Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Woba wari ubizi?

Ni igiki catumye impuzu ya Yezu y’imbere ihahamirwa cane n’abasoda b’Abaroma?

Ba basoda bane bari bahagarikiye iyicwa rya Yezu baragabanganye impuzu ziwe. Muri Yohani 19:23 hagira hati: “Mugabo nya mpuzu [ya Yezu] y’imbere nta mubariro yagira, ikaba yari ijishwe kuva hejuru gushika hasi.” Nya basoda bafashe ingingo yo kutayitabura, ariko bemeranya kuyipfindanirako. None iyo mpuzu yari ikozwe gute?

Iyo mpuzu y’imbere biboneka ko yerekeza kw’ikanzu imeze nk’ishati ikozwe mu nyuzi zoroshe canke mu bwoya bw’intama maze igashika ku mavi canke ku maso y’ibirenge. Izo mpuzu bazikora mu kubaririra hamwe ibitambara bibiri bigerekeranije bifise imero y’ikwadarato canke y’urukiramende, bagaca bashona zitatu mu mpande zavyo. Barasiga intoboro zo gucishamwo umutwe n’amaboko.

Hari ubwoko bw’ikanzu irushirije kuba iyizimvye yakorwa mu buryo busa n’ubwo, ariko hakaba hakoreshwa “igitambara kirekire kimwe gusa c’impuzu kizinzemwo kubiri, hagati na hagati kikagira igitoboro basigiye umutwe” maze bakagiha umukunjo munsi, nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe (Jesus and His World). Vyaba bikenewe ko ikanzu y’ubwo bwoko bayishona ku mpande.

Impuzu zitagira umubariro namba, nk’iyo Yezu yambara, nta handi wari kuzisanga atari muri Palesitina. Bazijishira ku mashini zihagaze zakoresha imigwi ibiri y’inyuzi zirekera ku cuma gitambitse, umugwi umwe ukarekera ku ruhande rumwe uwundi na wo ku rundi. Umujishi yarashobora kuza arakurakuranya mu gusobanganya inyuzi zitambitse azicisha ku ruhande rumwe akabandaniriza no ku rundi, “gutyo agaca aronka impuzu imeze nk’igunira ritoboye epfo na ruguru,” nk’uko bivugwa n’igitabu kimwe. Impuzu itagira umubariro ishobora kuba cari ikintu kidafiswe na benshi, umwumwe wese muri ba basoda akaba rero yashaka ko iba rwiwe.

Muri Isirayeli ya kera hoba hariho abavumbi?

Twisunze Ivyanditswe vy’igiheburayo, Imana yarasezeranye kujana Abisirayeli ba kera mu “gihugu . . . gitemba amata n’ubūki.” (Kuvayo 3:8) Biboneka ko Ivyanditswe nka vyose vyerekeza ku buki biba bidondora imfungurwa zihingurwa n’inzuki. Bibiliya nta na kimwe ivuga ku bijanye n’ubuvumbi muri Isirayeli ya kera. Ariko rero, ibintu biherutse kwuburwa mu mwonga bita Bet She’an wo muri Isirayeli vyerekana ko mu bihe vya kera, abantu bahaba “begeka mu buryo bwa kijambere.”

I Tel Rehov, abashakashatsi bo muri kaminuza imwe ikora ivy’ubucukuzi (Hebrew University of Jerusalem’s Institute of Archaeology) barubuye ahantu higeze kuba hororerwa inzuki kuva nko mu kinjana ca cumi gushika mu ntango z’ikinjana c’icenda B.G.C., ico kikaba cari ikiringo c’ingoma y’abami ba Isirayeli. Ico ni co gihe imizinga ya kera yatanguye kwuburwa mu karere k’ibihugu vy’Abarabu. Vyiyumvirwa ko ico kibanza bororeramwo inzuki mu ntango carimwo imizinga ishika kw’ijana itondetse ku mirongo kandi ikagenda igerekeranye n’imiburiburi ari itatitatu.

Raporo iyo kaminuza yasohoye ku bijanye n’ivyubuwe ivuga yuko umuzinga umwumwe wose cari “igitiba kimeze nk’ingunguru gihomeshejwe ibumba . . . gifise santimetero 80 z’uburebure be na santimetero 40 z’ubwaguke. . . . Abavumbi bakanongoreye be n’incabwenge zatembereye ico kibanza bagereranije ko nk’ubuki bungana n’igice c’itoni bwashobora kwegeranywa buri mwaka bukuwe muri iyo mizinga.”

[Ifoto ku rup. 22]

Ca kibanza c’i Tel Rehov

[Abo dukesha ifoto]

Kaminuza y’ivy’ubucukuzi (Institute of Archaeology/Hebrew University) © Ivyacukuwe i Tel Rehov