Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yehova araha agaciro ubugwaneza

Yehova araha agaciro ubugwaneza

Niwiyegereze Imana

Yehova araha agaciro ubugwaneza

Guharūra 12:1-15

UBWIBONE, ishari, icipfuzo co guhahamira ubukuru. Ivyo bintu bireze cane mu bantu bagerageza kuba ab’imbere muri ino si. Ariko none, kamere mwene izo zoba zituma tugiranira ubucuti bwa somambike na Yehova Imana? Oya namba, ahubwo Yehova ashima ko abasavyi biwe baba abagwaneza. Ivyo biragaragarira neza mu nkuru dusanga mu Guharūra, ikigabane ca 12. Abisirayeli bari bageze mu bugaragwa bwa Sinayi, inyuma y’aho barokorewe bakava mu Misiri.

Miriyamu na Aroni bakuru ba Musa, baratanguye ‘kunegura’ uwo mutoya wabo. (Umurongo wa 1) Aho guca babivugana na Musa, baramuvuze nabi, bikaba bishoboka ko bakwiragije imyidogo mw’ikambi. Biboneka ko Miriyamu, uwuvugwa ubwa mbere, ari we yagiye imbere mu kwidoga. Imvo ya mbere yatumye haba ukwo kwidodomba yari iy’uko Musa yari yabiriye umugore w’Umukushikazi. Mbega Miriyamu yoba yari afise ishari ry’uko uwo wundi mugore yohavuye amusumvya kumenyekana, kandi uno atari n’Umwisirayelikazi?

Iyo myidogo yari ifise n’ibindi vyatuma iba. Miriyamu na Aroni baguma bavuga bati: “Mbeg’Uhoraho avugisha Mose gusa? Tweho ntatuvugisha?” (Umurongo wa 2) Imvo nyakuri yatuma bidodomba kwoba kwari ukwipfuza ubukuru bwiyongereye be n’ukurushiriza kwemerwa?

Muri iyo nkuru, Musa nta co ubwiwe yishuye kuri iyo myidogo. Biboneka ko yatekereje arihanganira ukwo kwambikwa ibara. Ukwo kuntu yaciye agaragaza ukwigumya vyaremeje ivyo Bibiliya yavuze ku bijanye na we ko yari “umugwaneza kurusha abantu bose” bari kw’isi. a (Umurongo wa 3) Musa ntiyigeze arondera kwiburanira. Yehova yariko aravyumviriza, maze aca arashigikira Musa.

Yehova yaciye yiyerekezako iyo myidogo. Kukaba nkako, ni we yari yarashinze igikorwa Musa. Mu gukarira abo bidodomvyi, Imana yarabibukije yuko yari ifitaniye na Musa ubucuti budasanzwe, iti: “Uyo we twama twivuganira mu kanwa n’akandi.” Yehova yaciye abaza Miriyamu na Aroni ati: “None rero n’iki catumye mwubahuka kunegura . . . Mose?” (Umurongo wa 8) Mu kuvuga nabi Musa, mu vy’ukuri bariko bakora ikosa ryo kuvuga nabi Imana. Kubera ukwo kutubaha kw’agahomerabunwa, bokwihuriye n’uburake bw’Imana.

Miriyamu, uwagaragara ko ari we nkwezi yavyo, yaciye afatwa n’imibembe. Aroni yaciye ubwo nyene atakambira Musa ngo asabire Miriyamu. Ibaze nawe: Ico gihe ukumererwa neza kwa Miriyamu kwari kuvana n’uko umwe bari bamye bidodombera asenga amusabira! Musa abigiranye ubugwaneza, yarakoze nk’uko yari yasabwe. Musa aravuga ari bwo bwa mbere muri iyo nkuru, agatakambira Yehova abigiranye ubwira asabira mushikiwe. Miriyamu yarakize, ariko yabwirijwe kwihanganira ibimaramare mu kiringo c’imisi indwi yamaze yashizwe ukwa wenyene.

Iyo nkuru iradufasha gutahura kamere Yehova aha agaciro be n’ingeso yiyamiriza. Nimba dushaka kwiyegereza Imana, dutegerezwa kurandurana n’imizi akantu kose twoshobora kubona muri twebwe kajanye n’ubwibone, ishari be n’icipfuzo co guhahamira ubukuru. Abagwaneza ni bo Yehova akunda. Asezerana ati: “Abagwaneza bazoragwa igihugu, bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”​—Zaburi 37:11; Yakobo 4:6.

[Akajambo k’epfo]

a Ubugwaneza ni kamere ikomeye ishoboza umuntu kwihanganira akarenganyo abigiranye ukwiyumanganya kandi atarondera kwihora.