Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Umubwiriza w’umwizigirwa be n’Inama Nyobozi imuserukira

Umubwiriza w’umwizigirwa be n’Inama Nyobozi imuserukira

Umubwiriza w’umwizigirwa be n’Inama Nyobozi imuserukira

“Ni nde vy’ukuri ari umubwiriza w’umwizigirwa, uw’ubwenge, uwo shebuja azoshinga umugwi w’abasuku biwe ngo agume abaha ingero yabo y’ibifungurwa ku gihe kibereye?”​—LUKA 12:42.

1, 2. Ni ikibazo ikihe gihambaye Yezu yabajije igihe yariko avuga ibigize ikimenyetso coranze imisi ya nyuma?

 IGIHE Yezu yariko aravuga ibigize ikimenyetso coranze imisi ya nyuma, yabajije ati: “Ni nde vy’ukuri ari umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abo mu rugo rwiwe, kugira ngo abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye?” Yezu yaciye avuga yuko impera uwo mushumba yohawe kubera ukwizigirwa kwiwe yari iy’uko yoshinzwe ivyo Shebuja atunze vyose.​—Mat. 24:45-47.

2 Amezi atari make imbere y’aho, Yezu yari yarabajije ikibazo nk’ico. (Soma Luka 12:42-44.) Uwo mushumba yamwise “umubwiriza” yongera avuga ko “abo mu rugo” ari “umugwi w’abasuku biwe.” Umubwiriza ni umuntu ajejwe ivyo mu rugo canke abihagarikira, uno akaba agaba abasuku bo muri nya rugo. Ariko ntiwumve, umubwiriza na we nyene ni umusuku. None uwo mushumba canke umubwiriza ni nde, kandi atanga gute “ibifungurwa ku gihe kibereye”? Birahambaye cane ko umwe wese muri twebwe yemera icese uwo muhora ukoreshwa mu gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu.

3. (a) Abantu bo mu madini y’abiyita abakirisu bakunze kugira ico bavuze ku Vyanditswe bagerageje gute gusigura amajambo Yezu yavuze yerekeye “umushumba”? (b) “Umubwiriza” canke “umushumba,” ni nde, kandi “abasuku” canke “abo mu rugo” ni bande?

3 Abantu bo mu madini y’abiyita abakirisu bakunze kugira ico bavuze ku Vyanditswe, akenshi babona ko ayo majambo ya Yezu yerekeza ku bafise amabanga muri ayo madini. Mugabo Yezu, we “shebuja” avugwa muri ico kigereranyo, ntiyavuze yuko hobayeho abashumba benshi bakwiragiye mu tudumbi dutandukanye two mu madini y’abiyita abakirisu. Ahubwo riho, yavuze mu buryo butomoye ko hobayeho “umubwiriza,” canke “umushumba” umwe gusa yoshinzwe ivyo Shebuja atunze vyose. Ku bw’ivyo, nk’uko iki kinyamakuru gikunze kubisigura, uwo mubwiriza ategerezwa kuba agereranya “ubusho buto” bugizwe n’abigishwa barobanuwe bafatiwe hamwe, canke uko bagize umugwi. Nk’uko amajambo yo mu Njili ya Luka akikuje ico canditswe avyerekana, abo ni bo Yezu yariko avuga. (Luka 12:32) Uwo “mugwi w’abasuku,” canke “abo mu rugo,” werekeza kuri uwo mugwi nyene ariko ugashimika ku ruhara umwumwe wese ajejwe. Ikibazo gishimishije gica kivyuka ni iki: Umwe wese mu bagize uwo mugwi wa wa mushumba yoba agira uruhara mu vyo gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye? Turaronka inyishu itomoye nitwarimbura twitonze ico Ivyanditswe bivuga.

Umusavyi wa Yehova mu bihe vya kera

4. Yehova yavuze iki ku bijanye n’ihanga rya Isirayeli ya kera, kandi ni ikintu gihambaye ikihe dutahura ku bijanye n’iryo hanga?

