Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twigane Yezu mu kwigisha tubigiranye urukundo

Twigane Yezu mu kwigisha tubigiranye urukundo

Twigane Yezu mu kwigisha tubigiranye urukundo

“Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.”​—YOH. 7:46.

1. Abantu bakiriye gute uburyo Yezu yigisha?

 IYUMVIRE ukuntu bitegerezwa kuba vyareza umutima kwumva Yezu ariko arigisha! Bibiliya iraducira agace ku bijanye n’ingene Yezu yagize ikintu kinini akoze ku bantu bahura na we. Nk’akarorero, umwanditsi w’Injili Luka aratwiganira ko abantu bo mu gisagara Yezu yavukamwo “batangu[ye] . . . gutangazwa n’amajambo y’igikundiro ava mu kanwa kiwe.” Matayo avuga ko abumvirije Yezu igihe yabigisha biciye kuri ya Nsiguro yo ku Musozi, ‘bajorejwe n’uburyo yigisha.’ Yohani na we avuga yuko abapolisi bari barungitswe gufata Yezu maze bakagaruka ata we bazanye, bavuze bati: “Ntiharigera haboneka uwundi muntu avuga nka we.”​—Luka 4:22; Mat. 7:28; Yoh. 7:46.

2. Ni uburyo butandukanye ubuhe bwo kwigisha Yezu yakoresha?

2 Abo bapolisi ntibihenze. Ata gukeka, Yezu yari we Mwigisha ahambaye kuruta ababayeho bose. Yigisha mu buryo butomoye, bworoshe kandi bwumvikana ku buryo ata n’umwe yari gushobora kumuvuguruza. Yarakoresha ibigereranyo be n’ibibazo abigiranye ubuhanga. Yarahuza inyigisho ziwe n’abo yazibwira, baba ari abantu bahambaye canke basanzwe. Ukuri yigisha kwari kworoshe gutahura, ariko kukaba mu vy’ukuri gutekeye insobanuro igera kure. Ariko rero, ivyo si vyo bintu vyonyene vyatumye Yezu aba Umwigisha ahambaye.

Urukundo ni yo kamere nyamukuru

3. Bwa mwigisha, ni gute Yezu yari atandukanye n’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe?

3 Nta gukeka ko mu banditsi no mu Bafarizayo harimwo abantu b’incabwenge bari bafise ubumenyi bakagira n’ubuhanga bwo kububwira abandi. Ni igiki none catumye uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha buba ubutandukanye cane n’ubwabo? Indongozi z’idini zo muri ico gihe ntizakunda abantu basanzwe. Ahubwo riho, zarabasuzugura, zikabona ko ari “ibivume.” (Yoh. 7:49) Yezu we yarabumvira akagongwe, kuko bari “baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.” (Mat. 9:36) Yarabagaragariza igishika, ikibabarwe n’ubuntu. N’ikindi kandi, indongozi z’idini ntizakunda Imana vy’ukuri. (Yoh. 5:42) Yezu we yarakunda Se wiwe kandi agahimbarwa no gukora ivyo agomba. Indongozi z’idini zaragoreka amajambo y’Imana kugira ngo zironderere inyungu zazo bwite, ariko Yezu we yarakunda “ijambo ry’Imana.” Yararyigisha, akarisigura, akariburanira akongera akabaho aryisunga. (Luka 11:28) Vy’ukuri, urukundo rwabogaboga muri Kristu, ni rwo rwagenga ivyo yigisha, ingene yafata abantu be n’ingene yabigisha.

4, 5. (a) Ni kubera iki bihambaye ko twigisha tubigiranye urukundo? (b) Mu bijanye n’ukwigisha, ni kubera iki kugira ubumenyi n’ubuhanga na vyo nyene bihambaye?

4 Tweho bite? Kubera ko turi abayoboke ba Kristu, turipfuza kumwigana mu busuku turangura no mu buzima bwacu. (1 Pet. 2:21) Ni co gituma intumbero yacu atari iyo kubwira abandi ubumenyi bwo muri Bibiliya gusa, ariko kandi ni iyo kugaragaza kamere za Yehova, na canecane urukundo rwiwe. Twaba dufise ubumenyi bwinshi canke bubayabaye, kibure tukaba dufise ubuhanga bwinshi bwo kwigisha canke bukeya, urukundo tugaragaza ruzodufasha gukora ku mutima abo tubwira inkuru nziza. Kugira ngo tube kirumara vy’ukuri mu gikorwa turangura co guhindura abantu abigishwa, dutegerezwa kwigana Yezu mu kwigisha tubigiranye urukundo.

