Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nuvugane ukuri na mugenzawe

Nuvugane ukuri na mugenzawe

Nuvugane ukuri na mugenzawe

“Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.”​—Ef. 4:25.

1, 2. Abantu benshi babona gute ukuri?

 UKURI ni ikintu kimaze igihe kirekire kivyura ibibazo bitandukanye mu bantu. Mu kinjana ca gatandatu B.G.C., hari umuryoshamvugo w’Umugiriki yitwa Alcaeus yavuze ati: “Ukuri kuri mu muvinyu.” Yashaka kwerekana ko ukuri guhishurwa gusa igihe umuntu yanyoye akaborerwa, kandi ni ho kumbure aba ashashaye kuvuga menshi. Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato wo mu kinjana ca mbere na we nyene yarerekanye ko yabona ukuri mu buryo butari bwo igihe yabaza Yezu n’akagaye n’akantu ati: “Ukuri ni iki?”​—Yoh. 18:38.

2 Kutavuga rumwe ku bijanye n’ukuri biriraye muri iki gihe cacu. Abantu benshi bavuga yuko ijambo “ukuri” rifise insobanuro zitandukanye canke ko ico umuntu abona ko ari ukuri, uwundi atari ko akibona. Abandi usanga bavuga ukuri igihe gusa bibagirira akamaro canke igihe babona ko ata kundi bari bugire. Igitabu Akamaro ko kubesha (mu congereza) kivuga giti: “Kuba umwizigirwa vyoshobora kuba ari ikintu ciza cane, ariko nta gaciro kanini bifise mu buzima no mu rugamba simusiga umuntu ahangana na rwo kugira ngo arabe ko yoba aramaze kabiri kandi atekanirwe. Umuntu usanga ata kundi ari bubikike kuko ategerezwa kubesha kugira ngo abeho.”

3. Ni kubera iki Yezu yari akarorero kadasanzwe mu bijanye no kuvuga ukuri?

3 Urazi ukuntu abigishwa ba Kristu babona ukuri mu buryo budasa n’ubwo! Yezu ntiyabona ukuri muri ubwo buryo butari bwo duhejeje kuvuga. Yama nantaryo avuga ukuri. N’abansi biwe bariyemereye icese bati: “Mwigisha, turazi ko uri umunyakuri n’uko wigisha inzira y’Imana mu kuri.” (Mat. 22:16) Muri iki gihe, abakirisu b’ukuri na bonyene barigana akarorero ka Yezu. Ntibagonanwa kuvuga ukuri. Baremera n’umutima wabo wose amajambo y’intumwa Paulo, uwahanuye abakirisu bagenziwe ati: “Ubu ko mwiyambuye ibinyoma, umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe.” (Ef. 4:25) Reka turimbure imice itatu igize ayo majambo Paulo yavuze. Ubwa mbere, mugenzi wacu ni nde? Ubwa kabiri, kuvuga ukuri bisobanura iki? Ubwa gatatu na ho, dushobora gute kubigira mu buzima bwacu bwa misi yose?

Mugenzi wacu ni nde?

4. Mu buryo butandukanye n’indongozi z’Abayuda zo mu kinjana ca mbere, Yezu yagaragaje gute ukuntu Yehova abona umugenzi wacu uwo ari we?

4 Mu kinjana ca mbere G.C., hari indongozi z’Abayuda zigisha yuko Abayuda nka bo canke abagenzi babo somambike ari bo bonyene bari babereye kwitwa “mugenzi” wabo. Ariko rero, Yezu yariganye bimwe bitagira agahaze kamere za Se be n’ukuntu yabona ibintu. (Yoh. 14:9) Biri n’ico bivuze kubona Yezu yareretse abigishwa biwe ko Imana idatonesha abantu b’ibara ry’urukoba rinaka canke b’igihugu kinaka ngo ibarutishe abandi. (Yoh. 4:5-26) N’ikindi kandi, biciye ku mpwemu nyeranda intumwa Petero yarahishuriwe ko “Imana itagira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi [imwemera].” (Ibik. 10:28, 34, 35) Turakwiye rero kubona abantu bose ko ari bagenzi bacu, tukagaragariza urukundo mbere n’abameze nk’abansi bacu.​—Mat. 5:43-45.

