Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yemwe abagize imiryango ya gikirisu, nimukurikire akarorero ka Yezu!

Yemwe abagize imiryango ya gikirisu, nimukurikire akarorero ka Yezu!

Yemwe abagize imiryango ya gikirisu, nimukurikire akarorero ka Yezu!

“Kristu . . . [yabasigiye] akarorero kugira ngo mukurikire neza intambuko ziwe.”​—1 PET. 2:21.

1. (a) Ni uruhara uruhe Umwana w’Imana yagize mw’irema? (b) Yezu yumva amerewe gute ku bijanye n’abantu?

 IGIHE Imana yarema ijuru n’isi, Umwana wayo w’imfura yari kumwe na yo ari “umukozi w’umuhanga.” Uwo Mwana w’Imana yaranasenyeye ku mugozi umwe na Se wiwe Yehova igihe uno yarema amoko menshi cane atandukanye y’ibikoko be n’ibiterwa vyo ng’aha kw’isi be n’igihe yatunganya Iparadizo aho abantu baremwe mw’ishusho yiwe bobaye. Uwo Mwana w’Imana, uwahavuye yitwa Yezu, yarakunda cane abantu. Bibiliya ivuga iti: “Ibintu [ya]kunda cane vyari ibijanye n’abana b’abantu.”​—Imig. 8:27-31, NW; Ita. 1:26, 27.

2. (a) Yehova yaronkeje gute abantu b’abanyagasembwa ivyo bari bakeneye? (b) Bibiliya itanga ubuyobozi mu wuhe muce w’ubuzima?

2 Inyuma y’aho umugabo n’umugore ba mbere bacumuriye, ugucungurwa kw’abantu b’abanyabicumuro kwaciye kuba ikintu gihambaye kiri mu bigize umugambi wa Yehova. Yehova yaratanze inkuka y’incungu ya Kristu kugira ngo ukwo gucungurwa gushoboke. (Rom. 5:8) N’ikindi kandi, Yehova yaratanze Ijambo ryiwe, Bibiliya, rino rikaba rironsa abantu ubuyobozi ku bijanye n’ingene bovyifatamwo neza mu buzima naho barazwe agasembwa. (Zab. 119:105) Mw’Ijambo ryiwe, Yehova aratanga ubuyobozi bufasha abantu kuguma bafise imiryango ikomeye kandi irangwamwo agahimbare. Ku bijanye n’umubano w’abubatse, igitabu c’Itanguriro kivuga ko umugabo ategerezwa “[ku]bana n’umugore wiwe akaramata, bakaba umubiri umwe.”​—Ita. 2:24.

3. (a) Yezu yigishije iki ku bijanye n’umubano w’abubatse? (b) Ni ibiki tugiye guca irya n’ino muri iki kiganiro?

3 Igihe Yezu yariko ararangura ubusuku bwiwe ng’aha kw’isi, yarashimitse ku vy’uko umubano w’abubatse ari uw’ibihe vyose. Yarigishije ingingo ngenderwako mu gihe zokurikizwa wosanga zifashije abagize umuryango kwirinda agatima be n’inyifato bihanamiye umubano wabo canke agahimbare ko mu muryango wabo. (Mat. 5:27-37; 7:12) Iki kiganiro kiraza guca irya n’ino ukuntu inyigisho za Yezu be n’akarorero yasize igihe yari ng’aha kw’isi bishobora gufasha abanega, abakenyezi, abavyeyi be n’abana kubaho bahimbawe, bakanezererwa ubuzima.

Ingene umunega mukirisu yotera iteka umukenyezi wiwe

4. Ni isano irihe riri hagati y’uruhara Yezu afise be n’urwo abanega bakirisu bafise?

4 Imana yagenye ko umunega aba we mutwe w’umuryango, nk’uko na Yezu ari Umutwe w’ishengero. Intumwa Paulo yavuze ati: “Umugabo [ni] umutwe w’umugore wiwe nk’uko na Kristu ari umutwe w’ishengero, akaba umukiza w’uyo mubiri. Bagabo, mushishikare gukunda abagore banyu nk’uko na Kristu yakunze ishengero kandi akitanga ku bwaryo.” (Ef. 5:23, 25) Mu vy’ukuri, ukuntu Yezu yafata abayoboke biwe ni co kintu abagabo bakirisu bofatirako ku bijanye n’ingene bakwiye gufata abakenyezi babo. Reka twihweze uburyo bumwebumwe Yezu yagaragajemwo ubukuru Imana yamuhaye.

