Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yoba yihindukiza mw’ijambo?

Imana yoba yihindukiza mw’ijambo?

Imana yoba yihindukiza mw’ijambo?

KU VYEREKEYE Imana, Bibiliya igira iti: “Kuri we ntihaba uguhinduka kw’ukuzunguruka kw’igitutu.” Vyongeye, Imana ubwayo yaravuze mu buryo buhumuriza, iti: ‘Jewe [“Yehova,” NW] nta ho mpinduka.’ (Yakobo 1:17; Malaki 3:6) Ese ukuntu Yehova Imana atandukanye n’abantu usanga bagoye gushimisha kandi badashobora kwizigirwa kubera yuko bama ari ba mahindagu!

Yamara rero, hari abasomyi ba Bibiliya bibaza niba Imana yarihindukije mw’ijambo. Nk’akarorero, hari igihe yigeze kuba iha abakirisu ububasha bwo gukora ibitangaro, ariko ubu ikaba atabwo ibaha. Mu bihe vya kera, Imana yarareka umugabo akagira abagore benshi, ariko ubu ntikivyemera. Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, Yehova yasaba ko abantu bubahiriza Isabato, ariko ubu nta vyo akibasaba. None ubwo burorero ntibwoba bwerekana ko Imana yahindutse?

Imbere ya vyose, turashobora kwemera tudakeka yuko Imana itigera ihindura ingingo mfatirwako zayo zirangwa urukundo n’ubutungane. Vyongeye, ‘umugambi wayo w’ibihe bidahera’ ujanye no guhezagira abantu biciye ku Bwami bwayo ntiwigeze uhinduka. (Abanyefeso 3:11) Ariko rero, nk’uko nyene woshobora guhindura ukuntu ubona umuntu yama yaguhemukiye mu kuntu yifata, na Yehova arahindura ukuntu abona ibintu biguma bihindagurika.

Vyongeye, Imana irahindura ubuyobozi iha abasavyi bayo yisunze uko ivyabo biba vyifashe be n’ivyo baba bakeneye. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Rimbura ivyo uwujejwe gutembereza abantu abishoboye yokora igihe abonye akaga. Yoshobora kubwira abo bari kumwe ngo bafate iyindi nzira ica ahandi hatari akaga. Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko aba yihindukije mw’ijambo ku bijanye n’aho yariko arabajana! Nimuze rero dusuzume bwa burorero butatu twavuga, ubwo bamwebamwe babona ko buvuruga ubwenge.

Ni kubera iki gukora ibitangaro vyahagaze?

Ni kubera iki Imana yahaye abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere ububasha bwo gukora ibitangaro? Woshobora kuba uzi yuko igihe Isirayeli yari ihanga Imana yatoranije, akenshi yerekana ko iri kumwe na bo ibicishije ku bitangaro. Imana ibicishije kuri Musa, yaragaragaje ububasha bwayo buteye akoba mu kurokora Abisirayeli ibakuye mu Misiri no mu kubayobora ikabacisha mu bugaragwa gushika muri ca Gihugu c’isezerano. Ikibabaje ni uko mu bihe n’ibindi Abisirayeli batagaragaje ko bayizeye. Igihe amaherezo Yehova yashibura Isirayeli maze agashinga ishengero rya gikirisu, yarahaye intumwa be n’abandi ububasha bwo gukora ibitangaro. Nk’akarorero, intumwa Petero na Yohani barakijije umugabo yari yavutse ari ikimuga, kandi Paulo yarasubije ubuzima umuntu yari yapfuye. (Ibikorwa 3:2-8; 20:9-11) Ibitangaro bakoze vyarafashije kugira ngo mu mihingo myinshi hatanguzwe ubukirisu. Ni kubera iki none gukora ibitangaro vyahagaze?

Intumwa Paulo yarasiguye akoresheje ikigereranyo, ati: “Igihe nari uruyoya, navuga nk’uruyoya, nkiyumvira nk’uruyoya, nkazirikana nk’uruyoya; mugabo ubu ko nacitse umugabo, narakuyeho uturanga tw’uruyoya.” (1 Abakorinto 13:11) Nka kurya nyene abavyeyi bitwararika umwana mutoyi mu buryo butandukanye n’ingene bitwararika umuhungu ageze mu bigero, ni ko n’uburyo Yehova yafata ishengero rya gikirisu bwahindutse igihe ritari rikiri “uruyoya.” Intumwa Paulo yasiguye yuko mwene izo ngabirano zo gukora ibitangaro nk’ubushobozi bwo kuvuga mu zindi ndimi canke kuvuga ubuhanuzi ‘zokuweho.’​—1 Abakorinto 13:8.

Ni kubera iki umugabo yari yemerewe kugira abagore benshi?

