Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi

Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi

Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi

“Twagize ubutinyutsi . . . ngo tubabwire inkuru nziza.”​—1 TES. 2:2.

1. Ni kubera iki inkuru nziza y’Ubwami ihimbaye cane?

 ESE ukuntu bihimbaye kwumva agakuru keza! Kandi agakuru keza kuruta utundi twose ni inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Iyo nkuru nziza iradukura amazinda yuko ugucumukura, indwara, umubabaro, intuntu, n’urupfu bizokurwaho. Iratuma abantu bashobora kuzoronka ubuzima budahera, irahishura umugambi w’Imana kandi ikatwereka ukuntu twogiranira na yo ubucuti burangwa urukundo. Hari aho woba wiyumvira ko umuntu wese yohimbarwa no kwumva iyo nkuru Yezu yabwira abantu. Ariko ikibabaje ni uko atari uko bimeze.

2. Sigura amajambo Yezu yavuze agira ati: “Naje gutera amacakubiri.”

2 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ntimwiyumvire ngo naje gushira amahoro kw’isi; sinaje gushiraho amahoro, atari inkota. Kuko naje gutera amacakubiri: umuhungu akarwanya se, n’umukobwa akarwanya nyina, n’umukazana akarwanya inabukwe. Egome, abansi b’umuntu bazoba abo mu rugo rwiwe bwite.” (Mat. 10:34-36) Aho kwakira neza iyo nkuru nziza, abantu benshi usanga bayiyamiriza. Hari abo usanga bigira abansi b’abayitangaza, naho nyene boba ari abo mu muryango wabo wa hafi.

3. Dukeneye iki kugira ngo turangure igikorwa twashinzwe co kwamamaza?

3 Ukuri Yezu yamamaje ni kwo na twebwe twamamaza, kandi igihe abantu bumvise ukwo kuri, usanga no muri iki gihe bakwakira nk’uko benshi bakwakira muri ico gihe. Ivyo ni vyo tubwirizwa kwitega. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Umushumba ntaruta shebuja. Nimba barampamye, bazobahama na mwebwe.” (Yoh. 15:20) Mu bihugu vyinshi ntidushikirwa n’uruhamo rw’imbonankubone, ariko turahura n’abantu badusuzugura kandi batanegwa iyo nkuru nziza. Ku bw’ivyo, turakeneye ukwizera n’umutima rugabo kugira ngo twihangane mu gikorwa turangura co kwamamaza inkuru nziza tubigiranye ubutinyutsi.​—Soma 2 Petero 1:5-8.

4. Ni kubera iki Paulo yari akeneye ‘kugira ubutinyutsi’ kugira ngo yamamaze?

4 Kumbure vyoba rimwe na rimwe bikugora kugira uruhara mu busuku, canke kugira uruhara mu muce munaka wabwo bigasa n’ibigutera ubwoba. Niba ari ukwo biri, si we wenyene bishikira. Intumwa Paulo yari umwamamaji afise ubutinyutsi kandi w’intatinyurukamvye yatahura ukuri mu buryo bwiza cane, yamara vyaranashika kwamamaza bikamubera urugamba. Paulo yarandikiye abakirisu b’i Tesalonika, ati: “Aho tumariye kubanza gucumukura tukongera tukagirirwa nabi bimwe biteye isoni i Filipi (nk’uko mubizi), twagize ubutinyutsi biciye ku Mana yacu ngo tubabwire inkuru nziza y’Imana hariko n’urugamba rukomeye.” (1 Tes. 2:2) Abategetsi b’i Filipi barakubise inkoni Paulo na mugenziwe Silasi, barabata mw’ibohero, bongera bababohera mu mpatane z’ibiti. (Ibik. 16:16-24) Naho vyari ukwo, Paulo na Silasi ‘baragize ubutinyutsi,’ barabandanya kwamamaza. Ni gute natwe twobigenza gutyo? Kugira ngo twishure ico kibazo, reka turimbure ivyafashije abasavyi b’Imana bo mu bihe vya Bibiliya kuvugana ubutinyutsi ukuri kwerekeye Yehova, maze turabe ingene dushobora kwigana akarorero kabo.

