Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’

‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’

‘Yehova yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo’

MU MASO h’umuntu hari udutsi turenga 30. Kugira gusa umwenyure bisaba ko udutsi 14 dukorera hamwe! Iyumvire ukuntu ibiyago vyawe vyomera hamwe utoba ufise utwo dutsi. Mbega vyoryoha? Uwokubesha. Ariko rero, ku bantu b’ibipfamatwi, usanga hari n’ibindi vyinshi utwo dutsi two mu maso dukora uretse kuryosha ibiyago. Igihe umuntu akoresheje utwo dutsi hamwe n’ibimenyetso vy’umubiri, bica biba uburyo bukomeye bwo guserura amajambo n’ivyiyumviro. Abantu benshi baribajije ingene ururimi rw’ibimenyetso rushobora gutuma umuntu aserura ivyiyumviro vyinshi cane be n’akantu kose k’ido n’ido kajanye n’insobanuro yavyo.

Mu bihe biheze, abantu b’ibipfamatwi bo hirya no hino kw’isi bariboneye mu maso harusha ah’abantu bose kugaragaza inyiyumvo n’ubwiza. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, bariboneye mu ‘maso ha Yehova.’ (Int. 2:19, NW) Ivyo ntivyapfuye kwizana. Yehova aramaze igihe kitari gito agaragariza urukundo rugera kure abantu b’ibipfamatwi. Ivyo yaranabigize kera cane mw’ihanga rya Isirayeli ya kera. (Lew. 19:14) No muri ibi bihe vya none, vyaribonekeje cane ko akunda abantu b’ibipfamatwi. Bibiliya ivuga iti: “[Imana i]gomba ko abantu b’uburyo bwose bakizwa bagashika ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye ukuri.” (1 Tim. 2:4) Biciye ku kwironsa ubumenyi butagira amakosa bw’ukuri kwerekeye Imana, abantu benshi b’ibipfamatwi ni nk’aho biboneye mu maso hayo. None ivyo babishitseko gute kandi badashobora kwumva? Imbere y’uko turonka inyishu y’ico kibazo, reka tubanze turimbure igituma ururimi rw’ibimenyetso ruhambaye ku bantu b’ibipfamatwi.

Bumva biciye ku vyo babona

Hariho ivyiyumviro vyinshi bitari vyo ku bijanye n’abantu b’ibipfamatwi be n’ururimi rw’ibimenyetso. Reka dushire ahabona ibintu bimwebimwe biberekeye. Abantu b’ibipfamatwi bashobora gutwara umuduga. Birabagora cane gutahura ico umuntu yoba avuze barabiye ku minwa yiwe. Ururimi rw’ibimenyetso nta ho rusa rusana n’inyuguti z’impumyi, kandi si ibimenyetso umuntu apfa kwigirira. Nta rurimi rw’ibimenyetso ruriho rwoshobora gukoreshwa kw’isi yose. N’ikindi kandi, abantu b’ibipfamatwi bo mu karere kanaka usanga bisangije uburyo bwabo bwo kugira ibimenyetso.

None abantu b’ibipfamatwi boba bashobora gusoma? Naho hariho abashobora gusoma neza, ikizwi coco ni uko abenshi usanga gusoma bibabera urugamba. Uti kubera iki? Ni uko ibiba vyanditse biba vyavuye mu rurimi ruvugwa. Raba ukuntu umwana afise ubushobozi bwo kwumva yiga ururimi. Kuva uwo mwana ikivuka, aba akikujwe n’abantu bavuga ururimi rw’aho aba ari. Haciye igihe gitoyi, usanga ashoboye guterateranya amajambo atandukanye maze akayakuramwo amungane. Ivyo bitumwa n’uko uwo mwana yumva urwo rurimi bavuga. Ku bw’ivyo rero, igihe wumvise abana batanguye gusoma, baba bariko bariga guhuza inyandiko n’amajwi be n’amajambo baba bamaze kumenya.

