Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abagororotsi bazoshemeza Imana ibihe bidahera

Abagororotsi bazoshemeza Imana ibihe bidahera

Abagororotsi bazoshemeza Imana ibihe bidahera

“Umugororotsi azokwibukwa . . . Ukugororoka kwiwe kwamah’ibihe bidashira.”​—ZAB. 112:6, 9.

1. (a) Ni kazoza gahimbaye akahe abo bose Imana ibona ko bagororotse biteze? (b) Ni ikibazo ikihe gica kivyuka?

 MBEGA kazoza keza igitangaza abantu bose Imana ibona ko bagororotse biteze! Bazokwama ibihe vyose bahimbarwa no kwiga vyinshi ku vyerekeye kamere nziza za Yehova. Imitima yabo izobogabogamwo amajambo yo gushemeza uko bazorushiriza kwiga vyinshi ku vyerekeye ibintu Imana yaremye. Kimwe mu bintu nyamukuru umuntu asabwa kugira ngo aze ashikire ako kazoza kaninahaye ni ‘ubugororotsi,’ ino ikaba ari kamere ishimikwako cane muri Zaburi ya 112. Ariko none, ya Mana nyeranda kandi igororotse, Yehova, ishobora gute kubona abantu b’abanyabicumuro ko bagororotse? Naho twoba twihata gute kugira ngo dukore ibigororotse, turakora amakosa, rimwe na rimwe tugakora n’ayakomeye cane.​—Rom. 3:23; Yak. 3:2.

2. Ni ibitangaro bibiri ibihe Yehova yakoze abitumwe n’urukundo?

2 Abigiranye urukundo, Yehova yaratoreye umuti ico kibazo mu buryo butagira agahaze. Uti gute? Ubwa mbere, yarakoze igitangaro co gufata ubuzima bw’Umwana wiwe mukundwa wo mw’ijuru akabwimurira mu nda y’umwigeme w’isugi kugira ngo ashobore kuvuka ari umuntu atagira agasembwa. (Luka 1:30-35) Ubugira kabiri, inyuma y’aho abansi ba Yezu bamwiciye, Yehova yarakoze ikindi gitangaro kidasanzwe. Imana yarazuye Yezu, arasubira kuba muzima ari ikiremwa c’impwemu kininahaye.​—1 Pet. 3:18.

3. Ni kubera iki Imana yahimbawe no guha Umwana wayo impembo y’ubuzima bwo mw’ijuru?

3 Yehova yarahaye Yezu ikintu uwo Mwana wiwe atari afise imbere y’uko aba umuntu nkatwe, na co kikaba ari ubuzima bwo mw’ijuru budashobora gusamburwa. (Heb. 7:15-17, 28) Yehova yarahimbawe no kubigenza gutyo kubera ko Yezu yagumye ari umwizigirwa mu bigeragezo bikaze yaciyemwo. Gutyo, Yezu yarahaye Se wiwe inyishu nziza kuruta izindi zose, emwe inyishu yuzuye, yishura ikinyoma ca Shetani c’uko ngo abantu bakorera Imana babitumwe n’ubwikunzi, ko ngo batabitumwa n’urukundo rukomeye bayikunda.​—Imig. 27:11.

4. (a) Aho Yezu asubiriye mw’ijuru, ni ibiki yadukoreye, kandi Yehova yavyakiriye gute? (b) Wewe wumva umerewe gute ku bijanye n’ivyo Yehova na Yezu bagukoreye?

4 Aho mw’ijuru, Yezu yarakoze n’ibindi. ‘Yaraduserukiye mu nyonga z’Imana’ ajanye agaciro k’“amaraso yiwe bwite.” Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru yaremeye n’umutima mwiza ishikanwa ry’agaciro Yezu yatanze bwa “kimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu.” Ku bw’ivyo rero, dufise ‘amajwi yo mu mutima ahumanuwe,’ turashobora kurangurira “igikorwa ceranda ya Mana nzima.” Ese ukuntu iyo ari imvo ituma twemeranya n’amajambo y’intango yo muri Zaburi ya 112, agira ati: “Haleluya!”​—Heb. 9:12-14, 24; 1 Yoh. 2:2.

5. (a) Dutegerezwa gukora iki kugira ngo tugume tubonwa ko tugororotse imbere y’Imana? (b) Zaburi ya 111 n’iya 112 zitunganijwe gute?

5 Kugira ngo tugume tubonwa ko tugororotse imbere y’Imana, dutegerezwa kuguma twizeye amaraso ya Yezu yasesetse. Nta musi n’umwe ukwiye kwijana tudashimiye Yehova ku bw’urukundo rwinshi cane adukunda. (Yoh. 3:16) Turakwiye kandi kuguma twiga Ijambo ry’Imana tukongera tugakora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho duhuza n’ubutumwa buri muri ryo. Zaburi ya 112 irimwo impanuro nziza ziraba abantu bose bipfuza kuguma bafise ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi imbere y’Imana. Iyo zaburi yunganira Zaburi ya 111. Ayo mazaburi yompi atanguzwa n’ijambo “Haleluya!”, kandi uravye mu rurimi rw’igiheburayo co mu ntango usanga agizwe n’imirongo 22, umwumwe wose ukaba ugenda uratangurwa na rumwe mu ndome 22 zigize urwo rurimi uko zikurikirana. a

Ico ubuhirwe bushingiyeko

6. Ni gute “umuntu” atinya Imana avugwa muri Zaburi ya 112 ahabwa umugisha?

6 “Hahirwa [“umuntu atinya Yehova,” “NW”], agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe. Uruvyaro rwiwe ruzoba abanyenkomezi mw’isi; umuryango w’abatunganye uzohabga umugisha.” (Zab. 112:1, 2) Urabona ko uwo mwanditsi wa Zaburi atangura avuga “umuntu” umwe, hanyuma agaca ahindura akavuga abantu benshi mu gukoresha imvugo ngo “abatunganye” mu gace gahereza umurongo wa 2. Ivyo vyerekana ko Zaburi ya 112 ishobora kwerekezwa ku mugwi ugizwe n’abantu benshi. Biri n’ico bivuze kubona intumwa Paulo yarahumekewe kugira ngo ibivugwa muri Zaburi 112:9 avyerekeze ku bakirisu bo mu kinjana ca mbere. (Soma 2 Abakorinto 9:8, 9.) Ese ukuntu iyo zaburi yerekana neza ukuntu abayoboke ba Kristu bo kw’isi muri iki gihe bashobora kugira ubuhirwe!

7. Ni kubera iki abasavyi b’Imana bakeneye kuyitinya mu buryo bubereye, kandi ukwiye kubona gute amabwirizwa y’Imana?

7 Nk’uko muri Zaburi 112:1 havyerekana, abo bakirisu b’ukuri barumva bahiriwe cane uko bagenda ‘batinya Yehova.’ Ukwo gutinya kubereye kw’uko bohava batamuhimbara kurabafasha kunanira impwemu y’isi ya Shetani. ‘Barahimbarwa cane’ no kwiga Ijambo ry’Imana be no kugamburuka amabwirizwa yiwe. Aho harimwo rya tegeko ribasaba kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose. Barihatira guhindura abantu bo mu mahanga yose abigishwa magingo baba bariko baburira abanyakibi yuko umusi w’Imana wo guca urubanza wimirije.​—Ezk. 3:17, 18; Mat. 28:19, 20.

8. (a) Ni mu buryo ki abasavyi b’Imana bayiyeguriye bahawe impembo muri iki gihe ku bw’umwete bagira? (b) Ni imihezagiro iyihe yo muri kazoza abafise icizigiro co kuzoba kw’isi biteze?

8 Kubera ukugamburuka mwene ayo mategeko, ubu muri iki gihe abasavyi b’Imana bo kw’isi barashika nko ku miliyoni indwi. Hari uwoharira none ko abo basavyi bayo babaye “abanyenkomezi mw isi”? (Yoh. 10:16; Ivyah. 7:9, 14) Vyongeye, ese ukuntu ‘bagihabwa umugisha’ uko Imana irangura umugambi wayo! Uko bagize umugwi, abafise icizigiro co kuzoba kw’isi bazozigamwa muri “ya makuba akomeye” yimirije kugira ngo bazobe abagize ‘isi nshasha izobamwo ubugororotsi.’ Mu nyuma, abo bazoba barokotse Harumagedoni “[ba]zohabga umugisha” uruta uwo. Bazoba ari ho bibereye kugira ngo bakire abantu amamiliyoni bazozurwa. Mbega icizigiro ceza umutima! Amaherezo, “[aba]himbarwa cane” n’amabwirizwa y’Imana bazogenda bagana ku kuba abantu batunganye maze bironkere “umwidegemvyo w’ubuninahazwa w’abana b’Imana” ibihe bidahera.​—2 Pet. 3:13; Rom. 8:21.

Ugukoresha neza ubutunzi

9, 10. Abakirisu b’ukuri bakoresheje gute ubutunzi bwabo bwo mu buryo bw’impwemu, kandi ni gute ubugororotsi bwabo buzokwamaho ibihe bidahera?

9 “Ubutunzi n’ubukire biri mu rugo rwiwe; ukugororoka kwiwe kwamah’ibihe bidashira. [“Yarabije mu mwiza nk’umuco ku bagororotse. Ni umunyempuhwe n’umunyembabazi n’umugororotsi,” “NW”]. (Zab. 112:3, 4) Mu bihe vya Bibiliya, abasavyi b’Imana bamwebamwe bari bazwi cane kubera ko bari batunze. Ariko kandi, abo Imana yemera baraba abatunzi vy’ukuri, naho nyene butaba ari ubutunzi bw’ivy’umubiri. Ikizwi coco ni uko benshi mu bahitamwo kwicisha bugufi imbere y’Imana woshobora gusanga ari abakene n’abakengeretse, nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Yezu. (Luka 4:18; 7:22; Yoh. 7:49) Yamara, twaba dufise vyinshi canke bike, birashoboka ko tuba abatunzi mu buryo bw’impwemu.​—Mat. 6:20; 1 Tim. 6:18, 19; soma Yakobo 2:5.

10 Abakirisu barobanuwe hamwe na bagenzi babo, ntibigungirako ubutunzi bwo mu buryo bw’impwemu bafise. Ahubwo riho, ‘bararabije’ mw’isi ya Shetani y’umwiza “nk’umuco ku bagororotse.” Ivyo babigira mu gufasha abandi kwungukira ku butunzi bwo mu buryo bw’impwemu bujanye n’ubukerebutsi be n’ubumenyi bwerekeye Imana. Ababarwanya nta ko batagize kugira ngo bahagarike igikorwa co kwamamaza Ubwami, ariko vyarabataye ku w’amazi. Ahubwo nyabuna, ivyamwa vy’ico gikorwa kigororotse ‘bizokwamaho ibihe bidashira.’ Biciye ku kwihangana mu ngendo yabo y’ubugororotsi, abasavyi b’Imana bararonka umuhango wo kuzobaho imyaka yose, ni ukuvuga ‘kwamaho ibihe bidashira.’

11, 12. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe abasavyi b’Imana bakoresha ibintu vyabo vy’umubiri?

11 Abasavyi b’Imana, baba ari bamwe barobanuwe bagize umugwi wa wa mushumba canke ari abagize “isinzi rinini,” barerekanye ko batanga ibintu vy’umubiri batitangiriye itama. Muri Zaburi 112:9 havuga hati: “Yaratanze isābagire, yahaye abakene.” Abakirisu b’ukuri muri iki gihe akenshi baratanga intererano z’ivy’umubiri zigenewe gufasha abakirisu bagenzi babo eka mbere n’ababanyi bari n’ivyo bakeneye. Barakoresha kandi uburyo bafise kugira ngo bashigikire amasekeza yo gutabara imbabare mu bihe vy’ivyago. Nk’uko na Yezu yavyerekanye, ico ni ikindi kintu gituma bagira ubuhirwe.​—Soma Ibikorwa 20:35; 2 Abakorinto 9:7.

12 N’ikindi kandi, zirikana ku mahera akoreshwa mu bijanye no gucapura iki kinyamakuru mu ndimi 172, nyinshi muri izo zikaba zivugwa n’abantu usanga bakenye. Zirikana kandi ku vy’uko iki kinyamakuru kiboneka mu ndimi zitandukanye z’ibimenyetso zikoreshwa n’abatumva, be n’uko kiboneka mu ndome z’impumyi.

Kuba umunyempuhwe n’uwugaragaza ubutungane

13. Ni bande batanze akarorero keza kuruta ubundi bwose mu vyo gutanga babigiranye impuhwe, kandi dushobora gute kwigana akarorero kabo?

13 “Umuntu w’umunyempuhwe kandi aguranana ni mwiza.” (Zab. 112:5, NW) Nta gukeka ko umaze kubona yuko abantu bafasha abandi batama ari abanyempuhwe. Hari abatanga kugira ngo berekane ko hariho ivyo barusha abandi canke kugira ngo bikureyo gusa. Usanga bitanezereza guhabwa ikintu n’umuntu atuma wumva ko ata co umaze canke agatuma wumva ko ugorana kibure ko umubereye umuzigo. Igitandukanye n’ivyo, mbega ukuntu usanga biruhura gufashwa n’umuntu w’umunyempuhwe! Yehova ni we karorero ruheta k’Umutanzi w’umunyempuhwe kandi ahimbawe. (1 Tim. 1:11; Yak. 1:5, 17) Yezu Kristu yariganye bimwe bitagira agahaze akarorero Se wiwe yatanze ko kuba umunyempuhwe. (Mrk. 1:40-42) Gutyo rero, kugira ngo tubonwe ko tugororotse imbere y’Imana, turatanga tubigiranye umutima ukunze n’impuhwe, canecane mu murimo wo mu ndimiro igihe dufasha ababanyi bacu mu buryo bw’impwemu.

14. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe dushobora ‘gushigikiza ivyacu ubutungane?’

14 “Ivyiwe abishigikiza ubutungane.” (Zab. 112:5, NW) Nk’uko vyari vyaravuzwe, umugwi wa wa mubwiriza w’umwizigirwa uritwararika ivyo Shebuja atunze wisunze ubutungane bwa Yehova. (Soma Luka 12:42-44.) Ivyo bigaragarira mu buyobozi bwo mu Vyanditswe abakurambere bahabwa, bano bakaba rimwe na rimwe batunganya ibibazo bijanye n’ababa bakoze ibicumuro bikomeye mw’ishengero. Ivy’uko ibibazo bitunganywa mu buryo buranga ubutungane biragaragarira kandi mu buyobozi bushingiye kuri Bibiliya umugwi wa wa mushumba utanga ku bijanye n’ukuntu amashengero yose, inzu zose abamisiyonari babamwo be n’amazu ya Beteli yose vyokora. Abakurambere si bo bonyene basabwa kugaragaza ubutungane, mugabo n’abandi bakirisu barasabwa kubugaragaza mu vyo bakorera hamwe hagati yabo be no hagati y’abatari Ivyabona, ushizemwo n’ivy’urudandaza.​—Soma Mika 6:8, 11.

Imihezagiro umugororotsi aronka

15, 16. (a) Amakuru mabi yo mw’isi agira ico akoze gute ku bantu bagororotse? (b) Abasavyi b’Imana biyemeje kuguma bakora iki?

15 “Kukw atazokwigera anyiganyizwa; umugororotsi azokwibukwa ibihe bidashira. Ntazotinya inkuru mbi; umutima wiwe urahamye, wizigiye Uhoraho. Umutima wiwe urahamangiye, ntazotinya, gushitsa ah’azokwibonera abansi biwe.” (Zab. 112:6-8) Kuva muri kahise kose, ntihari bwigere humvikana amakuru menshi cane mabi, harimwo ayajanye n’intambara, iterabwoba, ibiza vyaduka be n’ibihasanzwe, ubwicanyi, ubukene be n’itosekazwa ry’ibidukikije ryonona. Abo Imana ibona ko ari abagororotsi nta rucanco batewe kugira ngo ayo makuru mabi ntagire ico abakorako, mugabo ntatuma batekerwa n’ubwoba. Ahubwo riho, imitima yabo usanga ‘ihamye’ kandi ‘ihamangiye,’ uko bitega kazoza babigiranye ukwizigira, bazi yuko isi nshasha igororotse y’Imana yegereje. Igihe icago cadutse, baba bashoboye cane kucihanganira kubera ko biheka kuri Yehova bizigiye yuko ari we abafasha. Ntiyigera areka abagororotsi biwe ngo ‘banyiganyizwe,’ ivyo bikaba bisobanura ko abafasha kandi akabaronsa inkomezi zo kwihangana.​—Flp. 4:13.

16 Abo Imana ibona ko bagororotse bategerezwa kudashira umutima ku rwanko bankwa no ku binyoma bikwiragizwa n’ababarwanya, kandi ivyo bintu ntivyashoboye kunumya abakirisu b’ukuri wanashaka bizoguma ata co bishikako. Aho kubanumya, abo basavyi b’Imana baguma bashikamye kandi batanyiganyiga mu gikorwa Yehova yabashinze co kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami no guhindura abo bose bayakira neza abigishwa. Ata gukeka, abagororotsi bazorushiriza kurwanywa uko umuhero wegereza. Urwo rwanko ruzogera ku rugero rwarwo rw’agaheta igihe Shetani wa Mubesheranyi azogaba igitero kw’isi yose ari Gogi w’i Magogi. Gutyo, tuzoheza ‘twibonere abansi bacu’ igihe bazoneshwa, bakibonera ayo imbwa yaboneye ku mugezi. Ese ukuntu ako kazoba ari akaryo ko kwibonera ingene izina rya Yehova ryezwa bimwe bishitse!​—Ezk. 38:18, 22, 23.

‘Gushirwa hejuru mu cubahiro’

17. Ni gute umugororotsi “[a]zoshirwa hejuru mu cubahiro”?

17 Ese ukuntu bizoba biteye akanyamuneza gushemeza Yehova twese hamwe, wa Mubesheranyi n’isi yiwe bitaturwanya! Ico ni ikintu abantu bose baguma babonwa ko bagororotse imbere y’Imana bazokwama bagira. Ntibazomaramara canke ngo batsindwe, kubera Yehova atanga umuhango w’uko “ihembe” ry’uwo abona ko agororotse “rizoshirwa hejuru mu cubahiro.” (Zab. 112:9) Uwo Yehova abona ko agororotse azokwigina intsinzi mu kwibonera ingene abansi bose b’ubusegaba bwa Yehova baneshwa.

18. Amajambo asozera Zaburi ya 112 azoranguka gute?

18 “Umunyakibi azobirāba, ababare; azoryanya insya z’amenyo,[“ashonge koko,” “NW”]: ico umunyakibi yifuza [“kizoyogera,” “NW”]. (Zab. 112:10) Abo bose babandanya kurwanya abasavyi b’Imana, vuba bagiye ‘gushongera’ mw’ishari ryabo no mu rwanko rwabo. Icipfuzo cabo co kubona igikorwa cacu cahagaze kizoyogerana na bo muri “ya makuba akomeye” yimirije.​—Mat. 24:21.

19. Ni igiki dushobora kwizigira tudakeka?

19 Woba uzoba uri mu bantu bahiriwe bazorokoka bakibonera iyo ntsinzi ikomeye? Canke bishitse ugahitanwa n’indwara canke ubusaza imbere y’uko isi ya Shetani ikurwaho, woba uzoba uri mu “bagororotse” bazozurwa? (Ibik. 24:15) Urashobora kuzoba uri muri abo bantu niwabandanya kwizigira inkuka y’incungu Yezu yatanze ukongera ukigana Yehova, nk’uko abagereranywa n’“umuntu” agororotse adondorwa muri Zaburi ya 112 babigira. (Soma Abanyefeso 5:1, 2.) Yehova azokwitwararika ko abantu nk’abo ‘bibukwa,’ ntibigere bibagirwa, be n’uko ibikorwa vyabo bigororotse bitirengagizwa. Yehova azobibuka yongere abakunde ibihe bidahera.​—Zab. 112:3, 6, 9.

[Utujambo tw’epfo]

a Ivy’uko izo zaburi zibiri zunganirana bigaragarira mu kuntu zitunganijwe be no mu vyo zivuga. “Umuntu” atinya Imana avugwa muri Zaburi ya 112 (NW), arigana kamere z’Imana zishimagizwa muri Zaburi ya 111, nk’uko ushobora kubibona ugereranije ibivugwa muri Zaburi 111:3, 4 be no muri Zaburi 112:3, 4.

Ibibazo vyo kuzirikanako

• Ni imvo zimwezimwe izihe zituma dusemerera duti: “Haleluya”?

• Ni ibintu ibihe biba muri iki gihe ca none bituma abakirisu b’ukuri bumva bahiriwe cane?

• Yehova akunda umutanzi ameze gute?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 25]

Kugira tugume tubonwa ko tugororotse imbere y’Imana, dutegerezwa kwizera amaraso ya Yezu yasheshwe

[Amafoto ku rup. 26]

Intererano zitangwa n’umutima ukunze zirashobora gufasha mu gikorwa co gutabara imbabare no gukwiragiza ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya