Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ku bijanye n’“umuhero”

Ku bijanye n’“umuhero”

Ivyo twigira kuri Yezu

Ku bijanye n’“umuhero”

Ni igiki kizohera?

Abigishwa ba Yezu bamubajije bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” (Matayo 24:3) Igihe Yezu yariko arishura ico kibazo, ntiyavuze ko iyi si butaka izohera. Imbere y’aho, yari yavuze ibijanye n’“ivy’isi” kandi yari yakoresheje iyo mvugo mu kwerekeza ku rutonde uko rwakabaye rw’ivya politike, ivy’ubudandaji be n’ivy’idini, ruri mu bubasha bwa Shetani. (Matayo 13:22, 40, 49) Urwo rutonde rero ni rwo yari afise mu muzirikanyi igihe yavuga ati: “Umuhero uzo[za].”​—Matayo 24:14.

Yezu yadondoye gute uwo muhero?

Umuhero w’ivy’iyi si y’akarenganyo ni “inkuru nziza.” Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.” Yezu yadondoye umuhero w’ivy’isi yo muri kino gihe muri ubu buryo, ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze kubaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, oya, kandi atazokwongera kubaho. Nkako, iyo misi iyaba itogeruwe, nta gifise umubiri cokize.”​—Matayo 24:14, 21, 22.

Ni bande bazosangangurwa?

Abadakunda canke ngo bakorere Yehova na Yezu ni bo bonyene bazosangangurwa. Abantu mwene abo ntibagamburukira Imana. Yezu yavuze ati: “Nk’uko imisi ya Nowa yari, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya: . . . ntibagi[ze] ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose.” (Matayo 24:36-39) Yezu yavuze ko abantu benshi bari mu nzira ijana mu mahonero. Ariko rero, yaratanze umuhango w’uko hariho ‘inzira ipfunganye ijana mu buzima.’​—Matayo 7:13, 14.

Ivy’isi bizohera ryari?

Igihe Yezu bamubaza ivyerekeye ikimenyetso c’ukuhaba kwiwe “n’ic’insozero y’ivy’isi,” yishuye ati: “Ihanga rizohagurukira ihanga n’ubwami [buhagurukire] ubwami, kandi hazoba amapfa na vya nyamugigima, . . . kandi kubera ukwongerekana kw’ubugarariji, urukundo rwa benshi ruzokanya.” (Matayo 24:3-12) Ku bw’ivyo rero, amakuru ababaje yose avugwa muri kino gihe arafise insobanuro iremesha, iyo na yo ikaba ari iy’uko vuba intwaro y’Ubwami bw’Imana igiye kuzanira amahoro abantu bagamburuka. Yezu yavuze ati: “Nimwabona ivyo bintu biriko biraba, muze mumenye yuko ubwami bw’Imana buri hafi.”​—Luka 21:31.

Ukwiye gukora iki?

Yezu yavuze ko Imana “yatanze Umwana wayo w’ikinege, kugira ngo umuntu wese amwizera ntarandurwe ahubwo agire ubuzima budahera.” (Yohani 3:16) Kugira ngo wizere Imana n’Umwana wayo, urakeneye kubamenya neza. Ni co gituma Yezu yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Uriyubara kugira ngo imyitwarariko be n’ingorane ntibikubuze kwiga ukuntu wogaragaza urukundo ufitiye Imana. Yezu yavuze ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa . . . n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabahwikira nk’umutego. Kuko uzoza.” Niwumvira iyo ngabisho ya Yezu, “[uzoshobora] gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba.”​—Luka 21:34-36.

Ushaka kumenya vyinshi, raba ikigabane ca 9 kivuga ngo “Twoba turi mu ‘misi y’iherezo’?,” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? a

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova.