y’iki gihe.” (2 Kor. 4:4) Shetani ni we ariko aragira akosho ku bintu vyose vy’iyi si, vyaba ivya politike, ivy’idini be n’ivy’ubudandaji hamwe n’imihora isi ikoresha kugira ngo ikwiragize ivyiyumviro vyayo. Ni nde none atuma ico gikorwa co kwamamaza kigenda neza mu buryo butangaje? Nta wundi atari Yehova. Ni co gituma igikorwa c’ukwamamaza Ubwami kibandanya kirangurwa mu buryo bwiza igitangaza naho Shetani atako atagira kugira ngo agihagarike.

9. Ni kubera iki ugusagamba kwacu kwo mu buryo bw’impwemu bishobora kuvugwa ko ari igitangaro?

9 Kuba ico gikorwa co kwamamaza Ubwami kigenda neza abasavyi ba Yehova na bo bakaba baguma bongerekana kandi basagamba mu buryo bw’impwemu, birashobora kuvugwa ko ari igitangaro. Mu gihe Imana itobaye ishigikiye ico gikorwa, aho hakaba harimwo ubuyobozi ironsa abasavyi bayo be n’ukubakingira, ntivyoshobotse ko kirangurwa. (Soma Matayo 19:26.) Biciye ku mpwemu nyeranda y’Imana ikorera mu bantu baguma barikanuye, bano bakaba basukura babikunze, turashobora kwizigira tudakeka ko ico gikorwa co kwamamaza kizoguma kirangurwa gushika gisozerewe neza, “maze umuhero [uce] uza.” Ico gihe kiriko kiregereza cihuta.

“Ya makuba akomeye”

10. Yezu yadondoye gute amakuba akomeye yimirije?

10 Mu gihe c’umuhero w’ivy’iyi si mbi hazobaho ico Bibiliya yita “amakuba akomeye.” (Ivyah. 7:14) Bibiliya ntitubwira ikiringo ayo makuba azomara, ariko Yezu yavuze ati: “Ico gihe hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi [n]tazokwongera kubaho.” (Mat. 24:21) Tuzirikanye ku makuba amaze gushikira iyi si, nk’ayabaye muri ya Ntambara ya kabiri y’isi yose aho bivugwa ko abantu bari hagati y’imiliyoni 50 n’imiliyoni 60 bahasize ubuzima, amakuba akomeye agiye kuza azoba akaze cane koko. Azoshika ku rugero rwayo rw’agaheta ku ntambara ya Harumagedoni. Ico kizoba ari igihe Yehova azogomora ingabo ziwe zishitsa imanza kugira ngo zirandurane n’imizi akantu ako ari ko kose karanga isi ya Shetani kazoba gasigaye.​—Ivyah. 16:14, 16.

11, 12. Ni ikintu ikihe kizokwerekana ko ya makuba akomeye atanguye?

11 Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya ntibuvuga igenekerezo ikiringo ca mbere c’ayo makuba akomeye gitangurirako, ariko buratubwira ikintu kidasanzwe kizokwerekana ko atanguye, na co kikaba ari ugusangangurwa kw’amadini yose y’ikinyoma biciye ku ntwaro za gipolitike. Mu buhanuzi bwa Bibiliya dusanga mu Vyahishuwe ikigabane ca 17 n’ica 18, idini ry’ikinyoma rigereranywa n’umumaraya yasambanye n’inzego za gipolitike zo mw’isi. Mu Vyahishuwe 17:16 harerekana ko ico gihe kigiye gushika vuba, aho abanyapolitike ‘bazokwanka urya mumaraya, bamutikize bamusige ari gusa, kandi bazorya inyama ziwe, bamutongoze umuriro.’

