Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova arabereye ko twese tumushemeza

Yehova arabereye ko twese tumushemeza

Yehova arabereye ko twese tumushemeza

“Shemeze Ya!”​—ZAB. 111:1, NW.

1, 2. Ijambo “Haleluya” risobanura iki, kandi rikoreshwa gute mu Vyanditswe vy’ikigiriki?

 “HALELUYA!” Iyo mvugo irakunze gukoreshwa mu madini y’abiyita abakirisu. Abantu bamwebamwe barakunda gukoresha iyo mvugo igihe umwe yitabira uwundi mu biyago vyabo vya misi yose. Naho ari ukwo, bakeyi ni bo batahura ko iryo jambo ari ryeranda, kandi benshi mu barikoresha usanga babayeho mu buryo budatera iteka Imana. (Tito 1:16) Inyizamvugo imwe ya Bibiliya isigura ko “Haleluya” ari “ijambo ryakoreshwa n’abanditsi b’amazaburi atandukanye kugira ngo batumire abantu bose kwifatanya na bo mu gushemeza Yehova.” Nkako, incabwenge zo mu vya Bibiliya zitari nke zerekana ko iryo jambo “Haleluya” risobanura ngo “‘Shemeze Ya!’ [ni ukuvuga] Yehova.”

2 Ni ivyumvikana rero kubona muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, imvugo dusanga muri Zaburi 111:1 ihindurwa ngo “Shemeze Ya!” Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, iyo mvugo irakoreshwa incuro zine mu Vyahishuwe 19:1-6 mu bijanye n’uguhimbaza ikurwaho ry’idini ry’ikinyoma. Ivyo nivyashika, abasavyi b’Imana b’ukuri bazoba bafise imvo idasanzwe yo gukoresha iyo mvugo “Haleluya” mu buryo buranga icubahiro.

Ibikorwa vyiwe bihambaye

3. Intumbero nyamukuru ituma dukoranira hamwe tudahorereza ni iyihe?

3 Uwatunganije Zaburi ya 111 aratanga imvo nyinshi zerekana igituma Yehova abereye rwose ko twese tumushemeza. Umurongo wa 1 w’iyo zaburi uvuga uti: “Nzoshimisha Uhoraho umutima wanje wose mw ikoraniro ry’abatunganye no mw ishengero ryabo.” Ukwo ni ko n’Ivyabona vya Yehova muri iki gihe babigenza. Gushemeza Yehova ni yo ntumbero nyamukuru ituma dukoranira hamwe tudahorereza, haba mu mashengero turimwo no mahwaniro maninimanini.

4. Abantu bashobora gute gusesa ibikorwa Yehova yakoze?

4 “Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye, biseswa n’abo bihimbara bose.” (Zab. 111:2) Urabona ko uwo murongo ukoresha ijambo ngo “biseswa.” Igitabu kimwe kivuga yuko uwo murongo ushobora kwerekezwa ku bantu bafata ibikorwa Imana yakoze bikaba ari “vyo bintu biga kandi bazirikanako babigiranye umwete n’ishaka.” Ivyo Yehova yaremye yabishizeho ku bw’umugambi mwiza igitangaza. Yashize izuba, isi be n’ukwezi mu kibanza kibereye, kimwekimwe cose ukigereranije n’aho ikindi kiri, kugira ngo kw’isi habeho ubushuhe n’umuco, ijoro n’umurango, ibihe vy’umwaka n’imipfunda yo mu biyaga.

5. Iterambere abantu bagize mu vyo gutahura ibiriho ryahishuye iki?

5 Abanyasiyansi baratahuye ibintu vyinshi cane ku bijanye n’aho isi iri mu mugwi turimwo w’imibumbe izunguruka izuba be no ku bijanye n’uko inzira ukwezi gucamwo mu kuzunguruka isi, ukuntu kungana be n’uburemere bwakwo vyatunganijwe mu buryo butagira agahaze. Ikibanza ivyo bisyo vyo mu kirekire birimwo be n’ukuntu bikorana, bituma mu mihingo imwimwe y’isi habaho ihindagurika ryiza kandi ridata igihe ry’ibihe vy’umwaka. N’ikindi kandi, hari vyinshi vyatahuwe ku bijanye n’uko za nguvu zigenga ibiriho zatunganijwe mu buryo butagira agahaze. Ku bw’ivyo, mu kiganiro kimwe kivuga ngo “Ibiriho vyatunganijwe ‘mu buryo butagira agahaze’,” umwigisha umwe mu vy’ubuhinga buhanitse mu bijanye no guhingura ivyuma yavuze ati: “Biroroshe cane gutahura igituma abanyasiyansi benshi cane bahinduye ivyiyumviro vyabo muri iyi myaka 30 iheze, ubu bakaba babona yuko bisaba ukwizera gukomeye cane kugira ngo umuntu yemere ko ibiriho vyabayeho ku gihamana. Uko turushiriza gutahura ko isi tubako yatunganijwe mu buryo bwitondewe, ni ko turushiriza kuronka ibimenyamenya bitujijura yuko ibiriho biri n’uwabishizeho w’umunyabwenge.”

