Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Tugirire umwete inzu ya Yehova!

Tugirire umwete inzu ya Yehova!

Tugirire umwete inzu ya Yehova!

“Umwete w’inzu yawe uzondya.”​—YOH. 2:17.

1, 2. Ni ibiki Yezu yakoze ku rusengero mu 30 G.C., kandi kubera iki?

 NIWIHE ishusho y’iki kintu. Ni mu kiringo ca Pasika yo mu 30 G.C. Amezi atandatu araheze Yezu atanguye ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi. Ubu arafashe inzira agiye i Yeruzalemu. Yezu ashitse ku rusengero mu Kigo c’abanyamahanga, ahasanga “abariko bagurisha inka n’intama n’inuma be n’abavunja amahera bari mu bibanza vyabo.” Akoresheje ikimoko yatsivye mu migozi, arahindira hanze ibitungwa vyose, kandi nta gukeka ko n’abadandaza bavyo baca babikurikira. Yezu kandi arasesa ibiceri vy’abakaba amahera, akongera agahenagura amameza yabo. Arategeka abariko bagurisha inuma ngo batore ivyo bafise maze bave ng’aho.​—Yoh. 2:13-16.

2 Ivyo bintu Yezu akoze ubwavyo biragaragaza ko yitwararika cane urusengero. Ategeka ati: “Reka kugira iyi nzu ya Data inzu y’urudandaza!” Uko abigishwa ba Yezu bitegereza ibiriko biraba, baribuka amajambo hari haheze ibinjana umwanditsi wa zaburi Dawidi yanditse agira ati: “Umwete w’inzu yawe uzondya.”​—Yoh. 2:16, 17; Zab. 69:9.

3. (a) Umwete ni iki? (b) Ni ikibazo ikihe dushobora kwibaza?

3 Umwete Yezu yari afitiye inzu y’Imana ni wo watumye agira ico ikoze. Umwete ni “ukwumva ushashaye cane canke ushimishijwe bimwe bikomeye no gukurikirana ikintu kinaka.” Muri iki kinjana ca 21, abakirisu barenga imiliyoni indwi baragaragaza umwete bafitiye inzu y’Imana. Umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Nshobora gute kwongerereza umwete mfitiye inzu ya Yehova?’ Kugira ngo turonke inyishu y’ico kibazo, reka tubanze twihweze ico ari co inzu y’Imana muri iki gihe. Turaheza duce turimbure uburorero buvugwa muri Bibiliya bw’abantu b’abizigirwa bagaragaje umwete bayifitiye. Uburorero bwabo bwanditswe “kugira [bu]twigishe” kandi burashobora kutuvyurira umutima wo kurushiriza kugira umwete.​—Rom. 15:4.

Inzu y’Imana mu gihe ca kera no muri iki gihe

4. Urusengero Solomo yubatse rwari rumaze iki?

4 Muri Isirayeli ya kera, inzu y’Imana yari urusengero rw’i Yeruzalemu. Ariko ntiwumve, Yehova ntiyaba muri urwo rusengero. Yavuze ati: “Ijuru ni ryo ntebe yanje y’ubgami, isi na yo n’indava y’ibirenge vyanje: muzonyubakira inzu ki, kandi n’ahantu ki hombera uburuhukiro?” (Yes. 66:1) Naho ari ukwo, urusengero rwubatswe mu gihe c’ingoma ya Salomo cari co kibanza nyamukuru co gusengeramwo Yehova, aho amasengesho yaturirwa.​—1 Abm. 8:27-30.

5. Muri iki gihe, ni intunganyo iyihe ihari yogereranywa n’ugusenga kwabera mu rusengero rwa Solomo?

5 Muri iki gihe, inzu ya Yehova si inzu nya nzu iri i Yeruzalemu canke ahandi hantu. Ahubwo riho, ni intunganyo ituma tumwiyegereza mu kumusenga twishimikije inkuka y’incungu ya Kristu. Abasavyi b’Imana bose b’abizigirwa bo kw’isi barunze ubumwe mu gusenga Yehova bari muri urwo rusengero rwo mu buryo bw’impwemu​—Yes. 60:4, 8, 13; Ibik. 17:24; Heb. 8:5; 9:24.

