Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Twirinde ibisamaza muri uyu “musi wo kuvuga inkuru nziza”

Twirinde ibisamaza muri uyu “musi wo kuvuga inkuru nziza”

Twirinde ibisamaza muri uyu “musi wo kuvuga inkuru nziza”

ABANYAMIBEMBE bane bari babuze ico bafata n’ico bareka. Nta n’umwe yari yagize ico abafashisha kw’irembo ry’igisagara. Kubera ko Abasiriya bari bugarije igisagara ca Samariya, abanyagihugu baho bariko bicwa na kigoyi. Kwinjira muri ico gisagara nta co vyari bimaze kuko ibifungurwa vyari bizimvye cane. Vyari bimaze no kuvugwa ko abanyagihugu baho barya abantu.​—2 Abm. 6:24-29.

Nya banyamibembe bibajije bati: ‘Kubera iki tutokwigira mw’ikambi y’Abasiriya? Si ugupfa n’ugupfa none?’ Baciye bagenda kuri uwo mugoroba bikinze agahumbezi. Igihe bashika muri nya kambi, nta n’akakacira. Nta barinzi bari bahari. Amafarasi n’indogoba vyari biziritse, mugabo nta basoda bari bahari. Nya banyamibembe bose uko ari bane bararungurutse mw’ihema, basanga nta muntu n’umwe ariyo, ariko ibifungurwa n’ibinyobwa vyovyo vyari vyinshi cane. Baciye bavyihereza. Abo banyamibembe barabonye kandi inzahabu, ifeza, imyambaro be n’ibindi bintu vy’agaciro. Baratwaye ivyo bihitiyemwo barabinyegeza, bongera baragaruka gutwara ibindi. Ingabo z’Abasiriya zari zataye iyo kambi. Yehova yari yatumye mu buryo bw’igitangaro abo Basiriya bumva urwamo rw’ingabo nyinshi. Bari baciye bayanyaga kubera ko bibwiye yuko batewe. Ibintu vyose bari babisize muri iyo kambi ku buryo uwo ari we yashobora kuvyitorera!

Nya banyamibembe bariko bitwarira ibintu vy’agaciro, bakaja kubinyegeza. Ariko, aho bibukiye ko abari mu gisagara ca Samariya bariko bicwa na kigoyi, ijwi ryabo ryo mutima ryaciye ritangura kubacumita. Batanguye kubwirana bati: “Ivyo tugize si vyo, kuk’uyu musi ar’umusi wo kuvuga inkuru nziza!” Baciye basubira i Samariya amaguru adakora hasi maze babwira abantu baho inkuru nziza y’ivyo bari babonye.​—2 Abm. 7:1-11.

Na twebwe nyene tubayeho mu co twokwita “umusi wo kuvuga inkuru nziza.” Mu kwerekana ikintu kidasanzwe cobaye kigize “ikimenyetso . . . c’insozero y’ivy’isi,” Yezu yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze umuhero uzoca uza.” (Mat. 24:3, 14) None ivyo bikwiye kugira ico bikoze gute kuri twebwe?

Ibituraje ishinga birashobora kuturemera

Kubera ko nya banyamibembe bari banezerejwe cane n’ivyo bari bubuye, baramaze umwanya bibagiye ivyariko biraba i Samariya. Bashize umutima ku vyo bashoboye kuronka. Twoba dushobora gushikirwa n’ikintu nk’ico? “Amapfa” ari mu bigize ca kimenyetso coranze igihe c’insozero y’ivy’isi. (Luka 21:7, 11) Yezu yaburiye abigishwa biwe ati: “Mwiyubare kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa no kurira agahokero no kunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima.” (Luka 21:34) Twebwe abakirisu, turakwiye kwiyubara kugira ntitureke ngo ibituraje ishinga mu buzima bwacu bwa misi yose bitume twibagira ko tubayeho mu “musi wo kuvuga inkuru nziza.”

Umuvukanyikazi umwe yitwa Blessing ntiyaretse ngo aremerwe no kwitwararika ivyiwe. Yarasukuye ari umutsimvyi, ararangiza amashure yiwe, amaherezo arubakana n’umunyabeteli, maze aremererwa kuba uwo mu bagize umuryango wa Beteli mu gihugu ca Bénin. Avuga ati: “Njejwe isuku, kandi ico gikorwa nahawe kirampimbara vy’ukuri.” Igishimishije ubu ni uko Blessing ashobora kwibuka imyaka 12 amaze akora umurimo w’igihe cose kandi akaba ahimbawe no kuba yaragumije umuzirikanyi wiwe ku “musi wo kuvuga inkuru nziza” tubayemwo muri iki gihe.