Bari bakeneye ubutinyutsi kugira ngo bihanganire inyankane

5. Ni kubera iki abantu b’intahemuka kuri Yehova bamye nantaryo bakeneye ubutinyutsi?

5 Nta gukeka ko Yezu Kristu ari we karorero ruheta mu vyo kugira umutima rugabo n’ubutinyutsi. Yamara, kuva abantu batanguye kubaho, abantu bose b’intahemuka kuri Yehova bamye nantaryo bakeneye ubutinyutsi. Uti kubera iki? Inyuma y’aho habereye ubugarariji muri Edeni, Yehova yaravuze ko hobayeho inyankane hagati y’abakorera Imana be n’abakorera Shetani. (Ita. 3:15) Iyo nyankane yaciye yigaragaza igihe wa mugororotsi Abeli yicwa na mwenewabo. Mu nyuma, Henoki, uno akaba yari uwundi muntu w’umwizigirwa yabayeho imbere ya rya Segenya, yaranswe. Yavuga ubuhanuzi bw’uko Imana yozananye n’aberanda bayo ibihumbi mirongo kugira ngo icire urubanza abantu batayubaha. (Yuda 14, 15) Ata gukeka, ubwo butumwa ntibwashimishije abantu benshi na gato. Abantu baranse Henoki kandi biboneka ko bari guhava bamwica iyo Yehova adaca agabanya igihe ciwe c’ukubaho. Mbega ubutinyutsi Henoki yagaragaje!​—Ita. 5:21-24.

6. Ni kubera iki Musa yari akeneye ubutinyutsi igihe yavugana na Farawo?

6 Zirikana kandi ku butinyutsi Musa yagaragaje igihe yavugana na Farawo, uno akaba yari umutegetsi yabonwa ko atari umuserukizi w’imana gusa, ariko kandi ko we ubwiwe yari imana, umuhungu w’ikimana zuba citwa Ra. Vyoshoboka ko uwo Farawo, cokimwe n’abandi bafarawo yasenga ishusho yiwe nyene. Farawo yarica agakiza kandi avuze ntawasubizayo. Kubera ko Farawo yari umunyabubasha, umunyabwibone akaba n’uwudakurwa kw’ijambo, ntiyari amenyereye ko abandi bamubwira ico yokora. Uwo mugabo, ni we Musa, uno akaba yari umwungere aciye bugufi, yarengutse imbere akatari gake, ata mubonano yaba yahawe kandi yakirwa nabi. Ni ibiki none Musa yavuga ko vyari bigiye kuba? Ni ivyago bitema bigatongora. Ni igiki none yasaba? Umve nawe ntuze, yasaba uruhusha rw’uko amamiliyoni atari make y’abaja ba Farawo bava muri ico gihugu! Musa yoba yari akeneye ubutinyutsi? Cane nyene!​—Guh. 12:3; Heb. 11:27.

7, 8. (a) Ni ibigeragezo ibihe vyashikiye abizigirwa bo mu bihe vya kera? (b) Ni igiki cafashije abo bizigirwa b’imbere y’ubukirisu kugaragaza ubutinyutsi mu gushigikira no guteza imbere ugusenga gutyoroye?

7 Mu binjana vyakurikiye, abahanuzi be n’abandi basavyi b’Imana b’abizigirwa barabandanije gushigikira n’umutima rugabo ugusenga gutyoroye. Isi ya Shetani ntiyaberekwa. Paulo avuga ati: “Baratewe amabuye, barageragejwe, barakekagujwe imisumeno, barapfuye bakerejwe inkota, baragendagenze bari mu nsato z’intama, mu nsato z’impene, mu gihe bari mu bukene, mu makuba, bagirirwa nabi.” (Heb. 11:37) Ni igiki none cafashije abo basavyi b’Imana b’intahemuka kuguma bashikamye? Mu mirongo mike y’imbere y’uwo, iyo ntumwa yaravuze icaronkeje Abeli, Aburahamu, Sara n’abandi inkomezi zo kwihangana. Yavuze ati: “[Ntiba]ronse iranguka rya nya mihango, mugabo bayiboneye kure [mu kwizera] barayiha ikaze.” (Heb. 11:13) Abahanuzi nka Eliya, Yeremiya be n’abandi bizigirwa b’imbere y’ubukirisu bashigikiye ugusenga kw’ukuri babigiranye ubutinyutsi, nta gukeka ko ukuba bagumye bahanze amaso imihango Yehova yari yarasezeranye ari vyo vyabafashije kwihangana.​—Tito 1:2.

