Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana”

“Mwigumize mu rukundo rw’Imana, mu gihe murindiriye imbabazi z’Umukama wacu Yezu Kristu ku bw’ubuzima budahera.”​—YUDA 21.

1, 2. Yehova yagaragaje gute ko adukunda, kandi tumenya gute ko atatugumiza mu rukundo rwiwe vyanse bikunze?

 YEHOVA IMANA yaratugaragarije urukundo mu buryo bwinshi cane. Ariko, nta gukeka ko ikintu gihambaye cane kidukura amazinda yuko Yehova adukunda ari ya nkuka y’incungu yatanze. Urukundo akunda abantu ni rwinshi cane ku buryo yarungitse Umwana wiwe mukundwa ng’aha kw’isi kugira ngo apfe ku bwacu. (Yoh. 3:16) Ivyo Yehova yabigize kubera ko ashaka yuko tubaho ibihe bidahera, kandi akaba ashaka ko twungukira ku rukundo rwiwe ibihe bidahera!

2 Ariko none twoba dushobora kuvuga yuko Yehova azotegerezwa kutugumiza mu rukundo rwiwe naho twohitamwo gukora ico twigombeye cose? Habe namba! Kubera ko muri Yuda umurongo wa 21 haduhimiriza hati: “Mwigumize mu rukundo rw’Imana, mu gihe murindiriye imbabazi z’Umukama wacu Yezu Kristu ku bw’ubuzima budahera.” Iyo mvugo ngo “mwigumize mu rukundo rw’Imana” itanga iciyumviro c’uko hari ikintu dusabwa gukora. Ni igiki none dukeneye gukora kugira ngo tugume mu rukundo rw’Imana?

Dushobora gute kuguma mu rukundo rw’Imana?

3. Ni igiki Yezu yavuze ko cari gihambaye kuri we cotumye aguma mu rukundo rwa Se wiwe?

3 Inyishu y’ico kibazo tuyisanga mu majambo Yezu ubwiwe yavuze mw’ijoro rya nyuma yamaze ng’aha kw’isi. Yavuze ati: “Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.” (Yoh. 15:10) Bigaragara ko Yezu yabona yuko kwitondera amategeko ya Yehova cari ikintu gihambaye cotumye agumana ubucuti bwiza na Se wiwe. Niba rero ukwo ari ko wa Mwana w’Imana atagira agasembwa yabibona, si ko natwe none twari dukwiye kubibona?

4, 5. (a) Ni uburyo nyamukuru ubuhe twogaragarizamwo ko dukunda Yehova? (b) Ni kubera iki ata mvo n’imwe ihari yotuma twanka kugamburuka amabwirizwa ya Yehova?

4 Kugamburukira Yehova ni co kintu nyamukuru kigaragaza ko tumukunda. Ivyo intumwa Yohani yabiseruye muri ubu buryo ati: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko dukurikiza amabwirizwa yayo; yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” (1 Yoh. 5:3) Ikizwi coco, ni uko ivy’ukugamburuka bitama nantaryo bikundwa na benshi mw’isi ya kino gihe. Ariko urabona ko rirya ryungane rigira riti: “Yamara amabwirizwa yayo si umuzigo.” Yehova ntadusaba gukora ibintu tudashobora.

5 Reka tubitangire akarorero: Woba wosaba uwo ukunda ngo aterure ikintu usanzwe uzi ko atoshobora guterura kubera yuko kiremereye cane? Nawe nu nta vyo wokwubahuka! Yehova umugereranije na twebwe usanga ameze neza rwose kandi aratahura aho tugeza kuruta uko twebwe twobitahura. Bibiliya iradusubiriza umutima mu nda yuko Yehova ‘yibuka ko turi umukungugu.’ (Zab. 103:14) Ntiyokwigera adusaba ibiruta ivyo dushobora gukora. Ku bw’ivyo, nta mvo n’imwe ihari yotuma twanka kugamburuka amabwirizwa ya Yehova. Ahubwo riho, turatahura ko kugamburuka ari akaryo keza igitangaza ko kwereka Data wa twese wo mw’ijuru yuko tumukunda vy’ukuri kandi ko dushaka kuguma mu rukundo rwiwe.

