Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Ni kubera iki umugore umwe yari yarahevye ivy’idini ubu akoresha cane umwanya wiwe mu gufasha abandi kumenya ivyerekeye Imana? Ni igiki catumye umugabo umwe yakunda inkino zirimwo ubukazi ahinduka akaba uwukunda amahoro? Vyagenze gute ngo umugabo yari yaramogoreye ibiyayuramutwe, akaborerwe be n’ugukubitana ashobore guhindura ukwo kuntu yari abayeho? Niwisomere nawe ivyo bigana.

IBIMURANGA

IZINA: PENELOPE TOPLICESCU

IMYAKA: 40

IGIHUGU: OSITARALIYA

IVYO YACIYEMWO: IDINI RYARI RYARAMUVUNYE UMUTIMA

KAHISE KANJE: Navukiye i Sydney muri Ositaraliya, ariko igihe nari mfise imyaka ibiri gusa umuryango wacu warimukiye mu gihugu ca Nouvelle Guinée. Twamaze hafi imyaka ibiri tuba i Rabaul hanyuma tumara imyaka umunani tuba i Bougainville. Kubera ko muri ivyo bihe muri Nouvelle Guinée ata televiziyo zariho, jewe na musazanje ni gake wasanga turi i muhira. Twaba turi kwoga, turi kwibira ibwina mw’ibahari canke twagiye kumara igihe dukambitse mu gahinga.

Natanguye kwitaho ivy’Imana mfise nk’imyaka cumi. Mawe yari umugatolika, akaba ari co gituma yangiriye inama yo kwitaba ivyigwa vya Bibiliya vyatangwa n’umwe mu babikira bo mu karere twabamwo. Narabaye umugatolika kandi nabatijwe mfise imyaka cumi.

Ariko rero, tumaze gusubira muri Ositaraliya maze ngatangura imyaka yanje y’ubuyabaga, ni ho natangura gukekeranya ku vyo nemera. Igihe nari mw’ishure ryisumbuye, narize ivyabaye muri kahise, kandi naramara umwanya munini ndiko nganira na dawe ku bijanye n’inkomoko y’idini be n’inkuru ziganwa muri Bibiliya twabona ko ari ibitito canke imigani. Nahavuye mpeba idini rya gatolika.

Abavyeyi banje batandukanye mfise imyaka 16. Ico gihe mawe yaraciye mu bihe bigoye, kandi nahavuye nja kubana na dawe be n’uwo yari areheje. Musazanje yagumanye na mawe, maze bimukira mu yindi ntara. Ico gihe naragize irungu ntari bwigere ngira mu buzima bwanje. Vyansavye imyaka ibiri kugira ngo nsubire kugiranira ubucuti bwa hafi na mawe. Naratanguye kunywa, gufata ibiyayuramutwe no kuja mu biteramo. Narahevye ishure, ndaronka akazi nongera ndonona ubuzima bwanje mu kubaho mu buhumbu, mfise imyaka irenga gatoyi 20.

Mfise imyaka 25, narasubiye kuzirikana ku vyerekeye Bibiliya. Naratanguye gukora akandi kazi maze ndabonana na Liene, uno akaba yari umukobwa w’igikundiro yama nantaryo yubaha umukoresha wiwe, naho nya mukoresha yamufata nabi cane. Igihe nabaza Liene igituma atasubiriza mu nkoko uwo mukoresha wiwe, yansiguriye yuko ivyo yabitumwa n’uko yariko arigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova kandi ko yariko aragerageza gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwiwe. Liene yaransavye ko twokwigana Bibiliya. Kubera ko ntatahuye neza ico kintu yari ansavye, nibajije ko yashaka kunyigisha ivyo yari azi vyose ku vyerekeye Bibiliya mw’isaha imwe itarenga. Muri iryo joro, Liene yamaze amasaha atatu ariko aranyishura ibibazo namubaza ku vyerekeye Bibiliya. Naratangajwe n’uko inyishu yose yampa yajana n’icanditswe co muri Bibiliya kiyishigikira.