6. Ni abami abahe batwaye Ubuyuda bagaragaje umwete udasanzwe bari bafitiye ugusenga kw’ukuri?

6 Inyuma y’aho Isirayeli igaburiwemwo kubiri mu 997 B.G.C., bane mu bami 19 batwaye Ubuyuda, ico kikaba cari igice co mu Bumanuko, baragaragaje umwete udasanzwe bari bafitiye ugusenga kw’ukuri. Abo bami ni Asa, Yehoshafati, Hezekiya be na Yosiya. Ni icigwa gihambaye ikihe dushobora kwigira ku burorero bwabo?

Igikorwa gikoranywe umutima wose kiravamwo imihezagiro

7, 8. (a) Ni igikorwa bwoko ki Yehova ahezagira? (b) Ni icigwa kituburira ikihe dushobora gukura ku karorero k’Umwami Asa?

7 Mu kiringo c’ingoma y’Umwami Asa, Yehova yararungitse abahanuzi ngo bayobore ihanga ryiwe mu ngendo iranga ukudahemuka. Nk’akarorero, Bibiliya itubwira yuko Asa yumvirije umuhanuzi Azariya umuhungu wa Odedi. (Soma 2 Ngoma 15:1-8.) Amahinduka Asa yagize mu Buyuda yatumye abanyagihugu baho be n’igitigiri kinini c’abanyagihugu bo mu bwami bwa Isirayeli bari baje kwifatanya na bo mw’ikoraniro kaminuza ryabereye i Yeruzalemu, bunga ubumwe. Bose hamwe baratangaje ko biyemeje gusenga Yehova badahemuka. Dusoma duti: “Barahira Uhoraho n’ijwi rirenga, bashira urwamo hejuru, bavuza inzumbete n’inzamba. Kand’Abayuda bose iyo ndahiro irabanezereza, kuko bari barahiye bīvuye inyuma, bakarondera Uhoraho n’umwete wabo wose, bakamubona; maz’Uhoraho abaha kugira umutēkāno impande zose.” (2 Ngo. 15:9-15) Nta kabuza ko na twebwe nyene Yehova azoduhezagira nitwamusukurira n’umutima wacu wose.​—Mrk. 12:30.

8 Ikibabaje ni uko mu nyuma Asa yanse gukosorwa na Hanani kamenyi. (2 Ngo. 16:7-10) Twoba tuvyakira gute igihe Yehova aturonkeje impanuro canke ubuyobozi biciye ku bakurambere bakirisu? Twoba duca twemera impanuro baduha zishingiye ku Vyanditswe kandi tukazishira mu ngiro tudatebaganye, maze tukirinda gushavura?

9. Ni ibiki vyari bigeramiye Yehoshafati be n’Abayuda bose, kandi bavyifashemwo gute?

9 Yehoshafati yabaye Umwami aganza Ubuyuda mu kinjana ca cumi B.G.C. We n’abandi bami bose batwaye Ubuyuda bari bageramiwe n’ibitero vy’ingabo z’Abamoni, iz’Abanyamowabu be n’abandi bantu baba mu karere k’imisozi ka Seyiri, zari zagiye hamwe. Naho uwo mwami yagize ubwoba igihe izo ngabo zamutera, ni igiki yakoze? We hamwe n’abatwarwa biwe, bari kumwe n’abagore babo be n’abana babo, barakoraniye ku nzu ya Yehova kugira ngo basenge. (Soma 2 Ngoma 20:3-6.) Mu buryo buhuye n’amajambo Salomo yari yaravuze ku musi wo kwegurira Imana urusengero, Yehoshafati yatakambiye Yehova ati: “Ewe Mana yacu, mbega none ntiwobacirakw itēka? Kukw ata nkomezi dufise zo kurwanya ico gitero kingana girtyo kije kudutera, kandi turabuze ico twokora; ariko ni wewe duhanze amaso.” (2 Ngo. 20:12, 13) Yehoshafati ahejeje gutura iryo sengesho, impwemu ya Yehova yaciye ituma, “hagati mur’iryo koraniro,” Umulewi yitwa Yahaziyeli atangaza amajambo y’uruhoza yasubirije umutima mu nda abanyagihugu.​—Soma 2 Ngoma 20:14-17.

10. (a) Yehoshafati be n’Abayuda bakiriye gute ubuyobozi bahawe? (b) Dushobora gute kugaragaza ko dukenguruka ubuyobozi Yehova aturonsa muri iki gihe?