Ingabirano idasanzwe iva kuri Yehova

6, 7. (a) Ijwi ryo mu mutima ni iki? (b) Tanga akarorero kerekana ingene ijwi ryo mu mutima rishobora kudufasha kuguma mu rukundo rw’Imana.

6 Muri iyi si igoye tubayemwo, usanga ari ngombwa ko dufata ingingo nyinshi zijanye n’ukugamburukira Imana kwacu. None, dushobora gute kwemera tudakeka ko ingingo dufata ziba zihuje n’ivyo Imana igomba? Yehova yaraduhaye ingabirano ishobora kudufasha cane mu bijanye n’ukugamburuka. Iyo ngabirano ni ijwi ryo mu mutima. None ijwi ryo mu mutima ni iki? Ni uburyo budasanzwe bwo kwimenya abo turi. Rikora nk’umucamanza ari imbere muri twebwe, rikadushoboza gusuzuma neza amahitamwo dusabwa kugira mu buzima canke kuzirikana ku vyo tumaze gukora, maze tukihweza niba ayo mahitamwo twagize canke ivyo twakoze ari vyiza canke ari bibi, ko bibereye kibure bitabereye.​—Soma Abaroma 2:14, 15.

7 None ni gute twokoresha neza ijwi ryo mu mutima? Rimbura aka karorero. Umukerarugendo ariko araca mu bugaragwa amahero. Nta mayira, nta mabarabara, eka nta n’ivyapa biyobora umuntu bihari. Yamara rero, nya muntu arabandanije urugendo rwiwe ata kuzimira, agana iyo ariko araja. None ivyo abishobora gute? Arafise akuma bita rugenimpande. Ako kuma kameze nk’isaha y’urushinge, kakaba kariko ivyandiko vya za mpande zine nyamukuru z’isi kandi gafise urushinge rukozwe mw’isumaku ruguma rwerekana mu Buraruko ata kwihenda. Hamwe uwo mukerarugendo yoba adafise ako kuma, yoca azimira ubutakigaruka. Muri ubwo buryo nyene, hamwe umuntu yoba adafise ijwi ryo mu mutima, wosanga akenshi atakaye ubutakigaruka igihe yoba ariko aragerageza kugira amahitamwo ajanye n’inyifato runtu, ajanye n’ikibereye be n’ikitabereye mu buzima.

8, 9. (a) Ni kubera iki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi ko ijwi ryacu ryo mu mutima riri n’aho rigarukira? (b) Twokora iki kugira ngo twiyemeze neza ko ijwi ryacu ryo mu mutima ari ngirakimazi vy’ukuri kuri twebwe?

8 Yamara rero, cokimwe n’ako kuma rugenimpande, ijwi ryo mu mutima rirafise aho rigarukira. Nka hamwe uwo mukerarugendo yoshira isumaku hafi y’ako kuma kiwe, urushinge rwako rwoshobora kuburabuzwa ntirube rucerekana mu Buraruko. Muri ubwo buryo nyene, nka hamwe tworeka ivyipfuzo vy’umutima wacu bikaba ari vyo twisunga mu gufata ingingo, none vyoca bigenda gute? Impengamiro zacu z’ubwikunzi zoshobora gutuma ijwi ryo mu mutima rituyovya. Bibiliya itugabisha yuko “umutima [wi]besha kuruta ibindi vyose, [ko] urwaye indwara itavūrwa.” (Yer. 17:9; Imig. 4:23) N’ikindi kandi, hamwe uwo mukerarugendo yoba adafise ikarata ndondabihugu y’ukuri kandi yo kwizigirwa, ka kuma rugenimpande kiwe nta kintu kinini komufasha, canke na ho ugasanga nta n’ico kamufasha. Muri ubwo buryo nyene, nka hamwe tutokwisunga ubuyobozi bwo kwizigirwa kandi budahinduka bwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya, ijwi ryacu ryo mu mutima ryosigara ari nk’aho ata co ritumariye. (Zab. 119:105) Ikibabaje, abantu benshi muri iyi si bashira imbere ivyipfuzo vy’umutima wabo, ariko ugasanga bitwararika buhoro canke ntibitwararika namba ingingo mfatirwako ziri mw’Ijambo ry’Imana. (Soma Abanyefeso 4:17-19.) Ni co gituma abantu benshi, naho bafise ijwi ryo mu mutima, bakora ibintu vy’agahomerabunwa.​—1 Tim. 4:2.

