Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba kw’isi ibihe bidahera ni icizigiro kiva ku Mana

Kuba kw’isi ibihe bidahera ni icizigiro kiva ku Mana

Kuba kw’isi ibihe bidahera ni icizigiro kiva ku Mana

“Ivyaremwe vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi . . . hishimikijwe icizigiro.”​—ROM. 8:20.

1, 2. (a) Ni kubera iki icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera gihambaye kuri twebwe? (b) Ni kubera iki abantu benshi bakekeranya ku bijanye n’ukuba kw’isi ibihe bidahera?

 KUMBURE woba wibuka umunezero wagize igihe wamenya ari bwo bwa mbere yuko vuba abantu batazoba bagisaza canke ngo bapfe, ariko ko bazokwibera kw’isi ibihe bidahera. (Yoh. 17:3; Ivyah. 21:3, 4) Ushobora kuba warahimbawe no kubwira abandi ico cizigiro gishingiye ku Vyanditswe. Nakare, icizigiro co kubaho ibihe bidahera ni umuce nyamukuru ugize inkuru nziza twamamaza. Kiragira ico gikoze cane ku kuntu tubona ubuzima.

2 Amadini menshi y’abiyita abakirisu yarirengagije icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Magingo Bibiliya yigisha ko ata kintu kiri mu muntu kibandanya kubaho iyo apfuye, amadini menshi yoyo yigisha inyigisho ihushanye n’iyo idashingiye ku Vyanditswe ivuga yuko iyo muntu apfuye abandanya kubaho ari mu karere k’impwemu. (Umus. 9:5) Ni co gituma abantu benshi bakekeranya ku bijanye n’ukuba kw’isi ibihe bidahera. Twoshobora rero kwibaza duti: “Bibiliya yoba vy’ukuri ishigikira ico cizigiro? Nimba igishigikira, ni ryari none Imana yagihishuriye abantu ari bwo bwa mbere?”

“Vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi . . . hishimikijwe icizigiro”

3. Umugambi Imana ifitiye abantu washizwe abahabona gute kuva mu ntango y’ukubaho kwabo?

3 Umugambi Yehova afitiye abantu warashizwe ahabona kuva mu ntango y’ukubaho kwabo. Imana yarerekanye neza yuko Adamu yari kubaho ibihe bidahera iyo agamburuka. (Ita. 2:9, 17; 3:22) Ata gukeka, abakomoka kuri Adamu bo mu ntango baramenye yuko uwo muntu yatakaje ukutagira agasembwa, ivyo bikaba vyemezwa n’ibimenyamenya bashobora kubona n’amaso. Ubwinjiriro bw’itongo ry’i Edeni bwari bwarugawe, abantu na bo barasaza kandi bagapfa. (Ita. 3:23, 24) Uko igihe cagenda kirarengana, ni ko ikiringo c’ukubaho c’abantu cagenda kiragabanuka. Adamu yabayeho imyaka 930. Shemu, uwarokotse Umwuzure yabayeho imyaka 600 gusa, umuhungu wiwe Arupakisadi na we abaho imyaka 438. Se wa Aburahamu ari we Tera, yabayeho imyaka 205. Imyaka Aburahamu yamaze yabaye 175, umuhungu wiwe Izahaki amara imyaka 180, Yakobo na we amara imyaka 147. (Ita. 5:5; 11:10-13, 32; 25:7; 35:28; 47:28) Abantu benshi bategerezwa kuba baratahuye ko ukwo kugabanuka kw’ikiringo c’ukubaho kwasobanura yuko icizigiro co kubaho ibihe bidahera cari cagiye amazimayongo! Hoba none hari imvo yari gutuma basubira kugira ico cizigiro?

4. Ni igiki catuma abagabo b’abizigirwa bo mu gihe ca kera bemera yuko Imana yogarukanye imihezagiro Adamu yari yaratakaje?

