Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya yoba ishobora gutahurwa?

Bibiliya yoba ishobora gutahurwa?

Bibiliya yoba ishobora gutahurwa?

“Umuryango wacu warasoma Bibiliya imisi yose ku w’iyinga. Mu vy’ukuri ntivyandyohera cane. Naremera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana, mugabo vyinshi mu vyo nasoma vyari bigoye cane gutahura.”​—Vyavuzwe na Steven wo mu Bwongereza.

“Igihe nari mfise imyaka 17, naragerageje gusoma Bibiliya. Nasanze igoye gutahura, nca ndabivamwo.”​—Vyavuzwe na Valvanera wo muri Esupanye.

“Narigeze gusoma Bibiliya yose kubera nabona ko bwa mugatolika, nari nkwiye kuyisoma. Vyansavye imyaka itatu kugira ngo ndayiheze! Ariko, nta kintu na kimwe co muri yo novuga ngo naratahuye.”​—Vyavuzwe na Jo-Anne wo muri Ositaraliya.

BIBILIYA iracari co gitabu gisomwa n’abantu benshi cane kuruta ibindi vyose mw’isi. Iguma irushiriza kugurwa kuruta ibindi bitabu vyose, abantu bakaba barushiriza kuyironka mu ndimi nyinshi no mu mero zitandukanye kuruta uko vyigeze kuba. Yamara rero, abantu benshi batunze Bibiliya basanga igoye gutahura. Kwoba ari ko nawe ubibona?

Uwo ikomokako yoba ashaka ko dutahura iryo Jambo ryiwe?

Bibiliya igira iti: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Ego cane, Yehova Imana ni we Bibiliya ikomokako. None yoba ashaka ko dutahura Ijambo ryiwe? Canke yoba yaratumye n’ibigirankana Bibiliya iba iyidashobora gutahurwa ku bantu bose uretse bake gusa yihitiyemwo, nk’abakuru b’amadini be n’incabwenge mu vya Bibiliya?

Rimbura imirongo ikurikira iva muri Bibiliya ubwayo:

“Ivyo vyagezwe mbageze uyu musi [si] ivyo kubananira, kandi [si] ibiri kure.”​—Gusubira mu vyagezwe 30:11.

“Guhishurirwa amajambo yawe kuzana umuco, guha abatungu ubgenge.”​—Zaburi 119:130.

“Kuri iyo saha nyene [Yezu] abogaboga akanyamuneza mu mpwemu nyeranda, avuga ati: ‘Ndagushemeza icese, Data, Mukama w’ijuru n’isi, kubera ko ivyo bintu wabihishije inkerebutsi n’incabwenge uvyitondeye, ukabihishurira inzoya.’”​—Luka 10:21.

Vy’ukuri, uwo Bibiliya ikomokako arashaka ko utahura Ijambo ryiwe! Ariko rero, haguma hariho ibimenyamenya vyerekana ko abantu benshi b’imitima nziraburyarya babona ko ico gitabu kigoye gutahura. None ni igiki gishobora gufasha? Ibiganiro bikurikira biraca ku mayange ivyiyumviro bitatu bishobora kugufasha gutahura Bibiliya.