8 Abo bizigirwa b’imbere y’ubukirisu bari biteze kazoza keza kandi gahimbaye. Nibazurwa, amaherezo bazoshikira ukutagira agasembwa bongere ‘bagirwe abidegemvya bave mu buja bw’ukubora’ biciye ku bikorwa vy’ubuherezi bizoba biriko birangurwa na Kristu Yezu be n’abaherezi batobato 144.000 bazoba bafadikanije na we. (Rom. 8:21) Ikigeretseko, Yeremiya be n’abandi basavyi b’Imana bo mu bihe vya kera bagaragaje ubutinyutsi, baragize umutima rugabo kubera ko Yehova yabasubirije umutima mu nda, ivyo na vyo bikaba bigaragarira mu vyo yasezeraniye Yeremiya, ati: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze.” (Yer. 1:19) Muri iki gihe, iyo tuzirikanye ku vyo Imana yadusezeraniye tubikiwe muri kazoza be no ku kuba adusubiriza umutima mu nda yuko azodukingira mu buryo bw’impwemu, na twebwe nyene turumva dukomejwe.​—Imig. 2:7; soma 2 Abakorinto 4:17, 18.

Urukundo ni rwo rwatumye Yezu yamamaza n’ubutinyutsi

9, 10. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yezu yagaragaje ubutinyutsi igihe yari imbere (a) y’indongozi z’idini, (b) y’umugwi w’abasoda, (c) y’umuherezi mukuru, (d) ya Pilato?

9 Yezu we Karorero kacu, yaragaragaje ubutinyutsi bwiwe mu buryo butandukanye. Nk’akarorero, naho Yezu yankwa n’abantu bari bafise ububasha bakagira n’akosho ku bandi, ntiyoroheje ubutumwa Imana yashaka ko abantu bamenya. Yarashize ku kabarore ata bwoba ukwibona ubugororotsi kw’indongozi z’idini zari zifise ububasha, tutibagiye n’inyigisho zabo z’ikinyoma. Imana yari imaze gucira urubanza abo bantu, kandi ivyo Yezu yarabibabwiye atarya umunwa kandi mu buryo butomoye. Igihe kimwe, yavuze ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko musa n’imva zisizwe ishwagara ziboneka koko inyuma yuko ari nziza, mugabo imbere zuzuye amagufa y’abapfuye be n’ubuhumane bw’ubwoko bwose. Muri ubwo buryo na mwebwe inyuma koko muboneka ku bantu ko muri abagororotsi, mugabo imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji.”​—Mat. 23:27, 28.

10 Igihe Yezu yari ahanganye n’umugwi w’abasoda mu murima w’i Getsemane, yarabibwiye abigiranye umutima rugabo. (Yoh. 18:3-8) Mu nyuma, yarajanywe imbere y’Inama Nkuru maze arasambishwa n’umuherezi mukuru. Naho Yezu yari azi ko uwo muherezi mukuru yariko arondera icitwazo co kumwicisha, yaremeje ata bwoba yuko yari we Kristu akaba n’Umwana w’Imana. Yongeyeko yuko bomubonye “yicaye iburyo bw’ububasha azana[nye] n’ibicu vyo kw’ijuru.” (Mrk. 14:53, 57-65) Gatoyi inyuma y’aho, Yezu baramuzanye imbere ya Pilato aboshe, uno akaba yari ashoboye kumurekura. Ariko Yezu yagumye yinumiye, ntiyagira ico yireguza ku vyo yagirizwa. (Mrk. 15:1-5) Ivyo vyose vyasavye ko agira umutima rugabo bimwe bikomeye.

11. Ubutinyutsi bufitaniye isano gute n’urukundo?

11 Yezu yahavuye abwira Pilato ati: “Iki ni co navukiye kandi iki ni co canzanye mw’isi: ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri.” (Yoh. 18:37) Yehova yari yarashinze Yezu igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, kandi Yezu yarahimbarwa no gukora ico gikorwa kubera ko yakunda Se wiwe wo mw’ijuru. (Luka 4:18, 19) Yezu kandi yarakunda abantu. Yari azi yuko bari babayeho mu bihe bigoye. Muri ubwo buryo nyene, urukundo dukunda Imana na bagenzi bacu ni rwo rutuvyurira umutima wo gushinga intahe tubigiranye ubutinyutsi kandi ata bwoba.​—Mat. 22:36-40.

