Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kristu yoba yarigishije ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

Kristu yoba yarigishije ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

Kristu yoba yarigishije ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

“[Imana] izohanagura amosozi ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzokwongera kubaho.”​—IVYAH. 21:4.

1, 2. Tumenya gute ko Abayuda benshi bo mu kinjana ca mbere bari bafise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

 UMUSORE umwe atunze kandi azwi cane yaraje yirukanga kuri Yezu, akubita ibipfukamiro imbere yiwe, maze amubaza ati: “Mwigisha mwiza, ni igiki ntegerezwa gukora ngo nze ntorane ubuzima budahera?” (Mrk. 10:17) Uwo musore yariko abaza ibijanye n’ugutorana ubuzima budahera, ariko none yobutoranye he? Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, hari haciye ibinjana bitari bike Imana ihaye Abayuda icizigiro c’izuka n’ic’ukuba kw’isi ibihe bidahera. Abayuda benshi bo mu kinjana ca mbere bari bagifise ico cizigiro.

2 Biboneka ko Marita wa mugenzi wa Yezu yari afise ku muzirikanyi ibijanye n’ugusubira kuba muzima ng’aha kw’isi igihe yavuga ivyerekeye musazawe yari yapfuye ati: “Ndazi ko azozuka mw’izuka ku musi wa nyuma.” (Yoh. 11:24) Ego ni ko, Abasadukayo bo muri ico gihe ntibemera izuka. (Mrk. 12:18) Ariko, mu gitabu ciwe (Judaism in the First Centuries of the Christian Era), George Foot Moore avuga ati: ‘Ivyandikano vyo mu kinjana ca kabiri canke ivyo mu kinjana ca mbere imbere y’igihe cacu biremeza ko abantu bemera yuko umusi uri izina abapfuye bazosubira kuba bazima ng’aha kw’isi.’ Wa musore yaza kuri Yezu yashaka kuzokwironkera ubuzima budahera ng’aha kw’isi.

3. Ni ibibazo ibihe tugiye guca irya n’ino muri iki kiganiro?

3 Muri iki gihe, amadini menshi be n’incabwenge zitari nke zo mu vya Bibiliya barahakana ko Kristu yigishije ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera. Abantu benshi bizigira ko nibapfa bazoca baja kuba mu karere k’impwemu. Igihe rero abasomyi b’Ivyanditswe vy’ikigiriki basomye iyo mvugo ngo “ubuzima budahera,” benshi biyumvira ko yama nantaryo yerekeza ku buzima bwo mw’ijuru. None ivyo vyoba ari ivy’ukuri? Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ibijanye n’ubuzima budahera? Abigishwa biwe boba bemera iki? Ivyanditswe vy’ikigiriki vyoba bishigikira icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

Ubuzima budahera “muri kwa kurema busha”

4. Ni ibiki bibwirizwa kuba “muri kwa kurema busha”?

4 Bibiliya yigisha ko abakirisu barobanuwe bazozukira kuganza isi bari mw’ijuru. (Luka 12:32; Ivyah. 5:9, 10; 14:1-3) Ariko rero, igihe Yezu yavuga ibijanye n’ubuzima budahera, ntiyari afise mu muzirikanyi gusa abagize uwo mugwi. Rimbura ivyo Kristu yabwiye abigishwa biwe inyuma y’aho wa musore atunze agiriye intuntu ari yose kubera ko yari amusavye guheba ivyo yari atunze vyose ngo amukurikire. (Soma Matayo 19:28, 29.) Yezu yabwiye intumwa ziwe ko bobaye mu boganje ari abami kandi bagacira imanza “imiryango cumi n’ibiri ya Isirayeli,” ni ukuvuga, isi y’abantu batari mu bagize uwo mugwi w’abazoganza bari mw’ijuru. (1 Kor. 6:2) Yaravuze kandi ibijanye n’impembo “umuntu wese” amukurikira azoronka. Abo bantu na bonyene “[ba]zotorana ubuzima budahera.” Ivyo vyose bibwirizwa kuba “muri kwa kurema busha.”

5. Wovuga ko “kwa kurema busha” gusobanura iki?

5 None Yezu yashaka kuvuga iki igihe yakoresha imvugo ngo “kwa kurema busha”? Bibiliya imwe (The Bible​—An American Translation), iyo mvugo iyihindura ngo “isi nshasha.” Iyindi Bibiliya na yo (Bible de Jérusalem), iyihindura ngo ‘igihe vyose bigirwa bisha,’ hakaba n’iyindi Bibiliya (The Holy Bible​—New International Version) ihindura iyo mvugo ngo “guhindura ibintu vyose gushasha.” Kubera ko Yezu yakoresheje iyo mvugo atarinze kuyisigura, biboneka ko yariko yerekeza ku cizigiro Abayuda bari bamaze ibinjana n’ibindi bafise. Ibintu vyo kw’isi vyobwirijwe kuremwa busha ku buryo bimera nk’uko vyari bimeze mw’itongo ry’i Edeni imbere y’uko Adamu na Eva bacumura. Ukwo kurema busha kuzoshitsa umuhango Imana yatanze ujanye n’“[uku]rema ijuru risha n’isi nsha.”​—Yes. 65:17.

6. Ikigereranyo c’intama n’impene kitwigisha iki ku bijanye n’icizigiro co kubaho ibihe bidahera?

6 Yezu yaravuze kandi ibijanye n’ubuzima budahera mu nsiguro yashikirije ku bijanye n’insozero y’ivy’isi. (Mat. 24:1-3) Yavuze ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa. Maze amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; hanyuma azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene.” Abazocirwa rubi “bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera.” Abo “bagororotsi” baronka ubuzima budahera ni abashigikira badahemuka “abavukanyi” ba Kristu barobanujwe impwemu. (Mat. 25:31-34, 40, 41, 45, 46) Kubera ko abo barobanuwe batorwa kugira ngo baganze mu Bwami bwo mw’ijuru, abo “bagororotsi” bategerezwa kuba ari bo batwarwa bo kw’isi b’ubwo Bwami. Bibiliya yari yaravuze iti: “[Umwami wa Yehova] azoganza uhereye ku kiyaga ugashitsa ku kiyaga kindi, kand’uhereye kuri rwa Ruzi, ugashitsa ku mpera y’isi.” (Zab. 72:8) Abo batwarwa bazoba kw’isi ibihe bidahera.

Injili ya Yohani yerekana iki?

7, 8. Yezu yabwiye Nikodemu ibijanye n’ivyizigiro bibiri ibihe bitandukanye?

7 Nk’uko bivugwa mu Njili ya Matayo, ya Mariko n’iya Luka, Yezu arakoresha imvugo ngo “ubuzima budahera” mu vyanditswe vyamaze kuvugwa. Injili yanditswe na Yohani irasubiramwo incuro hafi 17 amajambo Yezu yavuze ku bijanye no kubaho ibihe bidahera. Nimuze turimbure amwamwe muri ayo majambo Yohani yasubiyemwo kugira ngo turabe ico Yezu yavuze ku bijanye no kuba kw’isi ibihe bidahera.

8 Nk’uko Yohani abivuga, Yezu yavuze ari bwo mbere ibijanye n’ubuzima budahera abibwira Umufarizayo yitwa Nikodemu. Yamubwiye ati: “Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.” Abinjira mu Bwami bwo mw’ijuru bategerezwa ‘kwongera kuvuka.’ (Yoh. 3:3-5) Yezu ntiyavuze ivyo gusa. Yaranavuze ibijanye n’icizigiro isi yose ihabwa. (Soma Yohani 3:16.) Yezu yariko yerekeza ku cizigiro abayoboke biwe barobanuwe bafise co kuzoba mw’ijuru ibihe bidahera be no ku cizigiro abandi bantu bafise co kuzoba kw’isi ibihe bidahera.

9. Yezu yabwiye Umusamariyakazi umwe ibijanye n’icizigiro ikihe?

9 Yezu ahejeje kuyaga na Nikodemu i Yeruzalemu, yaciye aja mu Buraruko yerekeza i Galilaya. Kuri urwo rugendo, yarahuye n’umugore umwe kw’iriba rya Yakobo hafi y’igisagara c’i Sikara mu ntara ya Samariya. Yamubwiye ati: “Uwo wese anywa ku mazi nzomuha ntazokwigera anyoterwa na gato, mugabo amazi nzomuha azocika muri we isôko ry’amazi adudubiza ngo atange ubuzima budahera.” (Yoh. 4:5, 6, 14) Ayo mazi agereranya intunganyo Imana yashizeho kugira ngo itume abantu bose bashobora kuzobaho ibihe bidahera, harimwo n’abazoba ng’aha kw’isi. Mu gitabu c’Ivyahishuwe, Imana ubwayo idondorwa nk’aho iriko ivuga iti: “Uwo wese anyotewe nzomuha kw’isôko ry’amazi y’ubuzima ku buntu.” (Ivyah. 21:5, 6; 22:17) Ni co gituma Yezu yabwiye wa Musamariyakazi ibijanye n’uko ubuzima budahera butazoronswa gusa abarobanuwe ngo batorane Ubwami, ariko kandi buzoronswa abizera bafise icizigiro co kuzoba ng’aha kw’isi.

10. Aho Yezu akirije umugabo umwe ku kidengeri Betesida, abanyedini bamurwanya yababwiye iki ku bijanye n’ubuzima budahera?

10 Mu mwaka wakurikiye, Yezu yarasubiye i Yeruzalemu. Aho i Yeruzalemu, yarakijije umugabo yari arwaye ari ku kidengeri Betesida. Yezu yarasiguriye Abayuda banebagura ivyo yakora mu kuvuga yuko “Umwana [ada]shobora gukora ikintu na kimwe avyigeneye, mugabo akora gusa ico abonye Se akora.” Aho Yezu ababwiriye yuko “uguca imanza kwose [Se] yagushikirije Umwana,” yaciye avuga ati: “Uwumva ijambo ryanje kandi akemera uwandungitse arafise ubuzima budahera.” Yezu yavuze kandi ati: “Isaha iriko iragera aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi [ry’Umwana w’umuntu] bakazivamwo, abakoze ivyiza bakazukira ubuzima, abakoze ibintu vy’agahomerabunwa bakazukira urubanza.” (Yoh. 5:1-9, 19, 22, 24-29) Yezu yariko abwira Abayuda bamuhama ko ari uwagenywe n’Imana kugira ngo ashitse icizigiro Abayuda bari bafise co kuba kw’isi ibihe bidahera be n’uko ivyo yobigize mu kuzura abapfuye.

11. Tumenya gute ko icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera giserurwa mu majambo Yezu yavuze dusanga muri Yohani 6:48-51?

11 I Galilaya, abantu ibihumbi bashaka ko Yezu abaronsa umukate ku gitangaro baratanguye kumukurikira. Yezu yarababwiye ibijanye n’umukate w’ubundi bwoko, uwo na wo ukaba ari “umukate w’ubuzima.” (Soma Yohani 6:40, 48-51.) Yavuze ati: “Umukate nzotanga ni umubiri wanje.” Yezu ntiyatanze ubuzima bwiwe ku bw’abazoganza bari kumwe mu Bwami bwiwe bwo mw’ijuru gusa, ariko kandi yabutanze “ku bw’ubuzima bw’isi” y’abantu bashobora gucungurwa. “Nihagira uwurya kuri uwo mukate,” ni ukuvuga, akizera ububasha bwo gucungura bw’inkuka ya Yezu, azoshobora kuronka ubuzima budahera. Nkako, iyo mvugo Yezu yakoresheje ngo ‘kubaho ibihe bidahera’ yarimwo n’icizigiro Abayuda bari bafise kuva kera na rindi co kuzoba kw’isi ibihe bidahera mu gihe c’ingoma azoba arongoye ari Mesiya.

12. Yezu yariko yerekeza ku cizigiro ikihe igihe yabwira abamurwanya ko ‘azoha ubuzima budahera intama ziwe’?

12 Haciye igihe, ku Musi mukuru w’Iyegura wabereye i Yeruzalemu, Yezu yabwiye abamurwanya ati: “Ntimwemera, kuko mutari abo mu ntama zanje. Intama zanje zirumviriza ijwi ryanje, nanje ndazizi kandi zirankurikira. Nanje ndaziha ubuzima budahera.” (Yoh. 10:26-28) Yezu yoba yariko avuga gusa ibijanye n’ubuzima bwo mw’ijuru, canke yoba yari afise kandi mu muzirikanyi ibijanye n’ubuzima bw’ibihe bidahera mw’isi izoba yahindutse Iparadizo? Yezu yari aherutse guhumuriza abayoboke biwe ati: “Ntimutinye, mwa busho buto, kuko So yashimye kubaha ubwami.” (Luka 12:32) Ariko rero, kuri uwo Musi mukuru nyene w’Iyegura, Yezu yavuze kandi ati: “Ndafise izindi ntama, zitari izo muri uru ruhongore; izo na zo nyene ntegerezwa kuzizana.” (Yoh. 10:16) Ku bw’ivyo, igihe Yezu yavugana n’abamurwanya, amajambo yavuze yarimwo icizigiro co kuba mw’ijuru gihabwa abagize “ubusho buto” be n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera gihabwa abantu amamiliyoni bagize “izindi ntama.”

Icizigiro bitari ngombwa ko gisigurwa

13. Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ati: “Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo”?

13 Igihe Yezu yari afise agahinda kenshi ari ku giti co gusinzikarizwako, yaremeje bimwe bidasubirwamwo icizigiro abantu bafise. Inkozi y’ikibi imwe yari imanitswe iruhande yiwe yavuze ati: “Yezu, urazonyibuka niwashika mu bwami bwawe.” Yezu yamusezeraniye ati: “Ni ukuri ndabikubwiye uno musi: Uzoba uri kumwe nanje muri Paradizo.” (Luka 23:42, 43) Kubera ko bigaragara yuko uwo mugabo yari Umuyuda, ntiyari akeneye gusigurwa ibijanye n’Iparadizo. Yari azi ibijanye n’icizigiro co kuzoba kw’isi ibihe bidahera.

14. (a) Ni igiki cerekana ko intumwa vyazigoye gutahura amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’icizigiro co kuja mw’ijuru? (b) Ni ryari abayoboke ba Yezu batahuye neza ibijanye n’icizigiro co kuja mw’ijuru?

14 Ariko rero, vyari ngombwa ko amajambo Yezu yavuze ku bijanye n’icizigiro co kuba mw’ijuru asigurwa. Igihe yabwira abigishwa biwe ibijanye n’uko agiye mw’ijuru kubategurira ikibanza, ntibatahuye ico yashaka kuvuga. (Soma Yohani 14:2-5.) Mu nyuma yababwiye ati: “Ndacafise ibintu vyinshi vyo kubabwira, mugabo ntimushobora kuvyihanganira ubu. Ariko rero, uwo niyashika, ya mpwemu y’ukuri, azobarongora mu kuri kwose.” (Yoh. 16:12, 13) Inyuma ya Pentekoti yo mu 33 G.C., igihe abayoboke ba Yezu barobanurwa n’impwemu y’Imana kugira ngo bazobe abami, ni ho batahura neza ko intebe zabo z’ubwami zobaye ziri mw’ijuru. (1 Kor. 15:49; Kol. 1:5; 1 Pet. 1:3, 4) Icizigiro co kuronka intoranwa mw’ijuru cari gihishuwe, kandi ni co amakete yahumetswe yo mu Vyanditswe vy’ikigiriki yibanzeko cane. Ariko none ayo makete yoba asubira kwemeza icizigiro c’uko abantu bazoba kw’isi ibihe bidahera?

Amakete yahumetswe avuga iki?

15, 16. Ikete ryahumetswe ryo ku Baheburayo be n’amajambo Petero yanditse vyerekeza gute ku cizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

15 Mw’ikete ryiwe ryo ku Baheburayo, intumwa Paulo yabwiye abo bari basangiye ukwizera ko ari “abavukanyi beranda, abasangiye uguhamagarirwa ijuru.” Yamara rero, yaravuze kandi ko Imana yari yahaye Yezu “isi izoza” ngo ayiganze. (Heb. 2:3, 5; 3:1) Mu Vyanditswe vy’ikigiriki, ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango [canke “ijambo ry’ikigiriki”] ryahinduwe ngo “isi izoza” ryama nantaryo ryerekeza kw’isi ibako abantu. Ku bw’ivyo, iyo “si izoza” isobanura ukuntu ibintu bizoba bimeze kw’isi mu gihe c’ubutegetsi bwa Yezu Kristu. Yezu azoheza ashitse umuhango w’Imana ugira uti: “Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[yi]bemw’ibihe bidashira.”​—Zab. 37:29.

16 Intumwa Petero na we nyene yarahumekewe kwandika ibijanye na kazoza k’abantu. Yanditse ati: “Amajuru n’isi biriho ubu birundanirijwe umuriro, kandi bibitswe ku bw’umusi w’urubanza n’uw’ugutikizwa kw’abantu batibanga Imana.” (2 Pet. 3:7) Ni ibiki bizosubirira ayo majuru ari zo ntwaro z’abantu be n’ikibano c’abantu kibi biriho ubu? (Soma 2 Petero 3:13.) Bizosubirirwa n’“ijuru rishasha,” ni ukuvuga Ubwami bw’Imana burongowe na Mesiya, be n’“isi nshasha,” ni ukuvuga ikibano c’abantu kigororotse kigizwe n’abasavyi b’Imana b’ukuri.

17. Icizigiro abantu bafise kidondorwa gute mu Vyahishuwe 21:1-4?

17 Turakorwa ku mutima n’amayerekwa dusanga mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya yerekana ingene abantu bazofashwa bagashika ku kuba abatunganye. (Soma Ivyahishuwe 21:1-4.) Ivyo vyamye nantaryo ari co cizigiro c’abantu bizera kuva aho umuntu wa mbere abereye umunyagasembwa mw’itongo ry’i Edeni. Abagororotsi bazoba kw’isi izoba yabaye Iparadizo batigera basaza. Ico cizigiro kirashigikirwa mu buryo bukomeye n’Ivyanditswe vy’igiheburayo be n’Ivyanditswe vy’ikigiriki, kandi n’ubu kiracabandanya gukomeza abasavyi ba Yehova b’abizigirwa.​—Ivyah. 22:1, 2.

Woshobora kubisigura?

• Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ngo “kwa kurema busha”?

• Yezu yabwiye Nikodemu ibijanye n’iki?

• Ni umuhango uwuhe Yezu yahaye inkozi y’ikibi yari imanitswe iruhande yiwe?

• Ikete ryo ku Baheburayo be n’amajambo Petero yanditse vyemeza gute ibijanye n’icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Abantu bameze nk’intama bazoronka ubuzima budahera ng’aha kw’isi

[Amafoto ku rup. 10]

Yezu yarabwiye abandi bantu ibijanye no kubaho ibihe bidahera