4 Yehova yavuze ku vyerekeye abasavyi biwe, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli ya kera, ko bose bafatiwe hamwe bari bagize umusavyi. “‘Muri [mu bwinshi] ivyabona vyanje,’ ni ko Yehova avuze, ‘mbere umusavyi [mu rudende] wanje natoye.’” (Yes. 43:10, NW) Abagize iryo hanga bose bari muri uwo mugwi umwe w’umusavyi. Ariko rero, birahambaye gutahura ko abaherezi be n’abalewi batari abaherezi ari bo bonyene bari bajejwe ibanga ryo kwigisha iryo hanga.​—2 Ngo. 35:3; Mal. 2:7.

5. Nk’uko Yezu yabivuze, ni ihinduka rikomeye irihe ryabwirizwa kuba?

5 None iryo hanga rya Isirayeli ryoba ari ryo ryari wa mushumba Yezu yavuga? Habe namba! Ivyo tubimenyeshwa n’amajambo Yezu yabwiye Abayuda bo mu gihe ciwe, agira ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa hanyuma buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mat. 21:43) Biragaragara ko ibintu vyabwirizwa guhinduka. Yehova yokoresheje irindi hanga. Naho ari uko, ku bijanye no kwigisha ivy’impwemu, igikorwa umushumba avugwa mu kigereranyo ca Yezu arangura, agikora yisunze ukuntu “umusavyi” w’Imana wo mu gihe ca Isirayeli ya kera yakora.

Umushumba w’umwizigirwa aseruka

6. Ni ihanga rishasha irihe ryabayeho kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., kandi ni bande bahavuye baba abarigize?

6 Ihanga rishasha, ni ukuvuga “Isirayeli y’Imana,” rigizwe n’Abisirayeli bo mu buryo bw’impwemu. (Gal. 6:16; Rom. 2:28, 29; 9:6) Ryabayeho igihe impwemu y’Imana yasukwa ku bigishwa kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. Mu nyuma, abakirisu bose barobanujwe impwemu barabaye abagize iryo hanga, rino rikaba kuva ico gihe ryaciye rikora ari umugwi w’umushumba yagenywe na Shebuja, ari we Yezu Kristu. Umwe wese mu bagize iryo hanga yashinzwe igikorwa co kwamamaza inkuru nziza no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 28:19, 20) Ariko none yoba ari uwo ari we wese mu bagize uwo mugwi yabwirizwa kugira uruhara mu gikorwa co gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu ku gihe kibereye? Reka turabe ukuntu Ivyanditswe vyishura ico kibazo.

7. Mu ntango, ni igikorwa nyamukuru ikihe intumwa zarangura, kandi cahavuye ciyongera gute?

7 Igihe Yezu yagena intumwa ziwe 12, igikorwa cabo nyamukuru cari ico kuja kubwira abandi inkuru nziza. (Soma Mariko 3:13-15.) Ico gikorwa cari gihuje n’insobanuro y’ishimikiro y’ijambo ry’ikigiriki apostolos, rino rikaba rivuye mu rivuga risobanura gusa ngo “kurungika.” Yamara, uko igihe cagenda kirahaca kandi ishengero rya gikirisu rikaba ryari ryimirije gushingwa, uruhara intumwa zarangura rwahavuye ruba “ibanga ry’ubucungezi.”​—Ibik. 1:20-26.

8, 9. (a) Ni igiki za ntumwa 12 zashira imbere? (b) Ni bande bahavuye bashingwa amabanga yiyongereye, nk’uko inama nyobozi yavyemeje?

8 Ni ikintu nyamukuru ikihe intumwa 12 zashira imbere? Inyishu dushobora kuyisanga mu vyabaye inyuma y’umusi wa Pentekoti. Igihe haba ukutumvikana ku bijanye n’igaburwa ryo ku musi ku musi ry’ibifungurwa vyahabwa abapfakazi, za ntumwa 12 zarakoranije abigishwa maze zibabwira ziti: “Ntibihimbaye ko tureka ijambo ry’Imana ngo tuje mu vyo kugabura ibifungurwa ku meza.” (Soma Ibikorwa 6:1-6.) Izo ntumwa zaciye zigena abandi bavukanyi bakwije ibisabwa mu vy’impwemu ngo bitwararike ico “gikorwa ca nkenerwa,” kugira ngo na zo zishobore kwihebera “ubusuku bwerekeye ijambo ry’Imana.” Iyo ntunganyo Yehova yarayihezagiye kuko “ijambo ry’Imana [ryabandanije] gukura, igitigiri c’abigishwa na co kiguma kigwira cane i Yeruzalemu.” (Ibik. 6:7) Ivyo vyatumye ibanga nyamukuru ryo kugabura ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu riguma rijejwe intumwa.​—Ibik. 2:42.

9 Haciye igihe, abandi barashinzwe amabanga ahambaye. Biciye ku buyobozi bw’impwemu nyeranda, Paulo na Barunaba bararungitswe n’ishengero ry’i Antiyokiya mu murimo w’ubumisiyonari. Na bo nyene bahavuye bitwa intumwa, naho batari muri za ntumwa 12 zo mu ntango. (Ibik. 13:1-3; 14:14; Gal. 1:19) Ukugenwa kwabo kwaremejwe n’inama nyobozi y’i Yeruzalemu. (Gal. 2:7-10) Gatoyi inyuma y’aho, Paulo yaragize uruhara mu vyo gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Yaranditse ikete ryiwe rya mbere ryahumetswe.

10. Mu kinjana ca mbere, boba ari abakirisu bose barobanujwe impwemu bagira uruhara mu bijanye no gutegura ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu? Sigura.

10 Ariko none boba ari abakirisu bose barobanujwe impwemu bagira uruhara mu guhagarikira igikorwa co kwamamaza no gutegura ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu? Habe namba! Intumwa Paulo itubwira iti: “Mbega bose ni intumwa? Mbega bose ni abahanuzi? Mbega bose ni abigisha? Mbega bose bakora ibikorwa vy’ububasha?” (1 Kor. 12:29) Naho abakirisu bose bavyawe n’impwemu bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza, bakeyi gusa muri bo, nk’abantu umunani, ni bo bakoreshejwe kugira ngo bandike ibitabu 27 bigize Ivyanditswe vy’ikigiriki.

Umushumba w’umwizigirwa mu bihe vya none

11. Ni ibintu ibihe Kristu “atunze” umushumba yashinzwe kwitwararika?

11 Amajambo Yezu yavuze dusanga muri Matayo 24:45 arerekana neza yuko mu gihe c’iherezo hobaye hariho umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge ng’aha kw’isi. Mu Vyahishuwe 12:17 havuga ko abagize uwo mugwi ari “abasigaye” b’uruvyaro rwa wa mugore. Uko bagize umugwi, abo bakirisu basigaye barashinzwe ivyo Kristu atunze vyose biri kw’isi. Ivyo bintu umubwiriza w’umwizigirwa yashinzwe kwitwararika ni ivyungura ubwami Shebuja afise ng’aha kw’isi, na vyo bikaba birimwo abatwarwa b’Ubwami bo kw’isi be n’inyubakwa zikoreshwa mu bijanye no kwamamaza inkuru nziza.

12, 13. Umukirisu amenya gute ko afise uguhamagarirwa ijuru?

12 Umukirisu amenya gute niba afise icizigiro co kuzoba mw’ijuru kandi ko ari muri abo Bisirayeli bo mu buryo bw’impwemu basigaye? Inyishu tuyisanga mu majambo intumwa Paulo yandikiye abo bari basangiye ico cizigiro nyene co kuzoba mw’ijuru, agira ati: “Abo bose bayoborwa n’impwemu y’Imana, abo ni bo bana b’Imana. Kuko mutaronse impwemu y’ubushumba yongera guteza ubwoba, ahubwo mwaronse impwemu y’ukugirwa abana, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: “Abba, Data!” Impwemu ubwayo ishinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana. Nimba rero turi abana, turi na ba samuragwa: ba samuragwa koko b’Imana, mugabo tukaba abaraganwa na Kristu, dukire gusa kubabarana na we kugira ngo kandi tuninahazanywe na we.”​—Rom. 8:14-17.

13 Tubivuze mu buryo bworoshe, abo bantu impwemu y’Imana ni yo ibarobanura kandi bararonka “uguhamagarirwa” ijuru canke ubutumire bwo kuba mw’ijuru. (Heb. 3:1) Ubwo butumire umukirisu aronka ku giti ciwe buva ku Mana. Ababuronka na bo baca ubwo nyene babwitabira badakekeranya canke batijijanya imitima kibure ngo batinye kwemera kuba abana b’Imana. (Soma 1 Yohani 2:20, 21.) Rero, si bo bihitiramwo ico cizigiro, ariko Yehova ni we abashirako ikimenyetso ciwe, ari yo mpwemu nyeranda.​—2 Kor. 1:21, 22; 1 Pet. 1:3, 4.

Ukubona ibintu mu buryo bubereye

14. Abakirisu barobanuwe babona gute ihamagarwa ryabo?

14 Magingo abo bakirisu barobanuwe bakirindiriye impera yabo yo mw’ijuru, none bakwiye kubona gute ibiberekeye? Baratahura yuko, naho baronse ubutumire bwiza igitangaza, ari ubutumire gusa. Bategerezwa kuguma ari abizigirwa gushika ku gupfa kugira ngo bazoronke ako gashimwe. Babigiranye ukwicisha bugufi, bumva bamerewe nka kumwe kwa Paulo, uwavuze ati: “Bavukanyi, siniyumvira ko ubwanje namaze kugicakira; mugabo ico nzi co ni iki: Mu kwibagira ibiri inyuma nkaramiriza ku biri imbere, ndashishikara ngana kw’ihangiro ngo ndonke agashimwe k’ihamagarwa ryo kuduga twahamagawe n’Imana biciye kuri Kristu Yezu.” (Flp. 3:13, 14) Abo bakirisu barobanuwe bagisigaye, bategerezwa gukora uko bashoboye kwose kugira ngo ‘bagende nk’uko bibereye ihamagarwa bahamagawe, bari n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi gukwiye,’ ivyo bakabigira ‘batinya kandi bajugumira.’​—Ef. 4:1, 2; Flp. 2:12; 1 Tes. 2:12.

15. Abakirisu bakwiye kubona gute abafata ku bimenyetso vy’Icibutso, kandi abakirisu barobanuwe babona gute ibiberekeye bo ubwabo?

15 Ariko none abandi bakirisu bakwiye kubona gute umuntu avuga ko yarobanuwe maze agatangura gufata ku bimenyetso vy’Icibutso? Nta n’umwe akwiye kumucira urubanza. Ico ni ikibazo kiri hagati yiwe na Yehova. (Rom. 14:12) Naho ari uko, abakirisu mu vy’ukuri barobanuwe ntibarondera gufatwa mu buryo budasanzwe. Ntibabona ko ukuba bararobanuwe bituma bagira ugutahura kudasanzwe kuruta mbere n’ukwo abakirisu bamwebamwe bo mu bagize “isinzi rinini” baciye uruma boba bafise. (Ivyah. 7:9) Ntibabona ko babwirizwa kuba bafise impwemu nyeranda iruta iyo bagenzi babo bo mu “zindi ntama” bafise. (Yoh. 10:16) Ntibitega gufatwa mu buryo budasanzwe, canke ngo berekane ko ukuba bafata ku bimenyetso bica bituma baruta abakurambere bo mw’ishengero.

16-18. (a) Abakirisu bose barobanuwe boba bagira uruhara mu gushikiriza ukuri gushasha kwo mu vy’impwemu? Bitangire akarorero. (b) Ni kubera iki bidakenewe ko Inama Nyobozi ibanza kugisha inama abakirisu bose barobanujwe impwemu imbere y’uko ifata ingingo?

16 Abakirisu bose barobanuwe bo hirya no hino kw’isi hoba hari ukuntu bahanahana amakuru ku buryo babwirana ukuri gushasha kwo mu buryo bw’impwemu? Uwokubesha. Naho abagize umugwi wa wa mushumba bafatiwe hamwe ari bo bajejwe ibanga ryo kugaburira mu buryo bw’impwemu abakirisu bagenzi babo barobanuwe, bose ntibajejwe amabanga amwe canke ngo babe bashinzwe igikorwa kimwe. (Soma 1 Abakorinto 12:14-18.) Nk’uko twamaze kubibona, mu kinjana ca mbere, bose baragira uruhara mu gikorwa gihambaye co kwamamaza. Ariko, bakeyi cane ni bo bonyene bakoreshejwe mu bijanye no kwandika ibitabu vya Bibiliya no mu gucungera ishengero rya gikirisu.