9 Turakwiye kwiyemeza kutigera tumera nk’abo bantu. Ahubwo riho, nimuze tugume twiyemeje kureka Ijambo ry’Imana ritwigishe kandi rimenyereze ijwi ryacu ryo mu mutima kugira ngo rishobore kutubera ngirakamaro vy’ukuri. Turakwiye kwumvira ijwi ryacu ryo mu mutima ryamenyerejwe na Bibiliya, aho kureka ngo rirengerwe n’impengamiro zacu z’ubwikunzi. Muri ico gihe nyene, turakwiye kugerageza kwubahiriza amajwi yo mu mutima y’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu twikundira. Ntako tutagira kugira ngo twirinde kubatsitaza, tukagumiza ku muzirikanyi yuko ijwi ryabo ryo mu mutima ryoshobora guca rigira ico rikoze bitagoranye canke rikaba rifise ibintu vyinshi ribabuza kurusha iryacu.​—1 Kor. 8:12; 2 Kor. 4:2; 1 Pet. 3:16.

10. Ni imice itatu iyihe y’ubuzima tugiye guca irya n’ino?

10 Reka ubu na ho turimbure imice itatu y’ubuzima dushobora kwerekanamwo ko dukunda Yehova biciye ku kugamburuka. Ego ni ko, ijwi ryo mu mutima riragira ico rikoze muri umwumwe muri iyo mice, ariko imbere ya vyose, rirakeneye kubanza kuyoborwa n’ingingo mfatirwako zahumetswe zo muri Bibiliya zigenga inyifato. Uburyo butatu tugaragazamwo ko tugamburukira Yehova tubitumwe n’urukundo ni ubu: (1) Turakunda abo Yehova akunda, (2) turubaha ubukuru, (3) turihatira kuguma tudahumanye mu nyonga z’Imana.

Dukunde abo Yehova akunda

11. Ni kubera iki dukwiye gukunda abo Yehova akunda?

11 Ubwa mbere, dutegerezwa gukunda abo Yehova akunda. Ku bijanye n’abagenzi, hari ukuntu abantu tumeze nk’ikinyuko. Nkako, nka kurya nyene ikinyuko gikunze gutekera ivyo baba bakijobetsemwo, ni ko na twebwe dufise impengamiro yo kwandukirwa n’ikintu cose kidukikuje. Umuremyi wacu arazi neza ingene abagenzi bashobora guta mu kaga abantu b’abanyagasembwa canke bakababera kirumara. Ni co gituma aturonsa ino mpanuro iranga ubukerebutsi igira iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomereka.” (Imig. 13:20; 1 Kor. 15:33) Nta n’umwe muri twebwe yipfuza ‘gukomereka.’ Umwe wese muri twebwe ashaka ‘kugira ubwenge,’ canke kuba inkerebutsi. Nta muntu n’umwe ashobora gutuma Yehova aba inkerebutsi kuruta ukwo asanzwe ari, canke ngo amuyovye. Ariko rero, araduha akarorero keza igitangaza ku bijanye no guhitamwo abagenzi. Zirikana kuri iki kibazo: Mbega ni abantu b’abanyagasembwa bameze gute Yehova ahitamwo ngo bamubere abagenzi?