6. Wewe wumva umerewe gute uravye ukuntu Imana yaremye umuntu?

6 Ikindi gikorwa gihambaye kijanye n’irema twovuga, ni ukuntu twaremwe. (Zab. 139:14) Igihe Imana yarema abantu, yarabahaye umuzirikanyi, umubiri ufise ibihimba vyose ukeneye kugira ngo ukore neza, irabaha n’ubushobozi be n’ububangukirwe bwo gukora ibintu. Nk’akarorero, twoshobora kuvuga ko ubushobozi Imana yatanze bwo kuvuga no kwumva, hamwe n’ubwo kwandika no gusoma ari igitangaro. Abantu benshi barafise ubwo bushobozi. Vyongeye, umubiri wacu ukozwe mu buryo butangaje cane; urafise ubushobozi butuma dushobora kugendagenda ntitugwe. Uravye ukuntu umutumba wacu ukozwe, ukuntu umuntu ashobora gutambuka ata mpungenge, ukaraba ivyo umubiri wacu ukora be n’ivyo uhingura, emwe ni ibintu biteye akoba! Uretse ivyo, urusobangane rutangaje cane rw’udutsi nsozabwenge rutuma umuzirikanyi wacu ukora neza rukanatuma ibihimba vy’umubiri bidufasha kumenya ibidukikije na vyo nyene bikora neza, nta ho ruhuriye n’ivyo abanyasiyansi bamaze gukora. Nkako, ivyo abantu bakoze nta kindi babikesha atari umuzirikanyi be n’ubushobozi baremanywe. Mbere n’umuhinga karuhariwe mu vyo guhingura ibintu bishasha kandi abishoboye, nta kintu na kimwe yashoboye guhingura coza gifise ubwiza kandi ari ngirakamaro kuruta intoke zacu cumi be n’amano yacu cumi. Niwibaze uti: ‘Hoba hari ibikorwa bitangaje vy’utugenegene be n’ivy’ubwubatsi abantu boba bamaze kurangura badakoresheje intoke bahawe n’Imana babigiranye ubuhanga?’

Ibikorwa bihambaye vy’Imana na kamere zayo

7. Ni kubera iki dukwiye kubona ko Bibiliya ari kimwe mu bikorwa bihambaye Imana yakoze?

7 Mu bikorwa bihambaye Yehova yakoze, harimwo n’ibindi bintu vyiza igitangaza yakoreye abantu, nk’uko bidondorwa muri Bibiliya. Ico gitabu ubwaco ni kimwe mu bintu bihambaye vyakoranywe ubuhinga Yehova yakoze kandi ibikigize usanga bivuga rumwe. Mu buryo butandukanye n’ibindi bitabu vyose, coco “cahumetswe n’Imana kandi [kikaba ari] ngirakamaro ku kwigisha.” (2 Tim. 3:16) Nk’akarorero, igitabu ca mbere ca Bibiliya, ari ico Itanguriro, kirasigura ukuntu Imana yahumanuye isi mu gihe ca Nowa, ikayikuramwo ubukozi bw’ikibi. Igitabu ca kabiri, ari co Kuvayo, kirerekana ukuntu Yehova yemeje Ubumana bwiwe mu gukura Isirayeli mu buja bwo mu Misiri. Umwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi ivyo bintu vyabaye igihe yavyurirwa umutima wo kuvuga ati: “Igikorwa [ca Yehova] n’icubahiro, n’ubgiza, ukugororoka kwiwe kwamah’ibihe bidashira. Yatumye ibikorwa vyiwe bitangaje vyibukwa, Uhoraho n’umunyabuntu, yuzuye imbabazi.” (Zab. 111:3, 4) None ntiwemera ko ivyo Yehova yakoze muri kahise kose, ushizemwo n’ivyo yakoze mu kiringo cose umaze, ari ibintu vyibutsa “icubahiro n’ubgiza” afise?

8, 9. (a) Ni mu buryo ubuhe ibikorwa Imana ikora bitandukanye n’ibikorwa vyinshi abantu bakora? (b) Zimwezimwe muri kamere z’Imana ushima ni izihe?