12 Igihe c’uko ivyo biba nicagera, Imana ‘izoshira mu mitima yabo [abategetsi bo mu vya politike] gushitsa iciyumviro cayo’ co gusangangura amadini yose y’ikinyoma. (Ivyah. 17:17) Ni co gituma bishobora kuvugwa ko iryo sangangurwa riva ku Mana. Urwo ni rwo rubanza Imana izoba iciriye idini rirangwa n’ubwiyorobetsi ryamaze igihe kirekire ryigisha inyigisho ziteye kubiri n’ivyo igomba ryongera rihama abasavyi bayo. Isi muri rusangi ntiyiteze ko idini ry’ikinyoma rigiye gusangangurwa. Abasavyi ba Yehova b’abizigirwa bobo baravyiteze. Vyongeye, mu kiringo cose c’iyi misi ya nyuma, bagumye babwira abantu ibijanye n’iryo sangangurwa.

13. Ni igiki cerekana ko isangangurwa rya Babiloni rizomara umwanya nk’uwo urume rumara?

13 Abantu bazobabara cane nibabona idini ry’ikinyoma risanganguwe. Ubuhanuzi bwa Bibiliya burerekana ko hari mbere n’“abami b’isi” bazogira ico bavuze ku bijanye n’iryo sangangurwa, bati: “Birababaje, birababaje, . . . kuko mw’isaha imwe urubanza rwawe rushitse!” (Ivyah. 18:9, 10, 16, 19) Ukuba Bibiliya ikoresha imvugo ngo “isaha imwe,” vyerekana ko ivyo bintu bisa n’ibizoba mu mwanya nk’uwo urume rumara.

14. Abansi ba Yehova amaherezo nibahindukirira abasavyi biwe, Imana izoca ikora iki?

14 Turatahura yuko haciye igihe kinaka idini ry’ikinyoma risanganguwe, hazoca haba igitero ku basavyi ba Yehova, bano bakaba bamye batangaza ubutumwa bwerekeye imanza ziwe. (Ezk. 38:14-16) Ico gitero nicatangura, bene gutera bazobwirizwa kurwana na Yehova, na we akaba asezerana gukingira abasavyi biwe b’abizigirwa. Yehova avuga ati: “Navuganye ifuhe n’uburake bgaka umuriro. . . . Maze bazomenya yuko jewe nd’Uhoraho.” (Soma Ezekiyeli 38:18-23.) Imana ivuga mw’Ijambo ryayo yuko ‘uwubakozeko [abasavyi biwe b’intahemuka], aba akoze ku mbone y’ijisho ryayo.’ (Zek. 2:8) Rero, igihe abansi ba Yehova bazotangura kugaba igitero simusiga ku basavyi biwe, azoca ahaseruka. Azogira ico akoze, ivyo bikaba bizoshikana ku kiringo ca nyuma ca ya makuba akomeye, ni ukuvuga ku rugero rwayo rw’agaheta, ari rwo Harumagedoni. Ingabo z’abamarayika b’abanyabubasha, zibitegetswe na Kristu, zizoshitsa imanza Yehova yaciriye isi ya Shetani.

Ukuntu bikwiye kugira ico bikoze kuri twebwe

15. Kumenya yuko umuhero w’ivy’iyi si wegereje, bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

15 Kumenya ko umuhero w’ivy’iyi si mbi uriko uregereza wihuta bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe? Intumwa Petero yanditse ati: “Ko ivyo bintu vyose bibwirizwa gushonga gutyo, mubwirizwa kuba abantu bameze gute mu bikorwa vy’ingeso nyeranda be n’ibikorwa vy’ukwihebera Imana!” (2 Pet. 3:11) Ayo majambo arerekana neza ko dukwiye kuguma turi maso kugira ngo twiyemeze neza yuko uburyo twigenza bujanye n’ivyo Imana isaba kandi ko ukuntu tubayeho harimwo n’ibikorwa bijanye no kwihebera Imana, bigaragaza urwo dukunda Yehova. Muri ivyo bikorwa harimwo gukora ivyo dushoboye vyose mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami imbere y’uko umuhero uza. Petero yanditse kandi ati: “Umuhero w’ibintu vyose uregereje. . . . Murikanure ku bw’amasengesho.” (1 Pet. 4:7) Turiyegereza Yehova kandi tukerekana urwo tumukunda mu kwama tumwitura mw’isengesho tumusaba kuturonsa ubuyobozi abicishije ku mpwemu yiwe nyeranda be no kw’ishengero ryiwe ryo kw’isi yose.

