Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ukugendera icapuriro ridasanzwe

Ukugendera icapuriro ridasanzwe

Ukugendera icapuriro ridasanzwe

IKI kinyamakuru uriko urasoma yoshobora kuba atari yo nomero ya mbere yaco umaze kubona. Kumbure Ivyabona vya Yehova boba bamaze kukugendera i muhira bakaguha Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! kugira ngo bagufashe gutahura neza Bibiliya. Canke na ho vyoba bimaze gushika ukabona Ivyabona bariko baratanga ibitabu mwene ivyo bishingiye kuri Bibiliya mw’ibarabara canke mu kaguriro ko ng’aho iwanyu. Nkako, amakopi y’ico kinyamakuru akwiragizwa buri kwezi ararenga imiliyoni 35, gutyo kikaba ari co kinyamakuru gisohorwa cane rwose kuruta ibindi vyose bisohorwa n’amadini mw’isi.

Ariko none, woba urigera wibaza aho ivyo bisohokayandikiro vyose bihingurirwa be n’ingene bihingurwa? Kugira uronke inyishu, reka twihweze rimwe gusa mu macapuriro menshi Ivyabona vya Yehova bakoresha mu bihugu bitandukanye, iryo na ryo rikaba ari iriri i Wallkill, mu gisagara ca New York, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Benshi mu basomyi bacu bo hirya no hino kw’isi ntivyoborohera kwiyunguruza kugira ngo bagendere iryo capuriro Ivyabona vya Yehova bakoresha muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akaba ari co gituma uku kuhagendera biciye ku bigiye gusigurwa be no kuri ayo mashusho biza kugufasha kurushiriza gutahura ibijanye n’iryo capuriro.

Birumvikana ko imbere yo gucapura habanza kuboneka ibisomwa vyanditswe. Urwego rutegura ibijanye n’ugucapura ruraronka amayagwa azocapurwa biciye ku bisomwa vyanditse biza ku buhinga bwa elegitoronike bivuye ku Rwego nshingwayandika ruri i Brooklyn, muri New York. Ivyo bisomwa bica bikoreshwa mu bijanye no guhingura ivyuma bibase bimeze nk’ibipapuro bininibinini biheza bigakoreshwa mu gucapura. Buri kwezi i Wallkill, imizingo igera ku 1.400 y’impapuro irashika mw’icapuriro, rino rikaba rikoresha buri musi nk’amatoni y’impapuro ari hagati ya 80 na 100. Iyo mizingo, imwimwe muri yo ikaba ipima ibilo birenga 1300, ica itamikwa imashini zitanu zo gucapura zigizwe n’ivyuma vyinshi cane bikorana, zino zikaba ziba zamaze gushirwamwo vya vyuma bibase bimeze nk’ibipapuro bininibinini. Uwo muzingo uracapurwako, ugakatagurwa, maze imigwimigwi y’impapuro 32 zizovamwo ikinyamakuru ikaza irashirwa hamwe. Iki kinyamakuru uriko urasoma ni umugwi umwe w’izo mpapuro 32. Tuvuge iki ku bijanye n’ibitabu? Aho ibisohokayandikiro biteranirizwa, impapuro zizovamwo igitabu zigenda zirateranywa kugira ngo haze haravamwo ibitabu. Imwe mu mashini zibiri ziteranya ibitabu irashobora guhingura ku musi umwe gusa ibitabu 50.000 bifise ibipfukisho bigumye canke ibitabu 75.000 bifise ibipfukisho vyoroshe. Iyindi mashini iteranya ibitabu irashobora guhingura ku musi ku musi hafi ibitabu 100.000 bifise ibipfukisho vyoroshe.

Mu 2008, iryo capuriro ryarahinguye ibitabu birenga kure n’iyo 28.000.000, ibirenga 2.600.000 muri vyo zikaba zari Bibiliya. Muri ico kiringo nyene, harahinguwe ibinyamakuru 243.317.564. Iryo capuriro rirazigama ibitabu mwene ivyo bishingiye kuri Bibiliya mu ndimi zishika 380. None igihe ibisohokayandikiro bimaze guhingurwa, ni igiki gica gikurikira?

Iryo capuriro riraronka impapuro zo gusabirako ibisohokayandikiro ziva mu mashengero 12.754 y’Ivyabona vya Yehova ari mu mugabane wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika be n’amashengero 1.369 ari mu mazinga ya Karayibe na Hawayi. Urwego rujejwe kurungika ibisohokayandikiro ruratekera ibiba vyasabwe vyose rukongera rugatunganya ivy’uko bijanwa aho biba bigenewe. Buri kwezi, amatoni ashika 14.000 y’ibisohokayandikiro ararungikirwa amashengero ari muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ikintu gihambaye gusumba ibindi muri iryo capuriro si amamashini, ahubwo ni abantu. Abarenga 300 barakorera mu nzego zijanye n’icapuriro, ni ukuvuga urujejwe gutegura ibijanye n’amashusho, urujejwe gutunganya intonde, urujejwe icapuriro nyezina, urujejwe aho ibitabu biteranirizwa be n’urujejwe kurungika ibisohokayandikiro. Abo bakozi, bose bakaba ari abakora bavyishakiye badahembwa, bafise imyaka iri hagati ya 19 na 92.

Baritwararika cane abantu, ni ukuvuga abakirana umushasharo ivyo bisohokayandikiro maze bakigishwa, bakaremeshwa bakongera bakayoborwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziganirwako muri vyo. Turizigiye yuko uri mu basomyi mwene abo be n’uko ibisohokayandikiro bicapurirwa hano bizogufasha kubandanya wironsa ubumenyi bwerekeye Yehova Imana na Yezu Kristu, buno bukaba busobanura ubuzima budahera.​—Yohani 17:3.

[Amafoto ku rup. 16]

[Ifoto yuzuye urupapuro rwose ku rup. 17]