12. Ni abantu bameze gute Yehova ahitamwo ngo bamubere abagenzi?

12 Umwe sekuruza w’imiryango Aburahamu, Yehova yamwita ‘umukunzi wiwe.’ (Yes. 41:8) Uwo mugabo yari uwudasanzwe mu bijanye no kuba umwizigirwa, umugororotsi no kugamburuka, ivyo bikaba bisobanura ko yari afise ukwizera. (Yak. 2:21-23) Abagenzi mwene abo ni bo Yehova ahitamwo. No muri kino gihe, akunda abantu nk’abo. Niba Yehova ahitamwo abagenzi mwene abo, ntibirushiriza kuba ibihambaye ko na twebwe duhitamwo neza abagenzi, tukagendana n’inkerebutsi maze natwe tukabona kuba inkerebutsi?

13. Ku bijanye n’uguhitamwo abagenzi, ni igiki codufasha guhitamwo abagenzi beza?

13 Ni igiki gishobora kudufasha guhitamwo abagenzi beza? Gusuzuma uburorero bwo muri Bibiliya birashobora kutugirira akamaro. Rimbura ubugenzi bwari hagati ya Rusi na inabukwe Nawomi, hagati ya Dawidi na Yonatani, canke ubwari hagati ya Timoteyo na Paulo. (Rusi 1:16, 17; 1 Sam. 23:16-18; Flp. 2:19-22) Ubwo bugenzi bwose bwari buhuriye ku kintu kimwe, na co kikaba ari uko bwari bushingiye ku rukundo nyakuri bakunda Yehova. Woba ushobora kuronka abagenzi bakunda cane Yehova nk’uko umukunda? Numenye neza ko mw’ishengero rya gikirisu ari ho ushobora kwironkera abagenzi benshi nk’abo. Mwene abo bagenzi ntibazotuma ukomereka mu buryo bw’impwemu. Ahubwo nyabuna, bazogufasha kugamburukira Yehova, gukura mu vy’impwemu no kubiba ku bw’impwemu. (Soma Abagalatiya 6:7, 8.) Bazogufasha kuguma mu rukundo rw’Imana.

Kwubaha ubukuru

14. Ni ibintu ibihe akenshi bituma kwubaha ubukuru bitugora?

14 Uburyo bugira kabiri dushobora kugaragazamwo urukundo dukunda Yehova, ni ubujanye n’ubukuru. Dutegerezwa kwubaha ubukuru. Ni kubera iki none hari igihe usanga ivyo bitugora? Kimwe coco ni uko abantu bafise ubukuru ari abanyagasembwa. Vyongeye, na twebwe ubwacu turi abanyagasembwa. Tuguma tunyinyana n’impengamiro mvukanwa yo kugarariza.

15, 16. (a) Ni kubera iki bihambaye ko twubaha abo Yehova yajeje ibanga ryo kwitwararika abasavyi biwe? (b) Ni icigwa gihambaye ikihe dukura ku kuntu Yehova yavyakiriye igihe Abisirayeli bagarariza Musa?

15 Woshobora rero kwibaza uti: ‘Niba kwubaha abatuganza bitubera urugamba, ni kubera iki none dukeneye kubigira?’ Inyishu y’ico kibazo ijanye na ca kibazo c’ubusegaba. Ni nde none uzohitamwo ngo akubere segaba, ni ukuvuga umutegetsi wawe? Niba duhisemwo Yehova atubere Segaba, turakeneye kwubaha ubukuru bwiwe. Nitutabigira, wumva vy’ukuri twovuga ko ari Umutegetsi wacu? N’ikindi kandi, Yehova akunze gukoresha ubukuru bwiwe abicishije ku bantu b’abanyagasembwa azeza amabanga yo kwitwararika abasavyi biwe. Hamwe twobagarariza, mbega Yehova yobona gute ivyo dukora?​—Soma 1 Abanyatesalonika 5:12, 13.

16 Nk’akarorero, igihe Abisirayeli bidodombera Musa bakongera bakamugarariza, Yehova yabonye ko ari we ubwiwe bagararije. (Guh. 14:26, 27) Imana ntiyahindutse. Nka hamwe twogarariza abo yahaye ubukuru, ni we twoba turiko turagarariza!