Tube maso ku bisamaza bitwara umwanya

Igihe Yezu yarungika ba bigishwa 70, yavuze ati: “Iyimbura koko ni rinini, mugabo abakozi ni bake. Nuko rero nimwinginge Umukuru w’iyimbura arungike abakozi mw’iyimbura ryiwe.” (Luka 10:2) Nka kurya nyene uguteba kwimbura bishobora gutuma ivyimburwa bimwebimwe vyononekara, ni na ko gufata minenegwe igikorwa co kwamamaza bishobora gutuma abantu bahasiga ubuzima. Ni co gituma Yezu yongeyeko ati: “Mu nzira ntihagire umuntu n’umwe mugumbira mu kumuramutsa.” (Luka 10:4) Ijambo ryo mu rurimi rwo mu ntango ryahinduwe ngo ‘kuramutsa’ rishobora kuba ridasobanura gusa kuvuga ngo “ndabugize” canke “mwaramutse.” Bishobora kandi kuba birimwo kugumbirana no kuyaga umwanya utari muto, ivyo bikaba bikunze kugirwa igihe duhuye n’umugenzi. Yezu rero yategetse abayoboke biwe kwirinda ibisamaza bidakenewe no gukoresha neza umwanya wabo. Ubutumwa babwirizwa kwamamaza bwarihutirwa.

Zirikana ku kuntu umwanya ibisamaza bishora gutwara ungana. Mu mihingo myinshi, televiziyo iramaze imyaka itari mike ari co kintu nyamukuru gituma abantu batakaza umwanya. Bite ho ku bijanye n’amatelefone ngendanwa be na za orodinateri? Itohoza rimwe ryagizwe ku bantu 1.000 bakuze bo mu Bwongereza ryerekanye yuko “incahagati y’abanyagihugu baho ku musi bamara iminuta 88 bariko bayagira kuri telefone zo mu nzu, bakamara iyirenga 62 bariko bayagira kuri telefone ngendanwa, iminuta 53 na yo bayimara bariko bararungika canke basoma ubutumwa kuri orodinateri be n’uko bamara iminuta 22 bariko barungika canke basoma ubutumwa kuri telefone ngendanwa.” Wari uzi yuko uwo mwanya wose ufatiwe hamwe ungana n’umwanya umutsimvyi mufasha amara mu busuku buri musi uwugwije incuro zibiri zirenga! None woba uhora umara umwanya ungana iki uriko urakoresha ubwo buryo bwo gutumatumanako amakuru?

Ernst Seliger n’umukenyezi wiwe Hildegard bari abantu biyubara mu bijanye n’ukuntu bakoresha umwanya wabo. Bompi bamaze imyaka irenga 40 muri ya makambi y’itunatuniro y’Abanazi no mu mabohero y’Abakomunisita. Inyuma y’aho barekuriwe, barasukuye ari abatsimvyi gushika barangije ubuzima bwabo ng’aha kw’isi.

Benshi baripfuza guhanahana amakuru na Ernst Seliger be n’umukenyezi wiwe. Umwanya nka wose uwo mugabo n’umukenyezi wiwe bari bafise, bari kuwumara bariko barasoma bongera bandika amakete. Ariko rero, ivy’impwemu ni vyo bashira imbere mu buzima bwabo.

Mu vy’ukuri, umwe wese muri twebwe araryoherwa iyo uwiwe amurungikiye agakete canke amwakuye kuri telefone, kandi ivyo nta kibi kirimwo. Guhitamwo tuvyitondeye ibintu bitandukanye twoshira mu rutonde rwacu rw’ibikorwa vya misi yose usanga ari ngirakamaro. Ariko rero, vyoba biranga ubukerebutsi tugumye turikanuye kugira ngo twirinde ibisamaza bitwara umwanya muri uyu musi wo kwamamaza inkuru nziza.

Twamamaze bimwe binogangije inkuru nziza

Ese ukuntu ari umuhezagiro kuba tubayeho mu gihe c’“umusi wo kuvuga inkuru nziza!” Nimuze ntitwigere tureka ngo hagire ibidusamaza nk’uko vyari vyabanje gushikira ba banyamibembe bane. Niwibuke yuko bahavuye bavuga bati: “Ivyo tugize si vyo.” Muri ubwo buryo nyene, ntivyoba ari vyiza turetse ngo ivyo ubwacu dukurikirana canke ibisamaza bitwara umwanya bitubuze kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku.

Ku bijanye n’ivyo, turafise akarorero keza cane twokwigana. Igihe intumwa Paulo yazirikana ku myaka 20 ya mbere yamaze mu busuku, yanditse ati: “Namamaje bimwe binogangije inkuru nziza yerekeye Kristu.” (Rom. 15:19) Nta kintu na kimwe Paulo yaretse ngo gitume umwete yari afise ugabanuka. Nka kumwe kwa Paulo, nimuze tube abanyamwete uko twamamaza ubutumwa bw’Ubwami muri uyu “musi wo kuvuga inkuru nziza.”

[Ifoto ku rup. 28]

Blessing ntiyaretse ngo kwitwararika ivyiwe bimubuze gukora umurimo w’igihe cose

[Ifoto ku rup. 29]

Seliger n’umukenyezi wiwe bariyubara mu bijanye n’ukuntu bakoresha umwanya wabo