Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuzeza abandi amabanga dukwiye kubigira kubera iki, kandi gute?

Kuzeza abandi amabanga dukwiye kubigira kubera iki, kandi gute?

Kuzeza abandi amabanga dukwiye kubigira kubera iki, kandi gute?

IVYO kuzeza abandi amabanga vyatanguye kera cane imbere y’uko umubumbe w’isi ubaho. Yehova yararemye Umwana wiwe w’ikinege maze, akoresheje uwo Mwana nk’“umukozi w’umuhanga,” aca ararema ijuru n’isi. (Imig. 8:22, 23, 30; Yoh. 1:3) Igihe Imana yarema umugabo n’umugore ba mbere, yababwiye ko ‘bokwuzura isi bakayiganza.’ (Ita. 1:28) Umuremyi yarajeje abantu igikorwa co kwagura Iparadizo yo muri Edeni kugira ngo ikwire kw’isi yose. Egome, kuva mu ntango, kuzeza abandi amabanga camye ari ikintu kiranga ishirahamwe rya Yehova.

None kuzeza abandi amabanga bisobanura iki? Ni kubera iki abakurambere bakirisu bakwiye kwiga kuzeza abandi ibikorwa bimwebimwe vyo mw’ishengero, kandi bashobora kubigira gute?

Kuzeza abandi amabanga bisobanura iki?

Kuzeza umuntu ibanga bisobanura kumushinga igikorwa, kumugena ngo aguserukire, kumuha ibanga canke ubukuru. Ku bw’ivyo rero, kuzeza abandi amabanga bisaba kubaronsa akaryo ko kurangura imigambi minaka. Mu bisanzwe ivyo bituma abantu basabikanya ubukuru.

Ababa bahawe igikorwa mw’ishengero rya gikirisu vyitezwe ko barangura ico gikorwa baba bashinzwe, bakamenyesha ingene kiriko kiratera imbere, kandi bakama bavugana n’uwakibajeje. Ariko rero, ibanga nyamukuru riba riri mu minwe y’umuvukanyi yagenywe, aba yajeje uwo wundi igikorwa. Arakeneye gukurikirana ingene kiriko kiratera imbere akongera agatanga impanuro igihe bikenewe. Yamara rero, hari aboshobora kubaza bati: ‘Ni kubera iki wozeza abandi igikorwa kandi wewe ubwawe ushobora kugikora?’

Kubera iki wozeza abandi amabanga?

Niwihe ishusho Yehova ariko ararema Umwana wiwe w’ikinege hanyuma akamuzeza ibanga ryo kugira uruhara mu bikorwa vyose vy’irema vyari bisigaye. “Biciye kuri we [ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi, ibiboneka n’ibitaboneka.” (Kol. 1:16) Umuremyi ubwiwe yari gushobora gukora ibintu vyose ata wundi abigizemwo uruhara, ariko yahisemwo guha Umwana wiwe akaryo ko kwinovora umunezero wo kurangura igikorwa c’ingirakamaro. (Imig. 8:31) Ivyo vyarafashije uwo Mwana kwiga vyinshi ku bijanye na kamere z’Imana. Mu buryo bunaka, uwo Muvyeyi yarakoresheje ako karyo kugira ngo amenyereze Umwana wiwe w’ikinege.

Igihe Yezu Kristu yari kw’isi, yariganye Se wiwe mu kuzeza abandi amabanga. Yagiye aramenyereza abigishwa biwe intambwe ku yindi. Yararungitse intumwa 12, mu nyuma arungika abandi bigishwa 70 baba baramutangurira kugira ngo baje imbere mu gikorwa co kwamamaza. (Luka 9:1-6; 10:1-7) Igihe mu nyuma Yezu yashika muri ivyo bibanza, umushinge mwiza yokwubakiyeko wari umaze gushingwa. Igihe Yezu yagira ave kw’isi, yarajeje amabanga aremereye abigishwa biwe bari baramenyerejwe, ushizemwo n’igikorwa co kwamamaza kw’isi yose.​—Mat. 24:45-47; Ibik. 1:8.

