Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera

Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera

Niwiyegereze Imana

Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera

Abalewi 5:2-11

“NARIHATA cane rwose, ariko sinigera numva ko bihagije.” Ukwo ni ko umukenyezi umwe yavuze ku bijanye n’utwigoro yagira kugira ngo ahimbare Imana. Yehova Imana yoba yemera utwigoro abasavyi biwe bagira uko bashoboye kwose? Yoba atirengagiza ubushobozi bwabo n’uko ivyabo vyifashe? Kugira ngo twishure ivyo bibazo, vyoba ngirakamaro turimbuye ivyo rya Tegeko rya Musa ryavuga ku bijanye n’amashikanwa amwamwe, nk’uko tubisanga mu Balewi 5:2-11.

Mu gihe c’Itegeko, Imana yarasaba ko hatangwa ibimazi canke amashikanwa, kugira ngo ibicumuro bitangirwe impongano. Dufatiye ku bivugwa muri iyo mirongo, umuntu ntiyaba yacumuye n’ibigirankana canke yabigabiye. (Umurongo wa 2-4) Igihe yaba amenye ko yacumuye, yategerezwa guca yatura igicumuro yakoze maze agatanga ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha, rino rikaba ryari “umwagazi w’intama w’ishashi canke umwagazi w’impene w’ishashi.” (Umurongo wa 5, 6, NW) Ariko none vyagenda gute igihe yaba ari umukene akaba adafise umwagazi w’intama canke impene vyo gutanga? Itegeko ryoba ryasaba ko agurana ico gitungwa, ivyo bigatuma aja mw’ideni? Yoba yategerezwa gukora gushika aronse amahera yo kukigura, ivyo bigatuma ibicumuro vyiwe bihongerwa haciye igihe?

Mu guserura ukuntu Yehova yitwararikana abigiranye ikibabarwe, Itegeko ryagira riti: “Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama, bwa shikanwa ryiwe ry’ukwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze, aze azanire Yehova intunguru zibiri canke inuma zibiri.” (Umurongo wa 7, NW) Ayo majambo ngo “nimba ata buryo . . . afise” yoshobora kandi guhindurwa ngo “nimba . . . ari ntahonikora.” Igihe Umwisirayeli yaba ari ntahonikora ku buryo adashobora kuronka intama, Imana yarahimbarwa no kwemera ico uwo muntu yaba ashoboye gutanga, ni ukuvuga intunguru zibiri canke inuma zibiri.

Mbe hoho vyagenda gute igihe umuntu ataba ashoboye kuronka n’izo nyoni zibiri? Rya Tegeko ryavuga riti: “Aze azane ic’icumi ca efa y’ifu inoze [ibikombe umunani canke icenda] kibe ishikanwa ry’igicumuro.” (Umurongo wa 11, NW) Ku bantu baba bakenye cane, Yehova yahisemwo kubemerera ikintu atemerera abandi, mu kwemera ishikanwa ry’igicumuro ritarimwo amaraso. a Muri Isirayeli, ubukene ntibwabuza umuntu n’umwe kwironkera umuhezagiro wo guhongerwa ibicumuro canke akaryo ko gusubiza hamwe n’Imana.

None ni ibiki twiga ku vyerekeye Yehova dufatiye kw’itegeko rijanye n’amashikanwa y’ukwagirwa n’icaha? Turabona ko ari Imana ifise impuhwe kandi itahura ibintu, itirengagiza aho ubushobozi bw’abasavyi bayo bugera. (Zaburi 103:14) Yipfuza ko tumwiyegereza be n’uko tugiranira na we ubucuti bwiza mbere naho uko ivyacu vyifashe kwoba kutatworohereza, nko kuba twitereye mu myaka, kuba dufise amagara mabi be no kuba dufise amabanga tujejwe mu muryango canke ayandi. Turashobora guhumurizwa no kumenya ko Yehova Imana ahimbarwa igihe dukora ivyo dushoboye vyose.

[Akajambo k’epfo]

a Ububasha ikimazi c’igitungwa cari gifise bwo guhongera ibicumuro bwari mu maraso yaco, ano Imana ikaba yayabona ko ari meranda. (Abalewi 17:11) None ivyo vyoba bisigura ko amashikanwa y’ifu umukene yatanga ata gaciro yari afise? Si ko biri. Nta gukeka ko Yehova yaha agaciro umutima wo kwicisha bugufi kandi ukunze ayo mashikanwa yatanganwa. N’ikindi kandi, ibicumuro vy’ihanga ryose uko ryakabaye, harimwo n’ivy’abakene, vyarapfukwa n’amaraso y’ibitungwa vyashikanirwa Imana ku Musi w’Impongano wahimbazwa buri mwaka.​—Abalewi 16:29, 30.