Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivuka rishasha—Rishikana ku ki?

Ivuka rishasha—Rishikana ku ki?

Ivuka rishasha​—Rishikana ku ki?

NI KUBERA iki Yezu yakoresheje imvugo ngo ‘kuvyarwa n’impwemu’ igihe yariko avuga ibijanye n’ukubatirishwa impwemu nyeranda? (Yohani 3:5) Igihe ijambo “ivuka” rikoreshejwe nk’imvugo ngereranyo, risobanura “intango,” nk’akarorero iyo rikoreshejwe mu mvugo ngo “ivuka ry’ihanga.” Ku bw’ivyo rero, imvugo ngo “ivuka rishasha” ishaka kuvuga “intango nshasha.” Gutyo rero, imvugo ngereranyo ngo “kuvuka” be na “ivuka rishasha” zishimika ku vy’uko haca habaho intango nshasha mu bijanye n’ubucuti buri hagati y’Imana be n’ababatirishijwe impwemu nyeranda. None iryo hinduka ryuzuye ku bijanye n’ubwo bucuti, riba gute?

Mu gusigura ukuntu Imana itegura abantu kugira ngo bazobe abategetsi mw’ijuru, intumwa Paulo yakoresheje ikigereranyo akuye mu bintu biba mu buzima bwo mu muryango. Yandikiye abakirisu bo mu gihe ciwe yuko ‘bogizwe abana b’Imana’ be n’uko rero yoshoboye guca ibagirira nk’uko igirira “abana.” (Abagalatiya 4:5; Abaheburayo 12:7) Kugira ngo tubone ukuntu ako karorero ko kugirwa abana b’Imana gafasha umuntu gutahura ihinduka rica riba igihe umuntu abatirishijwe impwemu nyeranda, subira urimbure ca kigereranyo ca wa muhungu yipfuza kwiyandikisha mw’ishure rigenewe abanyeshure b’imvukira.

Ihinduka riba kubera yuko Imana yabagize abana bayo

Muri ca kigereranyo, wa muhungu ntashobora kwiyandikisha muri rya shure kubera yuko atari uwo mu bantu b’imvukira. Ubu na ho, fata ko umusi umwe habaye ihinduka rikomeye. Sebibondo umwe wo mu muryango w’imvukira aremeye kumugira umwana wiwe mu buryo bwemewe n’amategeko. None ivyo bigira ico bikoze gute kuri uwo muhungu? Urabona, kubera yuko agizwe umwana w’uwo sebibondo, ubu yoshobora guca agira uburenganzira bumwe n’urundi rwaruka rw’imvukira, harimwo n’uburenganzira bwo kwiyandikisha muri rya shure. Ukwo kugirwa umwana n’uwo muntu w’imvukira kwahinduye bimwe bishitse ivyo ashoboye gukora.

Ivyo biratwereka ibishikira abaronka ivuka rishasha, bano bikaba bibashikira mu buryo buhambaye kuruta. Rimbura amasano amwamwe ahari. Wa muhungu avugwa muri ca kigereranyo azoronka ikibanza kuri rya shure, mugabo azokironka ari uko gusa akwije ibisabwa vyo kwemererwa kwiyandikisha, ni ukuvuga igihe ari mu muryango w’imvukira. Ariko rero, we ubwiwe ntashobora gushitsa ico gisabwa. Muri ubwo buryo nyene, hari abantu bazohabwa ikibanza mu Bwami bw’Imana, ari yo ntwaro yo mw’ijuru, mugabo bazogihabwa ari uko gusa bakwije igisabwa kugira ngo bemererwe, ico na co kikaba ari “ukwongera kuvuka.” Ariko rero, bo ubwabo ntibashobora gushitsa ico gisabwa kubera yuko Imana ari yo ituma ivuka rishasha rishoboka.

None ni igiki cahinduye uko ivya wa muhungu vyari vyifashe? Vyahinduwe n’ukuba yaremerewe kugirwa umwana wo mu muryango w’imvukira mu buryo bwemewe n’amategeko. Birumvikana ko ico kintu cabaye kitahinduye ukuntu uwo muhungu asanzwe ameze. Uwo muhungu amaze kugirwa umwana, yagumye ari wa wundi nyene. Naho ari ukwo, ibisabwa kugira ngo yemererwe kugirwa umwana muri uwo muryango bimaze gushitswa, uko ivyiwe vyari bisanzwe vyifashe kwaciye guhinduka. Mu vy’ukuri, yaragize intango nshasha, akaba ari nk’aho yari aronse ivuka rishasha. Yaciye acika umuhungu wa wa muvyeyi, ivyo bikaba vyaciye bimuha uburenganzira bwo kwinjira muri rya shure no kuba mu bagize umuryango w’umwe sebibondo yamugira umwana wiwe.

Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarahinduye uko ivy’umugwi w’abantu badatunganye vyari vyifashe mu gutanguza intunganyo yemewe yo kubagira abana biwe. Intumwa Paulo, uno akaba yari umwe mu bagize uwo mugwi, yandikiye abo bari basangiye ukwemera ati: “Mwaronse impwemu y’ukugirwa abana, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: ‘Abba, Data!’ Impwemu ubwayo ishinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.” (Abaroma 8:15, 16) Egome, biciye kuri ya ntunganyo yo kugirwa abana, abo bakirisu baracitse abo mu bagize umuryango w’Imana, canke “abana b’Imana.”​—1 Yohani 3:1; 2 Abakorinto 6:18.

Ego ni ko, ukwo kugirwa abana b’Imana ntikwahinduye ukuntu abo bagizwe abana bayo bari basanzwe bameze, kubera yuko bagumye ari abantu badatunganye. (1 Yohani 1:8) Yamara rero, nk’uko Paulo yabandanije abisigura, ibisabwa vyemewe kugira ngo bahindurwe abana b’Imana bimaze gushitswa, uko ivyabo vyari bisanzwe vyifashe kwaciye guhinduka. Muri ico gihe nyene, impwemu y’Imana yarashize muri abo bagizwe abana b’Imana icizigiro ntakekeranywa c’uko bobanye na Kristu mw’ijuru. (1 Yohani 3:2) Ukwo gushira amazinda gukomeye kuva ku mpwemu nyeranda kwatumye batangura kubona ubuzima mu buryo butandukanye rwose n’uko bahora babubona. (2 Abakorinto 1:21, 22) Ego cane, baragize intango nshasha, bakaba ari nk’aho baronse ivuka rishasha.

Mu kuvuga ibijanye n’abo Imana yagize abana bayo, Bibiliya ivuga iti: “Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganza nk’abami hamwe na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:6) Bari kumwe na Kristu, abagizwe abana b’Imana bazoronka ikibanza c’ukuba abami mu Bwami bw’Imana, ari yo ntwaro yo mw’ijuru. Intumwa Petero yabwiye abo bari basangiye ukwemera ko boronse “intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana” ‘babikiwe mw’ijuru.’ (1 Petero 1:3, 4) Vy’ukuri, ni intoranwa y’agaciro kanini!

Ariko rero, ico ciyumviro cerekeye ubutegetsi na co nyene gica kivyura ikibazo. Nimba abo bongeye kuvuka bazotegeka ari abami mw’ijuru, none bazoba bategeka bande? Ico kibazo kirarimburwa mu kiganiro gikurikira.

[Ifoto ku rup. 10]

Ni ibiki Paulo yavuze ku bijanye n’ukugirwa abana b’Imana?