Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uriko ukurikira ya “nzira irengeye” y’urukundo?

Woba uriko ukurikira ya “nzira irengeye” y’urukundo?

Woba uriko ukurikira ya “nzira irengeye” y’urukundo?

“IMANA [ni] urukundo.” Ayo majambo yavuzwe n’intumwa Yohani arerekana kamere nyamukuru y’Imana iyo ari yo. (1 Yoh. 4:8) Urukundo Imana ikunda abantu ni rwo rutuma bishoboka ko tuyiyegereza kandi tukagiranira na yo ubucuti. Ni mu bundi buryo ubuhe urukundo rw’Imana rugira ico rukoze kuri twebwe? Hari uwigeze kuvuga ati: “Ivyo dukunda biragira ikintu kinini bikoze kuri twebwe.” Ivyo ni ko biri. Ariko kandi, ni ivy’ukuri yuko uwo dukunda canke uwudukunda agira ikintu kinini akoze kuri twebwe. Kubera ko twaremwe mw’ishusho y’Imana, turashobora kugaragaza urukundo rw’Imana mu buzima bwacu. (Ita. 1:27) Ni co gituma intumwa Yohani yanditse yuko dukunda Imana “kuko ari yo yabanje kudukunda.”​—1 Yoh. 4:19.

Amajambo ane adondora urukundo

Urukundo intumwa Paulo yarwise ya “nzira irengeye.” (1 Kor. 12:31) Ni kubera iki none yarudondoye muri ubwo buryo? Ni urukundo bwoko ki Paulo yariko yerekezako? Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, reka turimbure twitonze ico ijambo “urukundo” risobanura.

Abagiriki ba kera bari bafise amajambo ane y’ishimikiro bakoresha mu buryo butandukanye kugira badondore urukundo, na yo akaba ari stor·geʹ, eʹros, phi·liʹa be na a·gaʹpe. Rimwe muri ayo ari ryo a·gaʹpe ni ryo jambo rikoreshwa mu kudondora Imana ko “ari urukundo.” a Ku bijanye n’urwo rukundo, Porofeseri William Barclay avuga mu gitabu ciwe (New Testament Words) ati: “Agapē rirafitaniye isano n’umuzirikanyi: si inyiyumvo isanzwe ipfa kwiserura mu mitima yacu; ni ingingo ngenderwako twihitiramwo kubaho twisunga. Agapē rirafitaniye isano rya hafi cane n’ivyo tugomba.” Twisunze ivyo rero, a·gaʹpe ni urukundo rugengwa n’ingingo ngenderwako, ariko rukaba rukunze kujana n’ukugira inyiyumvo ikomeye. Narirya hariho ingingo ngenderwako zibereye n’izitabereye, ni ivyumvikana ko abakirisu bakwiye kuyoborwa n’ingingo ngenderwako zibereye, zino zikaba zashizwe muri Bibiliya na Yehova Imana ubwiwe. Nitwagereranya amajambo Bibiliya ikoresha mu kudondora a·gaʹpe be n’ayo ikoresha mu kudondora urukundo, turaza gutahura neza urukundo dukwiye kugaragaza urwo ari rwo.

Urukundo ruri hagati y’abagize umuryango

Mbega ukuntu vyoba bihimbaye kuba mu muryango urangwamwo igishika n’urukundo! Ijambo Stor·geʹ ni ryo jambo ry’ikigiriki akenshi ryakoreshwa mu kwerekeza ku gishika kiri hagati y’abagize umuryango. Abakirisu barihatira kugaragariza urukundo abagize umuryango wabo. Paulo yari yaravuze ko mu misi ya nyuma, abantu muri rusangi bobaye “batagira igishika c’abantu.” b​—2 Tim. 3:1, 3.

Birababaje kubona muri iki gihe urukundo rwari rukwiye kuba hagati y’abagize umuryango, ata rukiriho. Wosigura gute igituma abagore benshi cane bakorora inda? Ni kubera iki abagize imiryango myinshi batitwararika abavyeyi babo bageze mu zabukuru? Ni kubera iki hoho igitigiri c’abahukana kiguma congerekana bwampi? Mu vy’ukuri, ni uko ata gishika c’abantu kikiriho!

Ikigeretseko, Bibiliya yigisha ko “umutima [wi]besha kuruta ibindi vyose.” (Yer. 17:9) Umutima wacu n’inyiyumvo zacu na vyo biragira uruhara mu bijanye no gukunda abo dusangiye umuryango. Ariko, biri n’ico bivuze kubona Paulo yarakoresheje ijambo a·gaʹpe kugira ngo adondore urukundo umunega akwiye kugaragariza umukenyezi wiwe. Paulo yagereranije urwo rukundo n’urukundo Kristu agaragariza ishengero. (Ef. 5:28, 29) Urwo rukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako zashizweho na Yehova, We yatanguje umuryango.