5 Ni ivy’ukuri ko kugira ngo tube abigisha beza, dukeneye kuba tuzi ivyo twigisha no kuba dufise ubuhanga bwo kwigisha ubwo bumenyi dufise. Yezu yarafashije abigishwa biwe kwironsa ivyo bintu vyompi, kandi Yehova abicishije kw’ishirahamwe ryiwe, aradufasha muri iki gihe kuvyironsa. (Soma Yesaya 54:13; Luka 12:42.) Ariko rero, ntidukwiye kugerageza kwigisha dukoresheje ubwenge bwacu gusa, ariko n’imitima yacu ikwiye kubigiramwo uruhara. Igihe ubumenyi, ubuhanga be n’urukundo vyose bikoreshejwe, harashobora kuvamwo ivyiza bimara akanyota cane. Ni mu buryo butandukanye ubuhe none twogaragaza urukundo igihe twigisha? Yezu n’abigishwa biwe babigize gute? Reka tubirabe.

Dutegerezwa gukunda Yehova

6. Tuvuga gute ivyerekeye umuntu dukunda?

6 Turahimbarwa no kuyagira abandi ibintu dusanzwe dukunda. Igihe tuba turiko turavuga ikintu twikundira, turumva dushwashwanutse kandi mu maso hacu hakagaragaza umunezero n’igishika dufise. Ivyo ni ko biri na canecane igihe tuba turiko tuvuga ivyerekeye umuntu dukunda. Akenshi usanga dushashaye kubwira abandi ivyo tuzi kuri uwo muntu. Turamushimagiza, tukamutera iteka tukongera tukamuburanira. Ivyo tubigira kubera ko tuba twipfuza yuko n’abandi bakwēgērwa n’uwo muntu na kamere ziwe nk’uko na twebwe bidukwēgēra.

7. Urukundo Yezu yakunda Imana rwatumye akora iki?

7 Imbere yo gutsimbataza mu bandi ugukunda Yehova, dutegerezwa twebwe ubwacu kubanza kumumenya no kumukunda. Nakare, ugusenga kw’ukuri gushingiye ku gukunda Imana. (Mat. 22:36-38) Yezu yaradusigiye akarorero katagira agahaze. Yarakunda Yehova n’umutima wiwe wose, n’umuzirikanyi wiwe wose, n’ubuzima bwiwe bwose be n’inguvu ziwe zose. Kubera ko Yezu ashobora kuba yamaze imyaka amamiliyaridi ari kumwe na Se wiwe mw’ijuru, yaramumenye neza. None ivyo vyavuyemwo iki? Yezu yavuze ati: ‘Ndakunda Data.’ (Yoh. 14:31) Urwo rukundo rwaragaragariye mu vyo Yezu yavuze vyose no mu vyo yakoze vyose. Rwaramuvyuriye umutima wo kwama nantaryo akora ibihimbara Imana. (Yoh. 8:29) Rwaramusunikiye kwiyamiriza indongozi z’idini, zino zikaba zivugisha n’uburyarya n’akantu ko zaserukira Imana. Urwo rukundo kandi rwaratumye abwira abandi ivyerekeye Yehova yongera arabafasha kumenya Imana no kuyikunda.

8. Ugukunda Imana kwatumye abigishwa ba Yezu bakora iki?

8 Nk’uko kwa Yezu, abigishwa biwe bo mu kinjana ca mbere barakunda Yehova, kandi urwo rukundo rwaratumye bamamaza inkuru nziza babigiranye umutima rugabo n’umwete. Barujuje Yeruzalemu ivyo bigisha, naho indongozi z’idini zikomakomeye zabarwanya. Abo bigishwa ntibopfuye baretse kuvuga ivyo bari bariboneye kandi barumvise. (Ibik. 4:20; 5:28) Bari bazi ko Yehova yari kumwe na bo be n’uko yobahezagiye, kandi koko yarabahezagiye! Nkako, hataraca n’imyaka 30 inyuma y’urupfu rwa Yezu, intumwa Paulo yarashoboye kwandika ko inkuru nziza yari imaze kwamamazwa “mu biremwa vyose vyo munsi y’ijuru.”​—Kol. 1:23.

