Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Dutere tugana ku buhumure kuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

Dutere tugana ku buhumure kuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

Dutere tugana ku buhumure kuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

“Dutere tuja imbere tugana ku buhumure.”​—HEB. 6:1.

1, 2. Ni akaryo akahe ko ‘guhungira ku misozi’ abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Yeruzalemu n’ab’i Yudaya baronse?

IGIHE Yezu yari ng’aha kw’isi, abigishwa biwe baramwegereye maze bamubaza bati: “Ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?” Iranguka rya mbere ry’ubuhanuzi Yezu yatanze mu kubishura kuri ico kibazo cabo, ryabaye mu kinjana ca mbere. Yezu yaravuze ikintu kidasanzwe cobaye, kino kikaba cokwerekanye ko umuhero wobaye wegereje cane. Babonye ico kimenyetso, abobaye ‘bari i Yudaya, bobwirijwe guca batangura guhungira ku misozi.’ (Mat. 24:1-3, 15-22) Abo bigishwa ba Yezu boba bomenye ico kimenyetso kandi bagakurikiza ubuyobozi bwiwe?

2 Haciye nk’imyaka 30, ni ukuvuga mu 61 G.C., intumwa Paulo yarandikiye abakirisu b’Abaheburayo baba i Yeruzalemu no mu micungararo yaho ubutumwa bukomeye kandi bwatumye bazirikana. Naho Paulo n’abakirisu bagenziwe batari bazi igihe ico kimenyetso coranze intango y’“amakuba akomeye” cobonekeyeko, hari hasigaye imyaka itanu gusa ngo kiboneke. (Mat. 24:21) Mu 66 G.C., Cestius Gallus yarayoboye ingabo z’Abaroma mu gitero zari zigiye kugira kuri Yeruzalemu. Ariko bukwi na bukwi yarasubiye inyuma, ivyo biba bironkeje abari mu kaga akaryo ko guhungira ahatekanye.

3. Ni impanuro iyihe Paulo yahaye abakirisu b’Abaheburayo, kandi kubera iki?

3 Abo bakirisu bari bakeneye gutahura ko ibintu vyariko biraba ryari iranguka ry’amajambo ya Yezu be n’uko bari bakwiye guhunga. Ariko rero, bamwebamwe bari bacitse “abakomantaye mu kwumva kwa[bo].” Bari bameze nk’inzoya zo mu buryo bw’impwemu zikeneye “amata.” (Soma Abaheburayo 5:11-13.) N’abari bamaze imyaka mirongo bagendera mu nzira y’ukuri, bariko barabonekako ibimenyetso vyo “kuva kuri ya Mana nzima.” (Heb. 3:12) Hari abari ‘bamenyereye’ gusiba amakoraniro ya gikirisu mu gihe uwo “musi” mubi wariko “wegereza.” (Heb. 10:24, 25) Paulo yarabahaye impanuro yaje hageze mu kuvuga ati: “Ubu ko twarenganye inyigisho y’intango yerekeye Kristu, dutere tuja imbere tugana ku buhumure.”​—Heb. 6:1.

4. Ni kubera iki bihambaye ko tuguma turi maso mu vy’impwemu, kandi ni igiki kizodufasha kubigenza gutyo?

4 Tubayeho mu gihe c’iranguka rya nyuma ry’ubuhanuzi bwa Yezu. “Umusi uhambaye wa [“Yehova,” NW],” uwuzokuraho ibintu vyose bigize isi ya Shetani, “uri hafi.” (Zef. 1:14) Ubu, kuruta ikindi gihe cose, tubwirizwa kuguma dufise umwete mu vy’impwemu kandi turi maso. (1 Pet. 5:8) Twoba vy’ukuri turiko turabigenza gutyo? Kuba abahumuye mu vy’impwemu bizodufasha kuguma twituniye cane ku bijanye n’igihe tugezemwo.

Ubuhumure bwo mu vy’impwemu ico ari co

5, 6. (a) Kuba uwuhumuye mu vy’impwemu bisaba iki? (b) Gutera imbere tugana ku buhumure bisaba kugira utwigoro mu mice ibiri iyihe?