Urukundo nyakuri dukunda abo dusangiye umuryango ruratuma twitwararika abavyeyi bacu bageze mu zabukuru canke rukatuvyurira umutima wo gushitsa amabanga tujejwe ku bana bacu. Ruratuma kandi abavyeyi batoza indero irangwa urukundo abana babo igihe bikenewe, rukongera rukabarinda kugira ico bakoze bisunze inyiyumvo zabo gusa, ivyo na vyo bikaba akenshi vyotuma bagira agatima ko kurekerana abana.​—Ef. 6:1-4.

Urukundo ruba hagati y’abadasangiye igitsina hamwe n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya

Urukundo rushingiye ku kugomwana umugabo n’umugore bagaragarizanya mu mubano wabo mu vy’ukuri ni ingabirano iva ku Mana. (Imig. 5:15-17) Yamara rero, ijambo eʹros, rino rikaba ryerekeza ku rukundo ruba hagati y’abadasangiye igitsina, ntiryakoreshejwe n’abanditsi ba Bibiliya bahumekewe. Uti kubera iki? Inomero imwe y’Umunara w’Inderetsi yasohotse mu myaka nk’ingahe iheze yavuze iti: “Muri iki gihe isi yose isa n’iyiriko irakora ikosa nk’iryo Abagiriki ba kera bakoze. Barasenga imana yitwa Eros, bakunamira igicaniro cayo bakongera bakayishikanira ibimazi. . . . Ariko, kahise kerekana ko mwene ukwo gusenga kwibanda ku rukundo rushingiye ku vy’igitsina ata kindi gushikako atari ukwononekara be n’ubuhumbu. Kumbure ico ni co catumye abanditsi ba Bibiliya badakoresha iryo jambo.” Kugira ngo twirinde kugiranira n’abandi ubucuti bushingiye gusa ku kugomwa ubwiza bwo ku mubiri, urukundo tubakunda rutegerezwa kugengwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ku bw’ivyo, niwibaze uti: ‘Urukundo nkunda abo tudasangiye igitsina, rwoba ari urukundo nyakuri rumwe dukunda abagenzi bacu?’

Mu gihe c’“ishurika ry’ubuto” aho usanga akenshi ivyipfuzo vyo kwimara inambu bikomeye cane, abakiri bato bumira ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya ni bo bazoguma badahumanye mu vy’inyifato runtu. (1 Kor. 7:36; Kol. 3:5) Tubona ko umubano w’ababiranye ari ingabirano nyeranda iva kuri Yehova. Yezu yavuze ku bijanye n’abubatse ati: “Ico Imana yaboheye ku ngǒgo imwe, umuntu ntakagitanye.” (Mat. 19:6) Aho kugumana n’uwo twubakanye igihe gusa tugikwegerana, dutegerezwa nyabuna gushitsa indagano y’ukwabirana twagiraniye. Igihe mu mubano hadutse ingorane, ntiduca turondera kwiyorohereza ariko turihatira cane kugaragaza kamere zishimwa n’Imana kugira ngo dutume ubuzima bwacu bwo mu muryango burangwa agahimbare. Utwigoro nk’utwo tuzotuma mu muryango haguma harangwa agahimbare.​—Ef. 5:33; Heb. 13:4.

Urukundo ruba hagati y’abagenzi

Urazi ukuntu ubuzima bwoturambira mu gihe tutoba dufise abagenzi! Umugani wo muri Bibiliya uvuga uti: “Har’umukunzi yimatanya n’umuntu kurusha ūvukana na we.” (Imig. 18:24) Yehova ashaka ko tugira abagenzi nyakuri. Birazwi neza ko Dawidi na Yonatani bari bafitaniye ubugenzi somambike. (1 Sam. 18:1) Bibiliya iravuga kandi yuko Yezu “yari afitiye igishika” intumwa Yohani. (Yoh. 20:2) Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “igishika” canke “ubugenzi” ni phi·liʹa. Nta kibi kiri mu kuba ufise umugenzi somambike mw’ishengero. Ariko rero, muri 2 Petero 1:7, haturemesha ngo turonse urukundo (a·gaʹpe) “igishika ca kivukanyi” (phi·la·del·phiʹa, ijambo rigizwe na phiʹlos, rino rikaba ari ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “umugenzi,” be na a·del·phosʹ, na ryo rikaba ari ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “umuvukanyi”). Kugira ngo tugiranire n’abandi ubugenzi buramba, turakeneye gushira mu ngiro iyo mpanuro. Vyoba vyiza umwe wese muri twebwe yibajije ati: ‘Ukuntu niyumva ku bijanye n’abagenzi kwoba ari nka kurya nyene ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zibivuga?’

