Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twironkere itunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’

Twironkere itunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’

Twironkere itunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’

“Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe.”​—KOL. 2:3.

1, 2. (a) Ni ibintu ibihe vyubuwe mu 1922, kandi ubu bibarizwa he? (b) Ni akamo akahe Ijambo ry’Imana ritera umuntu uwo ari we wese?

 IGIHE hubuwe itunga riba ryaranyegejwe, birakunda kuvugwa cane mu makuru. Nk’akarorero mu 1922, inyuma y’aho umucukuzi w’ivya kera w’Umwongereza yitwa Howard Carter amariye imyaka mirongo ariko arakora ico gikorwa yitonze kandi atorohewe na gato, yarubuye ikintu gitangaje cane. Yarubuye imva y’Umwami Farawo Tutankhamen yari ikimeze neza hafi nka yose, ikaba yarimwo ibintu vyababa 5.000 bamuhambanye.

2 Naho iryo tunga Carter yubuye ryari ritangaje ukuraho, ibintu nka vyose yubuye ubu bibarizwa mu maratiro y’ivya kera canke mu bindi bintu vyatororokanijwe biri mu bindi bibanza. Ivyo bintu vyoshobora kuba bifise agaciro kanaka mu bijanye na kahise canke mu vy’uguhingura utugenegene, ariko ugasanga mu buzima bwacu bwa misi yose nta gaciro kanini bifise canke ugasanga nta n’ico bimaze. Yamara rero, Ijambo ry’Imana riradutera akamo ngo turondere itunga mu vy’ukuri rigira ico rikoze kuri twebwe. Ako kamo gaterwa uwo ari we wese, kandi impera yoronka iraruta kure n’iyo itunga ryose ry’ivy’umubiri.​—Soma Imigani 2:1-6.

3. Ni mu buryo ki itunga Yehova ahimiriza abasavyi biwe kurondera ari iry’ingirakamaro?

3 Rimbura agaciro k’itunga Yehova ahimiriza abasavyi biwe kurondera. Iryo tunga ririmwo “ugutinya Yehova,” ugushobora kudukingira no kutuzigama muri ibi bihe birimwo akaga cane. (Zab. 19:9, NW) Gushika ku “kumenya Imana” birashobora kudushikana ku kintu giteye iteka kuruta ibindi vyose umuntu yoshobora kugira, na co kikaba ari ubucuti somambike yogiriranira na Musumbavyose. Vyongeye, dufise itunga ry’ubukerebutsi, ubumenyi be n’ugutahura biva ku Mana, turashobora kuvyifatamwo neza mu ngorane no mu bibazo duhangana na vyo mu buzima bwa misi yose. (Imig. 9:10, 11) Dushobora gute none kuronka itunga nk’iryo ry’agaciro?

Igituma tworondera itunga ryo mu buryo bw’impwemu

4. Twoshikira gute itunga ryo mu buryo bw’impwemu?

4 Twebwe ntitumeze nk’abacukuzi b’ivya kera canke abandi bashakashatsi ukunze gusanga batazi neza na neza aho baronderera itunga bipfuza. Tweho turazi neza na neza aho dushobora gusanga itunga ryo mu buryo bw’impwemu. Ijambo ry’Imana, irimeze nk’ikarata yerekana aho itunga riri, riratwereka ahantu nyezina dushobora gusanga itunga Imana yasezeranye. Mu kwerekeza kuri Kristu, intumwa Paulo yanditse ati: “Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe.” (Kol. 2:3) Uko dusoma ayo majambo, twoshobora kwibaza duti: ‘Ni kubera iki dukwiye kurondera iryo tunga? Ni mu buryo ki “ryahishijwe muri” Kristu? Kandi tworirondera gute?’ Kugira ngo turonke inyishu z’ivyo bibazo, nimuze twihweze twitonze amajambo iyo ntumwa yanditse.