Ubu na ho, niwihe ishusho uri mu kindi gihugu mu cumba gikozwe mu biyo ku buryo udashobora kwumva amajwi yo hanze. Nturigera wumva umuntu n’umwe ariko aravuga ururimi rw’aho hantu. Buri musi, abantu baho bama baza aho uri maze bakagerageza kukuvugisha bacishije muri nya biyo. Ntushobora kwumva ivyo bavuga. Uguma gusa ubona ingene bakomanga iminwa yabo. Bamaze kubona ko udatahura ivyo bariko baravuga, baciye bandika ku rupapuro ya majambo nyene bavuga maze bakakwerekera muri nya biyo ivyo banditse. Biyumvira ko uza gushobora kubitahura. Wewe wibaza ko wokora iki? Hari aho wosanga guhanahana amakuru n’abo bantu bisa n’ibidashoboka Uti kubera iki? Ni uko birya banditse ari rwa rurimi nyene utarigera wumva ruvugwa. Iyo ni yo ngorane neza na neza abantu b’ibipfamatwi benshi bagira ku bijanye no gusoma.

Ururimi rw’ibimenyetso ni uburyo bwiza abantu b’ibipfamatwi bakoresha mu guhanahana amakuru. Umuntu aragirira ibimenyetso mu kirere mu kuza aravyerekeza irya n’ino kugira ngo aserure ivyiyumviro. Ibimenyetso agira akoresheje ibihimba vyiwe vy’umubiri be n’inyiyumvo agaragariza mu maso hiwe, bigenda vyisunga amategeko agenga indimburo y’ururimi rw’ibimenyetso. Ivyo bica bituma haboneka ururimi rushobora kubonwa n’amaso rutuma uwo muntu ashikiriza abandi amakuru akoresheje ivyo babona.

Tuvugishije ukuri, ibimenyetso nka vyose umuntu w’igipfamatwi agira akoresheje amaboko yiwe, umutumba wiwe be no mu maso hiwe birafise ico bisobanura. Ibimenyetso vyo mu maso ntapfa kubigira kugira ngo atangaze abantu. Ni ibintu nyamukuru bigize indimburo y’ururimi rw’ibimenyetso. Reka tubitangire akarorero: Igihe abajije ikibazo adugije ingohe, ivyo vyoshobora kuba vyerekana ko abajije mwene vya bibazo bituma umuntu azirikana kibure bisaba ko yishura ego canke oya. Mu gihe na ho nya ngohe azimanuye, vyoshobora kuba vyerekana ko abajije mwene vya bibazo umuntu abaza ngo “ni nde?,” “ni igiki?,” “hehe?,” “ryari?,” “ni kubera iki?” canke “gute?” Ibimenyetso bimwebimwe agira akoresheje umunwa vyoshobora kwerekana ukuntu ikintu kingana canke inguvu igikorwa kinaka gisaba. Ukuntu umuntu w’igipfamatwi aza arazungagiza umutwe, aduza ibitugu, anyiganza amatama be n’ukuntu aza arakanura amaso yongera ahumiriza, vyose biragira ico biterereye ku nsobanuro idashoka yibonekeza y’iciyumviro kiba kiriko kirashikirizwa.

Ivyo bimenyetso vy’umubiri birafasha uwuba ariko arabiraba gutahura mu buryo buhimbaye amakuru aba ariko arashikirizwa. Mu gukoresha ubwo buryo butandukanye bwo gushikiriza amakuru, abantu b’ibipfamatwi bazi neza ururimi rw’ibimenyetso usanga bashoboye gushikiriza iciyumviro ico ari co cose, uhereye ku majambo ndyoshamvugo ugashika ku mvugo zihanitse, uhereye ku nyiyumvo z’ivy’urukundo ugashika ku mvugo zo gutwenza canke uhereye ku bintu biboneka ugashika ku bitabonwa n’amaso.

Ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso biragira ico bikoze

Igihe ubumenyi bwerekeye Yehova bushikirijwe mu rurimi rw’ibimenyetso, biratuma ku bwa ngingo umuntu w’igipfamatwi ashobora kwumva ubutumwa dushikiriza maze ‘akizera’ Uwo ubwo butumwa bukomokako. Ku bw’ivyo, Ivyabona vya Yehova baragize akigoro gakomeye kugira ngo babwire inkuru nziza abantu b’ibipfamatwi bo hirya no hino kw’isi bongere babaronse ibisohokayandikiro. (Rom. 10:14) Muri iki gihe, hirya no hino kw’isi hari imigwi 58 ihindura ibisohokayandikiro mu rurimi rw’ibimenyetso, kandi ivyo bisohokayandikiro biraboneka mu ndimi 40 z’ibimenyetso zitandukanye ku tudisiki DVD. Hoba hari ivyiza ico gikorwa coba carashitseko?

Jeremy, uno akaba afise abavyeyi b’ibipfamatwi, avuga ati: “Ndibuka dawe amaze amasaha n’ayandi mu cumba ariko arasuzuma yitonze ingingo nkeyi gusa z’ikiganiro co mu Munara w’Inderetsi, agerageza kuzitahura. Ngize ntya, naje mbona asohotse avuye muri nya cumba maze ambwira aryohewe cane akoresheje ibimenyetso ati: ‘Nabitoye! Nabitoye!’ Yaciye atangura kunsigurira ico nya ngingo zasobanura. Ico gihe nari mfise imyaka 12 gusa. Naratereje amaso muri nya ngingo maze nca ndamubwira nkoresheje ibimenyetso nti: ‘Da, sinibaza ko ico ari co bisobanura. Bisobanura ko . . . ’ Yaragize ikimenyetso co kumbuza kubandanya kuvuga maze aca asubira mu cumba kugira ngo agerageze ubwiwe kumenya ico nya ngingo zisobanura. Sinzokwigera nibagira ukuntu mu maso hiwe hiraburaniwe kubera ugucika intege be n’ukuntu vyankoze ku mutima kubona yaciye asubira mu cumba. Ariko rero, ukuba aronka ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso biboneka ku tudisiki DVD, ubu biratuma arushiriza gutahura amayagwa ari muri vyo. Kubona ukuntu akamwemwe kamusya igihe aserura ingene yiyumva ku vyerekeye Yehova ni ikintu mpa agaciro cane.”

Raba kandi ivyashikiye Ivyabona babiri bubakanye bayaze na Jessenia, uno akaba ari umwigeme w’igipfamatwi wo muri Shili. Nyina wa Jessenia amaze kubemerera ko bamwereka akadisiki DVD karimwo Igitabu Canje c’Inkuru za Bibiliya mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Shili, bavuze bati: “Igihe Jessenia yatangura kuraba izo nkuru, yaratwenze hanyuma aca ararira. Igihe nyina wiwe yamubaza igituma yariko ararira, yishuye ko yabitumwe n’uko yashimye cane ivyo yariko araraba. Nyina yaciye abona ko uwo mukobwa wiwe yari yashoboye gutahura ibintu vyose biri kuri ako ka DVD.”

Umukenyezi umwe w’ibipfamatwi aba mu gihugu hagati muri Venezuwela yari afise umwana umwe, kandi akaba yari yibungenze uwugira kabiri. Kubera ko we n’umunega wiwe babona yuko batoshoboye kurera uwundi mwana bivuye ku ngorane z’ivy’ubutunzi, bariko biyumvira ivyo gukorora iyo mbanyi. Hari Ivyabona vya Yehova bagendeye uwo muryango, mugabo bakaba batari bazi ko uwo mukenyezi n’umunega wiwe bariko bariyumvira ibijanye no gukorora iyo mbanyi. Baraberetse icigwa ca 12 co muri ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? bakoresheje videwo yo mu rurimi rw’ibimenyetso rwo muri Venezuwela. Ico cigwa kirasigura ukuntu Imana ibona ugukorora inda n’ukwica. Mu nyuma, uwo mukenyezi yarabwiye nya Vyabona ukuntu yakengurutse cane kubona yarize ico cigwa. Yavuze ko ico cigwa catumye we n’umunega wiwe bafata ingingo yo kudakorora nya mbanyi. Emwe, igisohokayandikiro co mu rurimi rw’ibimenyetso casohowe kuri DVD caratumye ubuzima bw’umwana burokoka!