Impwemu nyeranda iraduha inkomezi zo kwamamaza tubigiranye ubutinyutsi

12. Ni ibiki vyatumye abigishwa bo mu ntango bagira umunezero?

12 Haciye indwi nka zingahe inyuma y’urupfu rwa Yezu, abigishwa barahimbawe no kubona Yehova yariko atuma abariko baronswa ubukiriro bifatanya na bo. Emwe, ku musi umwe wonyene, harabatijwe abantu nka 3.000 bari bagizwe n’Abayuda be n’abinjiye idini ry’Abayuda bari baje i Yeruzalemu bavuye mu bihugu vyinshi kugira ngo bahimbaze Pentekoti! Ese ukuntu abantu bose b’i Yeruzalemu bategerezwa kuba baragize ico bavuze kuri ivyo bintu vyabaye! Bibiliya ivuga iti: “Ubwoba butangura gutekera umuntu wese, hatangura no kuba ibitangaza n’ibimenyetso vyinshi, biciye ku ntumwa.”​—Ibik. 2:41, 43.

13. Ni kubera iki abavukanyi basenze basaba kugira ubutinyutsi, kandi ivyo vyavuyemwo iki?

13 N’ishavu n’akantu, indongozi z’idini zarafashe Petero na Yohani, zirabapfunga ijoro ryose, zongera zibategeka kutavuga ivyerekeye Yezu. Petero na Yohani barekuwe, bompi bariganiye abavukanyi ivyabashikiye, maze bose baca barasenga ku bijanye n’ukwo kurwanywa barimwo, basaba bati: “Yehova, . . . uhe abashumba bawe kuguma bavuga ijambo ryawe n’ubutinyutsi bwose.” None ivyo vyavuyemwo iki? “Bose uko bangana buzuzwa impwemu nyeranda, bavuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi.”​—Ibik. 4:24-31.

14. Impwemu nyeranda idufasha gute mu gikorwa co kwamamaza turangura?

14 Urabona ko impwemu nyeranda ya Yehova y’ububasha ari yo yafashije abo bigishwa kuvuga ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi. Kugira umutima rugabo wo kubwira abandi ukuri, mbere n’abarwanya ubutumwa tubashikiriza, ntibiva ku bushobozi bwacu. Yehova arashobora kuturonsa impwemu nyeranda yiwe mu gihe tuyimusavye, kandi azoyituronsa. Tubifashijwemwo na Yehova, na twebwe nyene turashobora kugaragaza ubutinyutsi dukeneye kugira ngo dutsinde ukurwanywa ukwo ari kwo kwose kwodushikira.​—Soma Zaburi 138:3.

Abakirisu muri iki gihe baramamaza n’ubutinyutsi

15. Ukuri kuriko gutandukanya gute abantu muri iki gihe?

15 Muri iki gihe cacu, nk’uko nyene vyari bimeze mu bihe vya kera, ukuri kubandanya gutandukanya abantu. Mu gihe bamwe bakwakira neza, abandi usanga badatahura canke ngo bahe agaciro ugusenga kwacu. Hari abatunebagura, bakadutyekeza canke mbere bakatwanka, nk’uko nyene Yezu yari yarabivuze. (Mat. 10:22) Rimwe na rimwe usanga ibimenyeshamakuru bitanga amakuru atari yo ku bitwerekeye be n’ivyiyumviro bidutyoza. (Zab. 109:1-3) Naho biri ukwo, abasavyi ba Yehova baramamaza inkuru nziza n’ubutinyutsi hirya no hino kw’isi.