9. Twokomeza gute urwo dukunda Imana?

9 Niba natwe twipfuza kuba abigisha babishoboye vy’ukuri, turakeneye kuraba neza ko tubandanya gukomeza urwo dukunda Imana. None ivyo twobikora gute? Ni mu kuganira n’Imana kenshi mw’isengesho. Turakomeza kandi urukundo dukunda Imana mu kwiga Ijambo ryayo, mu gusoma ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya no mu kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Nitwarushiriza kumenya Imana, imitima yacu izokwuzura urukundo tuyikunda. Urwo rukundo nitwarugaragaza, abandi bazobibona kandi boshobora kwiyegereza Yehova.​—Soma Zaburi 104:33, 34.

Dutegerezwa gukunda ivyo twigisha

10. Ni ikintu nyamukuru ikihe kiranga umwigisha mwiza?

10 Ikintu nyamukuru kiranga umwigisha mwiza ni ukuba akunda ivyo yigisha. Ategerezwa kuba yemera ko ari ivy’ukuri, ko bihambaye kandi ko bifise agaciro. Iyo umwigisha yitwararika ivyo yigisha, umunezero wiwe urigaragaza, bigaheza bikagira ikintu gikomeye bikoze ku bo yigisha. Iyo na ho umwigisha adaha agaciro vy’ukuri ivyo yigisha, none yokwitega gute ko abo yigisha baha agaciro ivyo bumva? Ntiwigere ufatira mu rwara akarorero utanga bwa mwigisha w’Ijambo ry’Imana. Yezu yavuze ati: “Umwigishwa wese yamenyerejwe neza azoba nk’umwigisha wiwe.”​—Luka 6:40, The New Berkeley Version in Modern English.

11. Ni kubera iki Yezu yakunda ivyo yigisha?

11 Yezu yarakunda ivyo yigisha. Yari azi ko afise ikintu c’agaciro co kubwira abandi, na co kikaba ari ukuri kwerekeye Se wiwe wo mw’ijuru, ni ukuvuga “amajambo [nyezina] y’Imana” be n’“amajambo y’ubuzima budahera.” (Yoh. 3:34; 6:68) Nka kurya kw’umuco ukayangana, ukuri Yezu yigisha kwarashize ku kabarore ikibi kwongera kurashira ahabona iciza. Kwaratumye abantu bicisha bugufi bari barahenzwe n’indongozi z’idini ry’ikinyoma bakaba kandi barahahazwa na wa Mubesheranyi, bagira icizigiro bongera barahumurizwa. (Ibik. 10:38) Urwo Yezu yakunda ukuri ntirubonekera gusa mu nyigisho ziwe, ariko kandi rurabonekera mu vyo yakoze vyose.

12. Intumwa Paulo yumva amerewe gute ku bijanye n’inkuru nziza?

12 Nk’ukwo kwa Yezu, abigishwa biwe barakunda cane kandi bagaha agaciro kanini ukuri kwerekeye Yehova na Kristu ku buryo ababarwanya batoshoboye kubaca intege ngo ntibabwire abandi ivyerekeye ukwo kuri. Paulo yandikiye abakirisu bagenziwe b’i Roma, ati: “Ku ruhande rwanje ndashashaye kubamenyesha inkuru nziza . . . Kuko ntaterwa isoni n’inkuru nziza; nkako, ni yo bubasha bw’Imana bwo kuzanira ubukiriro umuntu wese afise ukwizera.” (Rom. 1:15, 16) Paulo yabona ko gutangaza ukuri ari agateka yatewe. Yanditse ati: “Jewe, . . . narahawe ubuntu ata wari abukwiriye, ngo menyeshe amahanga inkuru nziza yerekeye ubutunzi budashobora kugerwa bwa Kristu.” (Ef. 3:8) Biroroshe kwiha ishusho y’umunezero Paulo yagira igihe yaba ariko arigisha abandi ivyerekeye Yehova n’imigambi yiwe.