8 Urabona ko uwo mwanditsi wa Zaburi ashimika kandi kuri kamere nziza za Yehova, nk’ubugororotsi, ubuntu n’imbabazi. Urazi ko ibikorwa abantu b’abanyabicumuro bakora ari gake usanga bishingiye ku bugororotsi. Akenshi usanga biranga umwina, inzigo n’ukwishira hejuru. Ivyo bigaragarira mu birwanisho vya rutura bahingura kugira ngo bikoreshwe mu ntambara bakokeza canke ngo bironkere inyungu zo mu vy’ubutunzi. Ivyo bituma abantu amamiliyoni ata co bazira bagira amarushwa atagira izina kandi bagashikirwa n’ibintu biteye ikinya. N’ikindi kandi, ibintu vyinshi abantu bakora vyatumye abakene bahahazwa. Akarorero kamwe benshi botanga ni akajanye n’ikoreshwa ry’abaja, mu kwubaka za nyubakwa amahero zitwa amapiramide. Izo nyubakwa ahanini zari intatemwa z’Abafarawo b’abanyabwibone. Vyongeye, ibintu vyinshi abantu bakora muri iki gihe ntibihahaza abandi gusa, ariko kandi biba ‘biriko birahonya isi.’​—Soma Ivyahishuwe 11:18.

9 Ese ukuntu ivyo bitandukanye cane n’ibikorwa Yehova akora, bino bikaba vyama nantaryo bishingiye ku bigororotse! Ibikorwa vyiwe birimwo n’intunganyo yagize iranga imbabazi kugira ngo arokore abantu b’abanyabicumuro. Mu gutanga incungu, Imana ‘yariko irerekana ubugororotsi bwayo bwite.’ (Rom. 3:25, 26) Nkako, “ukugororoka [kwayo] kwamah’ibihe bidashira”! Ubuntu bwayo na bwo, bwaribonekeje mu kuntu yagaragaje ukwihangana mu vyo yagiye iragirana n’abantu b’abanyabicumuro. Vyarashika igakoresha mbere imvugo ngo “Ndabinginze” (NW) igihe yaba iriko ibasaba ishimitse ngo bahindukire bave mu nzira zabo mbi, maze bakore ibigororotse.​—Soma Ezekiyeli 18:25.

Ni umwizigirwa ku vyo asezerana

10. Ni akarorero akahe kerekana ko Yehova ari umwizigirwa ku bijanye n’isezerano yagiraniye na Aburahamu?

10 “Yagaburiye abamwubaha: azokwama yibuka isezerano ryiwe.” (Zab. 111:5) Bisa n’uko muri ico canditswe, uwo mwanditsi wa Zaburi yariko yerekeza kw’isezerano Imana yagiraniye na Aburahamu. Yehova yasezeranye guhezagira uruvyaro rwa Aburahamu yongera avuga yuko abarugize bokwegukiye amarembo y’abansi babo. (Ita. 22:17, 18; Zab. 105:8, 9) Mw’iranguka rya mbere ry’ivyo bintu yasezeranye, uruvyaro rwa Aburahamu rwaracitse ihanga rya Isirayeli. Abagize iryo hanga baramaze igihe kirekire bari mu buja mu Misiri, ariko Imana ‘yaributse isezerano ryayo yasezeraniye Aburahamu’ maze ibakura muri ubwo buja. (Kuv. 2:24) Ivyo Yehova yabagiriye mu nyuma birerekana ko ari umutanzi wa cane. Yarabaronkeje ibifungurwa vyo mu buryo bw’umubiri be n’ivyo mu buryo bw’impwemu bari bakeneye. (Gus. 6:1-3; 8:4; Neh. 9:21) Mu myaka amajana yakurikiye, abagize iryo hanga akenshi baragarariza Imana, naho yaza irarungika abahanuzi kugira ngo babahimirize kumugarukako. Haciye imyaka irenga 1.500 Imana ikuye Abisirayeli mu Misiri, yararungitse Umwana wayo w’ikinege ng’aha kw’isi. Abayuda benshi barateye akagere Yezu bongera baremera ko yicwa. Kuva ico gihe, Yehova yaciye atanguza irindi hanga ryo mu buryo bw’impwemu, ari ryo “Isirayeli y’Imana.” Kristu ari kumwe n’abagize iryo hanga, baracika uruvyaro rwa Aburahamu rwo mu buryo bw’impwemu, urwo Yehova yari yaravuze ko yorukoresheje mu kuronsa umuryango w’abantu umugisha.​—Gal. 3:16, 29; 6:16.

11. Ni gute Yehova aguma ‘yibuka isezerano ryiwe’ yagiraniye na Aburahamu?

11 Yehova aguma ‘yibuka isezerano ryiwe’ be n’imihezagiro yasezeranye biciye kuri ryo. Muri iki gihe, ariko aratanga ibifungurwa umukimba vyo mu buryo bw’impwemu mu ndimi zirenga 400. Vyongeye, aguma yishura amasengesho tumutura dusaba ivyo dukenera mu vy’umubiri mu buryo buhuye n’aya majambo agira ati: “Uduhe umukate wacu w’uno musi nk’uko ivyo dukenera ku musi biri.”​—Luka 11:3; Zab. 72:16, 17; Yes. 25:6-8.

Ububasha buteye akoba bwa Yehova

12. Ni mu buryo ubuhe Abisirayeli bo mu gihe ca kera bahawe “umwandu w’abanyamahanga”?

12 “Yerekesheje abantu biwe ubushobozi bg’ibikorwa vyiwe [mu] kubaha umwandu w’abanyamahanga.” (Zab. 111:6) Ikintu kimwe gihambaye cabaye muri kahise ka Isirayeli uwo mwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi, ni ca gihe bakurwa mu Misiri ku gitangaro. Igihe Yehova amaherezo yemerera Abisirayeli kwinjira mu Gihugu c’isezerano, bari bashoboye kwigarurira ubwami butandukanye bwari mu Buseruko no mu Burengero bw’Uruzi Yorodani. (Soma Nehemiya 9:22-25.) Emwe, Yehova yahaye Abisirayeli “umwandu w’abanyamahanga.” Ese ukuntu ivyo bigaragaza ububasha bw’Imana!

13, 14. (a) Umwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi ikintu ikihe kigaragaza ububasha bw’Imana ku bijanye na Babiloni? (b) Ni ibindi bikorwa ibihe bihambaye vy’ukurokora Yehova yaranguye?

13 Ariko rero, turazi neza yuko naho Yehova yagiriye Abisirayeli ivyo bintu vyose, ntibamugaragarije icubahiro canke ngo bakigaragarize basekuruza babo, ari bo Aburahamu, Izahaki na Yakobo. Bagumye bagarariza gushika n’aho Imana ikoreshereje Abanyababiloni kugira ngo babakure mu gihugu cabo, babatware ari inyagano. (2 Ngo. 36:15-17; Neh. 9:28-30) Nimba uwatunganije Zaburi ya 111 yabayeho inyuma y’aho Abisirayeli bagarukiye mu gihugu cabo bavuye mu bunyagano i Babiloni, nk’uko bamwebamwe mu ncabwenge za Bibiliya babivuga, yari afise iyindi mvo yotumye ashemeza Yehova kubera ukudahemuka kwiwe n’ububasha bwiwe. Imana yaragaragaje izo kamere mu gukura Abayuda i Babiloni, ino ikaba yari inganji ifise politike yo kutarekura abo yaba yagize inyagano.​—Yes. 14:4, 17.

14 Haciye nk’ibinjana bitanu, Yehova yarakoresheje ububasha bwiwe mu bundi buryo bunahambaye kuruta, mu gukura abantu bigaya mu buja bw’icaha n’urupfu. (Rom. 5:12) Ikintu kimwe ivyo vyavuyemwo ni uko vyaronkeje akaryo abantu 144.000 ko kuba abayoboke ba Kristu barobanujwe impwemu. Mu 1919, Yehova yarakoresheje ububasha bwiwe kugira ngo akure mu ngoyi z’idini ry’ikinyoma bakeyi mu masigarira y’abo barobanuwe. Ivyo barangura muri iki gihe c’iherezo babikesha gusa ububasha bw’Imana. Nibaguma ari abizigirwa gushika ku rupfu, bazofadikanya na Yezu Kristu kuganza isi bari mw’ijuru ku bw’ineza y’abantu bigaya. (Ivyah. 2:26, 27; 5:9, 10) Bazotorana isi mu buryo buruta kure n’iyo uko Abisirayeli bo mu gihe ca kera bayitoranye.​—Mat. 5:5.

Ingingo ngenderwako zo kwizigirwa kandi zamaho

15, 16. (a) Bimwe mu bikorwa Imana yakoresheje intoke zayo ni ibihe? (b) Ni amategeko ayahe Imana yahaye Isirayeli ya kera?