10 Emwe, ico gihe Yehova yararonkeje ubuyobozi Yehoshafati be n’Ubwami bw’Ubuyuda abicishije kuri Yahaziyeli. Muri iki gihe, turaronswa uruhoza be n’ubuyobozi biciye ku mugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Ata gukeka, turakwiye kwama nantaryo dukorana neza n’abakurambere tukongera tukabubaha, bano bakaba bakora bagatama mu kuturagira no mu kuraba neza ko ubuyobozi “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” atanga bushirwa mu ngiro.​—Mat. 24:45; 1 Tes. 5:12, 13.

11, 12. Ni icigwa ikihe dushobora gukura ku vyashikiye Yehoshafati n’Abayuda?

11 Nk’uko nyene Yehoshafati be n’abantu biwe bakoraniye hamwe kugira ngo basabe Yehova ubuyobozi, ese natwe tutofata minenerwe ivyo kwitaba amakoraniro y’ishengero tudahorereza turi kumwe n’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu! Hamwe twoshikirwa n’ibintu bigoye cane, tukaba tutazi ico twokora, nimuze dukurikize akarorero keza ka Yehoshafati n’Abayuda maze twiture Yehova mw’isengesho tumwizigiye duherejeko. (Imig. 3:5, 6; Flp. 4:6, 7) Mbere naho twoba turi ukwa twenyene, ugutakambira Yehova kwacu kuratuma twunga ubumwe n’“umuryango wose w’abavukanyi ba[cu] mw’isi.”​—1 Pet. 5:9.

12 Yehoshafati be n’abatwarwa biwe barakurikije ubuyobozi Imana yatanze biciye kuri Yahaziyeli. None ivyo vyavuyemwo iki? Baratahukanye intsinzi mu ntambara yaciye iba, maze basubira i Yeruzalemu “banezerewe” bongera “bavuza amakembe n’inanga n’inzumbete, [gu]shika ku ngoro y’Uhoraho.” (2 Ngo. 20:27, 28) Na twebwe nyene turagamburuka ubuyobozi Yehova atanga abicishije ku muhora yashizeho kandi tukifatanya n’abandi mu kumushemeza.

Tubungabunge ibibanza tugiriramwo amakoraniro

13. Ni igikorwa ikihe Hezekiya yatanguje mu ntango y’ingoma yiwe?

13 Mu kwezi kwa mbere Hezekiya ari ku ngoma, yaragaragaje umwete yari afitiye ugusenga Yehova mu gusubira kwugurura urusengero no mu kurusanura. Yaratunganije ivy’uko abaherezi n’Abalewi bahumanura inzu y’Imana. Ivyo babigize mu misi 16. (Soma 2 Ngoma 29:16-18.) Ako kigoro bagize karatwibutsa igikorwa co kubungabunga no gusanura ibibanza tugiriramwo amakoraniro mu buryo bugaragaza umwete dufitiye ugusenga Yehova. Woba utarumva ivyabonywe vyerekana ko abantu bakorwa ku mutima n’umwete abavukanyi n’abavukanyikazi bagira uruhara muri mwene ico gikorwa bafise? Emwe, utwigoro bagira turatuma Yehova arushiriza gushemezwa!

14, 15. Ni igikorwa ikihe catumye Yehova arushiriza gushemezwa? Tanga akarorero.

14 Mu gisagara kimwe co mu Buraruko bw’Ubwongereza, umugabo umwe yariyamirije igikorwa co gusanura Ingoro y’Ubwami yari ihereranye n’inzu yiwe. Abavukanyi baho baravyifashemwo neza. Uti gute? Bamaze kubona ko uruhome rwatandukanya Ingoro y’Ubwami be n’inzu ya nya mubanyi rwari rukeneye gusanurwa, baritanze bararusanura ku buntu. Abo bavukanyi barakoze baratama. Nkako, ni nk’aho basubiye kurwubaka bundi busha. Baratoreye neza umuti iyo ngorane ku buryo nya mubanyi yahinduye ukuntu yari asanzwe abona ibintu. Ubu yama nantaryo acungera mu buryo ngirakamaro ibintu bigize iyo Ngoro y’Ubwami.

