Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

1. Nusabe uwo ikomokako agufashe

1. Nusabe uwo ikomokako agufashe

Ukuntu ushobora gutahura Bibiliya

1. Nusabe uwo ikomokako agufashe

Uwitwa Ninfa, uno akaba aba mu Butaliyano, yigana ati: “Hari igihe nashobora gusoma Bibiliya imbere yo kuja kuryama. Ivyo nabigira kubera nari naratahuye ko ari Ijambo ry’Imana, kandi naho ntakunda gusoma, naripfuza kumenya ivyo Imana yandikishije muri Bibiliya. Nari narafashe umugambi wo kuyisoma yose. Mu ntango nabona vyoroshe, ariko nahavuye nshika ku bihimba nasanze bigoye, maze nca ndahagarika kuyisoma.”

WOBA umaze gushikirwa n’ivyashikiye Ninfa? Abantu benshi birabashikira. Ariko rero, nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, uwo Bibiliya ikomokako ari we Yehova Imana, ashaka yuko utahura Ijambo ryiwe. Yamara none, ushobora gute kuronka ukwo gutahura? Intambwe ya mbere ni ugusaba uwo ikomokako akagufasha.

Intumwa za Yezu zabonwa ko ari abantu “batize kandi basanzwe” kubera yuko batari baraciye mu mashure y’abarabi kugira ngo bigishwe ivy’idini. (Ibikorwa 4:13) Naho ari ukwo, Yezu yarabakuye amazinda yuko bari bashoboye gutahura Ijambo ry’Imana. Uti gute? Yezu yasiguye ati: “Wa mufasha, ya mpwemu nyeranda, iyo Data azorungika mw’izina ryanje, uwo azobigisha vyose.” (Yohani 14:26) Imana yarakoresheje iyo mpwemu nyeranda ari zo nguvu zikora, mu kurema isi be n’ibiri kuri yo vyose. (Itanguriro 1:2) Yarayikoresheje kandi mu guhumekera abanditsi nka 40 kugira ngo bandike ivyiyumviro vyayo muri Bibiliya. (2 Petero 1:20, 21) Iyo mpwemu nyene iratangwa kugira ngo ifashe abarondera gutahura Bibiliya.

None ushobora gute kuronka impwemu nyeranda y’Imana? Ubwirizwa kuyisaba ufise ukwizera. Nkako, vyoshobora kuba ngombwa ko uyisaba ukobeje. Yezu yavuze ati: “Mugume musaba, muzohabwa.” Yaciye yongerako ati: “Nimba . . . mwebwe . . . muzi guha abana banyu ingabirano nziza, ese ingene Data ari mw’ijuru azorushiriza guha impwemu nyeranda abayimusaba!” (Luka 11:9, 13) Yehova arafise umutima ukunze wo guha impwemu nyeranda abayisaba babigiranye umutima nziraburyarya. Iyo nguvu ikora irashobora kugufasha gutahura insobanuro y’amajambo yahumetswe amaze imyaka ibihumbi n’ibihumbi yanditswe muri Bibiliya. Impwemu y’Imana kandi irashobora kuguha ubukerebutsi bukenewe kugira ngo ushire mu ngiro mu buzima bwawe ubutumwa bwo muri Bibiliya bufise ububasha.​—Abaheburayo 4:12; Yakobo 1:5, 6.

Igihe cose rero uzoba wicaye kugira ngo usome Bibiliya, nusenge Imana uyisaba impwemu nyeranda kugira ngo igufashe gutahura Ijambo ryayo.