5. Ni kubera iki Paulo yagize ico yanditse ku bijanye n’itunga ryo mu buryo bw’impwemu?

5 Ayo majambo Paulo yayandikiye abakirisu bagenziwe b’i Kolosayi. Yababwiye yuko yariko ararwana urugamba rukomeye ku bwabo kugira ngo ‘imitima yabo ishobore guhozwa no kugira ngo bashobore kuba abafatanirijwe hamwe bakanywana neza mu rukundo.’ (Soma Abakolosayi 2:1, 2.) Ni kubera iki ivyo vyari bimuraje ishinga? Biboneka ko Paulo yari azi neza yuko abavukanyi b’aho bashobora kuba bari baragizweko akosho na bamwebamwe bo muri bo, abariko bararemesha ivyiyumviro bimwebimwe vya filozofiya y’Abagiriki canke abariko barashigikira ivyo gusubira gukurikiza Itegeko rya Musa. Yaraburiye abo bavukanyi bimwe bikomeye, ati: “Mwiyubare: Hari aho hogira uwubigarurira nk’isahu ryiwe biciye muri filozofiya no mu ruhendo ata co rurimwo vyisunga imigenzo y’abantu, vyisunga ibintu vy’intango vyo mw’isi, bitisunga Kristu.”​—Kol. 2:8.

6. Ni kubera iki dukwiye kwitwararika impanuro Paulo yatanze?

6 Muri iki gihe, turashikirwa n’utwosho mwene utwo tuvuye kuri Shetani no ku vy’iyi si mbi yiwe. Filozofiya y’isi, ushizemwo n’ivyiyumviro bivuga yuko umuntu wese akwiye kubaho yigenga be na ya nyigisho y’ivy’ihindagurika, iragira ico ikoze ku vyiyumviro vy’abantu, ku kuntu babona ikibereye n’ikitabereye, ku migambi bishingira be no ku kuntu babayeho. Idini ry’ikinyoma riragira uruhara rukomeye mu misi mikuru ikundwa n’abantu benshi. Ibintu vyo kwinezereza usanga bihengamiye ku vyipfuzo vyononekaye vy’umubiri munyagasembwa, kandi vyinshi mu bintu vyerekanwa kuri Internet birateye akaga ku bakiri bato no ku bakuze nyene. Kwama nantaryo turi muri ivyo bintu be n’ibindi bigezweho vyo muri iyi si, birashobora bitagoranye kugira ico bikoze ku nyiyumvo zacu no ku kuntu tubona ubuyobozi Yehova atanga, bigatuma tudohoka ku mwiyemezo dufise wo gucakira ubuzima nyakuri. (Soma 1 Timoteyo 6:17-19.) Biragaragara rero ko dukeneye gutahura ico amajambo Paulo yandikiye Abakolosayi asobanura tukongera tugafata nka nkama impanuro yatanze niba tutipfuza gutwarwa n’imigambi y’uruyeri ya Shetani.

7. Ni ibintu bibiri ibihe Paulo yavuze vyofashije Abakolosayi?

7 Tugarutse kuri ayo majambo Paulo yandikiye Abakolosayi, turabona yuko ahejeje kuvuga ivyari bimuraje ishinga, yaciye adoma urutoke ku bintu bibiri vyotumye bahozwa kandi bikabafasha gufatanirizwa hamwe mu rukundo. Ubwa mbere, yaravuze ibijanye n’“ugushira amazinda gukwiye kw’ugutahura kwabo.” Babwirizwa kujijuka bagaherezako yuko batahuye Ivyanditswe mu buryo bubereye, gutyo akaba ari ho ukwizera kwabo kwobaye gushingiye ku mushinge nyawo. (Heb. 11:1) Ubukurikira, yaravuze ibijanye n’“ubumenyi butagira amakosa bw’ibanga ryeranda ry’Imana.” Bari bakeneye gutera imbere bakagira ubumenyi bwerekeye ukuri buruta ubw’ishimikiro, maze bagatahura neza ibintu vyimbitse vy’Imana. (Heb. 5:13, 14) Ese ukuntu iyo mpanuro yari ibereye vy’ukuri ku Bakolosayi no kuri twebwe muri iki gihe! Dushobora gute none kwironsa mwene ukwo gushira amazinda be n’ubwo bumenyi butagira amakosa? Paulo yaratanze ikintu nyamukuru cobidufashamwo mu majambo yavuze ku vyerekeye Yezu Kristu atekeye insobanuro ikomeye, ati: “Muri we ni ho itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ryahishijwe bimwe vyitondewe.”