17. Ni agatima kabereye akahe dukwiye kwihatira gutsimbataza ku bijanye n’abafise ubukuru mw’ishengero rya gikirisu?

17 Intumwa Paulo araserura agatima kabereye dukwiye gutsimbataza ku bijanye n’abafise amabanga mw’ishengero rya gikirisu. Yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke, kuko baguma barinze ubuzima bwanyu nk’abazogira ico babazwa; kugira ngo ivyo babikorane akanyamuneza, bataniha, kuko ivyo vyogirira nabi mwebwe.” (Heb. 13:17) Ego ni ko bisaba akigoro gakomeye kugira ngo dutsimbataze ako gatima ko kugamburuka no kuyoboka. Ariko, turibuka yuko turiko twita ku rutare kugira ngo tugume mu rukundo rw’Imana. Ntibibereye none ko dukora uko dushoboye kwose kugira ngo dushike kuri iyo ntumbero?

Kuguma tudahumanye mu nyonga za Yehova

18. Ni kubera iki Yehova ashaka ko tuguma tudahumanye?

18 Uburyo bugira gatatu tugaragazamwo ko dukunda Yehova ni mu kwihatira kuguma tudahumanye mu nyonga ziwe. Abavyeyi usanga bakora bagatama kugira ngo biyemeze neza ko abana babo baguma basukuye. Uti kubera iki? Kimwe coco isuku ni ntahara kugira ngo umwana agire amagara meza yongere amererwe neza. Ikindi na co, umwana asukuye aratuma umuryango wiwe uvugwa neza, bikongera bikerekana ko abavyeyi biwe bamukunda kandi bamwitwararika. Kubera imvo nk’izo nyene, Yehova ashaka ko tuba abasukuye. Arazi ko isuku ari ntahara kugira ngo tumererwe neza. Uwo Data wa twese wo mw’ijuru arazi kandi ko kuba dusukuye bigira ico bihishuye ku bimwerekeye. Ivyo birahambaye cane kubera yuko abantu bashobora gukwegerwa ku Mana dusukurira bivanye n’uko biboneye ingene dutandukanye n’isinzi ry’abantu bo muri iyi si yanduye.

19. Tumenya gute ko isuku ryo ku mubiri rihambaye?

19 Ni mu mice iyihe dukeneye kuguma tudahumanye? Mu vy’ukuri, ni mu mice yose y’ubuzima bwacu. Muri Isirayeli ya kera, Yehova yaratomoreye abasavyi biwe ko isuku ryo ku mubiri ryari ntahara. (Lew. 15:31) Rya Tegeko rya Musa ryaravuga n’ibijanye no kuzika umwanda, kwoza ivyombo, gukaraba iminwe, kwoza ibirenge no kumesura impuzu. (Kuv. 30:17-21; Lew. 11:32; Guh. 19:17-20; Gus. 23:13, 14) Abisirayeli bama bibutswa ko Imana yabo Yehova ari nyeranda, bino bikaba bisobanura ko “idahumanye” kandi “itanduye.” Abasavyi b’Imana nyeranda barakeneye na bonyene kuba beranda.​—Soma Abalewi 11:44, 45.

20. Ni mu mice iyihe dukeneye kuguma tudahumanye?

20 Turakeneye rero kuba abadahumanye mu mutima cokimwe no ku mubiri. Turihatira kuguma dufise ivyiyumviro bidahumanye. Turumira tudahemuka ku ngingo mfatirwako za Yehova zijanye n’ukudahumana mu nyifato runtu, naho isi idukikije yononekaye cane mu vy’igitsina. N’igihimbaye kuruta, turihatira kuguma tudahumanye mu bijanye n’ugusenga kwacu, tukirinda kwanduzwa n’ikintu cose kiva mw’idini ry’ikinyoma. Turagumiza ku muzirikanyi ingabisho yahumetswe dusanga muri Yesaya 52:11 igira iti: “Ni mugende, ni mugende, muveyo; ntimugakore ku kintu gihumanya na kimwe; muve hagati yaho; [“mugume mudahumanye,” NW].” Muri iki gihe, tuguma tudahumanye mu vy’impwemu mu kwirinda gukora mbere no ku kintu Data wa twese wo mw’ijuru abona ko gihumanye mu bijanye no gusenga. Ni co gituma nk’akarorero, twiyubara ngo ntiduhimbaze imisi mikuru y’idini ry’ikinyoma be n’imisi mikuru ikundwa na benshi mw’isi ya kino gihe. Mu vy’ukuri, kuguma udahumanye ni urugamba. Ariko rero, abasavyi ba Yehova barihatira kubigira kubera yuko bibafasha kuguma mu rukundo rw’Imana.

21. Dushobora gute guhera amazinda ko tuzoguma mu rukundo rw’Imana?

21 Yehova ashaka ko tuguma mu rukundo rwiwe ibihe bidahera. Ariko, umwe wese muri twebwe arakeneye kwiyemeza neza ko akora uko ashoboye kwose kugira ngo agume mu rukundo rw’Imana. Ivyo dushobora kubigira mu gukurikiza akarorero ka Yezu no mu kugaragaza ko dukunda Yehova biciye ku kugamburuka amabwirizwa yiwe. Nimba tubigenza gutyo, turashobora guhera amazinda yuko ata kintu na kimwe “kizoshobora kudutandukanya n’urukundo rw’Imana ruri muri Kristu Yezu Umukama wacu.”​—Rom. 8:38, 39.

Woba uvyibuka?

• Ijwi ryacu ryo mu mutima rishobora gute kudufasha kuguma mu rukundo rw’Imana?

• Ni kubera iki dukwiye gukunda abo Yehova akunda?

• Ni kubera iki ari ntahara ko twubaha ubukuru?

• Ni kubera ki bihambaye ko abasavyi b’Imana baguma badahumanye?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Uruzitiro ku rup. 20]

Igitabu kidufasha gutsimbataza ingeso nziza

Mu gihe c’ihwaniro ry’intara ryo mu mwaka wa 2008 ushira uwa 2009, harasohowe igitabu c’impapuro 224 kivuga ngo “Mwigumize mu rukundo rw’Imana.” None intumbero y’ico gitabu gishasha ni iyihe? Ico gitabu kigenewe gufasha abakirisu kumenya ingingo mfatirwako za Yehova no kuzikunda, kikaba cibanda canecane ku nyifato ya gikirisu. Kwiga ico gitabu “Mwigumize mu rukundo rw’Imana” twitonze, bizokomeza cane ukujijuka dufise ku bijanye n’uko kubaho twisunga ingingo mfatirwako za Yehova ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwo kubaho muri iki gihe kandi buzodushikana ku buzima budahera.

Turetse ivyo, ico gitabu kigenewe kudufasha kubona ko kugamburukira Yehova atari umuzigo. Ahubwo riho, ni uburyo bwo kwereka Yehova ingene urwo tumukunda rungana. Ku bw’ivyo, ico gitabu kirashobora gutuma umwe wese muri twebwe yibaza ati: ‘Ni kubera iki ngamburukira Yehova?’

Igihe abantu bamwebamwe baguye mw’ikosa rikomeye ryo kuva mu rukundo rwa Yehova, akenshi usanga ingorane yabitumye atari iyijanye n’inyigisho, ariko ari iyijanye n’inyifato. Ese ukuntu rero bihambaye cane ko dukomeza urukundo be n’ugukenguruka dufitiye amategeko ya Yehova n’ingingo ngenderwako ziwe bituyobora mu buzima bwacu bwa buri musi! Turizigiye ko ico gitabu gishasha kizofasha intama za Yehova zo kw’isi yose kuguma zumiye ku ciza, kwerekana ko Shetani ari umubeshi, n’ikiruta vyose, kikazozifasha kuguma mu rukundo rw’Imana!​—Yuda 21.

[Ifoto ku rup. 18]

“Nimwakurikiza amabwirizwa yanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk’uko nanje nakurikije amabwirizwa ya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe”