Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dutahure neza Musa Mukuru

Dutahure neza Musa Mukuru

Dutahure neza Musa Mukuru

“Yehova Imana azobahagurukiriza mu bavukanyi banyu umuhanuzi ameze nkanje. Mutegerezwa kumwumviriza.”​—IBIK. 3:22.

1. Yezu Kristu yahinduye gute kahise k’abantu?

 HARACIYE imyaka 2.000 ivuka ry’umwana w’umuhungu ritumye isinzi ry’abamarayika mw’ijuru bashemeza Imana, kandi hari abungere bavyumvise. (Luka 2:8-14) Haciye imyaka 30, uwo muhungu, ico gihe akaba yari amaze kugera mu bigero, yaratanguye ubusuku bwamaze imyaka itatu n’igice gusa, ariko bwahinduye kahise k’abantu. Umutohozakahise umwe azwi cane wo mu kinjana ca 19 yitwa Philip Schaff yaragize ico avuze ku bijanye n’uwo musore ati: “Naho ata kintu na kimwe ubwiwe yanditse, ivyo yakoze be n’ivyo yavuze, abanditsi benshi b’ibitabu, b’indirimbo be n’ab’insiguro zivuga ivy’Imana, tutibagiye n’abahinguzi b’utugenegene, barabikoresheje kuruta uko bakoresheje ivyo abantu bose bahambaye bo mu bihe vya kera n’ivya none bavuze canke bakoze.” Uwo musore adasanzwe si uwundi ni Yezu Kristu.

2. Ni ibiki intumwa Yohani yavuze ku vyerekeye Yezu n’ubusuku yaranguye?

2 Intumwa Yohani yaranditse inkuru yigana ubusuku Yezu yaranguye, maze mu gusozera avuga ati: “Kukaba nkako, hariho n’ibindi bintu vyinshi Yezu yakoze, iyo biramuka vyanditswe ido n’ido, nibaza ko isi ubwayo itoshoboye gukwirwamwo imizingo yokwanditswe.” (Yoh. 21:25) Yohani yari azi ko yari ashoboye kwandika bikeyi gusa mu vyo Yezu yavuze vyose be n’ivyo yakoze vyose muri iyo myaka itatu n’igice yabayemwo ibintu vyinshi bihambaye. Yamara, ivyo bintu vyabaye Yohani yanditse mu Njili yiwe birafise agaciro ntangere.

3. Dushobora gute kurushiriza gutahura neza uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana?

3 Uretse inkuru zihambaye ziganwa mu Njili zine, n’ibindi vyanditswe vyo muri Bibiliya biratanga ayandi makuru y’ido n’ido akomeza ukwizera yerekeye ubuzima bwa Yezu. Nk’akarorero, inkuru zo muri Bibiliya zigana ivyerekeye abagabo bamwebamwe b’abizigirwa babayeho imbere ya Yezu zirimwo amakuru atuma turushiriza gutahura neza uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana. Nimuze turimbure zimwezimwe muri izo nkuru.

Abantu b’abizigirwa bo mu gihe ca kera bagereranya Kristu

4, 5. Ni bande bagereranya Yezu, kandi ivyo babigize mu buryo ubuhe?

4 Yohani be n’abandi banditsi batatu b’Injili baravuga ko Musa, Dawidi na Salomo ari abantu bagereranya Yezu, Uwarobanuwe w’Imana akaba n’Umwami yagenywe. Ni mu buryo ubuhe ivyo abo basavyi b’Imana ba kera bakoze vyerekanye imbere y’igihe ivyo Yezu yoranguye, kandi ni ibiki dushobora kwigira kuri izo nkuru?

5 Muri make, Bibiliya itubwira yuko Musa yari umuhanuzi, umuhuza akaba n’umurokozi. Yezu na we nyene ni umuhanuzi, umuhuza n’umurokozi. Dawidi yari umwungere akaba n’umwami yagiye aranesha abansi ba Isirayeli. Yezu na we nyene ni umwungere akaba n’umwami agenda anesha. (Ezk. 37:24, 25) Igihe cose Salomo yari akiri umwizigirwa, yari umutegetsi w’inkerebutsi, kandi ku ngoma yiwe Isirayeli yari mu mahoro. (1 Abm. 4:25, 29) Yezu na we nyene ni inkerebutsi bimwe bihebuje kandi yitwa “Umuganwa w’amahoro.” (Yes. 9:6, NW) Biragaragara rero ko uruhara Kristu Yezu arangura rusa n’urwo abo bagabo bamwitangiye imbere baranguye, ariko ikibanza afise mu mugambi w’Imana kiri hejuru cane kuruta. Ubwa mbere, reka turabe ivyo Yezu na Musa bahuriyeko, maze duce turaba ukuntu bidufasha kurushiriza gutahura bimwe bishitse uruhara Yezu arangura mu mugambi w’Imana.

Musa yari integuza ya Yezu

6. Intumwa Petero yasiguye gute akamaro ko gutega yompi Yezu?

6 Gatoyi inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., intumwa Petero yarasubiyemwo mu majambo ubuhanuzi bwavuzwe na Musa bwarangukiye kuri Yezu Kristu. Petero yari ahagaze imbere y’isinzi ry’Abayuda bari baje gusengera ku rusengero. Abantu “ba[ra]kubiswe n’inkuba” igihe Petero na Yohani bakiza umuntu yasegerereza yari yavutse ari ikimuga, maze abari aho bose baca bashwabadukira rimwe baja kuraba ibibaye. Petero yasiguye yuko ico kintu gitangaje cakozwe bitumwe n’uko impwemu nyeranda ya Yehova yariko ikora biciye kuri Yezu Kristu. Yaciye asubiramwo amajambo avugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ati: “Nkako Musa yavuze ati: ‘Yehova Imana azobahagurukiriza mu bavukanyi banyu umuhanuzi ameze nkanje. Mutegerezwa kumwumviriza nk’uko ibintu vyose ababwira biri.’”​—Ibik. 3:11, 22, 23; soma Gusubira mu vyagezwe 18:15, 18, 19.

7. Ni kubera iki abariko bumviriza Petero bari bashoboye gutahura ivyo yavuze ku bijanye n’umuhanuzi aruta Musa?

7 Ayo majambo ya Musa ashobora kuba yari amenyerewe n’abariko bumviriza Petero. Kubera ko bari Abayuda, barubaha cane Musa. (Gus. 34:10) Bari biteganye igishika cinshi ukuza kw’umuhanuzi aruta Musa. Uwo muhanuzi ntiyoje yitwa gusa mesiya asanzwe, ni ukuvuga uwarobanuwe w’Imana nka kurya kwa Musa, ariko yoje ari umwe Mesiya, ni ukuvuga “Kristu w’Imana, Uwatowe” wa Yehova.​—Luka 23:35; Heb. 11:26.

Ivyo Yezu na Musa bahuriyeko

8. Ni ibintu bimwebimwe ibihe ubuzima bwa Musa buhuriyeko n’ubwa Yezu?

8 Ubuzima bwa Yezu bwo ng’aha kw’isi hari ukuntu bwasa n’ubwa Musa mu mice imwimwe. Nk’akarorero, Musa na Yezu bakiri inzoya, bompi barahungishijwe ntibicwa n’umutegetsi w’imburakigongwe. (Kuv. 1:22–2:10; Mat. 2:7-14) Vyongeye, bompi ‘barahamagawe ngo bave muri Egiputa.’ Umuhanuzi Hoseya yavuze ati: “Isirayeli uhereye akir’umwana naramukunda, maze mpamagara uwo mwana wanje ngw ave muri Egiputa.” (Hos. 11:1) Amajambo Hoseya yavuze yerekeza ku vyari vyabaye igihe ihanga rya Isirayeli ryakurwa mu Misiri riyobowe na Musa, indongozi yari yagenywe n’Imana. (Kuv. 4:22, 23; 12:29-37) Ariko rero, ayo majambo ya Hoseya ntiyariko yerekeza gusa ku vyari vyarabaye, ariko kandi yariko yerekeza no ku vyobaye muri kazoza. Ayo majambo yiwe yari ubuhanuzi bwarangutse igihe Yozefu na Mariya bagarukana Yezu bavuye mu Misiri, Umwami Herode amaze gupfa.​—Mat. 2:15, 19-23.

9. (a) Ni ibitangaro ibihe Musa na Yezu bakoze? (b) Nuvuge ibindi bintu Musa na Yezu bahuriyeko. (Raba uruzitiro ruvuga ngo  “Ibindi bintu Yezu na Musa bari bahuriyeko,” ku rupapuro rwa 26.)

9 Yaba Musa canke Yezu, bompi barakoze ibitangaro, ivyo bica bigaragaza ko Yehova yari abashigikiye. Nkako, Musa ni we muntu wa mbere avugwa ko yakoze ibitangaro. (Kuv. 4:1-9) Nk’akarorero, Musa yarakoze ibitangaro vyari vyerekeye amazi igihe yategeka ko amazi y’Uruzi Nili be n’ay’ibidengeri vyarimwo urupfunzo acika amaraso, ko Ikiyaga Gitukura cigaburamwo kabiri be n’uko amazi arindimuka avuye mu gitandara mu bugaragwa. (Kuv. 7:19-21; 14:21; 17:5-7) Yezu na we nyene yarakoze ibitangaro vyari vyerekeye amazi. Igitangaro ciwe ca mbere na mbere cabaye ico guhindura amazi akaba umuvinyu igihe yari mu bukwe. (Yoh. 2:1-11) Mu nyuma, yaratururuje Ikiyaga c’i Galilaya carimwo ibisebuzi vyinshi. Hari n’igihe mbere yagendagendeye ku mazi! (Mat. 8:23-27; 14:23-25) Ibindi bintu Musa be na Musa Mukuru ari we Yezu bahuriyeko, urashobora kubisanga mu ruzitiro ruri ku  rupapuro rwa 26.

Dutahure ko Kristu yari umuhanuzi

10. Ni ibiki biranga umuhanuzi w’ukuri, kandi ni kubera iki Musa yari umuhanuzi w’ukuri?

10 Abantu benshi biyumvira ko umuhanuzi ari urya muntu avuga ibintu bizoba, yamara ico ni kimwe gusa mu vyo ajejwe. Umuhanuzi w’ukuri ni umuntu Yehova ahumekera kugira ngo amuvugire, akamamaza “ibintu vy’agatangaza vy’Imana.” (Ibik. 2:11, 16, 17) Mu bintu umuhanuzi amenyesha imbere y’igihe hoshobora kuba harimwo ugutangaza ibizoba, uguhishura imice y’umugambi wa Yehova canke ugutangaza imanza z’Imana. Musa yari mwene uwo muhanuzi. Imbere y’uko kimwekimwe muri vya Vyago Cumi vyashikiye Misiri gitera, yabanza kumenyesha ko cobaye. Yarashikirije Isirayeli isezerano rishingiye kw’Itegeko ku Musozi Sinayi. Vyongeye, yarigishije iryo hanga ibijanye n’ivyo Imana igomba. Yamara, amaherezo hoje umuhanuzi aruta Musa.

11. Yezu yaranguye gute uruhara rwo kuba umuhanuzi aruta Musa?

11 Mu nyuma mu kinjana ca mbere, Zakariya yarabaye nk’umuhanuzi mu guhishura umugambi w’Imana ku bijanye n’umwana wiwe Yohani. (Luka 1:76) Uwo mwana yahavuye aba Yohani Umubatizi, umwe yatangaje ukuza kw’umuhanuzi aruta Musa yari amaze igihe kirekire yitezwe, na we akaba ari Yezu Kristu. (Yoh. 1:23-36) Kubera ko Yezu yari umuhanuzi, yaravuze ibintu vyinshi vyobaye. Nk’akarorero, yaravuze imbere y’igihe ibijanye n’urupfu rwiwe, ukuntu yopfuye, aho yopfiriye be n’abo vyociyeko kugira ngo yicwe. (Mat. 20:17-19) Yezu kandi yaravuze yuko Yeruzalemu n’urusengero rwaho vyosanganguwe, ivyo bikaba vyaratangaje abariko baramwumviriza. (Mrk. 13:1, 2) Ubuhanuzi bwiwe buraranguka gushika muri iki gihe cacu.​—Mat. 24:3-41.

12. (a) Yezu yashinze gute umushinge w’igikorwa co kwamamaza kw’isi nzima? (b) Ni kubera iki dukurikiza akarorero ka Yezu muri iki gihe?

12 Uretse ko Yezu yari umuhanuzi, yari umwamamaji akaba n’umwigisha. Yaramamaje inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, kandi nta n’umwe yigeze kuvugana ubutinyutsi nka we. (Luka 4:16-21, 43) Yari umwigisha ata n’umwe bangana. Bamwe mu bamwiyumviye bavuze bati: “Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.” (Yoh. 7:46) Yezu yarihatira gukwiragiza inkuru nziza n’umwete mwinshi kandi yaratumye abayoboke biwe bagira nya mwete nyene yari afitiye Ubwami. Gutyo, yari ashinze umushinge w’igikorwa co kwamamaza no kwigisha kw’isi nzima kikibandanya no muri iki gihe. (Mat. 28:18-20; Ibik. 5:42) Mu mwaka uheze, abayoboke ba Kristu bashika imiliyoni indwi bamaze amasaha nka 1.500.000.000 bariko bamamaza inkuru nziza y’Ubwami bongera bigisha ukuri kwo muri Bibiliya abashimishijwe. Woba ugira uruhara uko ushoboye kwose muri ico gikorwa?

13. Ni ibiki bizodufasha ‘kuguma turi maso’?

13 Ntawoharira ko Yehova yashikije ubuhanuzi bwari bwavuze yuko yohagurukije umuhanuzi ameze nka Musa. None kumenya ivyo bigira ico bikoze gute kuri wewe? Vyoba bituma urushiriza kwizigira iranguka ry’ubuhanuzi bwinshi bwahumetswe bwavuze ivyimirije kudushikira? Emwe, kuzirikana ku karorero ka Musa Mukuru bituma ‘tuguma turi maso kandi tuzigamye ubwenge bwacu’ ku bijanye n’ivyo vuba Imana igiye gukora.​—1 Tes. 5:2, 6.

Tubone ko Kristu ari umuhuza

14. Musa yabaye gute umuhuza hagati y’Abisirayeli n’Imana?

14 Nka kumwe kwa Musa, Yezu yari umuhuza. Musa yarabaye umuhuza wa rya sezerano ryari rishingiye kw’Itegeko ryagirwa hagati ya Yehova n’Abisirayeli. Iyo abahungu ba Yakobo bagamburuka amategeko y’Imana, bari kuguma ari inyegu Imana yiharije, bakaba ishengero ryiwe. (Kuv. 19:3-8) Iryo sezerano ryagumye rikora kuva 1513 B.G.C. gushika mu kinjana ca mbere G.C.

15. Ni gute Yezu ari umuhuza aruta abandi?

15 Mu 33 G.C., Yehova yaratanguje irindi sezerano ryiza kuruta, arigirana na Isirayeli nshasha, ari yo “Isirayeli y’Imana,” iyahavuye iba ishengero rikwiye kw’isi yose rigizwe n’abakirisu barobanuwe. (Gal. 6:16) Mu gihe rya sezerano ryagirwa biciye kuri Musa ryarimwo amategeko yanditswe n’Imana kw’ibuye, isezerano ryagizwe biciye kuri Yezu ryoryo rirahambaye kuruta. Amategeko arigize Imana yayanditse mu mitima y’abantu. (Soma 1 Timoteyo 2:5; Abaheburayo 8:10.) Ku bw’ivyo, “Isirayeli y’Imana” ubu ni inyegu idasanzwe Imana yiharije, ni ukuvuga “ihanga ryama ivyamwa” vy’Ubwami burongowe na Mesiya. (Mat. 21:43) Abagize iryo hanga ryo mu buryo bw’impwemu ni bo bari muri iryo sezerano rishasha. Ariko, si bo bonyene baryungukirako. Amasinzi y’abantu atoharurwa, eka mbere n’abandi benshi ubu basinziriye mu rupfu, bazokwironkera imihezagiro y’ibihe bidahera biciye kuri iryo sezerano ntangere.

Tubone ko Kristu ari umurokozi

16. (a) Ni mu buhe buryo butandukanye Yehova yakoresheje Musa kugira ngo arokore Abisirayeli? (b) Nk’uko bivugwa muri Kuvayo 14:13, ni nde Sôko ry’ubukiriro?

16 Muri rya joro rya nyuma buca Abisirayeli bava mu Misiri, bamwe mu bana babo bari bageramiwe cane. Umumarayika w’Imana yari agiye kunyuragira mu gihugu ca Misiri cose kugira ngo yice abana b’imfura bose. Yehova yari yabwiye Musa ko umwana w’imfura wo muri Isirayeli yorokotse ari ukwo Abisirayeli bafashe amaraso y’umwagazi w’intama wa Pasika, maze bakayamija ku gice co hejuru c’umuryango no ku bishimaryango vyabo. (Kuv. 12:1-13, 21-23) Ukwo ni ko vyagenze. Mu nyuma, ihanga ryose ry’Abisirayeli ryari rigeramiwe bimwe bikomeye. Bari hagati y’Ikiyaga Gitukura hamwe n’imikogote y’intambara y’Abanyamisiri yari ibomye inyuma. Yehova yarasubiye kubarokora abicishije kuri Musa, uwatumye amazi y’ico kiyaga yicamwo kubiri ku gitangaro.​—Kuv. 14:13, 21.

17, 18. Ni mu buryo ubuhe Yezu ari umurokozi aruta Musa?

17 Naho Yehova yakoze ivyo bintu bihambaye gutyo vyo kurokora, uburyo akoresha mu kurokora abantu abicishije kuri Yezu burahambaye kuruta. Biciye kuri Yezu abantu bagamburuka bararokorwa bagakurwa mu buja bw’igicumuro. (Rom. 5:12, 18) Vyongeye, ukwo ni ‘ukurokorwa kw’ibihe bidahera.’ (Heb. 9:11, 12) Izina Yezu risobanura ngo “Yehova ni ubukiriro.” Kubera ko Yezu ari we Murokozi wacu canke Umukiza wacu, ntatuma dukurwako gusa ibicumuro twakoze, ariko kandi araturonsa akaryo ko kuzogira kazoza keza. Mu kurokora abayoboke biwe akabakura mu buja bw’igicumuro, Yezu aba abakijije uburake bw’Imana, maze agatuma bagiranira na Yehova ubucuti burangwa urukundo.​—Mat. 1:21.