16. Ni icabonywe ikihe cerekana yuko ubutinyutsi bushobora guhindura ukuntu abantu tubwira inkuru nziza babona ibintu?

16 Ubutinyutsi tugaragaza bwoshobora gutuma abantu bahindura ukuntu babona ubutumwa bw’Ubwami. Umuvukanyikazi umwe wo mu gihugu ca Kirghizistan avuga ati: “Igihe nari mu gikorwa co kwamamaza, umunyamuhana umwe yambwiye ati: ‘Ndemera Imana ariko sinemera Imana y’abakirisu. Niwagaruka kuri iri rembo, nzogushuhurirako imbwa yanje!’ Inyuma yiwe hariho imbwa niniya ibohesheje umunyororo. Mugabo, mu gihe c’isekeza ryo gushikiriza ka gapapuro k’Inkuru y’Ubwami No. 37 kavuga ngo ‘Idini ry’ikinyoma rigiye gukurwaho!,’ narafashe ingingo yo gusubira kuri wa muhana nyene, nizigiye ko nobonanye n’uwundi muntu wo mu bagize umuryango wa nya mugabo. Yamara, wa mugabo nyene ni we yuguruye umuryango. Naciye ubwo nyene nsenga Yehova maze mvuga nti: ‘Ndabaramukije. Ndibuka ivyo twayaze haraciye imisi itatu, kandi ndibuka na ya mbwa yanyu. Mugabo, nabonye ntorengana ntaciye ng’aha iwanyu kubera ko nk’uko na mwebwe muvyemera, na jewe nemera Imana imwe y’ukuri. Imana igiye vuba guhana amadini atayitera iteka. Mwoshobora kumenya vyinshi mwisomeye aka gapapuro.’ Naratangaye kubona nya mugabo yarakiriye nya gapapuro k’Inkuru y’Ubwami. Naciye nja ku muhana ukurikira. Haciye iminuta mikeyi, nagize ntya nza mbona wa mugabo aje amaguru adakora hasi afise na ka gapapuro k’Inkuru y’Ubwami mu ntoke. Yavuze ati: ‘Nagasomye. None nkore iki kugira ngo uburake bw’Imana ntibuze bunshikeko?’” Inyigisho ya Bibiliya yaciye itangura, mu nyuma aratangura kwitaba amakoraniro ya gikirisu.

17. Ubutinyutsi bw’umuvukanyikazi umwe bwakomeje gute umutohoji wa Bibiliya yatinya abantu?

17 Igihe tugaragaje ubutinyutsi birashobora kandi kuremesha abandi kubugaragaza. Mu Burusiya, umuvukanyikazi umwe yari ku rugendo muri bisi, yarashikirije ikinyamakuru uwo bari kumwe. Ubwo nyene, hari umugabo yaciye ava aho yari yicaye, ashikura ico kinyamakuru uwo muvukanyikazi yari afise, arakizingazinga, maze agiterera hasi muri iyo bisi. Uwo mugabo yaratutse uwo muvukanyikazi n’ijwi ryo hejuru, aramubaza aho aba yongera aramwihanikiza ngo ntaze yamamaze muri ico gisagara. Uwo muvukanyikazi yarasenze Yehova amusaba kumufasha aca aribuka amajambo Yezu yavuze agira ati: “Ntimutinye abica umubiri.” (Mat. 10:28) Yarahagurutse atekanye maze abwira nya mugabo ati: “Nta aderese yanje ndaguha, kandi nzobandanya kwamamaza muri iki gisagara.” Uwo muvukanyikazi yaciye ava muri nya bisi. Hari umutohoji wa Bibiliya yari asanzwe yigana Bibiliya n’uwo muvukanyikazi yari muri iyo bisi nyene ariko nya muvukanyikazi atabizi. Uwo mukenyezi yari yararetse ugutinya abantu biramubuza kwitaba amakoraniro ya gikirisu. Yamara, aho nya mutohoji wa Bibiliya aboneye ubutinyutsi bwa wa muvukanyikazi wacu, yaciye afata ingingo yo gutangura kwitaba amakoraniro.

18. Ni ibiki bizogufasha kwamamaza n’ubutinyutsi nk’uko Yezu yabigira?

18 Muri iyi si yitandukanije n’Imana, bisaba kugira ubutinyutsi kugira ngo wamamaze nk’uko Yezu yabigira. Ni ibiki bizogufasha kubigira? Nuhange amaso kazoza. Nugume ukomeza urukundo ukunda Imana na mugenzawe. Nusenge usaba Yehova akuronse umutima rugabo. Urama nantaryo wibuka yuko utari wenyene, kuko Yezu ari kumwe nawe. (Mat. 28:20) Impwemu nyeranda izogukomeza. Vyongeye, Yehova azoguhezagira yongere agushigikire. Ku bw’ivyo, ese twogira umutima rugabo maze tukavuga duti: “Yehova ni umutabazi wanje; sinzotinya. Umuntu yongira iki?”​—Heb. 13:6.

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki abasavyi b’Imana bakeneye ubutinyutsi?

• Ku bijanye n’ukugira ubutinyutsi, ni ibiki twigira . . .

ku bizigirwa babayeho imbere ya Kristu?

kuri Yezu Kristu?

ku bakirisu bo mu ntango?

ku bakirisu bagenzi bacu bo muri iki gihe?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 21]

Yezu yarashize ku kabarore indongozi z’idini ata bwoba

[Ifoto ku rup. 23]

Yehova araturonsa umutima rugabo kugira ngo twamamaze