Lorraine, uno akaba ari Icabona w’igipfamatwi, asigura ati: “Kwiga Bibiliya nabona ko ari nk’ukwungikanya mu bwenge uduhimba tw’ikintu amahero kugira ngo ntore ishusho yaco. Vyarashika sinshoke mbona uduhimba tumwetumwe nokoresheje kugira ngo ntahure nya shusho yose uko iri. Ariko igihe ukuri kwo muri Bibiliya kwarushiriza kuboneka mu rurimi rw’ibimenyetso, nya duhimba ntashoka ntora twaciye tuboneka.” George, uno na we akaba ari igipfamatwi amaze imyaka 38 ari Icabona, avuga ati: “Ntawoharira ko igihe ufise ubushobozi bwo gutahura wewe ubwawe ikintu kinaka, bituma wumva ko ufise icubahiro kandi ko wiyizigira ku rugero runaka. Ndabona ko ibisohokayandikiro vyo mu rurimi rw’ibimenyetso bisohorwa kuri DVD vyagize ico bikoze gihambaye cane kugira ngo ntere imbere mu vy’impwemu.”

“Kwitaba ikoraniro mu rurimi rwanje!”

Uretse gusohora ibisohokayandikiro mu rurimi rw’ibimenyetso, Ivyabona vya Yehova baratunganije amashengero agira amakoraniro yose muri urwo rurimi. Muri iki gihe, hirya no hino kw’isi hari amashengero arenga 1.100 akoresha ururimi rw’ibimenyetso. Abantu b’ibipfamatwi bitaba ayo makoraniro usanga bayakurikira mu rurimi rwabo, kandi ukuri kwo muri Bibiliya usanga gushikirizwa mu buryo basanzwe biyumvira, ni ukuvuga mu rurimi bakoresha. Ukwo kuri gushikirizwa mu buryo bwubahiriza imico kama yaho baba be n’ibibashikira mu buzima.

Kubona harashinzwe amashengero akoresha ururimi rw’ibimenyetso vyoba vyarabaye ngirakamaro? Rimbura ivyerekeye Cyril, uno akaba mu 1955 ari ho yabatizwa akaba Icabona ca Yehova. Hari haciye imyaka itari mike agira uko ashoboye kwose kugira ngo yige ibisohokayandikiro vyanditse kandi akaba yaritaba amakoraniro ya gikirisu adahorereza. Rimwerimwe haraboneka abasobanura mu rurimi rw’ibimenyetso, ikindi gihe na ho ntibaboneke. Igihe ata wusobanura n’umwe yaba ahari, yariheka ku Vyabona bagenziwe bagerageza kumufasha babigiranye urukundo mu kwandika ivyaba biriko birashikirizwa ku mukiruruko. Mu 1989, igihe yari amaze imyaka nka 34 ari Icabona, ni ho ishengero rya mbere rikoresha ururimi rw’ibimenyetso ryashingwa mu gisagara ca New York muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. None Cyril yumvise amerewe gute narirya yari muri iryo shengero? Yavuze ati: “Erega wamengo mvuye mw’ishamba, mu mwiza w’umuzitanya nkaja mu muco. Kwitaba ikoraniro mu rurimi rwanje!”

