Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twoba twarandikiwe ibidushikira?

Twoba twarandikiwe ibidushikira?

Ivyabajijwe n’abasomyi bacu

Twoba twarandikiwe ibidushikira?

Hari abavuga yuko twandikiwe umusi tuzopfirako. Abandi bavuga bashimitse ko Imana ubwayo ari yo ihitamwo igihe haba hageze ko dupfa. N’ikindi kandi, ibintu nyamukuru bishika mu buzima abantu mwene abo babona ko ari ibibwirizwa gushika vyanse bikunze. Ukwo kwoba ari ko nawe ubibona?

Woshobora kwibaza ibibazo bikurikira: ‘Nimba koko ata kintu na kimwe twokora kugira ngo tugire ico duhinduye ku bidushikira, kandi nimba Imana yaramaze gushinga ukuntu ikintu ico ari co cose kizogenda canke ivyaco bikaba vyaramaze gushingwa n’izindi nguvu nsigabwenge, none twoba dusengera iki? Vyongeye, nimba ibidushikira vyaramaze gushingwa, vyoba bimaze iki gufata ingingo zo kwikingira? Ni kubera iki twokwambara wa musipi wo mu muduga igihe turiko turawugenderamwo? Ku bw’iyo mvo nyene, ni kubera iki umuntu yokwirinda gutwara umuduga yaborewe?’

Bibiliya ntirenza uruho rw’amazi mu buryo na bumwe kuri mwene iyo nyifato iranga ugufata ibintu minenegwe. Aho kwigisha yuko twandikiwe ibidushikira, Bibiliya nyabuna yategeka Abisirayeli kwitwararika ibijanye n’ukwikingira. Nk’akarorero, bategekwa kwubaka agahome kagufi gakikuje ibisenge vy’amazu yabo vyaba biteze. Intumbero yari iyo gukinga ngo ntihagire uwukorokera hasi avuye kuri ico gisenge maze agapfa. Ni kubera iki none Imana yari gutanga iryo tegeko nimba umuntu yari yarandikiwe ko azokoroka avuye hejuru ku gisenge agaca apfa?​—Gusubira mu vyagezwe 22:8.

Tuvuge iki ku bijanye n’abahitanwa n’ivyago vy’ivyaduka canke ibindi bintu bibabaje bishika badashobora gutangira? Boba barashingiwe imbere y’igihe icitwa ngo ni umusi bazopfirako? Oya namba. Umwe mu banditse Bibiliya ari we wa Mwami Salomo, aratubwira neza yuko ‘ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kutuzako twese.’ (Umusiguzi 9:11) Ku bw’ivyo, naho ibintu bibabaje cane bishika vyoba bitangaje canke bitumvikana gute, ntibiba vyaranditswe imbere y’igihe.

Ariko rero, abantu bamwebamwe biyumvira yuko ayo majambo avuguruza ivyo Salomo yari yaravuze imbere y’aho ati: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco, kand’igikorwa cose musi y’ijuru gifise akanya kaco: har’igihe co kuvuka n’igihe co gupfa.” (Umusiguzi 3:1, 2) Yamara none Salomo yoba vy’ukuri yariko arashigikira iciyumviro c’uko ibintu bishika biba vyaranditswe? Reka turimbure ayo majambo tuvyitondeye.

Salomo ntiyariko avuga yuko abantu bashingirwa imbere y’igihe umusi wo kuvukirako be n’uwo gupfirako. Ahubwo riho, yashatse kuvuga yuko ukuvuka be n’ugupfa, cokimwe n’ibindi bintu vyinshi bishika mu buzima, vyama biba vyisubiriza urudaca. Ata gukeka, hazokwama hariho ivyiza be n’ibibi mu buzima. Salomo avuga ko “[hariho] igihe co kurira n’igihe co gutwenga.” Yerekana ko mwene ivyo bintu vyama vyisubiriza be n’ivyago biba ata wari avyiteze, ari ibintu vyama vyashitse mu buzima, mu “gikorwa cose musi y’ijuru.” (Umusiguzi 3:1-8; 9:11, 12) Ni co gituma iciyumviro ashikako ari ic’uko tudakwiye gutwarwa n’ibikorwa vyacu vya misi yose ku buryo twibagira Umuremyi wacu.​—Umusiguzi 12:1, 13.

Naho Umuremyi wacu atahura bimwe vyuzuye ibijanye n’ubuzima be n’urupfu, ntadushingira vyanse bikunze ibizodushikira. Bibiliya yigisha ko twese Imana ituronsa icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera. Ariko rero, Imana ntiduhatira kwemera ico cizigiro iduha. Ahubwo riho, Ijambo ryayo rivuga riti: “Uwo wese ashaka niyakire amazi y’ubuzima ku buntu.”​—Ivyahishuwe 22:17.

Ego cane, dutegerezwa kwipfuza ‘kwakira amazi y’ubuzima.’ Kazoza kacu rero ntigashingiye ku vyo ngo twandikiwe imbere y’igihe. Ingingo twebwe ubwacu dufata, agatima tugaragaza be n’ivyo dukora biragira ikintu kinini bikoze kuri kazoza kacu.