Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kwubura itunga ryanyegejwe

Kwubura itunga ryanyegejwe

Kwubura itunga ryanyegejwe

VYOBA bimaze gushika ukubura itunga ryanyegejwe ahantu utari witeze? Ivyo vyarashikiye Ivo Laud ku wa 27 Ntwarante 2005, uno akaba ari Icabona ca Yehova wo muri Esitoniya. Yariko arafasha Alma Vardja, Icabona mugenziwe ageze mu zabukuru, gusambura akazu gashaje bashinguramwo ibikoresho. Igihe bariko basambura uruhome rw’inyuma, barabonye urubaho rwari rupfutse uruhande rumwe rw’inkingi. Nya rubaho barukuye, basanze hari umwenge ufise ubwaguke bw’isantimetero 10, uburebure bw’imetero 1 n’igice be n’ubwimbike bw’isantimetero 10, urumijwe neza n’ingegene y’igiti. (1) Emwe, bwari ububiko bw’itunga ryanyegejwe! None iryo tunga ryari bwoko ki? Ni nde yari yarinyegeje aho hantu?

Ubwo bubiko bwarimwo udutu twinshi dutekeye neza mu rukaratasi rukomeye. (2) Utwo dutu twarimwo ibisohokayandikiro vy’Ivyabona vya Yehova, vyinshi muri vyo bikaba vyari ibiganiro vy’ukwiga vy’Umunara w’Inderetsi, harimwo n’ivyasohotse mu 1947. (3) Vyari vyandikishijwe iminwe mu buryo bwitondewe mu kinyesitoniya. Udutu tumwetumwe twarimwo ibintu vyerekana uwari yaranyegeje ivyo bisohokayandikiro aho hantu. Ivyo bintu yari amakuru avuga ibijanye n’isambishwa ry’umunega wa Alma, ari we Villem Vardja. Muri ivyo bintu vyubuwe harimwo n’amakuru ajanye n’imyaka yamaze mw’ibohero. Ni kubera iki none yari yarapfunzwe?

Villem Vardja yarasukuye ari Icabona ajejwe amabanga mw’ishengero ry’i Tartu, mu nyuma na ho asukurira mw’ishengero ry’i Otepää muri Esitoniya, kino kikaba ari kimwe mu bihugu vyahoze bigize Amarepubulika y’Abasoviyeti b’Abasosiyalisiti. Bigaragara ko yamenye ukuri kwo muri Bibiliya imbere gatoyi ya ya Ntambara ya kabiri y’isi yose. Haciye imyaka mikeyi, ku wa 24 Kigarama 1948, intwaro ya Gikomunisita yarafashe umuvukanyi Vardja imuhoye imirimo yarangura ijanye n’idini. Yarasambishijwe yongera arasinzikarizwa ubuzima n’igipolisi cakorera mu kinyegero igihe cariko kigerageza kumuhata ngo avuge amazina y’Ivyabona bagenziwe. Inyuma y’aho bankiye kumuronsa akaryo ko kwiregura imbere ya sentare, yaraciriwe umunyororo wo gupfungwa imyaka cumi mu makambi yo mu Burusiya.

Villem Vardja yagumye ari umwizigirwa kuri Yehova gushika aho apfiriye ku wa 6 Ntwarante 1990. Umukenyezi wiwe ntiyari azi ko ivyo bisohokayandikiro vyari aho hantu. Uwo muvukanyi ategerezwa kuba atabibwiye uwo mukenyezi wiwe kubera ko yashaka kumukingira mu gihe vyoshitse na we agasambishwa. Ni kubera iki none vyabaye ngombwa ko anyegeza ivyo bisohokayandikiro? Yabinyegeje kubera ko ca gipolisi co mu kinyegero c’izahoze ari Leta zunze ubumwe z’Abasoviyeti, ari co KGB, cari gikunze gusaka giturumbuka mu mazu y’Ivyabona vya Yehova kirondera ibisohokayandikiro bivuga ivy’idini. Bishoboka ko umuvukanyi Vardja yanyegeje ivyo bisohokayandikiro kugira ngo yiyemeze neza yuko Ivyabona bagenziwe boronse ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu bishitse ibindi vyose bigafatwa na ca gipolisi KGB. Hari ibindi bisohokayandikiro vyubuwe imbere y’aho, mu ci ryo mu 1990. Bimwe vyubuwe i Tartu mu Bumanuko bwa Esitoniya. Na vyo nyene vyari vyanyegejwe na Villem Vardja.

Ni kubera iki none tuvuga yuko ivyo bisohokayandikiro ari itunga? Ni uko ayo makopi yandikishijwe iminwe kandi akanyegezwa mu buryo bwitondewe yerekana neza cane ukuntu Ivyabona baha agaciro ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu baronswa ico gihe. (Mat. 24:45) Woba uha agaciro ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu uronswa muri iki gihe mu karere ubamwo? Muri ivyo harimwo Umunara w’Inderetsi usohorwa mu kinyesitoniya no mu zindi ndimi zirenga 170.