18 Igihe cashinzwe nicagera, ukwo kuba Yezu aturokora akadukura mu buja bw’igicumuro kuzobamwo n’ugukurwako ingaruka zibabaje z’igicumuro, ni ukuvuga indwara eka mbere n’urupfu. Kugira ngo tugerageze kwiha ishusho y’ico ivyo bizoba bisobanura, rimbura ivyabaye igihe Yezu yaja ku mugabo umwe yitwa Yayiro, umwigeme wiwe w’imyaka 12 akaba yari yapfuye. Yezu yasubirije umutima mu nda Yayiro ati: “Ntutinye, nugire ukwizera gusa, arakira.” (Luka 8:41, 42, 49, 50) Erega iryavuzwe ryaratashe, wa mwigeme yarazuwe mu bapfuye! Woba ushobora kwiyumvira umunezero abavyeyi ba nya kigeme bagize? Rero urashobora kwiyumvira umunezero ntangere tuzogira igihe “abari mu mva bose bazokwumva ijwi [rya Yezu] bakazivamwo.” (Yoh. 5:28, 29) Vy’ukuri, Yezu ni Umukiza, akaba n’Umurokozi wacu.​—Soma Ibikorwa 5:31; Tito 1:4; Ivyah. 7:10.

19, 20. (a) Kuzirikana ku ruhara Yezu arangura ari Musa Mukuru bigira ico bikoze gute kuri twebwe? (b) Ni ibiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

19 Kumenya yuko dushobora gukoreshwa mu gufasha abantu kwungukira kuri ivyo bikorwa vya Yezu vyo gukiza, biradusunikira kugira uruhara muri ca gikorwa co kwamamaza no kwigisha. (Yes. 61:1-3) Vyongeye, kuzirikana ku ruhara Yezu arangura ari Musa Mukuru biratuma turushiriza kwemera tudakeka ko azorokora abayoboke biwe niyaza gushitsa urubanza ku banyakibi.​—Mat. 25:31-34, 41, 46; Ivyah. 7:9, 14.

20 Emwe, Yezu ni we Musa Mukuru. Yarakoze ibintu vyinshi vyiza igitangaza Musa atari bwigere ashobora gukora. Amajambo Yezu yavuze ari umuhanuzi be n’ibikorwa yakoze ari umuhuza biragira ico bikoze ku muryango wose w’abantu. Kubera ko Yezu ari Umurokozi, araronsa abantu bashobora gucungurwa ubukiriro atari ubw’igihe gito gusa, ariko bw’ibihe bidahera. Yamara rero, hari n’ibindi twiga ku vyerekeye Yezu dufatiye ku bantu b’abizigirwa bo mu gihe ca kera. Ikiganiro gikurikira kizoca irya n’ino ingene Yezu yari Dawidi Mukuru akaba na Salomo Mukuru.

Woshobora kubisigura?

Ni gute Yezu aruta Musa mu kuba ari

• umuhanuzi?

• umuhuza?

• umurokozi?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 26]

  Ibindi bintu Yezu na Musa bari bahuriyeko

◻ Bompi barahevye ibibanza vyo hejuru bari bafise kugira ngo basukurire Yehova be n’abasavyi biwe.​2 Kor. 8:9; Flp. 2:5-8; Heb. 11:24-26.

◻ Bompi barasukuye ari abarobanuwe.​Mrk. 14:61, 62; Yoh. 4:25, 26; Heb. 11:26.

◻ Bompi baje mw’izina rya Yehova.​Kuv. 3:13-16; Yoh. 5:43; 17:4, 6, 26.

◻ Bompi baragaragaje ubugwaneza.​Guh. 12:3; Mat. 11:28-30.

◻ Bompi baragize uruhara mu vyo gufungurira amasinzi y’abantu.​Kuv. 16:12; Yoh. 6:48-51.

◻ Bompi barasukuye ari abacamanza n’abatanzi b’amategeko.​Kuv. 18:13; Mal. 4:4; Yoh. 5:22, 23; 15:10.

◻ Bompi Imana yari yabajeje inzu yayo.​Guh. 12:7; Heb. 3:2-6.

◻ Bompi badondorwa ko ari ivyabona vya Yehova b’intahemuka.​Heb. 11:24-29; 12:1; Ivyah. 1:5.

◻ Inyuma y’urupfu rwa Musa be n’urwa Yezu, Imana yarazimanganije imivyimba yabo.​Gus. 34:5, 6; Luka 24:1-3; Ibik. 2:31; 1 Kor. 15:50; Yuda 9.