Amashengero y’Ivyabona vya Yehova akoresha ururimi rw’ibimenyetso ashingwa ahantu abantu b’ibipfamatwi bashobora gukoranira hamwe badahorereza kugira ngo bige ivyerekeye Imana bongere bayisenge. Ayo mashengero ni ahantu hashobora gutuma abasavyi b’Imana bakomeza ubucuti bafitaniye kandi bakwumva ko baremeshejwe. Mu gihe mw’isi usanga abantu b’ibipfamatwi batoroherwa no kuyaga n’abandi bantu kandi bakaba boba bakumiriwe mu kibano, ayo mashengero yoyo ni ibibanza abo bantu bayagiramwo n’abandi hakaba ari na ho bifataniriza n’abandi. Muri ayo mashengero, abantu b’ibipfamatwi barashobora kwiga, gutera imbere no kwagura umurimo barangurira Yehova. Ivyabona b’ibipfamatwi batari bake barashoboye gusukura ari abamamazanjili b’igihe cose. Bamwe muri bo barimukiye mu bindi bihugu kugira ngo bafashe abandi bantu b’ibipfamatwi kumenya ivyerekeye Yehova. Abagabo bakirisu b’ibipfamatwi bariga kuba ababishoboye mu kwigisha, mu kwungunganya ibintu be no mu kuragira ubusho, kandi abenshi usanga mu nyuma bashobora gukwiza ibisabwa kugira ngo bazezwe amabanga mw’ishengero.

Muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, hari amashengero akoresha ururimi rw’ibimenyetso arenga 100 be n’imigwi yababa 80. Muri Berezile, hari ayashika 300 n’imigwi irenga 400, muri Megizike hakaba ayashika 300. Mu Burusiya hari ayarenga 30 be n’imigwi 113. Ubwo ni bukeyi gusa mu burorero bwerekana iterambere ririko riraba hirya no hino kw’isi.

Ivyabona vya Yehova baragira kandi amateraniro be n’amahwaniro mu rurimi rw’ibimenyetso. Mu mwaka uheze, amahwaniro arenga 120 yaragizwe mu ndimi z’ibimenyetso zitandukanye hirya no hino kw’isi. Ivyo biringo biratuma Ivyabona b’ibipfamatwi babona ko bari mu bagize umuryango w’abavukanyi wo kw’isi yose wungukira ku bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu biza hageze.

Leonard ni igipfamatwi akaba kandi amaze imyaka irenga 25 ari Icabona ca Yehova. Yigana ati: “Namye nantaryo nzi ko Yehova ari we Mana y’ukuri. Ariko, sinigeze ntahura neza igituma areka abantu bagacumukura. Rimwe na rimwe, ivyo vyaratuma numva ndamushavuriye. Ariko mu gihe c’insiguro imwe idasanzwe yariko ishikirizwa mu rurimi rw’ibimenyetso kw’ihwaniro ry’intara, nahavuye ntahura ivy’ico kibazo. Nya nsiguro irangiye, umukenyezi wanje yaciye amera nk’uwuncumita inkokora maze ambaza ati: ‘woba wanyuzwe?’ Narashoboye kuvuga ata buryarya nti: ‘Egome!’ Ndakengurukira Yehova kubona mu myaka 25 yose iheze ntigeze ndamuta. Namye nantaryo ndamukunda, ariko gusa sinashobora kumutahura bimwe vyuzuye. Emwe, ubu ndamutahura!”

Ugukenguruka kuvuye ku mutima

Ni “kamere” izihe abantu b’ibipfamatwi babona mu maso ha Yehova igihe biga ibimwerekeye? Ni urukundo, impuhwe, ubutungane, ukudahemuka, ubuntu-mvarukundo, n’izindi nyinshi.

Ivyabona b’ibipfamatwi bo kw’isi yose bariko baribonera mu maso ha Yehova kandi bazoguma barushiriza kuhabona. Kubera ko Yehova akunda abantu b’ibipfamatwi bimwe bigera kure, ‘yaratumye mu maso hiwe hakira kuri bo.’ (Guh. 6:25, NW) Ese ukuntu abo bantu b’ibipfamatwi bakenguruka cane kubona baramenye Yehova!

[Amafoto ku rup. 24, 25]

Hirya no hino kw’isi hariho amashengero arenga 1.100 akoresha ururimi rw’ibimenyetso

[Amafoto ku rup. 26]

Mu maso ha Yehova hararushirije kwakira ku bantu b’ibipfamatwi