Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivuka rishasha—Rihambaye ku rugero rungana iki?

Ivuka rishasha—Rihambaye ku rugero rungana iki?

Ivuka rishasha​—Rihambaye ku rugero rungana iki?

MU KIGANIRO Yezu yagiranye na Nikodemu, yarashimitse ku vy’uko kwongera kuvuka bihambaye cane. None ivyo yabitomoye gute?

Raba ukuntu mu kiganiro Yezu yagiranye na Nikodemu yashimitse ku kuntu ivuka rishasha rihambaye. Yavuze ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” (Yohani 3:3) Ayo majambo ngo “atongeye” be na “ntashobora” arashimika ku vy’uko ivuka rishasha rikenewe. Reka tubitangire akarorero: Umuntu avuze ngo “Izuba ritatse, umurango ntushobora kubaho,” aba ashaka kuvuga yuko umuco w’izuba ari ikintu ntahara kugira ngo umurango uboneke. Mu buryo nk’ubwo nyene, Yezu yavuze yuko kwongera kuvuka ari ikintu ntahara kugira ngo umuntu ashobore kubona Ubwami bw’Imana.

Amaherezo, kugira ngo Yezu akureho ugukekeranya kwose kwoba kwari kugisigaye ku bijanye n’ico ciyumviro, yavuze ati: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.” (Yohani 3:7) Twisunze ivyo Yezu yavuze, biragaragara ko kwongera kuvuka ari igisabwa, ni ukuvuga ikintu umuntu ategerezwa gushitsa, kugira ngo ‘yinjire mu bwami bw’Imana.’​—Yohani 3:5.

Kubera yuko Yezu yabona ko ivuka rishasha ari ikintu gihambaye cane, abakirisu bakwiye kuraba neza ko batahura ico kintu mu buryo butagiramwo amakosa. Nk’akarorero, woba wibaza yuko umukirisu ashobora kwihitiramwo ivyo kwongera kuvuka?

[Iciyumviro ku rup. 5]

“Izuba ritatse, umurango ntushobora kubaho”