5. Kuvugana ukuri na mugenzi wacu bisobanura iki?

5 Ariko none, Paulo yashaka kwerekana iki igihe yavuga yuko dukwiye kuvugana ukuri na mugenzi wacu? Kuvuga ukuri bisobanura gutanga amakuru yo kwizigirwa, ata kinyoma namba arimwo. Abakirisu b’ukuri ntibagoreka ibintu vyabaye canke ngo babivuge mu buryo butari bwo kugira ngo bahende abandi. ‘Barazinukwa ikibi’ maze ‘bakumira ku ciza.’ (Rom. 12:9) Mu kwigana “Imana y’ukuri,” turakwiye kwihatira kuguma turi abizigirwa n’abadakikiriza mu vyo tuvuga vyose no mu vyo dukora vyose. (Zab. 15:1, 2; 31:5, NW) Igihe duhitamwo twitonze amajambo dukoresha, n’ibintu bitesha umutwe canke bitameze neza usanga dushobora kubitorera umuti tubigiranye ubugenge, tutarinze kubesha.​—Soma Abakolosayi 3:9, 10.

6, 7. (a) Kuba imvugakuri vyoba bisobanura ko dutegerezwa kubwira amakuru y’ido n’ido atwerekeye uwo ari we wese ayatubajije? Sigura. (b) Ni bande dukwiye kwizigira, gutyo tukababwiza ukuri?

6 Kuvugana ukuri n’abandi vyoba bisobanura ko dutegerezwa kubabwira ido n’ido ry’akantu kose batubajije? Si ngombwa. Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi, yarerekanye ko hariho abantu babereye guhabwa inyishu idomako canke kubwirwa amakuru manaka. Igihe indongozi z’idini z’indyarya zabaza Yezu ububasha canke ubukuru butuma akora ibimenyetso n’ibitangaro ubwo ari bwo, yavuze ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, hanyuma nanje ndababwira ubukuru butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.” Igihe abanditsi n’abagabo b’inararibonye vyabanka mu nda ntibamwishure, Yezu yavuze ati: “Nanje sindababwira ubukuru butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.” (Mrk. 11:27-33) Ntiyabona ko ategerezwa kwishura ico kibazo bamubajije kubera ko bari abantu bakora ibintu vyononekaye kandi batagira ukwizera. (Mat. 12:10-13; 23:27, 28) No muri iki gihe nyene, abasavyi ba Yehova barakeneye kuguma birinda abahuni be n’abandi bantu babi bakoresha amayeri canke urwenge kugira ngo bashikire imigambi yabo y’ubwikunzi.​—Mat. 10:16; Ef. 4:14.

7 Paulo na we nyene yarerekanye ko abantu bamwebamwe boshobora kuba batabereye guhabwa inyishu yuzuye canke ata co ihajije. Yavuze yuko “abanyarusaku n’abita mu vy’abandi [baganira] ivyo batari bakwiye kuganira.” (1 Tim. 5:13) Emwe, abantu bita mu vy’abandi canke ata muntu ashobora kwizigira ko bogumya ibanga boshobora gusanga abandi batihutira kubabwira ibiberekeye! Ese ukuntu vyorushiriza kuba vyiza twumviye impanuro yahumetswe Paulo yatanze igira iti: “[Mwishingire] intumbero yo kubaho mutekanye no kuraba ivyanyu bwite.” (1 Tes. 4:11) Ariko rimwe na rimwe, vyoshobora kuba ngombwa ko abakurambere b’ishengero batubaza ibibazo ku bitwerekeye kugira ngo barangure amabanga bajejwe. Muri ico gihe, gusenyera ku mugozi umwe na bo mu kuvuga ukuri ni ikintu gishimwa rwose kandi gifasha cane.​—1 Pet. 5:2.

Tuvugane ukuri mu muryango

8. Ukuvugana ukuri bifasha gute abagize umuryango kurushiriza kugiranira ubucuti bwa hafi?

8 Mu bisanzwe, abo dusangiye umuryango ni bo bantu usanga dufitaniye ubucuti bwa hafi cane. Kugira ngo dukomeze ubwo bucuti, birahambaye cane ko tuvugana ukuri. Ingorane be n’ukutumvikana bikunze gushika, birashobora kugabanuka canke bigatorerwa umuti biciye ku kuyaga tudahishanya, ata buryarya kandi tubigiranye ubuntu. Nk’akarorero, igihe dukoze ikosa, twoba tugonanwa kuryemerera uwo twubakanye, abana bacu canke iyindi ncuti ya hafi cane? Gusaba imbabazi abandi ata buryarya kandi bivuye ku mutima birafasha mu gutuma umuryango urangwamwo amahoro n’ubumwe.​—Soma 1 Petero 3:8-10.

9. Ni kubera iki kuvuga ukuri bitaduha icitwazo co gupfa uko tuvuze canke kubura urupfasoni?

9 Kuvugana ukuri ntibisobanura yuko dukwiye gupfa uko tuvuze, ata rupfasoni canke ubugenge tubigiranye. Kubura urupfasoni mu vyo tuvuga biratesha agaciro ukuri canke ico kwogize ku bandi. Paulo yavuze ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe hamwe n’ububi bwose. Mugabo mucike abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.” (Ef. 4:31, 32) Igihe tuvuze tubigiranye ubuntu n’icubahiro, biratuma ivyo tuvuga birushiriza kugira agaciro kandi bikagaragaza ko twubaha abo turiko turabwira.​—Mat. 23:12.

Tuvugane ukuri mw’ishengero

10. Ni igiki abakurambere bashobora kwigira ku karorero keza ka Yezu mu bijanye no kuvuga ukuri?

10 Yezu yavugana n’abigishwa biwe mu buryo bworoshe, ariko adakikiriza. Impanuro yatanga zama nantaryo zirangwa urukundo, ariko ntiyajoborora ukuri kugira ngo ahimbare ababa bariko bamwumviriza. (Yoh. 15:9-12) Nk’akarorero, igihe intumwa ziwe zaharira akatari gake ku wari mukuru muri bo, Yezu yarabafashije ashikamye mugabo yihanganye kugira batahure igituma kwicisha bugufi bikenewe. (Mrk. 9:33-37; Luka 9:46-48; 22:24-27; Yoh. 13:14) Muri ubwo buryo nyene, igihe abakurambere bakirisu bo muri iki gihe bashikamye ku bugororotsi, ntibaheza ngo bakandamize ubusho bw’Imana. (Mrk. 10:42-44) Barigana Kristu mu kuba “abanyabuntu kuri bagenzi ba[bo]” no mu “[kugira] impuhwe z’ikibabarwe” mu vyo bakorera hamwe n’abandi.

11. Urukundo dukunda abavukanyi bacu rukwiye kutuvyurira umutima wo gukora iki mu kuntu dukoresha ururimi rwacu?

11 Igihe tuvuganye n’abavukanyi bacu tudakikiriza ariko tutarenza urugero, turashobora kubaserurira iryo tugona ata we turinze kubabaza. Nkako, ntitwokwigera twipfuza ko ururimi rwacu ‘rukariha nk’urumosho,’ mu kurukoresha kugira ngo dukomeretse abandi biciye ku mvugo z’ugutukana canke zononekaye. (Zab. 52:2, NW; Imig. 12:18) Urukundo dukunda abavukanyi bacu ruzotuvyurira umutima wo ‘kubuza ururimi rwacu, rwoye kuvuga ikibi, n’iminwa yacu yoye kuvuga ivy’uguhendana.’ (Zab. 34:13) Gutyo, tuzotera iteka Imana twongere dutume mw’ishengero harangwa ubumwe.