4 Ijambo ry’Imana rivuga riti: “Ivyaremwe [ni ukuvuga abantu] vyatanzwe ngo biganzwe n’ukutagira ikimazi . . . hishimikijwe icizigiro.” (Rom. 8:20) Ico cizigiro ni nyabaki? Ubuhanuzi bwa mbere na mbere bwo muri Bibiliya bwarerekeje ku “ruvyaro” ‘rwokomerekeje ya nzoka mu mutwe.’ (Soma Itanguriro 3:1-5, 15.) Umuhango w’urwo Ruvyaro waratumye abantu b’abizigirwa bagira icizigiro c’uko Imana itohevye umugambi yari ifitiye umuryango w’abantu. Waratumye abagabo nka Abeli na Nowa bemera yuko Imana yogarukanye imihezagiro Adamu yatakaje. Abo bagabo bashobora kuba baratahura yuko ‘ugukomeretswa ku gitsintsiri c’urwo ruvyaro’ vyobaye birimwo n’ugusesa amaraso.​—Ita. 4:4; 8:20; Heb. 11:4.

5. Ni igiki cerekana yuko Aburahamu yizera ko hariho izuka?

5 Rimbura ivyerekeye Aburahamu. Igihe Aburahamu yagezwa, “yabaye nk’aho ashikanye Izahaki, . . . umwana wiwe w’ikinege.” (Heb. 11:17) Ni kubera iki yagize umutima ukunze wo kubigira? (Soma Abaheburayo 11:19.) Ni uko yemera ko hariho izuka! Hariho ibintu vyatuma Aburahamu yemera ko hariho izuka. Ubwa mbere ho, Yehova yari yaranaguye ubushobozi bwa Aburahamu bwo kwibaruka yongera atuma we n’umukenyezi wiwe Sara bishoboka ko bibaruka bageze mu zabukuru. (Ita. 18:10-14; 21:1-3; Rom. 4:19-21) Aburahamu kandi yari azi ivyo Yehova yavuze. Imana yari yamubwiye iti: “Kuri Isaka [ni] ho uruvyaro rwawe ruzokwītīrirwa.” (Ita. 21:12) Ku bw’ivyo, Aburahamu yari afise imvo zumvikana zatuma yitega ko Imana yozuye Izahaki.

6, 7. (a) Ni sezerano irihe Yehova yagiranye na Aburahamu? (b) Ni gute umuhango Yehova yahaye Aburahamu watumye abantu bagira icizigiro?

6 Kubera ko Aburahamu yari afise ukwizera kudasanzwe, Yehova yaragiranye na we isezerano ku bijanye n’“uruvyaro” rwiwe. (Soma Itanguriro 22:18.) Vyaragaragaye ko igihimba nyamukuru c’urwo “ruvyaro” ari Yezu Kristu. (Gal. 3:16) Yehova yari yarabwiye Aburahamu ko “uruvyaro” rwiwe rworwiriye rukangana “n’inyenyeri zo kw ijuru, canke n’umusenyi wo mw isēsero ry’ikiyaga,” ico kikaba ari igitigiri Aburahamu atari azi. (Ita. 22:17) Ariko rero, ico gitigiri carahishuwe mu nyuma. Urwo “ruvyaro” rugizwe na Yezu Kristu hamwe n’abantu 144.000 bazofadikanya na we kuganza mu Bwami bwiwe. (Gal. 3:29; Ivyah. 7:4; 14:1) “Amahanga yose yo mw isi [‘azokwihesha umuhezagiro,’ NW]” biciye kuri ubwo Bwami burongowe na Mesiya.

7 Bishoboka ko Aburahamu atashoboye gutahura neza ico iryo sezerano Yehova yagiranye na we ryasobanura. Ariko rero, Bibiliya ivuga iti: “Yari arindiriye ca gisagara gifise imishinge nyayo.” (Heb. 11:10) Ico gisagara ni Ubwami bw’Imana. Kugira ngo Aburahamu azoronke imihezagiro iva kuri ubwo Bwami, azotegerezwa kwongera kubaho. Azoshobora kuba kw’isi ibihe bidahera biciye kw’izuka. Vyongeye, abazorokoka Harumagedoni canke abazozurwa mu bapfuye, bizoshoboka ko babaho ibihe bidahera.​—Ivyah. 7:9, 14; 20:12-14.

