Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ibibazo vy’abasomyi

Ko Yezu yari yaramamaje hirya no hino mu gihugu ca Isirayeli, vyagenze gute ngo intumwa Petero avuge ko Abayuda n’abatware babo “[b]akoze ibintu mu kutamenya” igihe bamwicisha?​—Ibik. 3:17.

Mu kubwira umugwi w’Abayuda ivyerekeye uruhara bagize mu rupfu rwa Mesiya, intumwa Petero yavuze ati: “Ndazi yuko mwakoze ibintu mu kutamenya, nk’uko n’abatware banyu bakoze.” (Ibik. 3:14-17) Abayuda bamwebamwe bashobora gusa kuba batatahuye Yezu uwo ari we be n’inyigisho ziwe. Ku bandi na ho, mu vyatumye baba mu kutamenya kwo mu vy’impwemu harimwo ukubura icipfuzo co guhimbara Imana, umwikeko, inzigo be n’urwanko.

Rimbura ukuntu ukubura icipfuzo co guhimbara Yehova vyagize ico bikoze ku kuntu abenshi babona inyigisho za Yezu. Akenshi Yezu yigisha akoresheje ibigereranyo, bino akaba yarabisobanurira abo bose baba bipfuza kumenya vyinshi. Ariko rero, bamwebamwe mu bamwumviriza baca bigira, ntibagire n’utwigoro na duke two kurondera gutahura. Igihe kimwe, mbere na bamwe mu bigishwa biwe barashavujwe n’imvugo ngereranyo imwe Yezu yakoresheje. (Yoh. 6:52-66) Abo bantu ntibatahuye ko ibigereranyo Yezu yakoresha vyafasha mu gusuzuma ko bari biteguriye guhindura ivyiyumviro vyabo n’ibikorwa vyabo. (Yes. 6:9, 10; 44:18; Mat. 13:10-15) Ntibari bazi kandi ubuhanuzi bwavuga ko Mesiya yokoresheje ibigereranyo mu nyigisho ziwe.​—Zab. 78:2.

Abandi baranse inyigisho za Yezu kubera umwikeko. Igihe Yezu yigishiriza mw’isinagogi yo mu gisagara c’iwabo ari co Nazareti, abantu ‘barajorewe.’ Ariko aho kwemera ko Yezu ari we Mesiya, baravyuye ibibazo ku bijanye n’umuryango yakuriyemwo. Babajije bati: “Uyu muntu yakuye hehe ibi bintu? . . . Uyu si wa mubaji, umuhungu wa Mariya akaba na mwene wabo na Yakobo na Yozefu na Yuda na Simoni? Bashikiwe na bo ntibari ng’aha kumwe natwe?” (Mrk. 6:1-3) Ku bantu b’i Nazareti, kuba Yezu yakuriye mu muryango uciye bugufi vyatuma inyigisho ziwe ziba izitagira akamaro.

Tuvuge iki ku bijanye n’indongozi z’idini? Benshi muri bo barakengera Yezu kubera imvo nk’izo. (Yoh. 7:47-52) Baranse kandi inyigisho za Yezu kubera yuko bari bamufitiye inzigo, bivanye n’uko abantu bamutega yompi. (Mrk. 15:10) Vyongeye, nta gukeka ko abantu benshi bakomakomeye bavyakiriye nabi igihe yashira ku kabarore ubwiyorobetsi n’ububeshi bwabo. (Mat. 23:13-36) Yezu yariyamirije mu buryo bubereye ukuntu birengagiza ibintu n’ibigirankana, mu kuvuga ati: “Muragowe mwebwe abahanga mu vy’Itegeko, kubera ko mwatwaye urupfunguruzo rw’ubumenyi; mwebwe ubwanyu ntimwinjiye [mu Bwami], kandi n’abinjira mwarababujije!”​—Luka 11:37-52.

Yezu yamaze imyaka itatu n’igice yamamaza inkuru nziza muri ico gihugu. Yaranamenyereje abandi bantu benshi kugira ngo bagire uruhara muri ico gikorwa. (Luka 9:1, 2; 10:1, 16, 17) Yezu n’abigishwa biwe barererwa cane ku buryo Abafarizayo bidoze bavuga bati: “Raba! Isi yamukondoreye inyuma.” (Yoh. 12:19) Gutyo rero, si ukuvuga ko Abayuda nka bose ata kintu na kimwe bari bazi. Yamara, muri rusangi bagumye “mu kutamenya” ku bijanye n’uko Yezu yari we Mesiya. Bari gushobora kuba barongereje ubumenyi bwerekeye Mesiya be n’urukundo bamukunda, ariko ntibabigize. Bamwebamwe baragize uruhara mu rupfu rwa Yezu. Ni co gituma intumwa Petero yahimirije benshi muri bo ati: “Nimwigaye rero, muhindukire kugira ngo ibicumuro vyanyu bihanagurwe, ngo ibiringo vy’ukuruhurirwa bibone kuza bivuye mu nyonga za Yehova no kugira ngo atume Kristu yagenywe ku bwanyu, ari we Yezu.” (Ibik. 3:19, 20) Biri n’ico bivuze kuba Abayuda ibihumbi n’ibihumbi baratanguye kwitaho ibintu, harimwo n’“isinzi rinini ry’abaherezi.” Ntibari bagikora ibintu mu kutamenya. Ahubwo, barigaye maze baratoneshwa na Yehova.​—Ibik. 2:41; 4:4; 5:14; 6:7.