16. Ni kubera iki dukeneye kwumvira bimwe bitagira agahaze impanuro Imana itanga?

16 Muri ibi bihe bigoye cane, turakeneye kwumvira bimwe bitagira agahaze impanuro Ijambo ry’Imana ritanga igira iti: “Mugume muraba neza ukuntu mugenda, ntimugende nk’abatagira ubukerebutsi ariko mugende nk’abantu b’inkerebutsi, mwicungurira umwanya ubereye, kubera ko imisi ari mibi.” (Ef. 5:15, 16) Ubukozi bw’ikibi muri iki gihe buriraye kuruta ikindi gihe ico ari co cose cigeze kubaho. Shetani yarashizeho ibintu vyinshi kugira ngo abuze abantu gukora ivyo Yehova agomba canke kugira ngo gusa abasamaze. Twebwe abasavyi b’Imana ivyo turabizi, kandi ntidushaka kureka ngo hagire ikintu na kimwe gituma duhemukira Imana. Vyongeye, turazi ivyimirije gushika, akaba ari co gituma twizigira Yehova n’imigambi yiwe.​—Soma 1 Yohani 2:15-17.

17. Dondora ukuntu abazoba barokotse Harumagedoni bazokwumva bamerewe igihe izuka rizoba ririko riraba.

17 Wa muhango mwiza igitangaza w’uko Imana izosubiza ubuzima abapfuye uzoca uranguka, kuko “hagiye kubaho izuka ry’abagororotse n’abatagororotse.” (Ibik. 24:15) Urabona ukuntu uwo muhango ushimikwako hakoreshejwe imvugo ngo “Hagiye kubaho izuka”! Nta gukeka ko utazobura kuranguka kubera ko Yehova ari we yabivumereye. Muri Yesaya 26:19 hatanga umuhango ugira uti: “Abapfuye bawe bazoba bazima. . . . Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu . . . Ivu rizogarura abapfuye.” Ayo majambo yatanguye kuranguka igihe abasavyi b’Imana ba kera basubizwa mu gihugu cabo c’amavukiro, biba bitanze ikimenyamenya c’uko uwo muhango uzoranguka urudome ku rundi mw’isi nshasha. Ese ukuntu hazoba umunezero mwinshi igihe abazoba bazuwe bazosubira kubana mu bumwe n’ababo! Emwe, umuhero w’isi ya Shetani uri hafi, kandi isi nshasha y’Imana iregereje cane. Ese ukuntu bihambaye cane ko tuguma turikanuye!

Woba uvyibuka?

• Ivyo Yezu yigisha vyari bishingiye ku ki?

• Muri iki gihe, igikorwa co kwamamaza Ubwami kiriko kirangurwa kw’isi yose ku rugero rungana iki?

• Ni kubera iki bihambaye cane ko turikanura?

• Ni ikintu ikihe ubona kiremesha ku bijanye n’umuhango dusanga mu Bikorwa 24:15?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 16, 17]

IKIRINGO KIRANGWAMWO UMUDURUMBANYO CARATANGUYE

Ikiringo kirangwamwo umudurumbanyo: Ivyabaye mw’isi nshasha. Uwo ni wo mutwe-shimikiro w’igitabu kimwe canditswe na Alan Greenspan mu 2007. Greenspan, uwamaze hafi imyaka 20 ari umuhagarikizi w’urwego rumwe rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika (Réserve fédérale américaine) rucungera urutonde rwose rw’ivy’amabanki makurumakuru yo muri ico gihugu, arashira ahabona itandukaniro rikomeye riri hagati y’ukuntu ibintu vyari vyifashe mw’isi imbere yo mu 1914 n’inyuma yaho, ati:

“Inkuru zose zigana ivyabaye muri ico gihe, zerekana ko isi y’imbere yo mu 1914 yasa n’iyiriko igenda yerekeza kw’iterambere rikomeye cane ryo mu vy’imico no mu vy’ubuhinga, rino rikaba ryabonwa ko ritoshoboye gusubira inyuma. Ikibano c’abantu casa n’aho cohavuye kiba ikitagira akanenge. Ikinjana ca 19 caratumye rwa rudandaza rw’abaja ruteye ikinya ruhera. Ubukazi butagira izina bwakorerwa abantu bwasa n’uburiko burarangira. . . . Urugero rw’ibintu vy’ubuhinga vyahingurwa hirya no hino kw’isi rwarongerekanye mu kiringo cose ikinjana ca 19 camaze, bituma haba amabarabara y’indarayi, amatelefone, umuyagankuba, amasinema, imiduga, inyubakwa be n’ibikoresho vyo mu mazu vyorohereza abantu mu bikorwa vyabo vya misi yose, n’ibindi n’ibindi. Ubuhinga mu vy’ubuvuzi, ugufungura neza be n’ikwiragizwa ry’amazi meza vyari vyatumye abantu bitega ko boramvye cane . . . Kw’isi yose, abantu babona ko iryo terambere ritosubiye inyuma.”

Ariko . . . “Intambara ya mbere y’isi yose yarononye cane iterambere ryo mu vy’imico no mu vy’ubuhinga kuruta uko Intambara ya kabiri y’isi yose yabigize, ino ikaba yaratikije inganda kuruta iyo ya mbere. Iyo ntambara ya mbere yabangamiye canecane ivyiyumviro vy’abantu. Sinshobora guhanagura mu bwenge ivyiyumviro abantu bari bafise mu kiringo c’imbere y’uko Intambara ya mbere y’isi yose yaduka, aho vyagaragara ko bariko bagira iterambere ryihuta kandi ritokwigeze rihagarara. Muri iki gihe, ukuntu tubona ibintu kuratandukanye cane n’uko abantu bo mu kinjana giheze babibona, ariko gushobora kuba guhuje cane n’uko mu vy’ukuri ibintu vyifashe. Iterabwoba, ubushuhe bw’isi buguma bwiyongera canke politike nshasha ishira imbere ivyiyumviro vy’abanyagihugu, vyoba none bizogira ico bikoze kuri iki kiringo c’ugushira hamwe kw’ibihugu gufise intumbero yo guteza imbere ubuzima bw’abantu nk’uko vyagenze mu kiringo c’imbere y’Intambara ya mbere y’isi yose? Nta n’umwe yovyemeza.”

Greenspan, igihe yiga kuri kaminuza, aribuka amajambo yavuzwe n’umuhinga umwe mu vy’ubutunzi Porofeseri Benjamin M. Anderson (1886-1949), ati: “Abantu bitereye mu myaka bibuka kandi bazi neza ukuntu ibintu vyari vyifashe kw’isi imbere y’Intambara ya mbere y’isi yose, iyo basubije amaso inyuma, baca bumva bishwe n’akabonge. Ico gihe, abantu bumva bafise umutekano utari bwigere ubaho.”​—Vyavuye mu gitabu Economics and the Public Welfare.

Ico ciyumviro nyene kiraserurwa n’ibivugwa mu gitabu kimwe (A World Undone) canditswe na G. J. Meyer, kino kikaba casohowe mu 2006. Dusoma duti: “Ivyabaye muri kahise akenshi bivugwa ko ‘vyahinduye ibintu vyose.’ Igihe ya Ntambara ihambaye [yaba mu 1914-1918] yaduka, ukwo ni ko vyasubiye kugenda. Mu vy’ukuri iyo ntambara yarahinduye ibintu vyose. Ntiyahinduye gusa imbibe z’ibihugu, intwaro zavyo be na kazoza kavyo, ariko kandi yarahinduye ukuntu abantu kuva ico gihe babona ivyerekeye isi be n’ibiberekeye ubwabo. Iyo ntambara yabaye nk’ikinogo catumye ukuntu ibintu vyifashe mw’isi ya none ata ho vyigera bihurira n’uko vyari vyifashe itaraba.”

[Ifoto ku rup. 18]

Kuri Harumagedoni, Yehova azogomora ingabo z’abamarayika biwe b’abanyabubasha