5 Paulo ntiyaremesheje abakirisu b’Abaheburayo bo mu kinjana ca mbere gutera imbere bagana ku buhumure gusa, ariko kandi yarababwiye ico ukuba umuntu ahumuye mu vy’impwemu bisobanura. (Soma Abaheburayo 5:14.) “Abantu bahumuye” ntibabumbwa no kwihereza “amata” gusa. Barihereza n’“ibifungurwa bigumye.” Ni co gituma usanga bazi “ibintu vy’intango” be n’“ibintu vyimbitse” vyerekeye ukuri. (1 Kor. 2:10) N’ikindi kandi, ububasha bwabo bwo gutegera buramenyerezwa biciye ku kubukoresha, ni ukuvuga ku gushira mu ngiro ivyo bazi, kugira ngo bubafashe gutandukanya ikibi n’iciza. Igihe bafata ingingo ku kintu kinaka, ukwo kumenyerezwa kurabafasha gutahura ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe zijanye n’ico kintu be n’ingene bozishira mu ngiro.

6 Paulo yanditse ati: “[Ni] nkenerwa ko twitwararika kuruta uko bisanzwe ibintu twumvise, kugira ntitwigere tugenda akayombekere.” (Heb. 2:1) Ushobora gusanga twagiye akayombekere tugaheba ukwizera tutabiciye n’ikanda. Turashobora kwirinda gushikirwa n’ico kintu mu kwitwararika ibintu “kuruta uko bisanzwe” igihe twihweza ukuri kwo mu vy’impwemu. Ku bw’ivyo, umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Noba ncitunira gusa ku bintu vy’ishimikiro? Noba mpfa gukora ibintu uko ndavyumva canke ku bw’uguheza umwuga gusa, ukuri kutari muri jewe namba? Noshobora gute gutera imbere vy’ukuri mu vy’impwemu?’ Kugira ngo dutere imbere tugana ku buhumure bisaba ko turushiriza kugira utwigoro n’imiburiburi mu mice ibiri. Dutegerezwa kumenya neza Ijambo ry’Imana. Vyongeye, turakwiye kwiga kugamburuka.

Tumenye neza rya jambo

7. Dushobora gute kwungukira ku kumenya neza Ijambo ry’Imana?

7 Paulo yanditse ati: “Umuntu wese afungura amata aba atazi ijambo ry’ubugororotsi, kuko aba ari uruyoya.” (Heb. 5:13) Kugira ngo tube abahumuye, dutegerezwa kumenya neza ijambo ry’Imana, ni ukuvuga ubutumwa yaturonkeje. Kubera ko ubwo butumwa buri mw’Ijambo ryayo, Bibiliya, turakwiye kuba abantu biga neza Ivyanditswe n’ibisohokayandikiro vya wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” (Mat. 24:45-47) Kwiyinjizamwo ivyiyumviro vy’Imana muri ubwo buryo birashobora kudufasha kumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera. Rimbura akarorero k’umukirisu umwe yitwa Orchid. * Avuga ati: “Icibutswa cagize ikintu gikomeye cane ku buzima bwanje ni ikijanye n’ugusoma Bibiliya ubudahorereza. Vyansavye imyaka ibiri kugira ngo nsome Bibiliya yose, ariko ni nk’aho nari ntanguye kumenya Umuremyi wanje. Naramenye ivyerekeye inzira ziwe, ivyo akunda n’ivyo yanka, ingene ububasha bwiwe bungana be n’ubwimbike bw’ubukerebutsi bwiwe. Gusoma Bibiliya ku musi ku musi vyarankomeje mu bihe bimwebimwe bigoye cane vyanshikiye mu buzima.”

8. Ni ububasha ubuhe Ijambo ry’Imana rishobora kugira kuri twebwe?

8 Gusoma igice kinaka c’Ijambo ry’Imana tudahorereza biratuma ubutumwa buri muri ryo ‘bugira ububasha’ kuri twebwe. (Soma Abaheburayo 4:12.) Ukwo gusoma kurashobora kubumbabumba umuntu wacu w’imbere kukongera kugatuma turushiriza guhimbara Yehova. Ubona gute ugize urutonde rwotuma urushiriza kuronka umwanya wo gusoma Bibiliya no kuzirikana ku vyo ivuga?

9, 10. Kumenya neza Ijambo ry’Imana bisaba iki? Bitangire akarorero.

9 Kumenya neza Bibiliya ntibisobanura gusa kuba umuntu amenyereye ivyo ivuga. Inzoya zo mu buryo bw’impwemu zo mu gihe ca Paulo ntibari abantu batamenyereye na gato ivyo Ijambo ry’Imana ryahumetswe rivuga. Ahubwo riho, ntibakoresha ivyo bari bazi maze ngo bibonere ivyiza biva mu kubishira mu ngiro vy’ukuri. Ntibakoresheje neza ubutumwa buri muri ryo mu kureka ngo ribayobore mu gufata ingingo ziranga ubukerebutsi mu buzima bwabo.

10 Kugira ngo tumenye neza Ijambo ry’Imana, bisaba ko tumenya ivyo rivuga tukongera tugakoresha ubwo bumenyi. Ivyashikiye umuvukanyikazi umwe yitwa Kyle birerekana ingene ivyo bishobora kugirwa. Kyle yari afise ico batumvikanako n’umwe mu bo bakorana. None yatoreye umuti gute iyo ngorane? Asigura ati: “Icanditswe naciye ubwo nyene nibuka ni ico mu Baroma 12:18, kigira giti: ‘Uko bivana namwe kwose, mubane amahoro n’abantu bose.’ Naciye rero ndondera ukuntu twobonana n’uwo twakorana tugodotse.” Uwo mubonano wagenze neza cane, kandi uwo mukozi bakorana yaratangajwe no kubona Kyle yarateye iyo ntambwe. Kyle avuga ati: “Naratahuye yuko bidashobora kwigera bitugendera nabi dushize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya.”

Twige kugamburuka

11. Ni igiki cerekana ko bishobora kuba urugamba kugamburuka mu bintu bigoye?

11 Gukurikiza ivyo tuba twize mu Vyanditswe birashobora kuba urugamba, na canecane igihe tuba turi mu bintu bigoye. Nk’akarorero, gatoyi inyuma y’aho Yehova akuriye Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri, ‘baratonganije Musa’ kandi baguma ‘bagerageza Uhoraho.’ Uti kubera iki? Kubera ko bari babuze amazi yo kunywa. (Kuv. 17:1-4) Hatarahera amezi abiri binjiye mw’isezerano Imana yagiranye na bo maze bakiyemerera gukora ‘ivyo Uhoraho [yari] yavuze vyose,’ bararenze kw’itegeko ryiwe ryababuza gusenga ibigirwamana. (Kuv. 24:3, 12-18; 32:1, 2, 7-9) Boba babitumwe n’ubwoba bagize kubera ko Musa yari amaze igihe kirekire atari kumwe na bo, ariko araronswa ubuyobozi ku Musozi Horebu? Abisirayeli boba kumbure biyumvira yuko bosubiye guterwa n’Abamaleki kandi ko bobuze gitabara batari kumwe na Musa, uwari yatumye Abamaleki batsindwa imbere y’aho kubera ko yagumye adugije amaboko? (Kuv. 17:8-16) Naho kumbure vyoba ari ukwo vyagenze, uko biri kwose Abisirayeli ‘baranse kugamburuka.’ (Ibik. 7:39-41) Paulo yahimirije abakirisu ‘gukora uko bashoboye kwose’ kugira ngo birinde “[ku]gwa muri ico citegererezo nyene c’ubugambarazi,” ico Abisirayeli berekanye igihe batinya kwinjira mu Gihugu c’isezerano.​—Heb. 4:3, 11.

12. Yezu yize gute kugamburuka, kandi ni ivyiza ibihe vyavuyemwo?

12 Gutera imbere tugana ku buhumure bisaba ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo tugamburukire Yehova. Nk’uko Yezu Kristu yabitangiye akarorero, ukugamburuka akenshi umuntu avyigira ku mibabaro imushikira. (Soma Abaheburayo 5:8, 9.) Imbere y’uko aza ng’aha kw’isi, Yezu yaragamburukira Se wiwe. Ariko rero, kugira ngo akore ivyo Se wiwe agomba ari kw’isi vyasavye ko ashikirwa n’ibintu bibabaza ku mubiri kandi vyamuhagarika umutima. Biciye ku kugamburuka mu bintu bigoye cane, Yezu ‘yaratunganijwe’ ku bw’ikibanza gishasha Imana yari yaramuteguriye co kuba Umwami akaba n’Umuherezi Mukuru.