15 Abasavyi ba Yehova baragira uruhara mu gikorwa co kwubaka kirangurirwa hirya no hino kw’isi. Abavukanyi bitanga babikunze bo mu karere ico gikorwa kiba kiriko gikorerwamwo barifatanya n’abasuku b’igihe cose mvamakungu mu kwubaka Ingoro z’Ubwami no kwubaka Ingoro z’Amateraniro be n’inyubakwa za Beteli. Uwitwa Sam ni umuhinga mu vy’ubwubatsi yanongoreye ibijanye n’ivyuma bitanga ubushuhe canke ubukanye. We n’umukenyezi wiwe Ruth, baragize ingendo mu bihugu bitari bike vy’i Buraya n’ivyo muri Afirika kugira ngo bafashe mu vy’ubwubatsi. Aho baja hose, barahimbarwa no kwamamaza bari kumwe n’abavukanyi bo mu mashengero yaho. Sam arasigura icatumye agira uruhara muri ivyo bikorwa birangurwa n’abavukanyi bo mu mihingo itandukanye, ati: “Nabikesheje indemesho nahawe n’abandi bavukanyi bigeze gusukurira mu nyubakwa za Beteli ngaha [mu Bwongereza] no mu bindi bihugu. Kwibonera gusa umwete n’umunezero bari bifitiye, mu vy’ukuri vyaramvyuriye umutima wo kubigana.”

Tugamburuke ubuyobozi Imana itanga

16, 17. Ni igikorwa kidasanzwe ikihe abasavyi b’Imana bagizemwo uruhara babishashaye, kandi havuyemwo iki?

16 Uretse ivyo gusanura urusengero, Hezekiya yarasubijeho kandi ihimbazwa rya Pasika ryagirwa buri mwaka, iryo Yehova yari yarategetse. (Soma 2 Ngoma 30:1, 4, 5.) Hezekiya n’abanyagihugu b’i Yeruzalemu baratumiye abagize iryo hanga ryose ngo bitabe iryo himbaza, ushizemwo n’abo mu bwami bwo mu buraruko. Abo Hezekiya yatumye baranyuragiye mu gihugu cose batwaye amakete y’ubutumire.​—2 Ngo. 30:6-9.

17 Muri iyi myaka ya vuba, twaragize uruhara mu gikorwa gisa n’icasavye akigoro nk’ako. Twarakoresheje udukaratasi tw’ubutumire dukwēgēra kugira dutumire abantu bo mu vyibare vyacu ngo baze bakoranire hamwe natwe mu guhimbaza Imfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba, mu ntumbero yo kugamburuka itegeko rya Yezu. (Luka 22:19, 20) Twisunze ubuyobozi turonkera ku makoraniro yacu y’umurimo, twaragize uruhara n’umwete muri ico gikorwa. Ese ukuntu Yehova yahezagiye ako kigoro! Emwe, mu mwaka uheze, twese abamamaji nk’imiliyoni indwi twaratanze ubwo butumire, kandi Icibutso citabwe n’abantu 17.790.631!

18. Ni kubera iki bihambaye cane ko ugirira umwete ugusenga kw’ukuri?

18 Ku vyerekeye Hezekiya, Bibiliya ivuga iti: “Yizigira Uhoraho Imana y’Abisirayeli; kandi mu bami bose b’i Buyuda bāmuherukiye nta wahwanye na we, no mu bāmwitangiye imbere; kuko yifatanije n’Uhoraho akaramata, [ntiyakevya] ngw areke kumukurikira, ari[ko yi]tondera ivyagezwe Uhoraho yageze Mose.” (2 Abm. 18:5, 6) Ese natwe twobigenza gutyo! Umwete dufitiye inzu y’Imana uzodufasha ‘kuguma twumiye kuri Yehova’ twizigiye kuzobaho ibihe bidahera.​—Gus. 30:16, NW.

Dukurikize tudatebaganye ubuyobozi duhabwa

19. Ni utwigoro tudasanzwe utuhe tugirwa mu kiringo c’Icibutso?

19 Igihe Yosiya yaganza ari umwami, na we nyene yaratunganije ivy’uko Pasika ihimbazwa, arayitegurira bimwe bikomeye. (2 Abm. 23:21-23; 2 Ngo. 35:1-19) Na twebwe nyene turagira akigoro kadasanzwe ko kwitegurira neza amahwaniro y’intara, amateraniro y’umuzunguruko, amateraniro adasanzwe y’umusi umwe be n’Icibutso. Abavukanyi bo mu bihugu bimwebimwe barahakwa no kuhasiga ubuzima kubera bakoranira hamwe kugira ngo bibuke urupfu rwa Kristu. Abakurambere b’abanyamwete bariyemeza neza yuko ata n’umwe mu bagize ishengero yirengagijwe. Abageze mu zabukuru be n’abafise amagara make barafashwa kugira ngo babe ari ho bari kuri urwo rubanza.