15 “Ibikorwa vy’intoke ziwe n’ukuri no kuroranya; amabgirizwa yiwe yose arahamye. Arashinzwe gushitsa ibihe bitazoshira, yakorewe mu kuri no mu kugororoka.” (Zab. 111:7, 8) Mu “bikorwa” Yehova yakoresheje “intoke ziwe” harimwo vya bisate bibiri vy’amabuye vyari bisaruweko amabwirizwa cumi ahambaye yahawe Abisirayeli. (Kuv. 31:18) Ayo mabwirizwa hamwe n’ayandi mategeko yose yabahaye, vyahavuye biba ibigize isezerano ryari rishingiye kw’Itegeko rya Musa, iryo ingingo ngenderwako zo kwizigirwa kandi zamaho zishingiyeko.

16 Nk’akarorero, rimwe mu mabwirizwa yari kuri ivyo bisate ryavuga riti: “Jewe Uhoraho Imana yawe nd’Imana ifuha.” Iryo tegeko ryaranavuze kandi ko Yehova ‘agirira ikigongwe abamukunda, bakitondera ivyagezwe vyiwe, akageza ku runganwe rwabo uko ruzogenda rukurikirana gushitsa igihumbi.’ Ivyo bisate vy’amabuye vyariko kandi ingingo ngenderwako zidata igihe nk’iyi ivuga ngo “wubahe so na nyoko” be n’iyivuga ngo “ntukibe,” be na rya tegeko ryarimwo ugutahura kwimbitse ryabuza ukwipfuza ivy’abandi.​—Kuv. 20:5, 6, 12, 15, 17.

Umucunguzi wacu ni mweranda kandi ateye akoba

17. Ni imvo izihe zari gutuma Abisirayeli baguma babona ko izina ry’Imana ari ryeranda?

17 “Yarungikiye abantu biwe ugucungurwa, yageze isezerano ryiwe kuba iry’ibihe bidashira; izina ryiwe n’iryera kandi n’iry’igitinyiro.” (Zab. 111:9) N’aha nyene, uwo mwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yari afise ku muzirikanyi ukuba Yehova yagumye adahemuka kw’isezerano yari yagiraniye na Aburahamu. Ivyo vyatumye Yehova adaheba abasavyi biwe igihe ubwa mbere bari abaja mu Misiri ha kera be n’igihe mu nyuma bari abanyagano i Babiloni. Muri ivyo bihe vyompi, Imana yaracunguye abasavyi bayo. Naho nyene Abisirayeli bari kuba bakorewe ivyo bintu bibiri vyonyene, bari bakwiye kuguma babona ko izina ry’Imana ari ryeranda.​—Soma Kuvayo 20:7; Abaroma 2:23, 24.

18. Ni kubera iki ubona ko kwitirirwa izina ry’Imana ari agateka?

18 Ukwo ni ko bikwiye kumera no ku bakirisu muri kino gihe, abacunguwe bagakurwa mu buja butagira icizigiro bw’igicumuro n’urupfu. Dukwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho duhuza n’ikintu ca mbere dusenga dusaba kiri muri rya sengesho ry’akarorero, kigira giti: “Izina ryawe niryezwe.” (Mat. 6:9) Kuzirikana kuri iryo zina rininahaye bikwiye kwinjiza muri twebwe ugutinya Imana. Umwanditsi wa Zaburi ya 111 yabona ugutinya Imana mu buryo bwiza, kuko yavuze ati: [“Ugutinya Yehova,” “NW”] n’itanguriro ry’ubgenge, abakora ivyo [ni ukuvuga kwitondera amabwirizwa yiwe] bafise ubgenge bushitse.”​—Zab. 111:10.

19. Ni igiki tuzoca irya n’ino mu kiganiro gikurikira?

19 Ugutinya Imana kubereye kuzodufasha kwanka ikibi. Kuzodufasha kandi kwigana kamere nziza z’Imana nk’uko zerekanwa muri Zaburi ya 112, iyo tuzoca irya n’ino mu kiganiro gikurikira. Iyo zaburi irerekana ingene dushobora gukwiza kamere zisabwa zotuma tuba mu bantu amamiliyoni bazohimbarwa no gushemeza Imana ibihe bidahera. Ico ni co kintu abereye. Nkako, “ishimwe ryiwe ryamah’ibihe bidashira.”​—Zab. 111:10.

Ibibazo vyo kuzirikanako

• Ni kubera iki Yehova abereye ko twese tumushemeza?

• Ni kamere izihe za Yehova zigaragarira mu bikorwa vyiwe?

• Wewe ubona gute agateka watewe ko kwitirirwa izina ry’Imana?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 20]

Gushemeza Yehova ni yo ntumbero nyamukuru ituma dukoranira hamwe tudahorereza

[Ifoto ku rup. 23]

Amabwirizwa yose ya Yehova ashingiye ku ngingo ngenderwako zo kwizigirwa kandi zamaho