Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1 Nurushirize kwizigira Bibiliya

1 Nurushirize kwizigira Bibiliya

1 Nurushirize kwizigira Bibiliya

“Icanditswe cose cahumetswe n’Imana kandi ni ngirakamaro ku kwigisha, ku gukangira, ku kugorora ibintu.”​—2 Timoteyo 3:16.

INGORANE NI IYIHE? Abenshi babona yuko Bibiliya ari igitabu gusa c’ubukerebutsi bw’abantu. Bamwe biyumvira yuko inkuru za kahise zo muri Bibiliya zirimwo amakosa. Abandi bavuga ko impanuro Bibiliya itanga atari ngirakamaro canke ko zataye igihe.

USHOBORA GUTE GUTSINDA IYO NGORANE? Akenshi abantu bavyura amakenga ku vy’uko Bibiliya ari iyo kwizigirwa canke ataco imaze, baba batasuzumye ubwabo ico kintu. Bapfa gusa gusubiramwo ivyo abandi bavuga. Ariko rero, Bibiliya idukebura iti: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.”​—Imigani 14:15.

Aho gupfa kwemera ata n’ukwiyumvira ivyo abandi bavuga, ni kubera iki utokwigana akarorero k’abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Beroya, ubu hakaba ari mu Buraruko bw’Ubugiriki? Ntibapfa kwemera ivyo abandi bababwiye. Ahubwo bari bazwi cane ko “basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo bintu ari ko biri.” (Ibikorwa 17:11) Nimuze turimbure muri make imvo zibiri zotuma wizigira ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana ryahumetswe.

Ibintu vyo muri kahise Bibiliya ivuga ntibigiramwo amakosa. Mu myaka n’iyindi, abantu bakekeranya baravyuye inkeka kandi n’ubu bakiriko ku bijanye n’amazina be n’ibibanza bivugwa muri Bibiliya. Naho ari ukwo, akatari gake vyaragaragaye ko ukwo gukekeranya ata shingiro kwari gufise vyongera biragaragara ko ivyo Bibiliya ivuga ari ivyo kwizigirwa.

Nk’akarorero, incabwenge zarigeze kuba zikekeranya ku vy’uko Umwami Sarugoni w’i Ashuri avugwa muri Yesaya 20:1 yoba yarabayeho. Ariko rero, mu myaka ya 1840, abacukuzi b’ivya kera baratanguye kuzura ibisigarira vy’ikirimba c’uwo mwami. Ubu Sarugoni ni umwe mu bami bazwi cane b’Abashuri.

Abihweza utuntu n’utundi bafise intumbero yo gutora amahinyu baravyuye amakenga ku vy’uko Ponsiyo Pilato, umwe Buramatari w’Umuroma yategeka ko Yezu yicwa, yoba yarabayeho. (Matayo 27:1, 22-24) Yamara, mu 1961 hari ibuye ryanditsweko izina rya Pilato be n’igiti yari afise ryubuwe iruhande y’igisagara ca Sezariya muri Isirayeli.

Ku bijanye n’uko ibivugwa muri Bibiliya vyoba birimwo amakosa, inomero yo ku wa 25 Gitugutu 1999 y’ikinyamakuru kimwe (U.S.News & World Report) yavuze iti: “Ubucukuzi bwo mu gihe ca none bwaremeje mu buryo budasanzwe ko ibivugwa mu bihimba nyamukuru vyigana ivyabaye vyo mw’Isezerano rya kera be no mw’Isezerano Rishasha ari ivy’ukuri, mu gushigikira ibice nyamukuru vy’inkuru zerekeye ba sekuruza b’imiryango bo muri Isirayeli, izerekeye ukuva kw’Abisirayeli mu Misiri, ubwami bwaganzwa n’abakomoka mu nda ya Dawidi be n’ukuntu ubuzima bwari bumeze mu gihe ca Yezu.” Naho ivyacukuwe kera atari vyo bituma wizigira Bibiliya, mwene izo nkuru zitagiramwo amakosa ni co kintu wokwitega ku gitabu cahumetswe n’Imana.

Abantu bo mu mice yose y’ubuzima barungukira ku bukerebutsi ngirakamaro buri muri Bibiliya. Kuva kera imbere yuko amamikorobi be n’uruhara agira mu gukwiragiza indwara vyuburwa, Bibiliya yari yaratanze amategeko ajanye n’isuku, ano akaba agifise akamaro gushika n’uyu musi. (Abalewi 11:32-40; Gusubira mu vyagezwe 23:12, 13) Abagize umuryango bashira mu ngiro impanuro Bibiliya itanga ku bijanye n’ukuntu umwe yofata mugenziwe baragira agahimbare kenshi. (Abanyefeso 5:28​—6:4) Umuntu abaho yisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya yoshobora kuba umukozi arushirije kuba uwitwararika ibintu canke umukoresha arushirije kuba uwukora ibintu mu buryo butegereka. (Abanyefeso 4:28; 6:5-9) Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni ngirakamaro kandi mu bijanye no kumererwa neza mu vy’inyiyumvo. (Imigani 14:30; Abanyefeso 4:31, 32; Abakolosayi 3:8-10) Impanuro ngirakamaro bene izo ni zo twokwitega ku Muremyi wacu.

IMPERA NI IYIHE? Ubukerebutsi dusanga muri Bibiliya burashobora mbere gutuma umuntu atazi utuntu n’utundi aba inkerebutsi. (Zaburi 19:7) Vyongeye, tumaze kwizigira Bibiliya, irashobora kudufasha, kuruta uko ikindi gitabu ico ari co cose cobigira mu bijanye no kurushiriza kugira ukwizera gukomeye.

Nimba ushaka ayandi makuru, raba ikigabane ca 2 kivuga ngo: “Bibiliya ni igitabu kiva ku Mana,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.