Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Hazotegeka bake, hunguke benshi

Hazotegeka bake, hunguke benshi

Hazotegeka bake, hunguke benshi

KUVA mu gihe c’intumwa, Imana yagiye iratora mu bantu igitigiri gitoyi c’abakirisu b’abizigirwa, ikabagira abana bayo. Abo baba bagizwe abana b’Imana barahinduka bimwe bishitse ku buryo Ijambo ry’Imana ryerekana ko iryo hinduka ari ivuka rishasha. Intumbero y’iryo vuka rishasha ni iyo gutegura mwene abo basavyi b’Imana baba bongeye kuvuka kugira ngo bazobe abategetsi mw’ijuru. (2 Timoteyo 2:12) Kugira ngo babe abategetsi, barazurwa bakuwe mu rupfu bagahabwa ubuzima bwo mw’ijuru. (Abaroma 6:3-5) Mw’ijuru, “babwirizwa kuganza isi nk’abami” bari kumwe na Kristu.​—Ivyahishuwe 5:10; 11:15.

Ariko rero, Ijambo ry’Imana riravuga kandi yuko, uretse abo baba bongeye kuvuka, hari n’abandi bazoronka ubukiriro bw’ibihe bidahera. Muri Bibiliya (mu Vyanditswe vy’igiheburayo cokimwe no mu Vyanditswe vy’ikigiriki), haravugwa ivy’uko Imana yagabiye gukiza imigwi ibiri y’abantu, ni ukuvuga umugwi uboneka ko ari muto ugizwe n’abategetsi bazoba mw’ijuru be n’umugwi munini ugizwe n’abatwarwa b’ubwo butegetsi bazoba kw’isi. Raba nk’akarorero ivyo intumwa Yohani yandikiye abo basangiye ukwemera bari bararonse ivuka rishasha. Yavuze ku bijanye na Yezu ati: “Uyo ni ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu, yamara si ku bw’ivyacu gusa [wa mugwi mutoya] mugabo kandi ku bw’ivy’isi yose [wa mugwi munini].”​—1 Yohani 2:2.

Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyaremwe [wa mugwi munini] vyiteze bibishashaye ihishurwa ry’abana b’Imana [wa mugwi mutoya].” (Abaroma 8:19-21) None ayo majambo y’intumwa Yohani na Paulo akwiye gutahurwa gute? Akwiye gutahurwa muri ubu buryo: Abongeye kuvuka bazoba mu bagize intwaro yo mw’ijuru. Ku bw’iyihe ntumbero? Kugira ngo bazanire ivyiza vyamaho abantu amamiliyoni, bano bakaba ari abatwarwa b’intwaro y’Imana bazoba baba kw’isi. Ni co gituma Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.”​—Matayo 6:10.

Ukwo kuri nyene kwerekeye ubukiriro buhabwa imigwi ibiri turagusanga no mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Raba nk’akarorero ivyo Yehova yabwiye sekuruza wa Yezu ari we Aburahamu, ati: “Mu ruvyaro rwawe [wa mugwi mutoya] ni ho amahanga yose yo mw isi [wa mugwi munini] azohērwa umugisha.” (Itanguriro 22:18) Ego cane, amahanga yose yoshoboye kuronka imihezagiro biciye ku “ruvyaro” rwa Aburahamu.

Urwo “ruvyaro” ni nde? Ni Yezu Kristu, ari kumwe na bamwe baronka ivuka rishasha, ari bo bagizwe abana b’Imana. Intumwa Paulo asigura ati: “Nimba muri aba Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri.” (Abagalatiya 3:16, 29) None ni imihezagiro iyihe abantu bo mu mahanga yose baronka biciye kuri urwo “ruvyaro”? Ni agateka ko gusubira gutoneshwa n’Imana be no kwironkera ubuzima butagira iherezo mw’isi y’iparadizo. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse mu buryo bw’ubuhanuzi ati: “Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.”​—Zaburi 37:29; Yesaya 45:18; Ivyahishuwe 21:1-5.

Egome, ubutegetsi bwo mw’ijuru bwagenewe abantu bakeya, ariko ivyiza bizanwa n’ubwo butegetsi, ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi be n’imihezagiro yose bijana, bihabwa abantu benshi. Ese wewe n’umuryango wawe mwoba mu bazokwironkera imihezagiro y’ibihe bidahera Ubwami bw’Imana buzozana!

[Ifoto ku rup. 12]

Abantu amamiliyoni bazoronka umuhezagiro wo kuba kw’isi ibihe bidahera. Woba uzoba uri muri bo?