Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Idini ryiza ryigisha abaririmwo ingingo mfatirwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu

Idini ryiza ryigisha abaririmwo ingingo mfatirwako ziri hejuru zigenga inyifato runtu

IDINI ryiza riradufasha kwiyumvira ibintu bitomoye kandi riratwereka ingene tworyohora inyifato yacu. Riradufata mu mugongo mu rugamba rwo gukora ibigororotse rikongera rikadufasha kuba abantu beza cane bashoboka. Tuzi gute ko idini ryiza rikora ivyo bintu?

Raba ivyo intumwa Paulo yandikiye abakirisu bo mu kinjana ca mbere baba i Korinto, mu Bugiriki. Ico gisagara ca kera cari iciro ry’umugani kubera ukuntu abantu baho bari babayeho mu buhumbu. Paulo yagabishije ati: “Abashakanyi, cank’abasenga ibigirwamana, cank’abasambanyi, cank’abagabo bendwa, cank’abagabo bendana, cank’ibisuma, cank’abifuza, cank’imborerwa, cank’abatukana, cank’abanyazi, ntibazoragwa ubgami bg’Imana.” Paulo rero yaciye yongerako ati: “Kandi bamwe muri mwebge ni ko mwari muri: ariko mwaruhagiwe, ariko mwarejejwe, ariko mwatsindanishirijwe mw izina ry’Umwami Yesu Kristo no muri Mpwemu w’Imana yacu.” (1 Ab’i Korinto 6:9-11, BY) Niwibaze nawe, idini ryiza ryarafashije abantu bamwebamwe bari bigeze kuba batisunga ingingo mfatirwako zigenga inyifato runtu baracika abasavyi b’Imana badahumanye kandi b’abagororotsi!

Igihushanye n’ivyo, Bibiliya igabisha iti: “Hazoza igihe abantu batazoba bagikundira inyigisho nzima, ariko kubera ivyipfuzo vyabo bazokwirundako abigisha babaryosharyoshe amatwi.”​—2 Timote 4:3, UB.

None amadini uzi, ivyayo vyifashe gute mu bijanye n’ivyo? Yoba ashigikira ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ziri hejuru zigenga inyifato runtu? Canke yoba ajoborora impanuro zitomoye dusanga mw’Ijambo ry’Imana, akaba ata kindi agira atari ‘ukuryosharyosha amatwi’ y’abantu?

Kugira ngo ushobore kumenya nimba idini rinaka ririko rirama ivyamwa vyiza, ubona gute ufashe akanya ukishura ibi bibazo bikurikira?

ICIYUMVIRO: Umubano w’ababiranye.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: “Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.”​—Abaheburayo 13:4, BY.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba risaba ko abubakanye bari muri ryo babwirizwa kubana barasezeranye imbere y’amategeko?

ICIYUMVIRO: Ukwahukana.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: Igihe babaza Yezu nimba hoba hariho imvo n’imwe yotuma haba ukwahukana, yavuze ati: “Umuntu wese yirukana umugore wiwe atamuhōye ubusambanyi, akābīra uwundi, aba asambanye.”​—Matayo 19:9, BY.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba ryubahiriza ubuyobozi Yezu yatanze maze rikemera ko haba ukwahukana n’ugusubira kurongora canke kurongorwa ku bw’imvo y’ubusambanyi gusa?

ICIYUMVIRO: Ukwigenza neza mu vy’igitsina.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: “Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’umubiri, arik’ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.”​—1 Ab’i Korinto 6:18, BY.

“Abagore babo barahinduye uburyo bubereye bw’ugukoresha umubiri mu buryo butabereye kamere y’abantu; abagabo ni ko k’uko, bararetse gukorera abagore babo ibikwiye, baja mu vyo kugomwana, umugabo agakorana ibiterasoni n’uwundi mugabo kandi bagaca baronka bartyo muri bo impera ikwiye ubugâba bwabo.”​—Abaromani 1:26, 27, UB.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba ryigisha yuko uguhuza ibitsina, kwaba ukugizwe hagati y’umuntu w’igitsina-gabo n’uw’igitsina-gore canke ukumarana inambu y’umubiri hagati y’abantu babiri basangiye igitsina, ari igicumuro?

ICIYUMVIRO: Abagize iryo dini barashigikira bimwe bishikamye ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya.

IVYO BIBILIYA YIGISHA: “[Mureke] kunywana n’uwitwa mwenewacu, ni yaba ari umusambanyi canke umwimanyi canke usenga ibigereranyo canke umuhambazi canke imborerwa canke igisuma: uwumeze artyo, ntimugasangire na we.” (1 Abakorenti 5:11, UB) Abivugisha ko ari abakirisu mugabo bagacumura ntibigaye, ivyabo vyotunganywa gute? Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ni mukūre umunyakibi muri mwebge.”​—1 Ab’i Korinto 5:13, BY.

IKIBAZO: Iryo dini ryoba rikura mu rutonde rw’abarigize uwo wese yarenze ku ngingo mfatirwako zo muri Bibiliya, yamara ntiyigaye?

Ni idini irihe rizwi ko rishigikira ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya ziri hejuru zigenga inyifato runtu?