Kuzeza abandi amabanga be no kubamenyereza vyahavuye biba ibintu vyaranga ishengero rya gikirisu. Intumwa Paulo yabwiye Timoteyo ati: “Ivyo bintu ubizeze abantu b’abizigirwa, abazoheza bakaba abakwije neza ibisabwa kugira bigishe abandi.” (2 Tim. 2:2) Ego cane, abazi utuntu n’utundi bakwiye kumenyereza abazoheza bakamenyereza abandi.

Biciye ku kuzeza abandi bimwebimwe mu bikorwa umukurambere aba yarashinzwe, arashobora gusangira na bo umunezero wo kwigisha no kuragira. Kuba abakurambere batahura ko ubushobozi bw’umuntu buri n’aho bugarukira, iyo ni iyindi mvo mbere yotuma basaba abandi ngo bagire uruhara mu mabanga y’ishengero. Bibiliya ivuga iti: “Ubukerebutsi buri kumwe n’abifata ruto.” (Imig. 11:2, NW) Kwifata ruto birimwo no kumenya aho ubushobozi bwacu bugarukira. Ugerageje gukora ibintu vyose wewe ubwawe, woshobora gusanzara kandi ugasanga wimye umuryango wawe umwanya wari gushobora kumarana na wo. Biraranga ubukerebutsi rero gusangira n’abandi umutwaro w’amabanga wikoreye. Fata nk’akarorero umuvukanyi asukura ari umuhuzabikorwa w’inama y’abakurambere. Yoshobora gusaba abandi bakurambere gusuzuma amakonte y’ishengero. Mu kwihweza ivy’ayo makonte, abo bakurambere barashobora kumenya neza ukuntu ubutunzi bw’ishengero bwifashe.

Magingo kuzeza abandi amabanga bibaronsa akaryo ko kuronka ubuhanga bukenewe be no kumenya utuntu n’utundi, biranatuma uwo yabajeje amabanga yihweza ubushobozi abo bantu bafise. Gutyo rero, mu kuzeza abandi ibikorwa bibereye bokora mw’ishengero, abakurambere barashobora gusuzuma abashobora kuzocika abakozi b’ishengero “kugira ngo birabwe ko bakwiriye.”​—1 Tim. 3:10.

Ubwa nyuma, biciye ku kuzeza abandi amabanga, abakurambere barerekana ko bizigira abandi. Paulo yaramenyereje Timoteyo mu murimo w’ubumisiyonari mu gukorana na we. Abo bagabo babiri bahavuye bagiranira ubucuti bwa hafi. Paulo yise Timoteyo ngo “umwana wanje nyakuri mu kwizera.” (1 Tim. 1:2) Muri ubwo buryo nyene, Yehova na Yezu baragiraniye ubucuti bukomeye uko bagiye barakorana mu kurema ibindi bintu vyose. Biciye ku kuzeza abandi ibikorwa, abakurambere barashobora kugiranira na bo ubucuti burangwa igishika.

Igituma hari abagonanwa

Hari abakurambere usanga babona ko bigoye kuzeza abandi amabanga naho baba basanzwe bazi ivyiza biva ku kubigira, kumbure bakagonanwa kubera biyumvira ko boba bariko batakaza ubukuru bwabo. Boshobora kwiyumvira yuko bategerezwa kwama ari bo bifatira ibintu mu minwe. Yamara, uribuka ko imbere yuko Yezu aduga mw’ijuru, yahaye abigishwa biwe uburenganzira bwo kurangura igikorwa kiremereye, ivyo mbere akabigira azi ko bokoze ibiruta ivyo yakoze!​—Mat. 28:19, 20; Yoh. 14:12.

