Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu yoba ari Imana?

Yezu yoba ari Imana?

ABANTU benshi babona ko Ubutatu ari “inyigisho nyamukuru y’idini rya gikirisu.” Iyo nyigisho yerekana ko Data, Umwana be n’impwemu nyeranda ari abaperesona batatu bagize Imana imwe. Ku bijanye n’Ubutatu, Karidinali John O’Connor yavuze ati: “Turazi yuko ari ikinyegezwa gihanitse cane, tudashobora kuruha dutahura.” Ni kubera iki none inyigisho y’Ubutatu igoye cane gutahura?

Igitabu kimwe c’inyizamvugo y’ivya Bibiliya (The Illustrated Bible Dictionary) kiratanga imvo imwe. Mu kuvuga ibijanye n’Ubutatu, ico gitabu ciyemerera giti: “Si inyigisho ishingiye kuri Bibiliya mu buryo bw’uko ata canditswe na kimwe kiyisigura dushobora gusanga muri Bibiliya.” Kubera yuko Ubutatu “[atari] inyigisho ishingiye kuri Bibiliya,” abayishigikira bamye barondera imirongo yo muri Bibiliya ata yo bari buronke, mbere bakanayigoreka, kugira ngo baronke icoshigikira iyo nyigisho yabo.

Coba ari icanditswe cigisha ivy’Ubutatu?

Akarorero kamwe k’umurongo wo muri Bibiliya ukunze gukoreshwa nabi ni Yohani 1:1. Muri Bibiliya Yera, uwo murongo uvuga uti: “Ubga mbere na mbere Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n’Imana [mu kigiriki ni ton the·onʹ], kand’uwo Jambo yar’Imana [the·osʹ].” Uwo murongo urimwo imero zibiri z’izina ry’ikigiriki the·osʹ (imana). Imero ya mbere y’iryo zina itangurirwa n’akajambo ton, iyo ikaba ari imero y’akajambo k’ikigiriki kerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza, muri ico gihe ijambo the·onʹ rikaba ryerekeza ku Mana Mushoboravyose. Ariko rero ku bijanye n’imero ya kabiri, ijambo the·osʹ nta mwene ako kajambo rifise. None boba barihenze bakibagira kugashirako?

Injili ya Yohani yanditswe mu kigiriki citwa koyine, ari co kigiriki cari kimenyerewe na benshi, kino kikaba kigengwa n’amategeko atomoye ajanye n’ikoreshwa rya mwene ako kajambo kerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza. Incabwenge mu vya Bibiliya yitwa A. T. Robertson aremera ko igihe rukozi rw’iryungane hamwe na karangura bifise mwene utwo tujambo, “vyompi biba bizwi neza, bifashwe ko bimeze kumwe, ko ari bimwe be n’uko kimwe gishobora gusubirira ikindi.” Robertson afatira ku karorero ko muri Matayo 13:38, ahagira hati: “Itongo [mu kigiriki ni ho a·grosʹ] ni isi [mu kigiriki ni ho koʹsmos].” Indimburo iradufasha gutahura ko isi na yo nyene ishobora gufatwa ko ari itongo.

Ariko none, tuvuge iki igihe rukozi iba ifise mwene ako kajambo mugabo karangura ikaba atako ifise, nk’uko biri muri Yohani 1:1? Mu gusubiramwo uwo murongo bwa karorero, incabwenge yitwa James Allen Hewett arashimika mu kuvuga ati: “Igihe iryungane ryubatswe muri ubwo buryo, rukozi na karangura ntibiba ari bimwe, ntibiba bingana, ntibiba bimeze kumwe, canke ikindi kintu na kimwe kijanye n’ivyo.”

Mu gutanga akarorero, Hewett akoresha 1 Yohani 1:5, ahagira hati: “Imana [ni] umuco.” Mu kigiriki, iryo jambo “Imana” ni ho the·osʹ, gutyo rikaba rifise ako kajambo kerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza. Mugabo ijambo phos risobanura ngo “umuco” ntiritangurirwa na mwene ako kajambo na kamwe. Hewett avuga ati: “Umuntu arashobora nantaryo . . . kuvuga ko Imana irangwa n’umuco mugabo umuntu ntashobora kwigera avuga ko umuco ari Imana.” Uburorero nk’ubwo turabusanga muri Yohani 4:24, ahagira hati: “Imana ni Impwemu,” be no muri 1 Yohani 4:16, ahagira hati: “Imana ni urukundo.” Muri iyo mirongo yompi, rukozi zirafise utujambo twerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza, yamara karangura “Impwemu” be na “urukundo,” nta two zifise. Ku bw’ivyo rero, rukozi ntizishobora gusubirirwa na karangura. Iyo mirongo ntishobora gusobanura ko “Impwemu ari Imana” canke ko “urukundo ari Imana.”

Hoba havuga ibijanye n’akaranga ka “Jambo”?

Incabwenge nyinshi mu bijanye n’ikigiriki be n’abahinduzi ba Bibiliya baremera ko muri Yohani 1:1 hadashimika ku karanga ka “Jambo,” ariko ko hashimika ku kuntu ameze. Umuhinduzi wa Bibiliya yitwa William Barclay avuga ati: “Kubera yuko imbere y’ijambo theos [intumwa Yohani] atahashira ka kajambo kerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza, ivyo avuga bica biba ukudondora . . . Yohani ng’aho ntariko yerekana ko Jambo ari Imana. Tubivuze mu buryo bworoshe, ntashaka kuvuga ko Yezu yari Imana.” Incabwenge imwe yitwa Jason David BeDuhn na we nyene avuga ati: “Mu kigiriki, bishitse ijambo theos nturishireko ka kajambo kerekana ko hariko havugwa ikintu kizwi neza igihe rikoreshejwe mu ryungane nk’iryo dusanga muri Yohani 1:1c, abasomyi baca bafata ko ushaka kuvuga ‘imana.’ . . . Igihe ako kajambo kabuze bituma ijambo theos riba iritandukanye cane n’ijambo ho theos ririko ako kajambo, nka kurya nyene mu [kirundi] ijambo ‘imana’ ritandukanye n’ijambo ‘Imana.’” BeDuhn abandanya ati: “Muri Yohani 1:1, Jambo si we ya Mana imwe yonyene, ariko ni imana, canke ikiremwa kimeze nk’Imana.” Canke na ho, tubivuze mu majambo y’incabwenge yitwa Joseph Henry Thayer, uno akaba yaragize uruhara mu guhindura Bibiliya imwe (American Standard Version): “Logosi [canke Jambo] yari ameze nk’Imana, ntiyari Imana ubwayo.”

None akaranga k’Imana koba kabwirizwa kuba “ikinyegezwa gihanitse cane”? Yezu si ko yabibona. Mw’isengesho yatuye Se wiwe, yarerekanye neza itandukaniro riri hagati yiwe na Se igihe yavuga ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yohani 17:3) Nimba twemera ivyo Yezu yavuze tukongera tugatahura inyigisho itomoye yo muri Bibiliya, tuzomwubaha nka we Mwana w’Imana ameze nka yo, nk’uko ari koko. Vyongeye tuzosenga Yehova nka we “Mana yonyene y’ukuri.”

Ni kubera iki inyigisho y’Ubutatu igoye cane gutahura?

Yezu yarerekanye neza itandukaniro riri hagati yiwe na Se