Ijambo ry’Imana riradufasha kwirinda kugira nkunzi mu vyo tugiranira n’abagenzi bacu. Turirinda kugira udutima tubiri, ni ukuvuga hamwe tukamera nk’aborohereza abagenzi bacu, ahandi na ho tukadadaza ku bantu batari abagenzi bacu. N’ikindi kandi, ntidukoresha akarimi gasosa kugira ngo twironderere abagenzi. Igihambaye kuruta vyose, gukurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya biraturonsa ugutahura dukeneye kugira ngo ntidupfe abo tugize abagenzi, no kugira ngo twirinde ‘kwifatanya n’ababi kuko kwonona ingeso nziza.’​—1 Kor. 15:33.

Umugozi udasanzwe w’urukundo!

Umugozi utuma abakirisu bunga ubumwe mu vy’ukuri ni uwudasanzwe! Intumwa Paulo yanditse ati: “Urukundo rwanyu rube urutagiramwo ubwiyorobetsi. . . . Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe.” (Rom. 12:9, 10) Mu vy’ukuri, abakirisu barafitaniye ‘urukundo (a·gaʹpe) rutagiramwo ubwiyorobetsi.’ Urwo rukundo si inyiyumvo gusa ziserura ubwazo zivuye mu mitima yacu. Ahubwo riho, rushingiye rwose ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ariko rero, Paulo aravuga kandi ibijanye n’“urukundo rwa kivukanyi” (ari rwo phi·la·del·phiʹa) be n’“ikibabarwe” (phi·loʹstor·gos, rino rikaba ari ijambo rigizwe na phiʹlos be na stor·geʹ). Incabwenge imwe ivuga yuko “urukundo rwa kivukanyi” ari “urukundo rurangwa igishika, rugaragaza ubuntu, ikibabarwe, rufasha abandi.” Igihe mwene urwo rukundo rushizwe hamwe na a·gaʹpe, ruca rutuma abasavyi ba Yehova bagiranira ubugenzi somambike hagati yabo. (1 Tes. 4:9, 10) Iyo yindi mvugo (phi·loʹstor·gos), iyihindurwa ngo “ikibabarwe,” iboneka muri Bibiliya incuro imwe itarenga kandi yerekeza ku kugiranira ubucuti bwa hafi burangwa igishika, nk’akarorero mu muryango. c

Umugozi utuma abakirisu b’ukuri bunga ubumwe ugizwe n’urukundo rurangwa hagati y’abagize umuryango be n’igishika abagenzi nyakuri bafitaniye, hamwe n’ubucuti bwose bugengwa n’urukundo rushingiye ku ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Ishengero rya gikirisu ni umuryango urangwa urukundo wunze ubumwe mu gusenga Yehova Imana, si umugwi w’abantu uhuriye ku kintu kinaka canke ishirahamwe ataho ryegamiye mu vy’idini. Abo dusangiye ukwizera tubita abavukanyi be n’abavukanyikazi, kandi ukwo ni ko tubafata. Ni abagize umuryango wacu wo mu buryo bw’impwemu, turabakunda nk’abagenzi, kandi twama nantaryo tubafata mu buryo buhuje n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. Nimuze twese tubandanye guterera agacumu k’ubumwe kuri uwo mugozi w’urukundo utuma ishengero rya gikirisu ry’ukuri ryunga ubumwe, ukaba na wo uriranga.​—Yoh. 13:35.

[Utujambo tw’epfo]

a A·gaʹpe rirakoreshwa no mu bijanye no gukunda ibintu bitabereye.​—Yoh. 3:19; 12:43; 2 Tim. 4:10; 1 Yoh. 2:15-17.

b Imvugo ngo “batagira igishika c’abantu” ihinduwe ikuwe mw’ijambo stor·geʹ igihe riba ritangujwe n’akajambo k’ikigiriki a gakoreshwa mu kwerekeza ku menyetso mpakanyi, kano kakaba gasobanura ngo “ata.”​—Raba kandi mu Baroma 1:31.

c Muri Bibiliya Traduction du monde nouveau, hariho ayandi majambo y’ikigiriki na yo nyene ahindurwa ngo “ikibabarwe.” Ni co gituma muri iyo mpinduro iryo jambo “ikibabarwe” ritaboneka gusa mu Baroma 12:10, ari kandi riboneka mu Bafilipi 1:8 no mu 1 Abanyatesalonika 2:8.

[Iciyumviro nyamukuru/Amafoto ku rup. 12, 13]

Ni mu buryo ki woterera agacumu k’ubumwe ku mugozi w’urukundo utuma twunga ubumwe?