12. Ni ryari umuntu avuga ibinyoma, ivyiwe vyokwihwezwa na komite ncarubanza? Sigura.

12 Abakurambere barakora batiziganya kugira ngo bakingire ishengero abantu bavuga ibinyoma vyambika ibara abandi. (Soma Yakobo 3:14-16.) Ikinyoma cambika ibara umuntu kiramugirira nabi; intumbero yaco ni iyo gutuma uwo muntu ababara mu buryo bunaka canke ashikirwa n’ikintu gituntuza. Birimwo n’ibindi uretse ukumuvugako gusa amajambo ata co amaze, atari yo canke kurenza urugero ku bimwerekeye. Ego ni ko ikinyoma cose ni kibi, mugabo si ngombwa ngo igihe cose umuntu atavugishije ukuri, ivyiwe bice vyihwezwa na komite ncarubanza. Ku bw’ivyo, abakurambere barakwiye kugira uburimbane, bakagira ibitegereka kandi bakabona ibintu mu buryo bwiza igihe baraba niba umuntu yavuze ibintu bitari vyo yoba afise akamenyero ko kuvuga n’ibigirankana ibinyoma vyambika ibara abandi, bino bikaba vyotuma ivyiwe vyihwezwa na komite ncarubanza. Canke na ho, ubwo ntiwosanga bihagije bamuhanuye bashikamye kandi babigiranye urukundo bakoresheje Ivyanditswe?

Tuvugane ukuri ku kazi

13, 14. (a) Ni mu buryo ki abantu bamwebamwe batabwiza ukuri abakoresha babo? (b) Ni ivyiza ibihe bishobora kuva ku kuba umwizigirwa n’imvugakuri ku kazi?

13 Tubayeho mu gihe usanga uburyarya bwariraye, akaba ari co gituma vyoshobora kuba urugamba gutsinda ivyotuma umuntu ataguma ari umwizigirwa ku mukoresha wiwe. Igihe co gusaba akazi, abenshi usanga bakoresha ibinyoma vyeruye. Nk’akarorero, boshobora kurenza urugero mu bijanye n’ubuhanga bafise canke amashure bize mu cegeranyo bashikiriza c’ivyo baranguye, ivyo bakabigira kugira ngo bironkere akazi keza canke k’umushahara munini cane. Ku rundi ruhande na ho, abakozi benshi usanga bigira nk’aho bariko barakora kandi mu vy’ukuri baba bariko bikurikiranira ivyabo, naho ivyo vyoba bihushanye n’amategeko agenga ishirahamwe bakoreramwo. Boshobora kuba bariko bisomera ibindi bintu bitajanye n’akazi bakora, biterefonera abo bishakiye, barungika kuri orodinateri ubutumwa bwabo bwite canke bironderera amakuru bishakiye kuri Internet.

14 Abakirisu b’ukuri ntibabona ko ukuba umwizigirwa canke imvugakuri ari ikintu umwe wese yihitiramwo. (Soma Imigani 6:16-19.) Paulo yavuze ati: “Dushaka kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.” (Heb. 13:18) Ni co gituma abakirisu bahemberwa ico bakoreye. (Ef. 6:5-8) Igihe umuntu abaye umukozi yitwararika akazi kiwe birashobora gutuma kandi Dawe wa twese wo mw’ijuru ashemezwa. (1 Pet. 2:12) Nk’akarorero muri Esupanye, umukoresha w’umuvukanyi umwe yitwa Roberto yaramushimiye kubera ko ari umukozi w’umwizigirwa kandi yitwararika igikorwa ciwe. Iyo nyifato nziza ya Roberto yatumye ishirahamwe yakorera riha akazi abandi bavukanyi. Na bonyene baragaragaje ko ari abakozi beza cane. Mu myaka ihaciye, Roberto yararondereye akazi abavukanyi babatijwe 23 be n’abatohoji ba Bibiliya 8!

15. Umukirisu w’umudandaza akwiye kwerekana gute ko avuga ukuri?

15 Niba turi abikorera ivyacu, twoba turi imvugakuri mu bintu vyose dukorana n’abandi, canke vyoba bishika ntituvugane ukuri na mugenzi wacu? Umukirisu w’umudandaza ntakwiye kuvuga ikidandazwa ciwe uko kitari kugira ngo gisohoke ningoga, eka kandi ntakwiye gutanga ibiturire canke kuvyakira. Twipfuza gufata abandi nk’uko natwe dushaka ko badufata.​—Imig. 11:1; Luka 6:31.

Tuvugane ukuri n’abakuru mu vy’intwaro

16. Ni ibiki abakirisu baha (a) abakuru mu vy’intwaro? (b) Yehova?

16 Yezu yavuze ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.” (Mat. 22:21) Ni ibiki dufitiye Sezari, ni ukuvuga abakuru mu vy’intwaro? Igihe Yezu yavuga ayo majambo, hariko havugwa ibijanye no gutanga amakori. Kugira ngo abakirisu bagume bafise ijwi ryo mu mutima ritabagiriza ikibi imbere y’Imana n’abantu, baragamburuka amategeko y’igihugu babamwo, ushizemwo n’ayajanye n’ukuriha amakori. (Rom. 13:5, 6) Ariko rero, turemera icese ko Yehova ari we Segaba Ruheta, ya Mana yonyene y’ukuri, akaba ari we dukunda n’umutima wacu wose n’ubuzima bwacu bwose n’umuzirikanyi wacu wose be n’inkomezi zacu zose. (Mrk. 12:30; Ivyah. 4:11) Ni co gituma tuyobokera Yehova Imana duherejeko.​—Soma Zaburi 86:11, 12.

17. Abasavyi ba Yehova babona gute ibijanye no guha imfashanyo abanyagihugu bazikeneye?

17 Mu bihugu vyinshi, haragirwa intunganyo zo guha imfashanyo abazikeneye. Ntivyoba ari bibi umukirisu yakiriye mwene izo mfashanyo mu gihe yoba abibereye. Kuvugana ukuri na mugenzi wacu vyoturinda guha abakuru mu vy’intwaro amakuru atari yo kugira ngo duhabwe izo mfashanyo.

Imihezagiro iva ku kuba imvugakuri

18-20. Ni imihezagiro iyihe iva ku kuvugana ukuri na mugenzi wacu?

18 Imihezagiro iva ku kuba imvugakuri ni myinshi. Turagumana ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi, rino rikaba rituma tugira amahoro yo mu muzirikanyi kandi tugatekanirwa mu mutima. (Imig. 14:30; Flp. 4:6, 7) Kugira ijwi ryo mu mutima ritatwagiriza ikibi biri n’agaciro kanini mu nyonga z’Imana. Vyongeye, igihe turi imvugakuri mu bintu vyose, ntiduheza ngo turazwe ishinga n’uko umusi uri izina ivyacu bizomenyekana canke bizoja ahabona.​—1 Tim. 5:24.

19 Ehe uwundi muhezagiro. Paulo yavuze ati: “Mu buryo bwose turishimagiza nk’abasuku b’Imana, . . . mu majambo y’ukuri.” (2 Kor. 6:4, 7) Ayo majambo nta gukeka ko yagaragaye ko ari ay’ukuri dufatiye ku vyashikiye Icabona umwe aba mu Bwongereza. Igihe yariko agerageza kugurisha umuduga ku muguzi umwe, yaramudondoreye ivyiza vyose vy’uwo muduga atibagiye n’utunenge wari ufise, harimwo n’ututashoka twibonekeza. Nya muguzi amaze kugendesha uwo muduga kugira ngo awusuzume, yaciye abaza nyene kuwugurisha nimba yari Icabona ca Yehova. Kubera iki uwo muntu yashitse kuri ico ciyumviro? Ni uko yari yabonye ko uwo muvukanyi ari umwizigirwa be n’uko yari umuntu yisoneye. Ivyo bayaze mu nyuma vyararonkeje uwo muvukanyi akaryo keza ko kumubwira inkuru nziza.

20 Twoba natwe dushemeza Umuremyi wacu mu kwama nantaryo turi abizigirwa n’imvugakuri? Paulo yavuze ati: “Twaranse ibintu vyo mu kinyegero biteye isoni, tutagendana urwenge.” (2 Kor. 4:2) Nimuze rero dukore uko dushoboye kwose kugira ngo tuvugane ukuri na mugenzi wacu. Nitwabigenza gutyo, tuzotuma Dawe wa twese wo mw’ijuru aninahazwa twongere dutume abasavyi biwe bashemagizwa.

Wokwishura gute?

• Mugenzi wacu ni nde?

• Kuvugana ukuri na mugenzi wacu bisobanura iki?

• Kuba imvugakuri bishobora gute gutuma Imana ininahazwa?

• Ni imihezagiro iyihe iva ku kuba imvugakuri?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 17]

Woba ugabirije kwemera udukosa ukora?

[Ifoto ku rup. 18]

Woba uvuga ukuri igihe usaba akazi?