Hari abandi bakurambere boshobora kuba barigeze kuzeza abandi amabanga ariko ntibabone ibintu bishimishije bivuyemwo. Boshobora kubona yuko bo ubwabo bashobora gukora ico gikorwa neza kandi ningoga kuruta. Ariko rero, rimbura akarorero Paulo yatanze. Yari azi agaciro ko kuzeza abandi amabanga, ariko kandi yaratahura ko abariko baramenyerezwa batokwamye bakora ibintu neza na neza nk’uko yari avyiteze. Igihe Paulo yari mu rugendo rwiwe rwa mbere rw’ubumisiyonari, yaramenyereje umusore bari bafadikanije urugendo ari we Mariko. Paulo yaravunywe umutima cane no kubona Mariko yarataye igikorwa yari yashinzwe akisubirira i muhira. (Ibik. 13:13; 15:37, 38) Ariko rero, ivyo ntivyatumye Paulo areka kumenyereza abandi. Nk’uko twamaze kubivuga, yarasavye umukirisu yari akiri muto Timoteyo ngo yifatanye na we mu ngendo yagira. Igihe Timoteyo yari yiteguriye kurangura amabanga aremereye kuruta, Paulo yaramusize i Efeso, amuha ubukuru bwo kugena abacungezi b’amashengero be n’abakozi b’ishengero.​—1 Tim. 1:3; 3:1-10, 12, 13; 5:22.

Muri ubwo buryo, abakurambere bo muri iki gihe ntibakwiye kureka kumenyereza abavukanyi ngo ni uko gusa umwe muri bo atavyifashemwo neza. Biraranga ubukerebutsi kandi birahambaye kumenya kwizigira abandi no kubamenyereza. Ariko none, ni ibintu ibihe abakurambere bakwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe bazeza abandi amabanga?

Ukuntu wozeza abandi amabanga

Mu kuzeza abandi amabanga, nurimbure ivyo abo bavukanyi ufise mu muzirikanyi bashoboye. Igihe i Yeruzalemu hakenerwa abantu bogabura ibifungurwa ku musi ku musi, intumwa zahisemwo ‘abagabo indwi bashingirwa intahe nziza, buzuye impwemu n’ubukerebutsi.’ (Ibik. 6:3) Usavye umuntu atari umwizigirwa ngo akore igikorwa kinaka, coshobora kumuta ku w’amazi. Nubanze rero gushinga abantu udukorwa dutoduto. Umuntu agaragaje ko ari umwizigirwa, yoshobora kuba yokwitwararika n’irindi banga.

Ariko rero, hariho n’ibindi usanga bikeneye kurimburwa. Abantu usanga bafise kamere be n’ubushozi bitandukanye. Vyongeye, abantu ntibanganya kumenya utuntu n’utundi. Umuvukanyi afata abandi kigenzi kandi w’umugwaneza yoshobora gukora neza ivyo kwakira abantu, mu gihe umuvukanyi w’umunyarutonde kandi akora ibintu yisunga intunganyo zihari yoshobora guterera cane mu kuba umufasha w’umunyamabanga w’ishengero. Umuvukanyikazi afise ubuhanga mu vy’utugenegene yoshobora kuzezwa ibanga ryo gutunganya amashurwe ku bw’Icibutso.

Igihe uzeza abandi amabanga, nutomore neza icitezwe ico ari co. Imbere yuko Yohani Umubatizi arungika abantu kuri Yezu, yarabasiguriye ivyo yashaka kumenya be n’amajambo bari gukoresha mu kubibaza. (Luka 7:18-20) Ariko rero, igihe Yezu yategeka abigishwa biwe kwegeranya udusigazwa tw’ibifungurwa yari yahaye abantu ku gitangaro, ntiyababwiye ibintu vyose vy’ido n’ido. (Yoh. 6:12, 13) Ahanini bivana n’ukuntu igikorwa ushinze umuntu kimeze be n’ivyo uwo muntu agishinzwe aba ashoboye. Yaba uwuzeza uwundi ibanga canke uwusabwe gukora igikorwa, bompi bakwiye gutahura ikintu citezwe ico ari co be n’incuro uwo nyene kuzeza uwundi ibanga yoza aramenyeshwa aho ibintu bigeze. Bompi bakwiye kumenya urugero uwo ariko arakora ico gikorwa akwiye kugezako mu kwifatira ingingo. Niba igikorwa kibwirizwa kuba carangiye kw’igenekerezo rinaka, vyoshobora kurushiriza kuvyurira ingiro uwuriko aragikora igihe iryo genekerezo ntarengwa riganiriweko rikongera rikumvikanwako aho gutangwa nk’itegeko gusa.

