Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?

Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?

Ni kubera iki twokurikira “Kristu”?

“Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke . . . hanyuma ankurikire ubudahengeshanya.”​—LUKA 9:23.

1, 2. Ni kubera iki bihambaye ko turimbura igituma dukwiye gukurikira “Kristu”?

ESE ukuntu Yehova ategerezwa kuba ahimbarwa no kubona mu masinzi y’abasavyi biwe bo kw’isi bakoraniye hamwe harimwo mwebwe abaherutse gushimishwa n’ukuri be na mwebwe rwaruka! Uko mubandanya kwiga Bibiliya, kwitaba amakoraniro ya gikirisu mudahorereza no kwironsa ubumenyi bwerekeye ukuri kurokora ubuzima dusanga mw’Ijambo ry’Imana, murakeneye gufata nka nkama ubu butumire bwa Yezu bugira buti: “Nimba hari uwushaka kunkurikira, niyiyanke atore igiti co gusinzikarizwako ciwe imisi yose, hanyuma ankurikire ubudahengeshanya.” (Luka 9:23) Aho Yezu ariko avuga yuko kwiyanka ukaba umuyoboke wiwe ko ari ikintu ukwiye kwipfuza gukora. Birahambaye rero ko turimbura igituma dukwiye gukurikira “Kristu.”​—Mat. 16:13-16.

2 Bite ho kuri twebwe tumaze gutangura kugera ikirenge mu ca Yezu Kristu? Duhimirizwa ‘kuguma turushiriza rwose kubigira.’ (1 Tes. 4:1, 2) Twaba tumaze igihe gitoyi canke imyaka myinshi mu nsengo y’ukuri, kuzirikana ku mvo zituma dukurikira Kristu bizodufasha gushira mu ngiro iyo mpanuro Paulo yatanze no kurushiriza rwose gukurikira Kristu mu buzima bwacu bwa misi yose. Reka turimbura imvo zitanu zerekana igituma dukwiye kwipfuza gukurikira Kristu.

Kugira ngo turushirize kugiranira ubucuti somambike na Yehova

3. Ni uburyo bubiri ubuhe bushobora kudufasha kumenya Yehova?

3 Igihe intumwa Paulo yariko abwira Abanyatene “[ahagaze] hagati muri Areyopago,” yavuze ati: “[Imana yashinze] ibihe n’imbibe z’aho abantu baba, kugira ngo [bayirondere], nimba bokabakaba bayirondera kandi bakayironka koko, naho vy’ukuri itari kure y’umwe wese muri twebwe.” (Ibik. 17:22, 26, 27) Turashobora kurondera Imana kandi tukayimenya vy’ukuri. Nk’akarorero, ivyaremwe biratwigisha vyinshi ku vyerekeye kamere z’Imana n’ubushobozi bwayo. Kuzirikana ku vyo Imana yaremye tubigiranye ugukenguruka birashobora kutwigisha vyinshi ku vyerekeye uwo Muremyi. (Rom. 1:20) Yehova yarahishuye kandi amakuru y’ido n’ido amwerekeye mw’Ijambo ryiwe ryanditswe, ari ryo Bibiliya. (2 Tim. 3:16, 17) Uko turushiriza ‘kuzirikana igikorwa ciwe cose’ kandi ‘tukitwararika ivyo akora,’ ni ko dushobora kumenya neza Yehova kuruta.​—Zab. 77:12, NW.

4. Gukurikira Kristu bishobora gute kudufasha kurushiriza kugiranira na Yehova ubucuti somambike?

4 Uburyo bwiza cane budufasha kurushiriza kugiranira na Yehova ubucuti somambike ni ugukurikira Kristu. Iyumvire nawe ubuninahazwa Yezu yari afise ari kumwe na Se wiwe “imbere y’uko isi ibaho”! (Yoh. 17:5) Ni we “ntango y’ivyaremwe n’Imana.” (Ivyah. 3:14) Kubera ko ari “imfura mu biremwa vyose,” yarabanye na Se wiwe Yehova mw’ijuru igihe kirekire cane. Igihe Yezu atari bwabe umuntu nkatwe, yarakoze n’ibindi uretse gusa ukuba yaramaze umwanya ari kumwe na Se wiwe. Yari umugenzi somambike w’Imana, akaba yarahimbarwa no gukorana na Mushoboravyose, kandi bari bafitaniye urukundo rukomeye kuruta urwigeze kubaho rwose. Yezu ntiyitegereza gusa ukuntu Se wiwe yakora ibintu, ivyatuma amenya inyiyumvo za Se be na kamere ziwe, ariko kandi yaracokera mu bintu vyose yiga ku vyerekeye Se wiwe akongera akabikurikiza. Ivyo vyatumye uwo Mwana agamburuka aba neza na neza nka Se wiwe ku rugero runini cane ku buryo Bibiliya ivuga ko ari “we shusho y’Imana itaboneka.” (Kol. 1:15) Dukurikiriye hafi Kristu, turashobora kurushiriza kugiranira na Yehova ubucuti somambike.

Kugira ngo turushirize rwose kwigana Yehova

5. Ni igiki kizodufasha kurushiriza rwose kwigana Yehova, kandi kubera iki?

5 ‘Twaremwe mw’ishusho y’Imana, ngo duse na yo,’ kikaba ari co gituma dufise ubushobozi bwo kugaragaza kamere nk’izayo. (Ita. 1:26) Intumwa Paulo yahimirije abakirisu ‘kwigana Imana nk’abana bakundwa.’ (Ef. 5:1) Gukurikira Kristu biradufasha kwigana Data wa twese wo mw’ijuru. Ivyo ni ko biri kubera yuko Yezu yagaragaje mu buryo bwiza ivyiyumviro vy’Imana, inyiyumvo zayo be na kamere zayo yongera arasigura neza cane ibiyerekeye kuruta uko uwundi muntu wese yari kubigira. Igihe Yezu yari kw’isi, ntiyamenyekanishije izina rya Yehova gusa, ariko kandi yarahishuye Nyene ryo. (Soma Matayo 11:27.) Ivyo Yezu yabigize mu mvugo no mu ngiro, mu vyo yigisha no mu karorero yatanga.

6. Ivyo Yezu yigishije bihishura iki ku vyerekeye Yehova?

6 Biciye ku vyo Yezu yigisha, yarerekanye ivyo Imana idusaba be n’ukuntu yiyumva ku bijanye n’abasavyi bayo. (Mat. 22:36-40; Luka 12:6, 7; 15:4-7) Nk’akarorero, Yezu ahejeje gusubiramwo mu majambo rimwe muri ya Mabwirizwa Cumi, iryavuga ngo “Ntugasambane,” yaciye asigura ukuntu Imana ibona ibibera mu mutima w’umuntu imbere y’uko akora ico caha. Yavuze ati: “Umuntu wese aguma araba umugore bigatuma amugirira inambu, aba amaze kurenga ibigo kuri we mu mutima wiwe.” (Kuv. 20:14; Mat. 5:27, 28) Yezu ahejeje kuvuga ukuntu Abafarizayo basobanura amajambo yo mw’Itegeko yavuga ngo “Utegerezwa gukunda mugenzawe ukanka umwansi wawe,” yaramenyekanishije ukuntu Yehova yabona ibintu, mu kuvuga ati: “Mushishikare gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” (Mat. 5:43, 44; Kuv. 23:4; Lew. 19:18) Kwironsa ugutahura kwimbitse ku bijanye n’ukuntu Imana ibona ibintu be n’ukuntu yiyumva no ku bijanye n’ivyo idusaba biradufasha kurushiriza rwose kwigana Yezu.

7, 8. Akarorero Yezu yatanze katwigisha iki ku vyerekeye Yehova?

7 Yezu kandi yarahishuye ukuntu Se wiwe ameze biciye ku karorero yatanga. Igihe dusomye mu Njili ko Yezu yumviye ikibabarwe abakene, yagiriye impuhwe abari mu mibabaro, yashavuriye abigishwa biwe bari bakariye abana bato, ntiduca tubona none ko na Se afise mwene izo nyiyumvo nyene? (Mrk. 1:40-42; 10:13, 14; Yoh. 11:32-35) Iyumvire ukuntu ivyo Yezu yakoze vyerekanye kamere nyamukuru z’Imana. Ibitangaro Kristu yakoze ntivyerekana none ububasha buteye akoba yari afise? Yamara, ntiyigeze akoresha ubwo bubasha arondera inyungu ziwe bwite canke ngo agirire nabi abandi. (Luka 4:1-4) Ese ukuntu kuba yarirukanye abadandaza b’abanyamwina mu rusengero bigaragaza neza ubutungane bwiwe! (Mrk. 11:15-17; Yoh. 2:13-16) Inyigisho ziwe be n’amajambo y’igikundiro yakoresha kugira ngo akore ku mutima abantu birerekana ko ‘yaruta Salomo’ mu bukerebutsi. (Mat. 12:42) Urukundo Yezu yagaragaje mu gutanga ubuzima bwiwe ku bw’abandi ruradondorwa mu buryo bwiza cane igihe Bibiliya ivuga yuko ‘ata wufise urukundo ruruta urwo’.​—Yoh. 15:13.

8 Uwo Mwana w’Imana yaraserukiye Yehova mu buryo butagira agahaze mu vyo yavuze vyose no mu vyo yakoze vyose ku buryo yashoboye kuvuga ati: “Uwumbonye aba abonye na Data.” (Soma Yohani 14:9-11.) Gukurikira Kristu ni cokimwe no kwigana Yehova.

Yezu ni Uwarobanuwe wa Yehova

9. Ni ryari Yezu yabaye Uwarobanuwe w’Imana, kandi vyagenze gute?

9 Rimbura ivyabaye mu gatasi ko mu 29 G.C., igihe Yezu afise imyaka 30 y’amavuka yaza kuri Yohani Umubatizi. “Yezu amaze kubatizwa, buno nyene aduga ava mu mazi; maze ehe ijuru riruguruka, abona impwemu y’Imana imanuka nk’inuma, imuzako.” Ico gihe, yaciye aba Kristu, canke Mesiya. Ico gihe nyene, Yehova ubwiwe yaramenyesheje ko Yezu yari Uwarobanuwe wiwe, mu kuvuga ati: “Uyu ni Umwana wanje, umukundwa, uwo nashimye.” (Mat. 3:13-17) Ese ukuntu iyo ari imvo nziza ikwiye gutuma twipfuza gukurikira Kristu!

10, 11. (a) Ni mu buryo butandukanye ubuhe izina ry’icubahiro “Kristu” rikoreshwa ryerekezwa kuri Yezu? (b) Ni kubera iki dukwiye gukurikira Yezu Kristu?

10 Muri Bibiliya, izina ry’icubahiro “Kristu” rirakoreshwa mu kwerekeza kuri Yezu mu buryo butandukanye nk’ubu ngo Yezu Kristu, Kristu Yezu be na Kristu. Yezu ubwiwe ni we yatanguye gukoresha imvugo ngo “Yezu Kristu,” ni ukuvuga izina Yezu rikurikiwe n’iryo ry’icubahiro. Mw’isengesho yatuye Se wiwe, yavuze ati: “Ubuzima budahera ni ubu: ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.” (Yoh. 17:3) Ukwo kuntu iryo zina ry’icubahiro ryakoreshejwe bishimika ku warungitswe n’Imana maze aba Uwarobanuwe wayo. Igihe iryo zina ry’icubahiro rije imbere y’izina Yezu, nk’uku ngo “Kristu Yezu,” ikibanza Yezu afise ni co kiba gishimitsweko si we aba ashimitsweko. (2 Kor. 4:5) Gukoresha iryo zina ry’icubahiro “Kristu,” ritari kumwe n’iryo zina Yezu, ni ubundi buryo bwo gushimika ku kibanza Yezu afise ari Mesiya.​—Ibik. 5:42.

11 Uko iryo zina ry’icubahiro “Kristu” ryokoreshwa kwose ryerekezwa kuri Yezu, birashira ahabona uku kuri guhambaye: Naho Umwana w’Imana yaje kw’isi ari umuntu nkatwe maze akamenyekanisha ivyo Se wiwe agomba, ntiyari umuntu asanzwe canke umuhanuzi gusa; yaje kugira ngo abe Uwarobanuwe wa Yehova. Dutegerezwa kutigera tureka kumukurikira.

Yezu ni we nzira yonyene ijana mu bukiriro

12. Ni amajambo ayahe intumwa Toma yabwiwe ari n’ico avuze kuri twebwe?

12 Iyindi mvo ihambaye cane ikwiye gutuma tuguma dukurikira Mesiya iravugwa mu majambo Yezu yabwiye intumwa ziwe z’intahemuka, na yo akaba yayavuze amasaha makeyi imbere y’uko apfa. Mu kwishura ikibazo Toma yari abajije Yezu ku bijanye n’ivyo yari ahejeje kuvuga ko yari agiye kubategurira ikibanza, Yezu yavuze ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yoh. 14:1-6) Yezu ico gihe yariko avugana na za ntumwa 11 z’intahemuka. Naho izo ntumwa yazisezeraniye ikibanza mw’ijuru, ayo majambo yiwe arafise ico avuze no ku bafise icizigiro co kuzoronkera ubuzima budahera kw’isi. (Ivyah. 7:9, 10; 21:1-4) Uti gute?

13. Ni mu buryo ki Yezu ari “inzira”?

13 Yezu Kristu ni “inzira.” Ivyo bisobanura yuko ari we wenyene ducako kugira ngo dushobore kwegera Imana. Ivyo ni ko biri ku bijanye n’isengesho, kubera yuko igihe gusa dusenze biciye kuri Yezu ari ho twizigira tudakeka ko Data wa twese azoturonsa ivyo twomusaba vyose bijanye n’ivyo agomba. (Yoh. 15:16) Ariko, Yezu ni “inzira” no mu bundi buryo. Igicumuro caratumye abantu batandukana n’Imana. (Yes. 59:2) Yezu yaratanze “ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mat. 20:28) Bibiliya irasigura ico vyavuyemwo iti: “Amaraso ya Yezu . . . aratwoza igicumuro cose.” (1 Yoh. 1:7) Gutyo, uwo Mwana yaraduciriye inzira yo gusubira kugiranira ubucuti n’Imana. (Rom. 5:8-10) Twizeye Yezu tukongera tukamugamburukira, ni ho dushobora kugiranira n’Imana ubucuti bwiza.​—Yoh. 3:36.

14. Ni mu buryo ki Yezu ari “ukuri”?

14 Yezu ni “ukuri,” atari ukubera yuko gusa yama avuga ukuri akongera akabaho akwisunga, ariko kandi ni uko ubuhanuzi bwose bwanditswe ku vyerekeye Mesiya, bwinshi cane muri bwo ari we bwarangukiyeko. Intumwa Paulo yanditse ati: “Uko imihango y’Imana ingana kwose, yacitse Ego biciye kuri we.” (2 Kor. 1:20) Mbere n’“igitutu c’ibintu vyiza bizoza” dusanga mw’Itegeko rya Musa vyarangukiye muri Kristu Yezu. (Heb. 10:1; Kol. 2:17) Yezu ni we ubuhanuzi bwose bushingiyeko, kandi bwarahishuye uruhara nyamukuru arangura mw’iranguka ry’umugambi wa Yehova. (Ivyah. 19:10) Kugira ngo twungukire kw’iranguka ry’umugambi Imana idufitiye, turakwiye gukurikira Mesiya.

15. Ni mu buryo ki Yezu ari “ubuzima”?

15 Yezu ni “ubuzima” kubera ko yacunguje umuryango w’abantu amaraso yiwe, kandi ubuzima budahera ni ingabirano Imana itanga “biciye kuri Kristu Yezu Umukama wacu.” (Rom. 6:23) Yezu ni “ubuzima” kandi ku bapfuye. (Yoh. 5:28, 29) Vyongeye, zirikana ku vyo azokora ari Umuherezi Mukuru muri ya Ngoma yiwe y’imyaka igihumbi. Emwe, azotuma abatwarwa biwe bo kw’isi bakurwako icaha n’urupfu ibihe vyose!​—Heb. 9:11, 12, 28.

16. Ni imvo iyihe ikwiye gutuma dukurikira Yezu?

16 Inyishu Yezu yahaye Toma rero irafise insobanuro ikomeye kuri twebwe. Yezu ni inzira n’ukuri n’ubuzima. Ni we Imana yarungitse mw’isi kugira ngo abantu baronke ubukiriro biciye kuri we. (Yoh. 3:17) Kandi nta n’umwe aza kuri Data adaciye kuri Yezu. Bibiliya iravuga mu buryo butomoye iti: “Nta wundi ubukiriro bubonerwamwo, kuko ata rindi zina munsi y’ijuru ryatanzwe mu bantu dutegerezwa gukirizwamwo.” (Ibik. 4:12) Ku bw’ivyo rero, twaba twahora twemera iki ku vyerekeye Yezu, vyoba biranga ubukerebutsi tumwizeye, tukamukurikira, gutyo tukazobona gushikira ubuzima.​—Yoh. 20:31.

Dutegekwa kwumviriza Kristu

17. Ni kubera iki bihambaye ko twumviriza Umwana w’Imana?

17 Petero, Yohani na Yakobo bariboneye kwa guhinduka ukundi kwa Yezu. Ico gihe, barumvise ijwi rivuye mw’ijuru rigira riti: “Uyu ni Umwana wanje, uwatowe. Nimumwumvirize.” (Luka 9:28, 29, 35) Ukugamburuka kwacu iryo tegeko ridusaba kwumviriza Mesiya, ni ikintu tudakwiye gufata minenegwe.​—Soma Ibikorwa 3:22, 23.

18. Twokwumviriza gute Yezu Kristu?

18 Kwumviriza Yezu birimwo ‘kumushinga ijisho, tukarimbura twitonze akarorero kiwe.’ (Heb. 12:2, 3) Rero, vyoba vyiza “twitwarari[tse] kuruta uko bisanzwe ibintu” bimwerekeye dusoma muri Bibiliya no mu bisohokayandikiro vy’“umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” be n’ivyo twumvira ku makoraniro ya gikirisu. (Heb. 2:1; Mat. 24:45) Twebwe intama za Yezu, nimuze tugire icipfuzo gikomeye co kumwumviriza no kumukurikira!​—Yoh. 10:27.

19. Ni ibiki bizodufasha gukurikira Kristu ubudahengeshanya?

19 Vyoba bishoboka ko dukurikira Kristu ubudahengeshanya, naho twoshikirwa n’ibintu bimeze gute? Egome, birashoboka igihe “[twogumya] ca citegererezo c’amajambo ngirakamaro” mu kubaho twisunga ivyo twiga “hamwe n’ukwizera n’urukundo bijanye na Kristu Yezu.”​—2 Tim. 1:13.

Wize iki?

• Ni kubera iki gukurikira “Kristu” bishobora gutuma turushiriza kugiranira na Yehova ubucuti somambike?

• Ni kubera iki kwigana Yezu ari cokimwe no kwigana Yehova?

• Ni mu buryo ki Yezu ari “inzira n’ukuri n’ubuzima”?

• Ni kubera iki dukwiye kwumviriza Uwarobanuwe wa Yehova?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 29]

Ivyo Yezu yigisha vyaragaragaje ivyiyumviro bininahaye vya Yehova

[Ifoto ku rup. 30]

Dutegerezwa gukurikira Uwarobanuwe wa Yehova tudahemuka

[Ifoto ku rup. 32]

Yehova yavuze ati: “Uwu ni Umwana wanje, . . . nimumwumvirize”