5. Yezu yakoresheje gute ubukuru yari afise ku bigishwa biwe?

5 Yezu ‘yaritonda kandi yari yiyoroheje mu mutima.’ (Mat. 11:29) Vyongeye, yari umuntu afata ingingo. Ntiyigeze adohoka ku mabanga yari ajejwe. (Mrk. 6:34; Yoh. 2:14-17) Yarahanura abigishwa biwe abigiranye umutima mwiza, mbere akabigira yisubiriza igihe vyaba bikenewe. (Mat. 20:21-28; Mrk. 9:33-37; Luka 22:24-27) Yamara, Yezu ntiyabakarira canke ngo abashire hasi, kandi ntiyatuma bumva ko badakundwa kibure badashoboye kurangura ivyo yaba ariko arabigisha gukora. Ahubwo riho, yarabakeza akongera akabaremesha. (Luka 10:17-21) Ntawoharira ko abigishwa ba Yezu bamwubaha kubera ko yabafatana urukundo n’impuhwe!

6. (a) Ni igiki umunega ashobora kwigira ku kuntu Yezu yafata abigishwa biwe? (b) Ni indemesho iyihe Petero aha abanega?

6 Akarorero ka Yezu karigisha abanega ko niba bashaka kwigana ukuntu yakoresha ububemutwe bwiwe, babwirizwa kudatwaza umukazo abakenyezi babo, ahubwo bakabafatana icubahiro n’urukundo ruranga ukwitanga. Intumwa Petero yararemesheje abanega kwigana uburyo Yezu yagaragaje urukundo, ivyo bakabigira mu ‘kubana nk’ukwo nyene’ n’abakenyezi babo, “[ba]batera iteka.” (Soma 1 Petero 3:7.) Ni gute none umunega ashobora gukoresha ubukuru afise muri ico gihe nyene agafata umukenyezi wiwe nk’umuntu akwiriye guterwa iteka?

7. Ni mu buryo ubuhe umunega ashobora gutera iteka umukenyezi wiwe? Tanga akarorero.

7 Uburyo bumwe umunega ashobora guteramwo iteka umukenyezi wiwe ni mu kurimbura yitonze ukuntu uwo mukenyezi abona ibintu be n’ukuntu yiyumva imbere y’uko afata ingingo zigira ico zikoze ku muryango. Hari aho vyoba ngombwa ko hafatwa ingingo ku bijanye n’ukwimuka canke guhindura akazi kibure ku bijanye n’ibintu bikenerwa mu buzima, nk’aho umuryango woja kuruhukira canke ingene hogirwa ibihinduwe ku mahera ukoresha kugira ngo bashobore guhangana n’ibiciro biguma biduga muri iki gihe. Kubera ko ivyo bizogira ico ikoze ku bagize umuryango bose, vyoba vyiza kandi bikaba biranga ubuntu uwo munega arimbuye iciyumviro c’umukenyezi wiwe, kuko wosanga kimufashije gufata ingingo iri ku burimbane kandi irushirije kuba iyitegereka, kandi bizokworohera uwo mukenyezi kumushigikira. (Imig. 15:22) Abanega bakirisu batera iteka abakenyezi babo ntibakundwa canke ngo bubahwe n’abakenyezi babo gusa, ariko kandi baremerwa na Yehova.​—Ef. 5:28, 29.

Ingene umukenyezi yogaragariza umunega wiwe icubahiro kigera kure

8. Ni kubera iki akarorero ka Eva ari ako kwirinda?

8 Yezu yarasigiye abakenyezi bakirisu akarorero katagira agahaze mu bijanye n’ukuyoboka ubukuru. Ese ukuntu hari itandukaniro rinini cane ku bijanye n’ingene Yezu yabona ubukuru be n’ukuntu umukenyezi wa mbere yabubona! Eva ntiyabereye akarorero keza abandi bakenyezi. Yari afise uwo Yehova Imana yari yaragenye ngo amubere umutwe, uno akaba ari we yacishako ubuyobozi. Yamara, Eva ntiyubashe iyo ndinganizo. Yaranse kwemera ubuyobozi yahawe na Adamu. (Ita. 2:16, 17; 3:3; 1 Kor. 11:3) Ego ni ko Eva yarahenzwe, ariko yari akwiye kubanza kugisha inama umunega wiwe ku bijanye n’uko yari kwumvira canke atari kwumvira rya jwi ryivugisha yuko ngo ryariko rimubwira ivyo “Imana izi.” Aho kubigenza gutyo, yihaye uburenganzira bwo guha ubuyobozi umunega wiwe.​—Ita. 3:5, 6; 1 Tim. 2:14.

9. Ni akarorero akahe Yezu yasize mu bijanye n’ukuyoboka?

9 Mu buryo butandukanye n’ubwo, Yezu yaratanze akarorero katagira agahaze mu vyo kuyobokera Umutwe wiwe. Agatima yagaragaza be n’ingendo yiwe y’ubuzima birerekana ko “[ati]yumviriye kunyaga ubukuru, ngo arondere kungana n’Imana.” Ahubwo nyabuna, “ya[ra]hevye vyose afata imero y’umushumba.” (Flp. 2:5-7) Muri iki gihe Yezu ari Umwami aganza, aguma agaragaza agatima nk’ako nyene. Abigiranye ukwicisha bugufi, arayobokera Se wiwe muri vyose akongera agashigikira ububemutwe bwiwe.​—Mat. 20:23; Yoh. 5:30; 1 Kor. 15:28.

10. Umukenyezi yoshigikira gute ububemutwe bw’umunega wiwe?

10 Vyoba vyiza umukenyezi mukirisu yiganye Yezu mu gushigikira ububemutwe bw’umunega wiwe. (Soma 1 Petero 2:21; 3:1, 2.) Reka turimbure igihe yobigenza gutyo. Dufate ko umuhungu wabo ariko arondera ko nyina wiwe amuha uruhusha rwo gukora ikintu kinaka bisaba ko nya ruhusha rwo kugikora aruhabwa n’abavyeyi biwe bompi. Kubera ko ico kintu abo bavyeyi batari bwakiganireko, vyoba vyiza nyina wiwe amubajije ati: “Woba wabajije so wawe?” Niba uwo muhungu ata vyo yagize, nyina wiwe arakwiye kubanza kukiganirako n’umunega wiwe imbere y’uko agira ingingo n’imwe afashe. N’ikindi kandi, nta gukeka ko umukenyezi mukirisu akwiye kwirinda kuvuguruza umunega wiwe canke guhaririza iciyumviro ciwe imbere y’abana babo. Hamwe atoba yemeranya n’umunega wiwe ku kintu kinaka, vyoba vyiza babiganiriye ari bonyene.​—Ef. 6:4.

Akarorero Yezu aha abavyeyi

11. Ni akarorero akahe Yezu yasigiye abavyeyi?

11 Naho Yezu atubatse urwiwe canke ngo abe sebibondo, arabera akarorero keza cane abavyeyi bakirisu. Uti gute? Yarigisha abigishwa biwe mu mvugo no mu ngiro abigiranye urukundo n’ukwihangana. Yarabereka ingene borangura igikorwa yaba abashinze gukora. (Luka 8:1) Ukuntu Yezu yafata abigishwa biwe be n’ukuntu yababona vyarabigishije ingene umwumwe muri bo yofashe mugenziwe.​—Soma Yohani 13:14-17.

12, 13. Ni igiki abavyeyi basabwa niba bipfuza kurera abana batinya Imana?

12 Abana usanga bakunze kwigana abavyeyi babo, haba mu vyiza canke mu bibi. Ni co gituma mwebwe bavyeyi, mwokwibaza muti: ‘Ni icigwa ikihe turiko turaha abana bacu ku bijanye n’umwanya tumara turiko turaba televiziyo canke twinezereza be n’uwo tumara turiko turiyigisha Bibiliya canke tugira uruhara mu murimo wo ndimiro? Ni ibiki vy’ukuri umuryango wacu ushira imbere? Twoba turiko turatanga akarorero keza mu gushingira ubuzima bwacu be n’ingingo dufata ku gusenga kw’ukuri?’ Itegeko ry’Imana ritegerezwa kubanza gushinga imizi mu mitima y’abavyeyi niba bipfuza kurera abana batinya Imana.​—Gus. 6:6.

13 Niba abavyeyi bihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwabo, abana bazobibona. Ivyo abavyeyi bavuga be n’ivyo bigisha bizogira ikintu kinini bikoze ku bana babo. Ariko rero, niba abana babona ko ivyo abavyeyi babo bavuga atari vyo bakora, boshobora gushika ku ciyumviro c’uko mu vy’ukuri ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zidahambaye canke ko ata co zimaze. Ivyo vyotuma abana barushiriza gutwarwa n’akosho ko muri iyi si.

14, 15. Ni ibiki abavyeyi bakwiye gutsimbataza mu bana babo, kandi ni mu buryo bumwe ubuhe bashobora kubigira?

14 Abavyeyi bakirisu baratahura ko kurera umwana birimwo n’ibindi uretse kumuronsa ivyo akeneye mu vy’umubiri. Kwoba rero ari ugukora ibintu ata bukerebutsi namba ubigiranye wigishije umwana gukurikirana imigambi yomushikana gusa ku nyungu z’ivy’umubiri. (Umus. 7:12) Yezu yigishije abigishwa biwe gushira ibintu vy’impwemu mu kibanza ca mbere. (Mat. 6:33) Ku bw’ivyo rero, mu kwigana Yezu, abavyeyi bakirisu na bo nyene barakwiye kwihatira gutsimbataza mu bana babo icipfuzo co gukurikirana imigambi yo mu vy’impwemu.

15 Uburyo bumwe abavyeyi bashobora kubigira ni mu kuronderera abana babo uturyo twinshi twotuma bifatanya n’abakora umurimo w’igihe cose. Rimbura ukuntu kumenyana n’abatsimvyi canke umucungezi w’umuzunguruko be n’umukenyezi wiwe bishobora kuremesha imiyabaga. Igihe bagendewe n’abamisiyonari, abanyabeteli be n’ababa bariko barakora igikorwa c’ubwubatsi mvamakungu, barashobora kuyaga n’igishika ku bijanye n’umunezero uva ku gusukurira Yehova. Nta gukeka ko mwene abo bashitsi bashobora kuba bafise ivyabonywe bishimishije bobiganira. Akarorero kabo ko gukora umurimo w’ukwitanga koshobora gufasha cane abana banyu gufata ingingo ziranga ubukerebutsi, kwishingira imigambi ibereye, no kwiga amashure abereye azobafasha kwitunga mu murimo w’igihe cose.

Bana, ni igiki kizobafasha kwigana akarorero ka Yezu?

16. Yezu yateye iteka gute abavyeyi biwe bo kw’isi be na Se wiwe wo mw’ijuru?

16 Yezu ni akarorero keza cane no kuri mwebwe abana. Yozefu na Mariya ni bo bashinzwe kwitwararika Yezu, kandi yarabagamburukira. (Soma Luka 2:51.) Yari azi ko Imana yabajeje ibanga ryo kumwitwararika naho bari abanyagasembwa. Kubera ko vyari vyifashe ukwo, yategerezwa kubatera iteka. (Gus. 5:16; Mat. 15:4) Uko Yezu yakura, yaguma nantaryo akora ibihimbara Se wiwe wo mw’ijuru. Ivyo vyasaba ko atsinda inyosha mbi. (Mat. 4:1-10) Na mwebwe rwaruka, vyoshobora gushika mukoshwa ngo mugambararire abavyeyi banyu. None ni igiki cobafasha kwigana akarorero ka Yezu?

17, 18. (a) Ni umukazo bwoko ki abakiri bato bahangana na wo kw’ishure? (b) Ni ibiki abakiri bato bakwiye kuguma bibuka bizobafasha kunanira ibigeragezo?

17 Birashoboka ko abenshi mu bo mwigana kw’ishure babona ko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ata gaciro kanini zifise canke ko ata n’ico zimaze. Boshobora kugerageza kubosha ngo mugire uruhara mu bintu biteye amakenga muramutse mwanse bagaca babatwenga. Vyoba bimaze gushika abo mwigana bakabaha amazina y’amatazirano kubera ko mwanse kwifatanya na bo mu bintu binaka? Niba bimaze gushika, none muvyifatamwo gute? Murazi ko hamwe mworeka mugaterwa ubwoba na bo maze mukifatanya na bo, muzoba muhemukiye abavyeyi banyu be na Yehova. Mbega amaherezo yanyu yoba ayahe hamwe mwokurikira abo mwigana? Kumbure mwoba mumaze kwishingira imigambi minaka, nk’ukuba umutsimvyi canke umukozi w’ishengero, gukorera mu cibare aho abamamaji b’Ubwami bakenewe cane, kibure kuba umunyabeteli. Kwifatanya n’abo mwigana vyoba none bizobafasha gushikira iyo migambi?

18 Yemwe bakiri bato bo mw’ishengero rya gikirisu, mwoba murashikirwa n’ibintu bigerageza ukwizera kwanyu? Muvyifatamwo gute? Zirikane kuri Yezu we karorero kanyu. Yaranse kwemera kwoshwa nabi maze arashigikira ashikamye ivyo yari azi ko bigororotse. Kwibuka ivyo bizobaronsa inkomezi zo kubwira mu buryo butomoye abo mwigana yuko mudashaka kwifatanya na bo mu gukora ikintu muzi ko ari kibi. Nka kumwe kwa Yezu, nimugumize mu muzirikanyi ibijanye n’uturyo two gukorera Yehova umurimo uteye umunezero no kumugamburukira mu buzima bwanyu bwose.​—Heb. 12:2.

Ikintu nyamukuru cotuma ubuzima bwo mu rugo burangwa agahimbare

19. Umuntu yobigenza gute mu buzima kugira ngo agire ubuhirwe nyakuri?

19 Yehova Imana na Yezu Kristu bashakira ineza abantu. Naho turi abanyagasembwa, turashobora kugira ubuhirwe ku rugero runaka. (Yes. 48:17, 18; Mat. 5:3) Yezu yarigishije ukuri kwo mu vy’impwemu kugize ibintu vy’ishimikiro vyotuma abantu bagira ubuhirwe, ariko ivyo si vyo gusa yabwiye abigishwa biwe. Yezu yarabigishije kandi ibijanye n’uburyo bwiza cane bwo kubaho. Uretse ivyo yigishije, yaradusigiye akarorero kaboneka mu vyo kubaho no kubona ibintu mu buryo buri ku burimbane. Umwumwe wese muri twebwe, yaba afise ibanga irihe mu muryango, arashobora kwungukira ku gukurikiza akarorero kiwe. Ku bw’ivyo rero, yemwe banega, bakenyezi, bavyeyi, namwe bana, nimukurikize akarorero ka Yezu! Kwemera inyigisho za Yezu be no kwigana akarorero kiwe ni co kintu nyamukuru cotuma vy’ukuri mugira ubuzima bwo mu rugo bumara akanyota kandi burangwa agahimbare.

Wokwishura gute?

• Abanega bakwiye gukoresha gute ubukuru bahawe n’Imana?

• Umukenyezi ashobora gute kwigana akarorero ka Yezu?

• Ni igiki abavyeyi bashobora kwigira ku kuntu Yezu yafata abigishwa biwe?

• Ni igiki abakiri bato bashobora kwigira ku karorero ka Yezu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Imbere yo gufata ingingo igira ico ikoze ku bagize umuryango bose, ni igiki umunega munyarukundo yogira?

[Ifoto ku rup. 9]

Ni ryari umukenyezi yoshigikira ububemutwe bw’umunega?

[Ifoto ku rup. 10]

Abana barigana utumenyero twiza tw’abavyeyi babo