Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

2. Nusome wugurutse mu bwenge

2. Nusome wugurutse mu bwenge

Ukuntu ushobora gutahura Bibiliya

2. Nusome wugurutse mu bwenge

Vyoba birigera bishika umugenzi akakubarira ibintu bibi ku bijanye n’umuntu utarigera ubona? Igihe amaherezo wabona nya muntu, ivyo uwo mugenzi wawe yakubwiye vyoba vyaratumye utabona neza ububangukirwe be na kamere nziza uwo muntu afise? Ikintu nk’ico kirashobora gushika ku bijanye na Bibiliya.

INTUMWA Paulo yarashize ahabona ibishobora gushika igihe tunaniwe gusoma Bibiliya twugurutse mu bwenge. Ku bijanye n’Abayuda bamwebamwe bo mu gihe ciwe, Paulo yanditse ati: “Ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete; mugabo si mu buryo bw’ubumenyi butagira amakosa.”​—Abaroma 10:2.

Bamwebamwe muri abo Bayuda bo mu kinjana ca mbere ntibashaka kwemera ko Yezu yari we Mesiya naho Ivyanditswe vy’igiheburayo vyahishura ukwo kuri bimwe bitomoye. Yezu w’i Nazareti yari akwije ivyo Ivyanditswe vyasaba vyose kandi yarashikije ubuhanuzi bwose bumwerekeye. Ariko rero, ivyiyumviro birimwo ugukavya abantu benshi bo mu gihugu c’iwabo bari barishizemwo vyatumye badatahura Ijambo ry’Imana.

None ivyo bintu vyashitse dushobora kuvyigirako iki? Birahambaye ko dusoma Bibiliya twugurutse mu bwenge. Umwikeko be n’ivyiyumviro umuntu aba yarishizemwo vyoshobora gutuma umusomyi adatahura ukuri kwo muri Bibiliya.

Nk’akarorero, umuhinga umwe mu bijanye n’ivyigwa vy’idini wo muri Caroline ya Ruguru, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, adondora Bibiliya ko ari “igitabu c’abantu gusa, kirimwo ivyiyumviro vy’abantu vyonyene, vyinshi muri vyo bikaba bivuguruzanya kandi akaba ata na kimwe muri vyo gitanga ubuyobozi bwo kwizigirwa ku bijanye n’ingene dukwiye kubaho.” Hamwe umuntu yosoma Bibiliya ayifata nk’“igitabu c’abantu gusa,” wumva none atoca agira impengamiro yo kwirengagiza ubuyobozi canke ingingo ngenderwako zidahuza n’ivyo we ubwiwe yikundira?

Igitandukanye n’ivyo, Bibiliya ituremesha kuyisoma tubigiranye ubwira. Ku bijanye n’Abanyaberoya bo mu gihe ca Paulo, Ivyanditswe bivuga biti: “Bakiriye ijambo babishashaye cane gusumba, basuzuma Ivyanditswe ku musi ku musi bavyitondeye ngo barabe ko ivyo bintu ari ko biri.” (Ibikorwa 17:11) Nk’ukwo kw’abo basomyi, vyoshobora kuba ngombwa ko ukuraho umwikeko uwo ari wo wose canke ukunebagura ukwo ari kwo kwose kwoshobora kubera intambamyi ugutahura kwawe. Nusome Ijambo ry’Imana wugurutse mu bwenge, ushashaye gutahura ubutumwa bushimishije cane bw’uwo ikomokako.