20. (a) Ni ibiki vyabaye mu gihe c’ingoma y’Umwami Yosiya, kandi yavyifashemwo gute? (b) Ni icigwa ikihe dukwiye kugumiza ku muzirikanyi?

20 Mu gihe igikorwa co gusanura urusengero cari catunganijwe n’Umwami Yosiya cariko kirakorwa, Umuherezi mukuru Hilukiya “[yararengutse] ku gitabo c’ivyagezwe vy’Uhoraho, ivyo Mose yazanye.” Yaciye agiha Shafani umukarani w’Umwami, na we aca atangura kugisomera Yosiya. (Soma 2 Ngoma 34:14-18.) None ivyo vyagize ico bikoze gute? Ubwo nyene umwami yaciye atantamura impuzu ziwe n’umubabaro mwinshi, maze aca ategeka abantu biwe kuja kubaza Yehova. Biciye ku muhanuzikazi Hulida, Imana yaratanze ubutumwa bwiyamiriza imigenzo imwimwe yo mu vy’idini yagirwa mu Buyuda. Yamara rero, Yehova yarabonye utwigoro twiza Yosiya yagize two gukuraho iyo migenzo ijanye n’ugusenga ibigirwamana, bituma aguma yemewe mu nyonga za Yehova, ivyago vyari vyaravuzwe yuko vyoshikiye iryo hanga ryose ntivyarishikira mu gihe ciwe. (2 Ngo. 34:19-28) None ni igiki dushobora kwigira kuri ico kintu? Nta gukeka ko icipfuzo dufise ari nk’ico Yosiya yari afise. Twipfuza gukurikiza tudatebaganye ubuyobozi Yehova atanga, tukazirikana ata gufyina ku vyoshobora kudushikira hamwe tworeka ngo ubuhuni be n’uguhemuka binyohe ugusenga kwacu. Kandi, turashobora kwizigira tudakeka ko Yehova azoshima umwete dufitiye ugusenga kw’ukuri, nk’uko nyene yabigize mu gihe ca Yosiya.

21, 22. (a) Ni kubera iki dukwiye kugirira umwete inzu ya Yehova? (b) Ni ibiki tuzorimbura mu kiganiro gikurikira?

21 Abo bami bane batwaye Ubuyuda, ari bo Asa, Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya, baradusigiye akarorero keza mu bijanye no kugirira umwete inzu y’Imana no kuba abanyamwete mu mirimo turangura ijanye no kuyisenga. Muri ubwo buryo nyene, umwete dufise urakwiye kutuvyurira umutima wokwizigira Yehova no kwihata mu mirimo turangura ijanye no kumusenga. Nta gukeka ko kugamburuka ubuyobozi Imana itanga be no kwakira neza ubwitwararitsi buranga urukundo be n’ugukosorwa turonka biciye kw’ishengero no ku bakurambere bariserukira ari ingendo iranga ubukerebutsi ikaba n’uburyo bwo gushikira ubuhirwe.

22 Ikiganiro gikurikira kizorimbura ahanini ivyerekeye umwete dufitiye ubusuku bwo mu ndimiro congere kiremeshe abakiri bato gusukurira Umuvyeyi wacu munyarukundo babigiranye umwete. Tuzokwihweza kandi ingene dushobora kwirinda kamwe mu twosho twonona cane twa Shetani. Nitwakurikiza tubigiranye umwete ivyo vyibutswa vyose Yehova atanga, tuzoba turiko turigana akarorero k’Umwana wiwe w’ikinege, Yezu, uwo Bibiliya yavuze ibimwerekeye iti: “Umwete w’inzu yawe wa[ra]ndiye.”​—Zab. 69:9, NW; 119:111, 129; 1 Pet. 2:21.

Woba uvyibuka?

• Ni igikorwa ikihe Yehova ahezagira, kandi kubera iki?

• Dushobora gute kugaragaza ko twizigira Yehova?

• Umwete ushobora gute kutuvyurira umutima wo kugamburukira ubuyobozi Imana itanga?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 9]

Asa, Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya bagaragaje gute umwete bari bafitiye inzu ya Yehova?