Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni kubera iki Yezu mw’isengesho yatuye Yehova yakoresheje imvugo ngo “Abba, Data”?

Ijambo ry’igiharameya ʼab·baʼʹ rishobora gusobanura ngo “data” canke ngo “Ewe Data.” Muri kimwekimwe cose mu bibanza bitatu iyo mvugo ibonekamwo mu Vyanditswe, usanga ikoreshwa mw’isengesho kandi yerekeza kuri Data wo mw’ijuru Yehova. None iryo jambo ritekeye insobanuro iyihe?

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga giti: “Mu mvugo ya misi yose yakoreshwa mu gihe ca Yezu, ijambo ʼabbāʼ ryakoreshwa canecane nk’imvugo yerekana ubucuti bwa hafi abana baba bafitaniye na ba se be n’icubahiro baba babafitiye.” Bwari uburyo burimwo igishika umwana yakoresha mu kwitura se, kandi ryari mu majambo ya mbere umwana yatangura kwiga kuvuga. Yezu yakoresheje iyo mvugo mw’isengesho yatuye Se wiwe amutakambira bimwe bidasanzwe. Mw’itongo ry’i Getsemani, hasigaye amasaha makeyi gusa ngo Yezu yicwe, yaratuye isengesho Yehova avuga ngo “Abba, Data.”​—Mariko 14:36.

Ca gitabu twavuga aho haruguru kibandanya kigira giti: “Ijambo ʼAbbāʼ rikoreshejwe nk’uburyo bwo kwitura Imana, ntirimenyerewe na gato mu vyandikano vy’Abayuda vyo mu gihe c’Abagiriki n’Abaroma, ata gukeka bikaba ari kubera yuko kwitura Imana muri iyo mvugo yerekana ko ari umugenzi wa hafi kwobaye ari ukutayubaha.” Ariko rero, ico gitabu gica congerako giti: “Kuba Yezu . . . yarakoresheje iyo mvugo mw’isengesho ni uburyo butadomako bwo gushimangira ivyo yavuga mu kwerekana ko afitaniye n’Imana ubucuti bwa hafi cane.” Ahandi hantu habiri mu Vyanditswe dusanga iryo jambo “Abba,” hompi hakaba ari mu vyo intumwa Paulo yanditse, herekana ko abakirisu bo mu kinjana ca mbere na bo nyene barikoresha mu masengesho batura.​—Abaroma 8:15; Abagalatiya 4:6.

Ni kubera iki igihimba kimwe ca Bibiliya canditswe mu kigiriki?

Intumwa Paulo yavuze yuko “amajambo meranda y’Imana” yajejwe Abayuda. (Abaroma 3:1, 2) Ni co gituma igihimba ca mbere ca Bibiliya canditswe ahanini mu giheburayo, runo rukaba rwari rwo rurimi Abayuda bakoresha. Ariko rero, Ivyanditswe vya gikirisu vyanditswe mu kigiriki. a Uti kubera iki?

Mu kinjana ca kane B.G.C., abasoda ba Alegizandere Mukuru baravuga indimi zitandukanye zakomoka ku kigiriki ca kera, zino zikaba zariko zirasukiranywa kugira ngo zigire ikigiriki citwa koyine, ari co kigiriki cari kimenyerewe. Intambara Alegizandere yagize zo kwigarurira uturere zaratumye ikigiriki citwa koyine gicika rwo rurimi rwavugwa henshi kw’isi ico gihe. Mu gihe c’izo ntambara, Abayuda bari barashwiragiye hirya no hino kw’isi. Abayuda bari baratwawe mu bunyagano i Babiloni mu 607 B.G.C., ariko rero igihe barekurwa, benshi ntibasubiye i Palesitina. Ico vyavuyemwo, ni uko Abayuda benshi bahavuye bibagira igiheburayo nyaco maze batangura gukoresha ikigiriki. (Ibikorwa 6:1) Kugira ngo bafashwe, harasohowe impinduro y’Ivyanditswe vy’igiheburayo yitwa Septante, ikaba yari mu kigiriki citwa koyine, ari co kigiriki cari kimenyerewe.

Inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (Dictionnaire de la Bible) yerekana yuko ata rundi rurimi rwari “rufise amajambo menshi, rworoshe gukoresha kandi rwavugwa henshi kw’isi nk’ikigiriki.” Kubera ko rwari rufise amajambo menshi cane kandi atomora neza iciyumviro, rukagira indimburo irimwo utuntu twose tw’ido n’ido be n’amavuga aserura mu buryo bwiza cane insobanuro zitandukanye zidashoka zibonekeza, rwari “ururimi rubereye mu vyo guhanahana amakuru be no gukwiragiza ivyiyumviro; tubivuze mu buryo budomako, rwari rwo rurimi abakirisu bari bakeneye.” Ubona none bitabereye kubona ikigiriki ari rwo rurimi ubutumwa bwa gikirisu bwanditswemwo?

[Akajambo k’epfo]

a Ibihimba bigufibigufi vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyanditswe mu giharameya. Injili ya Matayo biboneka ko yabanje kwandikwa mu giheburayo, bikaba bishoboka ko mu nyuma yahinduwe mu kigiriki na Matayo ubwiwe.

[Ifoto ku rup. 13]

Igipande c’icandikano ca ya mpinduro y’ikigiriki yitwa Septante

[Abo dukesha ifoto]

Tugikesha Israel Antiquities Authority