13. Ni igiki cerekana niba twarize kugamburuka?

13 Tweho bite? Twoba dufise umwiyemezo wo kugamburukira Yehova n’igihe nyene twoba dushikiwe n’ingorane zitesha umutwe? (Soma 1 Petero 1:6, 7.) Impanuro Imana itanga ku bijanye n’imico, ukuba inziraburyarya, ugukoresha neza ururimi, ugusoma no kwiyigisha Ivyanditswe, ukwitaba amakoraniro ya gikirisu be no kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza usanga zitomoye. (Yos. 1:8; Mat. 28:19, 20; Ef. 4:25, 28, 29; 5:3-5; Heb. 10:24, 25) Twoba tugamburukira Yehova muri iyo mice naho twoba turi mu bintu bigoye? Ukugamburuka kwacu ni ikimenyamenya c’uko twateye imbere tugana ku buhumure.

Ni kubera iki kuba uwuhumuye mu vy’impwemu ari ngirakamaro?

14. Tanga akarorero kerekana ukuntu gutera imbere tugashika ku buhumure bishobora kudukingira.

14 Usanga ari uburinzi koko ku mukirisu igihe afise ububasha bwo kwiyumvira bwamenyerejwe neza gutandukanya ikibi n’iciza mw’isi y’abantu “babaye ibiti.” (Ef. 4:19) Nk’akarorero, umuvukanyi umwe yitwa James, uno akaba yarasoma ibisohokayandikiro bishingiye ku Vyanditswe adahorereza kandi akazirikana cane ku vyo yasoma, yararonse akazi aho abo bakorana bose bari abo badasangiye igitsina. James avuga ati: “Naho benshi muri bo berekana ku mugaragaro ko ari inshirasoni, hari umukozi umwe yaboneka ko ari n’urupfasoni kandi yaragaragaza ko ashimishwa n’ukuri kwo muri Bibiliya. Ariko, igihe twariko dukorera ahantu hamwe turi twenyene, yaratanguye kundyosharyosha ngo turyamane. Niyumviriye ko ariko arijajurira ariko vyarashitse aho bimbana urugamba kumubuza. Naciye ubwo nyene nibuka ikintu cabaye kivugwa mu Munara w’Inderetsi cerekeye umuvukanyi yashikiwe n’ikigeragezo nk’ico ku kazi. Muri ico kiganiro harakoreshejwemwo akarorero ka Yozefu na muka Potifari. * Naciye ndamusunurira nka hariya, maze aca ariruka.” (Ita. 39:7-12) James yarakengurutse cane kubona ata kindi kintu na kimwe cabaye be n’uko yagumanye ijwi ryo mu mutima ritamwagiriza ikibi.​—1 Tim. 1:5.

15. Gutera imbere tugana ku buhumure bishobora gute gukomeza umutima wacu w’ikigereranyo?

15 Vyongeye kuba abahumuye ni ngirakamaro mu buryo bw’uko bikomeza umutima wacu w’ikigereranyo bikongera bikaturinda ngo “nti[du]twarwe n’inyigisho zitari zimwe kandi z’ahandi.” (Soma Abaheburayo 13:9.) Twihatiye gutera imbere mu vy’impwemu, umuzirikanyi wacu na wo uca uguma wituniye ku “bintu bihambaye kuruta.” (Flp. 1:9, 10) Gutyo turarushiriza gukengurukira Imana kandi tugakenguruka ku bw’intunganyo zose yashizeho ku bwacu. (Rom. 3:24) Umukirisu “[akuze] mu bubasha bwo gutahura” aratsimbataza mwene ukwo gukenguruka akongera akagiranira na Yehova ubucuti somambike.​—1 Kor. 14:20.

16. Ni igiki cafashije umuvukanyikazi umwe gutsimbataza ‘ugushikama mu mutima’?

16 Hari umuvukanyikazi yitwa Louise yiyemereye ko inyuma y’ibatisimu yiwe yamaze igihe ata kindi kintu ashira imbere atari ukuguma abonwa neza n’abandi vyonyene. Yavuze ati: “Naho ata kibi na kimwe nakora, nta cipfuzo namba nari mfise co gukorera Yehova. Naratahuye ko nabwirizwa kugira ivyo mpinduye niba nipfuza kwumva ko ndiko ndaha Yehova ikintu cose nshoboye. Ihinduka rikomeye kuruta ayandi yose nabwirizwa kugira kwari ukwitaho ibijanye n’ugusenga kwanje ndabigiranye umutima wanje wose.” Biciye ku kugira mwene utwo twigoro, Louise yaratsimbataje ‘ugushikama mu mutima,’ kandi ivyo vyaragaragaye ko vyari bihambaye cane igihe yashikirwa n’ingorane y’amagara ibabaza cane. (Yak. 5:8) Louise yavuze ati: “Naho narwanye urugamba rukomeye, narumvise vy’ukuri ko niyegereje Yehova.”

‘Tube abagamburuka bivuye ku mutima’

17. Ni kubera iki ukugamburuka kwari guhambaye cane mu kinjana ca mbere?

17 Impanuro Paulo yatanze idusaba “[gu]tera imbere tugana ku buhumure” yaratumye abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Yeruzalemu n’i Yudaya barokora igufa. Abumviye iyo mpanuro bararonse ugutahura kwo mu buryo bw’impwemu bari bakeneye kugira ngo bamenye ikimenyetso Yezu yari yarabahaye cotumye “[baca] batangura guhungira ku misozi.” Igihe babona “ca kintu gisesemye c’ubugesera . . . gihagaze ahantu heranda,” ico na co kikaba ari za ngabo z’Uburoma zakikuje zongera zirinjira i Yeruzalemu, baramenye ko cari co gihe co guhunga. (Mat. 24:15, 16) Kubera yuko abakirisu bumviye imburi yari mu buhanuzi bwa Yezu, barahunze igisagara ca Yeruzalemu imbere y’uko gisangangurwa maze, nk’uko bivugwa n’umutohozakahise umwe akaba n’incabwenge wo muri Ekeleziya yitwa Ewuzebi, bagerera mu gisagara citwa Pela mu karere k’imisozi k’i Gileyadi. Ico gihe barikingiye icago gikomeye cane kitari bwigere gishikira Yeruzalemu muri kahise kayo kose.

18, 19. (a) Ni kubera iki ukugamburuka guhambaye cane muri iki gihe cacu? (b) Ni igiki ikiganiro gikurikira gica irya n’ino?

18 Ukugamburuka kuva ku gutera imbere tugana ku buhumure kuzogaragara ko kurokora ubuzima nihashika iranguka rikomeye ry’ubuhanuzi bwa Yezu buvuga yuko “hazoba amakuba akomeye” ku rugero rutari bwigere rushikwako. (Mat. 24:21) Twoba tuzogaragaza ko tugamburuka ubuyobozi ubwo ari bwo bwose bwihutirwa dushobora kuzohabwa na wa “mubwiriza w’umwizigirwa”? (Luka 12:42) Ese ukuntu bihambaye ko twiga ‘kugamburuka bivuye ku mutima’!​—Rom. 6:17.

19 Kugira ngo tube abantu bahumuye bisaba ko tumenyereza ububasha bwacu bwo gutegera. Ivyo tubigira mu kugira utwigoro dukomeye kugira ngo turushirize kumenya neza Ijambo ry’Imana no kwiga kugamburuka. Abakiri bato usanga bahura n’ingorane zidasanzwe igihe baba bariko batera imbere ngo babe abahumuye mu vy’impwemu. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino ingene bashobora kuvyifatamwo neza muri mwene izo ngorane.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 7 Bamwebamwe si ko bitwa.

^ ing. 14 Raba ikiganiro kivuga ngo “ Fortifiés pour dire non au mal, ” casohotse mu Munara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 1 Gitugutu 1999.

Wize iki?

• Ukuba umuntu ahumuye mu vy’impwemu bisobanura iki, kandi twobishikako gute?

• Kumenya neza Ijambo ry’Imana birangura uruhara uruhe mu gutera imbere kwacu tugana ku buhumure?

• Ni gute twiga kugamburuka?

• Ni mu buryo butandukanye ubuhe twungukira ku buhumure?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 10]

Gukurikiza impanuro Bibiliya itanga biradufasha kwihanganira ingorane mu buryo bwerekana ko duhumuye

[Ifoto ku rup. 12]

Gukurikiza impanuro Yezu yatanze vyaratumye abakirisu bo mu ntango barokora igufa