Yezu yarerekanye ko Imana yashizeho ingingo mfatirwako igenga umubano w’ababiranye igihe yabwira umugabo n’umugore ba mbere iti: “Umugabo azosiga se na nyina [yifatanye] n’umugore wiwe, kandi abo babiri bazoba umubiri umwe.” (Matayo 19:5) Umubano w’ababiranye wategerezwa kuba ubucuti bw’igihe cose hagati y’abantu babiri. Yamara rero, igihe Imana yatunganya Abisirayeli bakaba ihanga maze ikabaha rya Tegeko, kugira abagore benshi vyari vyarabaye akamenyero. Ku bw’ivyo, naho Imana itigeze itanguza canke ngo iremeshe ivyo kugira abagore benshi, yaratanze amategeko abigenga. Igihe ishengero rya gikirisu ryashingwa, Ijambo ry’Imana ryariyamirije bimwe bitomoye ivyo kugira abagore benshi.​—1 Timoteyo 3:2.

Yehova Imana arihanganira ibintu bimwebimwe gushika igihe yashinze co kubikosora kigeze. (Abaroma 9:22-24) Yezu yarerekanye ko Yehova yabaye araretse imigenzo itabereye ijanye n’ukwabirana, kikaba cari nk’ikintu ‘yemeye’ kubera “ugukomantara kw’imitima” y’Abisirayeli.​—Matayo 19:8; Imigani 4:18.

Ni kubera iki kwubahiriza Isabato vyari ivy’igihe gitoya?

Imana yatanguje ivyo guhimbaza Isabato buri ndwi inyuma yaho irokoreye Abisirayeli ibakuye mu Misiri. Mu nyuma yarabishize mu bintu vyari bigize Itegeko ryagenga iryo hanga. (Kuvayo 16:22-30; 20:8-10) Intumwa Paulo yarasiguye yuko Yezu yitanze bwa kimazi maze “[arakuraho] . . . rya Tegeko ry’amabwirizwa rigizwe n’ingingo zashinzwe” yongera “[a]rahanagura ca cete c’iminwe.” (Abanyefeso 2:15; Abakolosayi 2:14) Mu ‘vyakuweho’ be no mu ‘vyahanaguwe’ harimwo n’itegeko rijanye n’Isabato, kubera yuko Bibiliya ibandanya igira iti: “Ntihagire rero umuntu abacira urubanza mu vy’ukurya n’ukunywa canke mu bijanye n’umusi mukuru canke ihimbazwa ry’imboneko y’ukwezi canke isabato.” (Abakolosayi 2:16) Ni kubera iki Imana yabanje gutanga rya Tegeko, iryarimwo n’ivy’Isabato?

Intumwa Paulo yanditse ati: “Itegeko . . . ryacitse umurezi atujana kuri Kristu.” Yaciye rero yongerako ati: “Ubu ko ukwizera kwashitse, ntitukigabwa n’umurezi.” (Abagalatiya 3:24, 25) Aho kwihindukiza mw’ijambo, Imana yakoresheje Isabato bwa ntunganyo y’igihe gitoya kugira ngo yigishe abantu yuko bakwiye gufata umwanya badahorereza wo kuzirikana ku bintu bijanye na yo. Naho itegeko rijanye n’Isabato ryari iry’igihe gitoya, ryarerekeza ku gihe abantu muri kazoza bobaye ata ngorane bafise mu vy’umubiri be no mu bijanye n’ubucuti bafitaniye n’Imana.​—Abaheburayo 4:10; Ivyahishuwe 21:1-4.

Imana yo kwizigirwa kandi ikundana

Uburorero bwo muri Bibiliya duhejeje kurimbura burerekana yuko Yehova Imana yatanze ubuyobozi butandukanye be n’amategeko atandukanye mu bihe bitari bimwe. Ariko ivyo ntibisobanura yuko yihindukije mw’ijambo. Ahubwo nyabuna yagiye aragira ico akoze ku bijanye n’ivyo abantu biwe baba bakeneye mu bihe bitandukanye, kandi ivyo yabigira ku bw’ineza yabo. No muri iki gihe, ivyo ni ko biri.

Kubera yuko Yehova adahindura ingingo mfatirwako ziwe, turashobora nantaryo kumenya ico dutegerezwa gukora kugira ngo tumuhimbare. Vyongeye, turashobora guhera amazinda ko ibintu vyose Imana yasezeranye bizoranguka. Yehova avuga ati: “Ivyo nzogomba vyose nzobikora . . . Narabigabiye, no kubikora nzobikora.”​—Yesaya 46:10, 11.

[Iciyumviro ku rup. 21]

Imana ntiyigera ihindura ingingo mfatirwako zayo zirangwa urukundo n’ubutungane

[Iciyumviro ku rup. 22]

Paulo yarasiguye yuko hogeze igihe ingabirano zo gukora ibitangaro ‘zigakurwaho’

[Iciyumviro ku rup. 23]

Umubano w’ababiranye wategerezwa kuba ubucuti bw’igihe cose hagati y’abantu babiri