“Impwemu irandembeje”

8, 9. Ni kubera iki ibivugwa mu gitabu ca Yobu atari inkuru yigana gusa ibigeragezo vyashikiye umuntu umwe?

8 Hari umugabo umwe yitwa Yobu yabayeho mu kiringo cahaciye Yozefu umwuzukuruza wa Aburahamu be n’umuhanuzi Musa babayeho. Igitabu ca Bibiliya ca Yobu, igishobora kuba catunganijwe na Musa, kirasigura igituma Yehova yaretse Yobu agacumukura be n’ukuntu ivyiwe vyahavuye bigenda. Ariko rero, ico gitabu ca Yobu si inkuru gusa yigana ibigeragezo vyashikiye umuntu umwe; kirashimika ku bibazo vyerekeye ibiremwa vyose bifise ubwenge vyo kw’isi no mw’ijuru. Ico gitabu kiradufasha gutahura ivy’uko Yehova akoresha ubusegaba bwiwe mu buryo bugororotse, kandi kirahishura yuko muri ca kibazo cavyurwa muri Edeni harimwo ibijanye n’ugutungana kw’abasavyi b’Imana bose bo kw’isi be n’icizigiro cabo co kubaho. Naho Yobu atatahura ico kibazo, ntiyaretse ngo ba bagenzi biwe batatu batume yiyumvira yuko yari yatakaje ugutungana kwiwe. (Yobu 27:5) Ivyo birakwiye gukomeza ukwizera kwacu kandi bikadufasha kubona ko dushobora kugumana ugutungana kwacu no gushigikira ubusegaba bwa Yehova.

9 Ba bagabo batatu biyita ngo ni abiruzi ba Yobu bahejeje kuvuga, ‘Elihu mwene Barakeli w’i Buzi yaciye yishura.’ Ni igiki none catumye Elihu afata ijambo? Yavuze ati: “Nsigaye nuzuye amajambo; Impwemu irandembeje mu nda.” (Yobu 32:5, 6, 18, gereranya na NW.) Naho amajambo Elihu yavuze ahumukewe yarangutse igihe Imana yasubiza Yobu ivyo yari yaratakaje, ari n’ico avuze no ku bandi. Ayo majambo araha icizigiro abantu bose bagumana ugutungana kwabo.

10. Ni igiki cerekana ko ubutumwa Yehova ashikiriza umuntu umwe usanga rimwe na rimwe bwerekeye umuryango w’abantu muri rusangi?

10 Rimwe na rimwe Yehova arashikiriza ubutumwa umuntu umwe, buno bukaba kandi buba bwerekeye umuryango w’abantu muri rusangi. Ivyo bishobora kugaragarira mu buhanuzi bwa Daniyeli buvuga ivyerekeye indoto z’Umwami Nebukadinezari w’i Babiloni zijanye n’iyicirwa ry’igiti c’inganzamarumpu. (Dan. 4:10-27) Naho izo ndoto zarangukiye kuri Nebukadinezari, zerekeza ku kintu gihambaye cane kuruta. Zarerekanye yuko ukuba Imana iganza isi biciye ku bwami burongowe n’abakomoka ku Mwami Dawidi vyosubiye kwigaragaza haciye imyaka 2.520, uhereye mu 607 B.G.C. a Ukuba Imana iganza umubumbe wacu vyatanguye gusubira kwigaragaza igihe Yezu Kristu yimikwa mu mwaka wa 1914, akaba Umwami mw’ijuru. Iyumvire nawe ukuntu ubutegetsi bw’ubwo Bwami bugiye vuba gushitsa icizigiro abantu bagamburuka bafise!

“Mureke ntamanuke mu cobo!”

11. Amajambo Elihu yavuze yerekanye iki ku vyerekeye Imana?

11 Mu kwishura Yobu, Elihu yaravuze ibijanye n’“intumwa, . . . umuvugizi, umwe mu gihumbi, . . . amenyesh[a] umuntu ukugororoka kwiwe.” Bite ho iyo ntumwa “[yinginze] Imana ngo ihimbarwe na we”? Elihu avuga ati: “[Imana] iraheza ikamugirira ubutoni ikavuga iti: ‘Mureke ntamanuke mu cobo! Naronse incungu! Umubiri wiwe nutotahare kurusha mu buto; nasubire mu misi y’ingoga ziwe zo mu buto.’” (Yobu 33:23-26, NW) Ayo majambo yerekanye ko Imana yiteguriye kwemera “incungu” ku neza y’abantu bigaya.​—Yobu 33:24.

12. Amajambo Elihu yavuze atuma umuryango w’abantu muri rusangi ugira icizigiro ikihe?

12 Bishoboka ko Elihu atatahura neza ico incungu yasobanura, nk’uko mbere n’abahanuzi batatahura mu buryo bwuzuye ivyo bandika vyose. (Dan. 12:8; 1 Pet. 1:10-12) Naho ari ukwo, amajambo ya Elihu aratanga icizigiro c’uko umusi uri izina Imana yokwemeye incungu maze abantu ibakureko urupfu be n’ingaruka mbi ziterwa n’ubusaza. Amajambo Elihu yavuze yarashize ahabona icizigiro ciza igitangaza co kubaho ibihe bidahera. Igitabu ca Yobu kirerekana kandi yuko hazobaho izuka.​—Yobu 14:14, 15.

13. Abakirisu batahura gute amajambo Elihu yavuze?

13 No muri iki gihe, amajambo Elihu yavuze arabandanya kugira ico avuze ku bakirisu amamiliyoni bafise icizigiro co kuzorokoka isangangurwa ry’ivy’iyi si. Abageze mu zabukuru bo muri abo bazorokoka bazosubira mu misi y’ingoga zabo zo mu buto. (Ivyah. 7:9, 10, 14-17) N’ikindi kandi, icizigiro co kuzobona abazutse basubira mu misi yo mu buto bwabo, gituma abantu b’abizigirwa babandanya kugira umunezero. Nta gukeka ko kwizera inkuka y’incungu ya Kristu ari co kintu kizotuma abakirisu barobanuwe baronka ukudapfa mw’ijuru, abagize “izindi ntama” za Yezu na bo baronke ubuzima budahera ng’aha kw’isi.​—Yoh. 10:16; Rom. 6:23.

Urupfu ruzomirwa rukurwe kw’isi yose

14. Ni igiki cerekana yuko hari ikintu gihambaye kuruta Itegeko rya Musa cari gikenewe kugira ngo Abisirayeli bagume bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

14 Abakomoka kuri Aburahamu bahavuye bacika ihanga ryigenga igihe bagiranira n’Imana ubucuti bushingiye kw’isezerano. Igihe Yehova yabaha iryo Tegeko, yavuze ati: ‘Muze mwitondere amabwirizwa yanje, n’ivyagezwe vyanje; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho.’ (Lew. 18:5) Ariko rero, kubera ko Abisirayeli batashoboye kubaho bisunga ingingo ngenderwako zitagira agahaze zo mw’Itegeko, iryo Tegeko ryarabaciriye urwo gupfa kandi bari bakeneye gukurwako urwo rubanza.​—Gal. 3:13.

15. Dawidi yahumekewe kwandika ibijanye n’uwuhe muhezagiro?

15 Musa amaze gupfa, Yehova yarahumekeye abandi banditsi ba Bibiliya kugira ngo bandike ibijanye n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera. (Zab. 21:4; 37:29) Nk’akarorero, umwanditsi wa Zaburi Dawidi yasozereye zaburi ivuga ivy’uko abasavyi b’Imana b’ukuri bazohurikirira hamwe i Siyoni, mu kuvuga ati: “[Aho ni] ho Uhoraho yagereye umugisha, ni wo bu[zima] bg’ibihe bidashira.”​—Zab. 133:3.

16. Ni igiki Yehova, abicishije kuri Yesaya, yasezeranye ku bijanye na kazoza k’“isi yose”?

16 Yehova yarahumekeye Yesaya kugira ngo avuge ubuhanuzi bujanye n’ukuba kw’isi ibihe bidahera. (Soma Yesaya 25:7, 8.) Nka kurya kw’umuntu ‘atwikiriwe,’ canke azingiriwe mu burengeti, ni na ko umuryango w’abantu wazingiriwe mu gicumuro n’urupfu. Yehova arakura amazinda abasavyi biwe yuko igicumuro n’urupfu bizomirwa, canke bizokurwa “kw isi yose.”

17. Ni uruhara uruhe Mesiya yaranguye mu bijanye n’ubuhanuzi rwugurura inzira ijana mu buzima budahera?

17 Rimbura kandi ibijanye n’umugenzo wasabwa n’itegeko rya Musa werekeye impene ya Azazeli. Rimwe mu mwaka, ku Musi w’impongano, umuherezi mukuru ‘yararambika ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’impene idora, akayaturirako ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, akabiremeka mu ruhanga rw’iyo mpene, na yo igaca igenda yiremetse ibigabitanyo vyabo vyose ikabijana ahatagira abantu.’ (Lew. 16:7-10, 21, 22) Yesaya yari yaravuze imbere y’igihe ukuza kwa Mesiya, uno akaba yoranguye uruhara rusa n’urwo iyo mpene yarangura kandi akagenda atwaye “indwara,” (NW), “imibabaro” be n’“icaha ca benshi,” gutyo akaba yuguruye inzira ijana mu buzima budahera.​—Soma Yesaya 53:4-6, 12.

18, 19. Ni icizigiro ikihe amajambo dusanga muri Yesaya 26:19 be no muri Daniyeli 12:13 ashira ahabona?

18 Yehova yabwiye abasavyi biwe b’Abisirayeli abicishije kuri Yesaya ati: “Abapfuye bawe bazoba bazima; imivyimba y’abantu bawe izozuka. Ni mwikangure, muririmbe, yemwe abaryamye mu mukungugu: kukw ikime cawe kimeze nk’igitonda ku vyatsi, kand’ivu rizogarura abapfuye.” (Yes. 26:19) Ivyanditswe vy’igiheburayo birerekana neza yuko abapfuye bazozuka be n’uko abantu bazoba kw’isi. Nk’akarorero, igihe Daniyeli yari afise imyaka yababa 100, Yehova yaramusubirije umutima mu nda ati: “Uzoruhuka, kand’uzohagarara mu mugabane wawe, kw iherezo ry’iyo misi.”​—Dan. 12:13.

19 Kubera ko Marita yizigira yuko hazobaho izuka, yarashoboye kubwira Yezu ku bijanye na musazawe yari yapfuye ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” (Yoh. 11:24) Inyigisho za Yezu be n’ivyo abigishwa biwe banditse bahumekewe vyoba vyarahinduye ico cizigiro? Muri iki gihe, Yehova yoba agisezeranira abantu ko bazoba kw’isi bihe bidahera? Tuzoca irya n’ino inyishu z’ivyo bibazo mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Raba igitabu Prêtons attention à la prophétie de Daniel! ikigabane ca 6.

Woshobora kubisigura?

• Abantu ‘batanzwe ngo baganzwe n’ukutagira ikimazi’ hishimikijwe ikihe cizigiro?

• Ni ibiki vyerekana yuko Aburahamu yizera ko hariho izuka?

• Amajambo Elihu yabwiye Yobu atuma abantu bagira ikihe cizigiro?

• Ivyanditswe vy’igiheburayo bishimika gute ku cizigiro c’izuka be n’ic’ukuba kw’isi ibihe bidahera?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 5]

Amajambo Elihu yabwiye Yobu aratanga icizigiro c’uko abantu bazokurwako urupfu be n’ingaruka mbi ziterwa n’ubusaza

[Ifoto ku rup. 6]

Daniyeli yarakuwe amazinda ko ‘yohagaze mu mugabane wiwe kw’iherezo ry’iyo misi’