13. Ni imvo izihe zituma dukunda inkuru nziza?

13 Inkuru nziza dusanga mw’Ijambo ry’Imana iradufasha kumenya Umuremyi no kugiranira na we ubucuti burangwa urukundo. Iyo nkuru nziza iratanga inyishu zimara akanyota z’ibibazo bihambaye mu buzima, ikaba kandi ifise ububasha bwo guhindura ubuzima bwacu, bwo kuturonsa icizigiro be n’ubwo kudukomeza mu bihe vy’ingorane. Vyongeye, iyo nkuru nziza irerekana uburyo bwo kuronka ubuzima buri n’ico buvuze buzokwamaho. Nta bumenyi na bumwe bufise agaciro canke buhambaye kuruta iyo nkuru nziza. Ni ingabirano twahawe y’igiciro ntangere, ituma tugira umunezero mwinshi. Vyongeye, turarushiriza kugira umunezero igihe iyo ngabirano tuyisangiye n’abandi.​—Ibik. 20:35.

14. Twokomeza gute urwo dukunda ivyo twigisha?

14 Wokora iki none kugira ngo urushirize gukomeza urwo ukunda inkuru nziza? Igihe usoma Ijambo ry’Imana, nuze uraruhuka gatoyi kugira ngo uzirikane ku vyo usoma. Nk’akarorero, niwihe ishusho uri kumwe na Yezu mu gihe c’ubusuku bwiwe bwo ng’aha kw’isi canke uriko ufata ingendo uri kumwe n’intumwa Paulo. Niwihe ishusho uri mw’isi nshasha, maze use n’uwubona mu bwenge ukuntu ubuzima buzoba butandukanye n’ubw’iki gihe. Nuzirikane ku mihezagiro waronse biciye ku kugamburuka inkuru nziza. Niwaguma ukomeje urwo ukunda inkuru nziza, abo wigisha bazokwiyumvamwo urwo rukundo nyene. Turi n’imvo yumvikana rero ikwiye gutuma tuzirikana twitonze ku vyo tumaze kwiga tukongera tukiyubara ku vyo twigisha.​—Soma 1 Timoteyo 4:15, 16.

Dutegerezwa gukunda abantu

15. Ni kubera iki umwigisha akwiye gukunda abo yigisha?

15 Umwigisha mwiza aratuma abo yigisha bumva borohewe ku buryo bagira igishika co kugira uruhara mu vyo bariko bariga kandi bagahimbarwa no guserura iryo bagona. Umwigisha munyarukundo aronsa abo yigisha ubumenyi bitumwe n’uko abitwararika vy’ukuri. Arahuza inyigisho yiwe n’ivyo bakeneye be n’urugero rwabo rwo gutahura. Ntiyirengagiza ubushobozi abanyeshure biwe bafise be n’uko ivyabo vyifashe. Igihe abigisha bafise mwene urwo rukundo, abo yigisha bazovyibonera, maze uwigisha n’uwiga bompi bahimbarwe.

16. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yagaragarije abantu urukundo?

16 Yezu yaragaragaje mwene urwo rukundo. Uburyo buhambaye kuruta ubundi bwose yagaragajemwo urukundo ni ukuba yaratanze ubuzima bwiwe bw’umuntu butagira agasembwa kugira ngo abandi bashobore kurokoka. (Yoh. 15:13) Mu gihe c’ubusuku bwiwe, Yezu yaritayeho atarambirwa ivyo abantu bari bakeneye mu vy’umubiri na canecane mu vy’impwemu. Aho kwitega ko abantu ari bo baza kuri we, yaragenda n’amaguru ibilometero amajana kugira ngo ababwire inkuru nziza. (Mat. 4:23-25; Luka 8:1) Yarabihanganira kandi akabatahura. Igihe vyaba ngombwa ko akosora abigishwa biwe, yabigirana urukundo. (Mrk. 9:33-37) Yarabaremesha mu kubakura amazinda yuko bobaye abamamaji b’inkuru nziza babishoboye. Nta muntu n’umwe yigeze kuba umwigisha munyarukundo kuruta Yezu. Urukundo yakunda abigishwa biwe rwarabavyuriye umutima wo kumukunda no gukurikiza amabwirizwa yiwe.​—Soma Yohani 14:15.