Itunga ‘ryahishijwe muri’ Kristu

8. Sigura ico imvugo ngo ‘ryahishijwe muri’ Kristu isobanura.

8 Kuba bivugwa ko itunga ryose ry’ubukerebutsi n’ubumenyi ‘ryahishijwe muri’ Kristu ntibisobanura yuko ryanyegejwe ahantu ata muntu n’umwe ashobora kurishikira. Ahubwo riho, bisobanura gusa yuko kugira ngo turonke iryo tunga, tubwirizwa kugira akigoro kadasanzwe vyongeye tugahanga amaso Yezu Kristu. Ivyo birahuje n’amajambo Yezu yavuze ku bimwerekeye, ati: “Ni jewe nzira n’ukuri n’ubuzima. Nta wuza kuri Data adaciye kuri jewe.” (Yoh. 14:6) Egome, kugira ngo turonke ubumenyi bwerekeye Imana, tubwirizwa kwungukira ku mfashanyo no ku buyobozi Yezu atanga.

9. Ni uruhara uruhe Yezu yashinzwe kurangura?

9 Uretse ko Yezu ari “inzira,” yaravuze ko ari “ukuri n’ubuzima.” Ivyo vyerekana ko uruhara arangura atari gusa urw’uko ari we ducako kugira ngo twegere Data wa twese. Yezu kandi arafise uruhara ruhambaye cane arangura rudufasha gutahura ukuri kwo muri Bibiliya no kuzoronka ubuzima budahera. Mu vy’ukuri, hariho itunga ryo mu buryo bw’impwemu rifise agaciro ntangere ryahishijwe muri Yezu abiga Bibiliya bavyitondeye bashobora kwubura. Nimuze twihweze bumwebumwe muri ubwo butunzi bugira ico bukoze neza na neza ku cizigiro ca kazoza dufise no ku bucuti dufitaniye n’Imana.

10. Ni ibiki dushobora kwiga ku vyerekeye Yezu twisunze amajambo dusanga mu Bakolosayi 1:19; 2:9?

10 “Muri we [ni] ho haba ukunengesera kwose kw’ubumana mu buryo bw’umubiri.” (Kol. 1:19; 2:9) Kubera ko Yezu yabanye na Se wiwe wo mw’ijuru igihe kirekire cane, arazi neza ukuntu Imana imeze be n’ivyo igomba kuruta uwundi muntu uwo ari we wese. Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, yarigishije abandi ivyo Se yari yaramwigishije yongera aragaragaza mu vyo yakora kamere Se yari yaramutsimbatajemwo. Ni co gituma Yezu yashoboye kuvuga ati: “Uwumbonye aba abonye na Data.” (Yoh. 14:9) Ubukerebutsi bwose be n’ubumenyi bwose bwerekeye Imana bunyegejwe muri Kristu, kandi nta bundi buryo bwiza bwo kumenya ivyerekeye Yehova bwoza buruta kwiga twitonze ivyo dushoboye vyose ku vyerekeye Yezu.

11. Ni isano irihe riri hagati ya Yezu be n’ubuhanuzi bwo muri Bibiliya?

11 “Ugushingira intahe Yezu [ni] yo ntumbero y’ubuhanuzi.” (Ivyah. 19:10) Ayo majambo yerekana ko Yezu ari we muntu ahambaye mw’iranguka ry’ubuhanuzi bwinshi bwo muri Bibiliya. Kuva kuri bwa buhanuzi bwa mbere Yehova yatangaza dusanga mw’​Itanguriro 3:15, gushika ku bintu bininahaye Yohani yeretswe bivugwa mu gitabu c’Ivyahishuwe, dushobora gutahura neza ubuhanuzi bwo muri Bibiliya igihe gusa twibanze ku ruhara Yezu arangura rujanye n’Ubwami arongoye ari Mesiya. Ivyo bica bisigura igituma bwinshi mu buhanuzi bwo mu Vyanditswe vy’igiheburayo usanga buvuruga umutwe abatemera ko Yezu ari we Mesiya yari yarasezeranywe. Birasigura kandi igituma abantu badaha agaciro Ivyanditswe vy’igiheburayo, ibirimwo ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya, batabona ko Yezu ari umuntu ahambaye. Ubumenyi bwerekeye Yezu buratuma abasavyi b’Imana batahura ico ubuhanuzi bwo muri Bibiliya butararanguka busobanura.​—2 Kor. 1:20.

12, 13. (a) Ni mu buryo ki Yezu ari “umuco w’isi”? (b) Kubera ko abayoboke ba Kristu babohowe bagakurwa mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu, ni igiki babwirizwa gukora?

12 “Ndi umuco w’isi.” (Soma Yohani 8:12; 9:5.) Hagisigaye igihe kirekire cane ngo Yezu avukire kw’isi, umuhanuzi Yesaya yari yaravuze imbere y’igihe, ati: “Abantu bāgendera mu mwiza babonye umuco mwinshi, abāba mu gihugu c’igitūtu c’urupfu ni bo bākiwe n’umuco.” (Yes. 9:2) Intumwa Matayo yarasiguye ko Yezu yashikije ubwo buhanuzi igihe yatangura kwamamaza maze akavuga ati: “Nimwigaye, kuko ubwami bwo mw’ijuru bwegereje.” (Mat. 4:16, 17) Ubusuku Yezu yaranguye bwaratumye abantu bamurikirwa mu buryo bw’impwemu bongera barabohorwa bakurwa mu nyigisho z’idini ry’ikinyoma. Yezu yavuze ati: “Naje nk’umuco mw’isi, kugira ngo uwunyizeye wese ntagume mu mwiza.”​—Yoh. 1:3-5; 12:46.

13 Haciye imyaka itari mike, intumwa Paulo yarabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Kera mwari umwiza, mugabo ubu muri umuco mu bijanye n’Umukama. Mubandanye kugenda nk’abana b’umuco.” (Ef. 5:8) Kubera ko abakirisu babohowe bagakurwa mu mwiza wo mu buryo bw’impwemu, babwirizwa kugenda nk’abana b’umuco. Ivyo birahuje n’amajambo Yezu yabwiye abayoboke biwe dusanga muri ya Nsiguro yo ku Musozi, agira ati: “Mureke umuco wanyu wakire imbere y’abantu, ngo babone ibikorwa vyanyu vyiza hanyuma baninahaze So ari mw’ijuru.” (Mat. 5:16) Woba uha agaciro itunga ryo mu buryo bw’impwemu umaze kwubura muri Yezu ku buryo woremesha abandi kurirondera, haba mu vyo uvuga canke biciye ku nyifato nziza ya gikirisu ugaragaza?

14, 15. (a) Ni gute intama be n’ibindi bitungwa vyari mu bigize ugusenga kw’ukuri mu bihe vya Bibiliya? (b) Ni kubera iki Yezu ari itunga ntangere mu ruhara arangura ari “Umwagazi w’intama w’Imana”?

14 Yezu ni “Umwagazi w’intama w’Imana.” (Yoh. 1:29, 36) Usomye Bibiliya yose, usanga intama zaragize uruhara ruhambaye mu gutuma abantu baharirwa igicumuro bakongera bakegera Imana. Nk’akarorero, inyuma y’aho Aburahamu agaragarije ko afise umutima ukunze wo gutangako ikimazi umuhungu wiwe Izahaki, yarabwiwe kutagirira nabi Izahaki maze ahabwa impfizi y’intama aba ari yo atangako ikimazi mu gishingo c’uwo muhungu wiwe. (Ita. 22:12, 13) Igihe Abisirayeli bakurwa mu Misiri, intama zarongeye kurangura uruhara rukomeye, ico gihe hakaba hari mu bijanye na ‘Pasika y’Uhoraho.’ (Kuv. 12:1-13) Mu nyuma, Itegeko rya Musa ryarasaba Abisirayeli gutanga ibimazi vy’ibitungwa bitandukanye, harimwo intama n’impene.​—Kuv. 29:38-42; Lew. 5:6, 7.

15 Mu vy’ukuri, nta kimazi na kimwe gitanzwe n’abantu cashobora gukuraho buhere igicumuro n’urupfu. (Heb. 10:1-4) Yezu wewe, ni “Umwagazi w’intama w’Imana ukuraho igicumuro c’isi.” Ico conyene ni co gituma Yezu aba itunga riruta kure n’iyo itunga iryo ari ryo ryose ryo mu buryo bw’umubiri ryigeze kwuburwa. Ku bw’ivyo, vyoba vyiza dufashe umwanya tukarimbura twitonze ibijanye n’incungu maze tukizera iyo ntunganyo nziza igitangaza. Tubigenjeje gutyo, turaheza tukizigira yuko tuzoronka umuhezagiro n’impera bihambaye, ivyo na vyo akaba ari uko abagize “ubusho buto” bazoninahazwa bakongera bagahabwa icubahiro bari kumwe na Kristu mw’ijuru be n’uko abagize “izindi ntama” bazoronka ubuzima budahera mw’Iparadizo ng’aha kw’isi.​—Luka 12:32; Yoh. 6:40, 47; 10:16.

16, 17. Ni kubera iki bihambaye cane ko dutahura uruhara Yezu arangura ari “ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu”?

16 Yezu ni “ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu.” (Soma Abaheburayo 12:1, 2.) Mu Baheburayo ikigabane ca 11, turahasanga amajambo akomeye Paulo yavuze ku bijanye n’ukwizera, ayo na yo akaba arimwo insobanuro idomako y’ijambo ukwizera be n’urutonde rw’abagabo n’abagore babaye intangakarorero mu kwizera nka Nowa, Aburahamu, Sara na Rahabu. Paulo afise ivyo vyose ku muzirikanyi, yarahimirije abakirisu bagenziwe “[gushinga] ijisho ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu, Yezu.” Uti kubera iki?

17 Naho abo bagabo n’abagore b’abizigirwa bavugwa mu Baheburayo ikigabane ca 11 bari bizeye bimwe bikomeye umuhango Imana yatanze, ntibari bazi amakuru yose y’ido n’ido ajanye n’ingene Imana yoshikije uwo muhango ibicishije kuri Mesiya no ku Bwami. Muri ubwo buryo, vyoshobora kuvugwa ko ukwizera kwabo kwari n’agahaze. Nkako, mbere n’abakoreshejwe na Yehova kugira ngo bandike ubuhanuzi bwinshi bwerekeye Mesiya ntibatahura bimwe vyuzuye akamaro k’ivyo banditse. (1 Pet. 1:10-12) Biciye kuri Yezu gusa ni ho umuntu ashobora kugira ukwizera gutunganye, canke kutagira agahaze. Ese ukuntu bihambaye cane ko dutahura neza kandi tukemera icese uruhara Yezu arangura ari “ya Mboneza akaba n’Uwutunganya ukwizera kwacu”!

Nugume urondera

18, 19. (a) Vuga ibindi bintu vy’agaciro vyo mu buryo bw’impwemu vyahishijwe muri Kristu. (b) Ni kubera iki kuri Yezu ari ho dukwiye kubandanya turonderera itunga ryo mu buryo w’impwemu?

18 Twaciye irya n’ino gusa ibintu bikeyi vy’agaciro Yezu arangura mu mugambi w’Imana kugira ngo abantu bazoronke ubukiriro. Hariho n’ibindi bintu vy’agaciro vyo mu buryo bw’impwemu vyahishijwe muri Kristu. Kuronka ivyo bintu birashobora gutuma tunezerwa tukongera tukironkera ivyiza. Nk’akarorero, intumwa Petero yise Yezu “ya Mboneza y’ubuzima” yongera amwita “inyenyeri y’umutwenzi” iserutse. (Ibik. 3:15; 5:31; 2 Pet. 1:19) Vyongeye, Bibiliya irakoresha imvugo “Amen” kuri Yezu. (Ivyah. 3:14) Woba uzi insobanuro z’ayo majambo yerekana ivyo Yezu arangura? Nk’uko Yezu yabivuze, ‘nugume urondera, uzoronka.’​—Mat. 7:7.

19 Nta muntu n’umwe yigeze kubaho wosanga ubuzima bwiwe bwari butekeye insobanuro nk’iyo kandi bukaba bwari bufitaniye isano rya hafi cane n’ineza yacu y’ibihe bidahera, kiretse Yezu. Muri we ni ho hari itunga ryo mu buryo bw’impwemu umuntu wese ashobora gushikira bitagoranye mu gihe arironderanye umutima wiwe wose. Ese kwironkera iryo tunga ‘ryahishijwe muri we bimwe vyitondewe’ vyotuma unezerwa kandi ugahezagirwa!

Woba uvyibuka?

• Ni itunga nyabaki abakirisu bahimirizwa kurondera?

• Ni kubera iki impanuro Paulo yahaye Abakolosayi ikibereye no kuri twebwe muri iki gihe?

• Vuga ubutunzi bumwebumwe bwo mu buryo bw’impwemu ‘bwahishijwe muri’ Kristu, wongere ubusigure.

[Ibibazo vy’icigwa]

[Amafoto ku rup. 5]

Bibiliya imeze nk’ikarata yerekana aho itunga riri, ituyobora ku butunzi ‘bwahishijwe bimwe vyitondewe muri’ Kristu