17 Tubitangire akarorero: Ivyanditswe rimwe na rimwe biravuga ivy’uko “ishengero” rishobora kwicarira ikibazo kinaka muri komite ncarubanza. (Mat. 18:17) Naho ari ukwo, mu vy’ukuri abakurambere ni bo bonyene bicarira ico kibazo kubera ko ari bo baserukira ishengero. Abakurambere ntibabanza kuvugana n’abagize ishengero bose kugira ngo babaze ico bavyiyumvirako, imbere y’uko bafata ingingo. Hisunzwe urutonde rwa gitewokarasi, bararangura uruhara bajejwe, bagakora ku bw’ineza y’ishengero ryose.

18 No muri iki gihe, abagabo bakeyi gusa barobanujwe impwemu ni bo bafise ibanga ryo guserukira umugwi wa wa mushumba. Ni bo bagize Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova. Abo bagabo barobanujwe impwemu ni bo bahagarikiye igikorwa c’Ubwami be na porogarama yo gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Ariko nk’uko vyari biri mu kinjana ca mbere, Inama Nyobozi ntibanza kugisha inama umwumwe wese mu bagize umugwi wa wa mushumba imbere y’uko ifata ingingo. (Soma Ibikorwa 16:4, 5.) Yamara rero, Ivyabona bose barobanujwe impwemu baragira uruhara bimwe bishitse mu gikorwa gihambaye cane c’iyimbura kiriko kirarangurwa muri iki gihe. Kubera ko abagize “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ari umugwi, bagize inama imwe, ariko ibikorwa bashinzwe si bimwe.​—1 Kor. 12:19-26.

19, 20. Abagize isinzi rinini babona gute mu buryo buri ku burimbane “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” be n’Inama Nyobozi imuserukira?

19 None ivyo bintu duhejeje kubona bikwiye kugira ico bikoze gute ku bagize isinzi rinini rirushiriza kwongerekana, bano bakaba bafise icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera? Kubera ko bari mu vyo Umwami atunze, barahimbarwa no gukurikiza bimwe bishitse indinganizo zishirwaho n’Inama Nyobozi iserukira “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Abagize isinzi rinini baraha agaciro ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bitangwa biciye ku Nama Nyobozi. Ariko muri ico gihe nyene, naho abo mw’isinzi rinini bubaha abagize umushumba uko bari umugwi, bariyubara kugira ngo ntibashire hejuru umuntu n’umwe avuga ko ari mu bagize uwo mushumba. Nta mukirisu n’umwe mu vy’ukuri yarobanuwe n’impwemu y’Imana yorondera canke yokwitega gufatwa muri ubwo buryo.​—Ibik. 10:25, 26; 14:14, 15.

20 Twaba turi abo “mu rugo,” ni ukuvuga abakirisu barobanuwe basigaye, canke turi mu bagize isinzi rinini, nimuze twiyemeze gusenyera ku mugozi umwe n’umubwiriza w’umwizigirwa be n’Inama Nyobozi imuserukira. Ese umwe wese muri twebwe ‘yoguma ateramye’ kandi tukaguma turi abizigirwa gushika kw’iherezo!​—Mat. 24:13, 42.

Woba uvyibuka?

• “Umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” ni nde, kandi abo mu rugo ni bande?

• Umuntu amenya gute ko afise uguhamagarirwa ijuru?

• Ni bande bafise ibanga nyamukuru ryo gutegura ibifungurwa bishasha vyo mu buryo bw’impwemu?

• Umukirisu yarobanuwe akwiye kubona gute ibimwerekeye?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 23]

Muri iki gihe, Inama Nyobozi ni yo iserukira umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge. Ukwo ni ko vyari bitunganijwe no mu kinjana ca mbere