Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abantu bararondera ubuyobozi ngirakamaro

Abantu bararondera ubuyobozi ngirakamaro

Abantu bararondera ubuyobozi ngirakamaro

 NIMBA uriko urarondera impanuro, ziruzuye. Urudandaza rujanye no gutanga impanuro zivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima ni rumwe mu budandaji bwo mw’isi buriko buratera imbere bwampi. Mu bihugu bitandukanye nko mu Bwongereza, muri Amerika y’Epfo, mu Buyapani be no muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, usanga ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima bwiwe bihurumbirwa n’abantu benshi cane. Amavidewo, amanama nkarishabwenge be n’amaporogarama yo kuri televiziyo avuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima, na vyo nyene biriko birijukirwa n’abantu benshi. Iciyumviro c’uko ngo ushobora gutorera umuti ingorane ufise utarinze kubaza umuhinga mu vy’inyifato z’abantu, umuhanuzi mu vy’imibano canke umukuru w’idini, ni co gituma bikwegera. Ni ibiganiro bwoko ki biri muri ivyo bitabu?

Mu biganiro usanga bikundwa cane harimwo ibivuga ibijanye n’ukuntu umuntu yokwumva ashize akanyota, ingene umuntu yorondera uwo bokwubakana, be n’ivyo kurera abana. Kwihanganira ukudendebukirwa, intuntu be n’ingaruka z’ukwahukana ni ibindi biganiro bikunda kuba biri muri bene ivyo bitabu. Abantu benshi kandi bararondera impanuro zijanye n’ukuntu borwanya ukurya birenze urugero, ukunywa itabi be n’ukunywa inzoga zirenze urugero. None impanuro bitanga zoba ari ngirakamaro? Rimwe na rimwe usanga ari ngirakamaro, ariko si ko bikunze kugenda. Ku bw’ivyo, ni ibiranga ubukerebutsi kurimbura iyi mpanuro Bibiliya itanga, igira iti: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye.”​—Imigani 14:15.

Ibitabu bivuga ibijanye n’ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima biratandukanye rwose n’ibitabu vyigisha ubuhanga nk’ubwo gufotora, gusuzuma ikoreshwa ry’amahera canke ivy’indimi. Bene ubwo buryo bwo gukoresha ibitabu bwoshobora kuba ngirakamaro kandi ugasanga burazimbutse aho gukurikirana icigwa kidasanzwe cerekeye ubwo buhanga. Ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu, vyaba ari ibivuga ivy’urudandaza, umubano w’ababiranye, ukurera abana canke ukumera neza mu bwenge, biratandukanye n’ivyo. Usanga akenshi biremesha uburyo bunaka bwo kubaho canke bikaremesha inyigisho zinaka z’abantu. Ku bw’ivyo, vyoba biranga ubukerebutsi wibajije uti: ‘Ni nde ariko aratanga izo mpanuro? Aya makuru atanga akomoka hehe?’

Abahinga boshobora kutama bashingira ivyiyumviro vyabo ku bimenyamenya vyatororokanijwe mu buryo bwitondewe. Hari aboshobora gutanga impanuro zihurumbirwa, bazi ko hinjira amahera menshi bashiriye abantu aho bashaka. Mu gihugu kimwe honyene, urudandaza rujanye n’ivyo gutanga impanuro umuntu yokwikorako mu buzima rwinjiza ku mwaka ku mwaka imiliyaridi z’amadolari zirenga umunani!

Ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima ni ngirakamaro ku rugero rangana iki?

Igihe ugiye muri bene ivyo bitabu, uba witeze kubikuramwo impanuro ngirakimazi. Ariko rero, rimwe na rimwe usanga ibiri muri vyo bidafashe canke bivuga ibintu bidatahurika. Mu bisanzwe, mwene ivyo bitabu bikubwira biti: ‘Niwabona gusa ibintu mu buryo bwiza, nta gukeka ko uzoca uroranirwa. Ico cose wipfuza, yaba amahera, amagara meza canke kugiranira ubucuti bwiza n’abandi, uzobishikako mu gihe ubona ibintu mu buryo bwiza.’ None impanuro nk’iyo yoba ari ngirakamaro? Yoba izogufasha guhangana n’ibintu bishika mu buzima be n’ibintu bivuna umutima bishika?

Dufate nk’akarorero ibitabu bivuga ivy’ubucuti umuntu agiranira n’abandi be n’ibivuga ivy’umubano w’ababiranye, ivyo bikaba biri mu bikundwa cane. Vyoba bifasha abantu kugira imiryango irimwo agahimbare kandi itekanye? Si ko vyama bimeze. Nk’uko umukenyezi umwe asuzuma ibitabu abivuga, umwanditsi w’ibitabu bitanga impanuro zivuga ukuntu umuntu yobigenza mu bijanye n’urukundo vyamaze igihe bikundwa cane muri Amerika y’Epfo, “abwira ababisoma ukuntu umuntu yotangura kugiranira n’abandi ubucuti bukomeye be n’ukuntu yokwiyumvamwo ko ari n’agaciro.” Uwo mwanditsi avuga yuko igihe umuntu agumye afitaniye n’uwundi ubucuti butameze neza ari nk’aho aba ariko arihemukira. Iciyumviro kiri muri ayo majambo ni ic’uko ngo igihambaye ari ugukora ikintu gituma umuntu yumva amerewe neza aho kumenya ingorane afise hanyuma akagerageza kuzitorera umuti.

Mu vy’ukuri, ibitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima vyoshobora kuba birimwo impanuro zimwezimwe nziza. Yamara, birashobora kandi gutanga impanuro mbi. Umuhinga yoshobora gutanga ivyiyumviro ngirakamaro ku kintu kinaka, mu gihe impanuro atanga ku kindi kintu gitandukanye n’ico yoshobora vy’ukuri gutuma ibintu bidabuka. Muri ivyo vyiyumviro vyinshi bitangwa n’ivyo bitabu kandi bikunze kuba bivuguruzanya, vyoshobora kuba bidashoboka gutandukanya ivyiza na bibi. Ni impanuro za nde none wokwizigira? Niwibaze uti: ‘Iyi mpanuro yoba yaragiriwe ubushakashatsi bwitondewe, canke ni iciyumviro capfuye gutangwa na nyene kucandika? Ni ku rugero rungana iki ivyo gukurikirana amaronko canke kuba rurangiranwa vyagize ico bikoze ku kuntu uwo mwanditsi abona ikibereye n’ikitabereye?’

Igitabu kimwe cagaragaye ko ari ngirakamaro kuva kera na rindi ni Bibiliya. Kiratanga impanuro ngirakamaro ku vyiyumviro vyinshi vyo muri vya bitabu bivuga ukuntu umuntu yokwitunganiriza ibintu mu buzima. Caratumye abantu amamiliyoni bakora bahuza n’iyi mpanuro igira iti: ‘Muhindurwe bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mwambare kamere nshasha.’ (Abanyefeso 4:23, 24) Bibiliya iratuma dutahura mu buryo buranga ubukerebutsi igituma ingorane zidushikira, ikongera ikatwigisha ingene twozitorera umuti. N’igihambaye kuruta, iratanga imvo zikomeye kandi ngirakamaro zotuma dukora ibigororotse. Ikiganiro gikurikira kirasigura igituma ivyo ari uko biri.