Uwo aba yashinzwe igikorwa akwiye kuronswa uburyo, ibikoresho be n’imfashanyo bikenewe. Vyoshobora gufasha mu gihe abandi bamenyeshejwe iyo ndinganizo yagizwe. Igihe Yezu yazeza Petero “impfunguruzo z’ubwami bwo mw’ijuru,” yabigize abandi bigishwa ari ho bari. (Mat. 16:13-19) Muri ubwo buryo nyene, rimwe na rimwe vyoba vyiza ishengero rimenyeshejwe uwujejwe igikorwa kinaka.

Kwiyubara na vyo nyene birakenewe. Nimba ukigerageza kwinjira cane mu gikorwa wajeje uwundi muntu, ni nk’aho uzoba uriko uramubwira uti: “Sindakwizeye vy’ukuri.” Ego ni ko vyoshika ibintu ntibigende neza na neza nk’uko wari uvyiteze. Yamara, igihe umuvukanyi yajejwe ibanga ahawe umwidegemvyo ku rugero runaka, birashoboka ko azokwiyizigira kandi akamenya utuntu n’utundi. Birumvikana ko ivyo bidasobanura ukutitwararika ibijanye n’ukuntu akora ico gikorwa. Naho Yehova yahaye Umwana wiwe akaryo ko kugira uruhara mw’irema, yagumye yitwararika ivy’ico gikorwa. Yabwiye wa Mukozi w’umuhanga ati: “Tureme umuntu mw ishusho yacu.” (Ita. 1:26, ni twe dushimitse.) Ku bw’ivyo, biciye ku vyo uvuga n’ivyo ukora, nushigikire ico gikorwa kiriko kirarangurwa, wongere ukeze uwo muntu ku twigoro agira. Kugira umwihwezo mugufi w’ibiriko biravamwo birashobora kumufasha. Nimba ico gikorwa kitariko kirakorwa uko bibereye, ntugonanwe gusubira gutanga impanuro canke gufasha. Uribuka ko amaherezo ari wewe uzobazwa ivy’ico gikorwa kuko ari wewe wakijeje uwo muntu.​—Luka 12:48.

Benshi barungukiye ku kuba barajejwe amabanga yo mw’ishengero n’abagabo bahumuye babitwararika vy’ukuri. Mu vy’ukuri, abakurambere bose barakeneye kumenya igituma n’ukuntu bozeza abandi amabanga, ivyo bakabigira mu kwigana Yehova.

[Uruzitiro ku rup. 29]

KUZEZA ABANDI AMABANGA NI

• uburyo bwo gusangira n’abandi umunezero uva ku kuba hari ico baranguye

• uburyo bwo kurangura vyinshi kuruta

• uburyo bwo kugaragaza ubukerebutsi be n’ukwifata ruto

• uburyo bwo kumenyereza abandi

• uburyo bwo kugaragaza ko wizigira abandi

[Uruzitiro ku rup. 30]

UKUNTU WOZEZA ABANDI AMABANGA

• Nuhitemwo abantu baberanye n’ico gikorwa

• Nubasigurire mu buryo butomoye; nimuganire

• Nutomore neza igikwiye kurangurwa

• Nutange ibikenewe

• Niwitwararike ivy’ico gikorwa, kandi ugaragaze ukwizigira

• Nugire umutima ukunze wo kwemera kuzobazwa ivy’ico gikorwa

[Amafoto ku rup. 31]

Kuzeza abandi amabanga birimwo kubashinga igikorwa no gukurikirana ingene gitera imbere