Ndiko ndataha n’umuduga muri nya joro mpejeje kuganira na Liene, ndibuka ingene numvise nshavuriye Imana kubona itaretse ngo menye ukuri kuyerekeye hakiri kare. Nari nzi ko Ivyabona babayeho badahumanye mu vy’inyifato runtu maze nca mbona ko amazi yari amaze kurenga inkombe ku buryo ntoshoboye guheba ingeso zanje. Niyumvira kandi ko ntokwigeze nshobora kwamamaza inzu ku nzu nk’uko Ivyabona babigira. Narabandanije kwigana Bibiliya n’Ivyabona, ariko narondera gusa gutora amahinyu mu vyo bigisha kugira ngo nze nshobore guhagarika kuyaga na bo mu bugwaneza, ata co niyagiriza. Umusi umwe naratahuye ko ata mahinyu nokwigeze ntora mu vyo bigisha.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Uko narushiriza kumenya ivyerekeye ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zigenga inyifato runtu, ni ko ijwi ryanje ryo mu mutima ryarushiriza kumbuza amahoro. Kugira ngo ndonke amahoro, narahevye kunywa ibiyayuramutwe. Ariko rero narakubitiye gatoyi mu kindi gihugu, maze nca nongera kwisuka mu vy’ibiteramo no mu vyo kunywa nkarenza urugero. Vyasa nk’aho igihe cose nagerageza gutera imbere ngo mbeho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, naca nsubira ku vyo nahevye. N’ibimaramare n’akantu, narasenga Yehova yamara nkaguma numva mbuze amahoro.

Igihe namenya ibijanye n’ivyo Umwami Dawidi yagiranye na Batisheba be n’ukuntu Yehova yabagiriye imbabazi, vyaramfashije cane. Igihe Dawidi yahanurwa, yaragize umutima rugabo wo kwemera amakosa yiwe atiriwe aragerageza kwisigura ku vyo yari yakoze. Yaremeye yicishije bugufi igihano yahawe. (2 Samweli 12:1-13) Igihe cose nkoze ikibi naca nzirikana kuri iyo nkuru, maze bikarushiriza kunyorohera gusaba Yehova imbabazi. Mu nyuma narafashe ingingo yo kuza ndasenga imbere y’uko ngwa mu nyosha mbi aho gusenga namaze kuzigwamwo, kandi ivyo vyaravuyemwo ikintu kinini.

IVYIZA NAHAKUYE: Naho nari umuntu yamana ishavu, amajambo yo mu Banyefeso 4:29-31 yaramfashije kubona ko nkeneye kwirinda “umururazi . . . , n’ishavu, n’uburake.” Uko niga gucungera ishavu ryanje, ni na ko niga gucungera ivyo mvuga. Vyongeye, impanuro Yezu yatanze igira iti: “Ijambo ryanyu Ego niribe Ego” yaramfashije kurushiriza kuba umuntu afata ingingo.​—Matayo 5:37.

Naho mawe yangwanije igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona, mu nyuma yarambwiye yuko anshima cane. Yaranavuze ati: “Ndazi yuko ivyo wize ku vyerekeye Yehova ari vyo vyatumye uba umukenyezi abushitse, bitavuye ku kuntu warezwe.” Ayo majambo yavuze yarampimbaye cane.

Ubu ndumva ko ubuzima bwanje bufise intumbero kandi buri n’ico buvuze. Iyi myaka icenda iheze, jewe n’umunega wanje twayimaze turi abigisha ba Bibiliya b’igihe cose. Emwe, ndagenda kwamamaza inzu ku nzu kandi ubu ndabona ko ico ari co gikorwa gihimbaye kuruta ibindi vyose nari maze gukora.

IBIMURANGA

IZINA: DENIS BUSIGIN

IMYAKA: 30

IGIHUGU: UBURUSIYA

IVYO YACIYEMWO: YARAKUNDA KARATE

KAHISE KANJE: Navukiye mu gisagara ca Perm’ maze nkurira i Furmanov, kino kikaba ari igisagara kibamwo abantu nka 40.000 co mu karere ka Ivanovo, mu Burusiya. Furmanov ni igisagara kibereye ijisho kirimwo ibiti biteye igomwe, ivyo usanga mu gatasi bihinduka bikagira ibara ry’umuhondo n’iritukura. Mu myaka ya 1980 be n’iya 1990, ubukozi bw’ikibi bwarabaye ndanse muri ico gisagara. Umuryango wacu wari ubayeho mu buryo bubayabaye cane ubeshejweho n’uduhera tw’intica ntikize waronka. Kubera ko nabana n’abavyeyi banje hamwe na mutoyi wanje mu nzu y’icumba kimwe, ntitwagira isaganirizo.

Natanguye kwiga karate mfise imyaka indwi. Narakunda kwinonora imitsi, kandi ubuzima bwanje bwose ni vyo bwari bushingiyeko. Kubera yuko umwanya wanje wose w’inyuma y’ibikorwa nawumara ndi mu kibanza co kwinonoreramwo imitsi, abagenzi banje bose bari abantu bakunda ivyo kwinonora imitsi. Ku myaka 15, nari maze guca umukanda utukura wo muri karate, maze mfise imyaka 16 na ho naraciye umukanda ushaka kwirabura. Nari mu mugwi wa karate waja mu mahiganwa yagirwa mu ntumbero yo kumenya abazi karate kurusha abandi, ano akaba yahuza Abarusiya canke Abanyaburaya n’Abanyaziya. Nabona ko mfise kazoza keza, ariko ubuzima bwanje bwose bwarahindutse mfise imyaka 17.

