Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imbuto z’ukuri zishika mu turere twa kure

Imbuto z’ukuri zishika mu turere twa kure

Imbuto z’ukuri zishika mu turere twa kure

REPUBULIKA ya Tuva mu Burusiya, iherereye ku rubibe ruri kure cane gusumba izindi mu Bumanuko bwa Siberiya, mu Bumanuko no mu Buseruko bwayo hakaba hari igihugu ca Mongolie. Abantu benshi bo muri Tuva baba mu migwi iri ukwa yonyene usanga igoye gushikanamwo ubutumwa bw’Ubwami. Ariko rero, haraciye igihe gitoya umugwi umwe w’abantu bafashe urugendo, bava mu bice bitari bike biri ku rubibe rwa Tuva baja i Kyzyl ku murwa mukuru waho, kugira ngo bitabe inama nkarishabwenge. Uwitwa Maria, uno akaba ari umutsimvyikazi i Kyzyl, yaramenye ko abo bantu bazoza, aca aratahura ko ako kari akaryo k’imbonekarimwe ko kubabwira inkuru nziza.

Maria arigana ivyashitse ati: “Ishure nkorerako ndi umwigisha ryaratunganije inama nkarishabwenge ku bijanye n’ugukoresha ibiyayuramutwe. Abantu nka 50 bava mu turere twa kure gusumba utundi twa Tuva bari kuryitaba. Muri uwo mugwi hari harimwo abigisha, abahinga mu vy’inyifato z’abantu, abaharanira ivyo gukingira abana, be n’abandi.” Kuri Maria, iyo nama kari akaryo keza ko kwamamaza ariko rero nticari ikintu comworoheye. Asigura ati: “Nsanzwe ndi umuntu afise amasoni, kandi birangora kwamamaza akaryo kizanye. Ariko rero, narasenze Yehova ndamusaba uburindutsi kugira ngo ntsinde ubwoba nari mfise nongere nkoreshe ako karyo kugira nshinge intahe.” None yoba yararoraniwe?

Maria abandanya ati: “Nararonse ikinyamakuru Réveillez-vous! cavuga ibijanye no kugira ubwoba birenze urugero. Naribwiye nti: ‘Iki kinyamakuru coshobora gushimisha umuhinga mu vy’inyifato z’abantu.’ Naciye rero ntwara ico kinyamakuru kw’ishure. Kuri uwo musi, umwe muri ba bigisha bari baje muri ya nama nkarishabwenge yaraje mu biro nkoreramwo, maze nca ndamuha ico kinyamakuru. Yaracakiranye urweze. Nkako, yavuze yuko ubwiwe yakunda gutekerwa n’ubwoba. Ku musi wakurikiye, narazanye igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza​—Inyishu ngirakimazi, Imbumbe ya 1. Na co nyene yaracakiranye urweze. Ukuntu yavyakiriye neza vyatumye nibaza yuko n’abandi bigisha boshoboye gushimishwa n’ico gitabu. Naciye ntwara kw’ishure ikarato y’ibitabu Urwaruka ruribaza be n’ibindi bisohokayandikiro.” Mu mwanya muto, iyo karato yari isigaye igaragara. Maria arigana ivyabaye ati: “Abigisha batari bake bakorana na wa mwigisha nari nahaye igitabu Urwaruka ruribaza baraje mu biro vyanje maze bambaza bati: ‘Ni hehe hariko haratangirwa birya bitabu?’” Emwe, bari batumbereye nyaho!

Umusi wa nyuma w’iyo nama nkarishabwenge wari umusi wa gatandatu. Uwo musi Maria ntiyakora, akaba ari co gituma yaciye ashira ibisohokayandikiro ku meza zitari nke mu biro yakoreramwo. Yanditse ku kibaho ati: “Bigisha bakundwa! Mwoshobora gutora ibisohokayandikiro mukabitorera n’abagenzi banyu. Ivyo bisohokayandikiro vyiza bizobafasha kuroranirwa mu kazi kanyu kandi bizokomeza imiryango yanyu.” None bavyakiriye gute? Maria avuga ati: “Kuri uwo musi naragiye mu biro vyanje nsanga ibisohokayandikiro nka vyose babitwaye. Naciye nyaragasa kuzana ibindi bitabu n’ibinyamakuru.” Mu mpera z’iyo nama nkarishabwenge, Maria yari amaze gutanga ibinyamakuru 380, ibitabu 173, be n’udutabu 34. Igihe abitavye iyo nama nkarishabwenge basubira mu turere turi ukwa twonyene babamwo kandi bakoreramwo, bagiye batwaye vya bisohokayandikiro. Maria avuga ati: “Ndahimbawe cane n’ukuba ubu imbuto z’ukuri zarashitse mu bice vya kure cane gusumba ibindi vya Tuva!”​—Umus. 11:6.

[Ikarata/Ifoto ku rup. 32]

(Ushaka igisomwa cose, raba ico gitabu)

UBURUSIYA

REPUBULIKA YA TUVA