17. Ni mu buryo ki abigishwa ba Yezu bagaragarije abandi urukundo?

17 Nk’uko kwa Yezu, abigishwa biwe baragaragarije abo babwira inkuru nziza urukundo n’igishika bigera kure. Barasukuriye abandi bongera barererwa mu kwamamaza inkuru nziza naho babwirizwa kwihanganira uruhamo canke guhakwa kuhasiga ubuzima. Ese ukuntu bumva bafitiye igishika abo bafasha mu buryo bw’impwemu! Mu vy’ukuri aya majambo intumwa Paulo yanditse arakora ku mutima cane. Yanditse ati: “Twacitse abatekereza hagati muri mwebwe, nk’igihe umuvyeyi yonsa abungabunga abana biwe bwite. Nuko, kubera tubafitiye ikibabarwe, twarahimbawe cane no kutabaha inkuru nziza y’Imana gusa, mugabo n’ubuzima bwacu bwite, kuko mwacitse abakundwa kuri twebwe.”​—1 Tes. 2:7, 8.

18, 19. (a) Ni kubera iki dufise umutima ukunze wo kugira ivyo duhevye kugira ngo turangure igikorwa co kwamamaza? (b) Tanga akarorero kerekana yuko abantu babona urukundo tugaragaza.

18 No mu bihe vya none, Ivyabona vya Yehova bararondera kw’isi yose abantu bashashaye kumenya Imana no kuyikorera. Nkako, mu myaka 17 yagiye irakurikirana, twamaze amasaha arenga umuliyaridi umwe buri mwaka turiko dukora ca gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa kandi n’ubu tukiriko. Ivyo tubikorana umutima ukunze naho ico gikorwa co kwamamaza gisaba ko dukoresha umwanya wacu, inguvu zacu be n’ubutunzi bwacu. Nka kumwe kwa Yezu, turatahura yuko Data wa twese munyarukundo wo mw’ijuru yipfuza ko abantu bironsa ubumenyi bujana mu buzima budahera. (Yoh. 17:3; 1 Tim. 2:3, 4) Urukundo ruratuvyurira umutima wo gufasha abantu b’umutima nziraburyarya ngo bamenye Yehova bongere bamukunde nk’uko natwe tubigira.

19 Abandi barabona urukundo tugaragaza. Nk’akarorero, umuvukanyikazi umwe w’umutsimvyi wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika arandika amakete kugira ngo aremeshe ababuze ababo. Umugabo umwe, mu kwishura yanditse ati: “Nkibona iryo kete, naratangajwe n’ingene umuntu yoshoboye kugira akigoro nk’ako ko kwandikira uwo atazi na gato kugira ngo amufashe kwihanganira ibihe bigoye. Novuga gusa yuko ukunda abantu nkawe be n’Imana ibayobora mu nzira ijana mu buzima.”

20. Kwigisha tubigiranye urukundo bihambaye ku rugero rungana iki?

20 Hari uwavuze yuko mu gihe ukoresheje urukundo be n’ubuhanga, ushobora kwitega gushika ku kintu ciza kuruta ibindi. Mu kwigisha kwacu, turarondera gufasha abatohoji bacu kugira ngo batsimbataze ukumenya Yehova n’ukumukunda. Egome, kugira ngo tube abigisha babishoboye vy’ukuri, turakeneye kugaragaza urukundo ruri mu mice itatu, ni ukuvuga urwo dukunda Imana, urwo dukunda ukuri be n’urwo dukunda abantu. Uko dutsimbataza urukundo mwene urwo kandi tukarugaragaza mu busuku turangura, ntitwironkera gusa umunezero uva ku gutanga, ariko kandi turagira agahimbare ko kuba tuzi yuko turiko twigana Yezu kandi duhimbara Yehova.

Wokwishura gute?

• Igihe twigisha abandi inkuru nziza, ni kubera iki bihambaye ko tuba . . .

dukunda Imana?

dukunda ivyo twigisha?

dukunda abo twigisha?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 15]

Ni igiki catumye uburyo Yezu yakoresha mu kwigisha buba ubutandukanye n’ubw’abanditsi n’Abafarizayo?

[Ifoto ku rup. 18]

Kugira ngo umuntu yigishe neza bisaba ko aba afise ubumenyi, ubuhanga, n’ikiruta vyose, akagira urukundo