Jewe na bamwe mu bagenzi banje, twarakoze ikibi maze turafatwa. Jewe naciriwe umunyororo w’imyaka ibiri. Ubuzima bwo mw’ibohero bwari bugoye. Yamara, igihe nari mw’ibohero, ni ho nabona Bibiliya ari bwo bwa mbere. Narasomye igitabu c’Itanguriro, ica Zaburi be n’Isezerano rishasha. Naranafashe ku mutwe ca gisabisho ca Dawe wa twese kandi naza ndagisubiramwo buri joro imbere yo kuryama, niyumvira yuko hari ukuntu ivyo vyomfashije.

Narekuwe mu 2000, mugabo narabuze ico mfata n’ico ndeka mu buzima bwanje nongera ndabona ko ata ntumbero bufise. Naciye ntangura kunywa ibiyayuramutwe. Mawe yapfuye nko muri ico kiringo nyene. Yari we muntu nakunda kuruta abandi bose, kandi vyarangoye cane kwihanganira urwo rupfu rwiwe. Ariko, narashoboye kuvavanura n’ibiyayuramutwe maze nca nsubira kuza ndaja mu kibanza co kwinonoreramwo imitsi. N’ikindi kandi, narimukiye mu gisagara ca Ivanovo. Naraharonse akazi ko gukorera mu mangazini icururizwamwo ibiribwa. Icegera ca nyene iyo mangazini yari Icabona ca Yehova. Yaransiguriye ibintu bimwebimwe vyerekeye ukuri kw’ishimikiro kwo muri Bibiliya yongera aratunganya ivy’uko ikindi Cabona angirira inyigisho ya Bibiliya ubudahorereza.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe nariko ndiga Bibiliya, narakozwe ku mutima bimwe bigera kure aho menyeye yuko Imana ifise umugambi wo kuzohindura isi ikaba Iparadizo, kandi naripfuje cane gukwiza ibisabwa kugira ngo nanje nzobe muri iyo paradizo. Sinatevye gutahura ko Yehova Imana afise ingingo ngenderwako ziri hejuru yipfuza yuko abantu babaho bisunga. Nari maze ikiringo kinini c’ubuzima bwanje niyumvira ivyanje gusa. Ariko naramenye yuko Yehova yashaka ko niyumvira n’ivy’abandi kandi ko ntsimbataza kamere ntari mfise ico gihe, muri izo hakaba harimwo ubuntu n’ugukunda amahoro.

Kubera ko natanguye kuzirikana bimwe bigera kure ku bijanye n’ivyo Yehova yari yarankoreye, nk’ukuba yaratanze Umwana wiwe ku bw’ibicumuro vyanje, ugukenguruka urukundo rw’Imana vyaramvyuriye umutima wo kugira ivyo mpinduye mu buzima bwanje. Nk’akarorero, muri Zaburi 11:5 haranyigishije ko Yehova yanka ubukazi. Ku bw’ivyo, narahagaritse kurorera ibiganiro vyo kuri televiziyo usanga bihayagiza ubukazi n’urwanko. Vyongeye, narahevye inkino zirimwo ubukazi ariko bingoye cane. Ingingo ngenderwako yo mu 1 Abakorinto 15:33 yaramfashije kubona ko abagenzi nahisemwo bongizeko akosho gakomeye cane. Kuba nari narapfunzwe cari ikimenyamenya cerekana ko iyo ngingo ngenderwako ivuga ukuri nk’ukurima. Ku bw’ivyo, naciye mfata ingingo yo guhagarika kwifatanya n’abari bashingiye ubuzima bwabo ku nkino zirimwo ubukazi.

IVYIZA NAHAKUYE: Kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova be no kwiga Bibiliya vyaramfashije kuba inzirabugunge. Nk’akarorero, amajambo yo mu Baheburayo 13:5 yaranyigishije yuko nkeneye kubumbwa n’ivyo mfise no kurwanya agatima ko gukunda amahera. Gushira mu ngiro iyo mpanuro vyaramfashije kwirinda kubesha no kwiba.

Nama nantaryo mpa agaciro ubugenzi mfitaniye n’abandi. Muri kahise, nari nariboneye ingene ubugenzi nari mfitaniye n’abandi butosekara kubera ubwibone canke ubwoba. Naho Ivyabona vya Yehova ari abantu badatunganye, naramenye ko bubaha ingingo ngenderwako z’Imana kandi ko bihatira gushira mu ngiro impanuro itanga mu vyo bagiranira n’abandi. Ubu bamwebamwe muri bo ni bo nagize abagenzi b’ukuri.

Ndibaza ukuntu ubuzima bwanje buba bumeze ubu iyo ntiga kubaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Kumbure mba narasubiye gupfungwa canke nkaba narababaje abantu kibure ngatuma bacumukura. Ariko ubu, ndifitiye umukenyezi w’igikundiro be n’abahungu babiri, kandi uko tugize umuryango, turironkera agahimbare nyakuri mu gufasha abandi kumenya ukuri kwerekeye Imana.

IBIMURANGA

IZINA: JOSÉ CARLOS PEREIRA DA SILVA

IMYAKA: 31

IGIHUGU: BEREZILE

IVYO YACIYEMWO: YARI MU MUGWI W’ABANTU BARWANIRA MU MABARABARA

KAHISE KANJE: Nakuriye mu gasagara kitwa Americana kagizwe n’utuzu tw’utururi, mu ntara ya São Paulo. Kuronka amazi meza canke utuzu twa surwumwe tubereye wari umugani kuri twebwe. Ako karere kari rurangiranwa kubera ubukazi n’ubukozi bw’ikibi bwaharangwa.

Nakuze ndi umuntu w’inkazi kandi ahahaza abandi. Nama nantaryo ndwanira n’abandi mu mabarabara, akaba ari co gituma abantu bo mu micungararo bantinya. Ukuntu nambara, ukuntu nitunganya be n’ukuntu naboneka vyatanga ishusho y’uko nari umuntu w’intagondwa. Naranywa cane, akenshi gushika naho nta ubwenge. Cokimwe na benewacu, naranywa ibiyayuramutwe. Nkako, hari uwo tuvukana yapfuye kubera ko yari yanyoye ibirenze urugero.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE: Igihe nahura n’Ivyabona vya Yehova, baranyeretse muri Bibiliya yuko Imana izohindura isi yose ikaba Iparadizo. (Luka 23:42, 43; Ivyahishuwe 21:3, 4) Naramenye kandi ko abapfuye ata co baba bakizi, akaba ari co gituma Imana idahanira abantu babi mu muriro udahera. (Umusiguzi 9:5, 6) Ivyo vyarampumurije cane. Ivyo nize ku vyerekeye Imana vyatumye ngira icipfuzo gikomeye co guhindura ukuntu nari mbayeho. Ariko rwari urugamba kugira ivyo mpinduye, ni ukuvuga ngaheba ibiyayuramutwe, akaborerwe, ukurwana be n’imvugo mbi nari nsanzwe nkoresha.

Ariko, nararemeshejwe cane n’amajambo intumwa Paulo yavuze dusanga mu 1 Abakorinto 6:9-11. Ico canditswe cerekana yuko abakirisu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere bigeze kuba bafise zimwezimwe mu ngeso mbi nari naratsimbataje. Ariko ico canditswe congerako giti: “Ukwo ni ko bamwe muri mwebwe bari bameze. Mugabo mwarogejwe, mugabo mwarejejwe, mugabo mwariswe abagororotsi mw’izina ry’Umukama wacu Yezu Kristu no ku mpwemu y’Imana yacu.” Ayo majambo yaratumye nizigira yuko na jewe noshoboye kugira amahinduka akenewe mu buzima bwanje kugira ngo mpimbare Imana.

Igihe natangura kwifatanya n’Ivyabona vya Yehova, narajijutse yuko bari mw’idini ry’ukuri. Bari bazi yuko nahora ndi umuntu w’inkazi kandi ahahaza abandi, yamara baransaba kwifatanya na bo babigiranye igishika n’urukundo.

IVYIZA NAHAKUYE: Iyo nza kuba ntarize Bibiliya ngo nongere mpindure ukuntu nari mbayeho, kumbure ubu mba narapfuye. Ariko, narahimbawe no gufasha umwe muri benewacu kumenya ivyerekeye Bibiliya maze aravavanura n’ukwizizirwa n’ibiyayuramutwe. N’ikindi kandi, nararemesheje izindi ncuti zanje gutangura kwiga Bibiliya. Ndahimbarwa cane no kuba narashoboye kwegurira ubuzima bwanje Imana itwitaho cane kugira ngo ndayikorere!

[Iciyumviro ku rup. 24]

“Narafashe ingingo yo kuza ndasenga imbere y’uko ngwa mu nyosha mbi aho gusenga namaze kuzigwamwo, kandi ivyo vyaravuyemwo ikintu kinini”