Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba uvyibuka?

Woba warinovoye ugusoma inomero z’Umunara w’Inderetsi za vuba? Raba nimba ushobora kwishura ibibazo bikurikira:

• Niba akana gapfuye katari bwavuke, vyoba bishoboka ko kazozuka?

Ubuzima bw’umuntu butangura igihe habaye agasamo. Yehova arashobora kuzura abantu bapfuye bageze mu gihe ico ari co cose c’ubuzima bwabo kubera ko “vyose bishoboka ku Mana.” (Mrk. 10:27) Ariko Bibiliya ntivuga mu buryo budomako niba Yehova azozura abana bapfuye batari bwavuke.​—15/4, urupapuro rwa 12, 13.

• Ni kubera iki dushobora kugira ico twungukiye ku kwihweza ibimonyo, inkezi zo mu bitandara, inzige be n’icugu?

Ivyo bikoko vyose uko ari bine biragaragaza ubukerebutsi ndemanwa. Ku bw’ivyo rero, birashemeza ubukerebutsi bw’Imana. (Imig. 30:24-28)​—15/4, Urupapuro rwa 16-19.

• Ni ikintu ikihe c’intibagirwa ku Vyabona vya Yehova cari gikwije imyaka 100 mu 2009?

Mu 1909 ni ho icicaro gikuru c’urwego Watch Tower Bible and Tract Society, runo rukaba ari rwo rwego rwemewe n’amategeko Ivyabona vya Yehova bakoresha mu bijanye no gusohora ibisohokayandikiro, cimurwa gikuwe i Pittsburgh muri Pennsylvanie, kigashirwa i Brooklyn muri New York aho gikorera n’ubu.​—1/5, urupapuro rwa 22-24.

• Ni kubera iki agacerere ari ikintu Bibiliya ivuga neza?

Bibiliya yerekana ko agacerere gashobora kuba uburyo bwo kugaragaza icubahiro, ikintu gifasha kuzirikana be n’ikimenyamenya c’ubwenge n’ugutahura. (Zab. 37:7; 63:6; Imig. 11:12)​—15/5, urupapuro rwa 3-5.

• Ni igiki John Wycliffe, William Tyndale, Robert Morrison na Adoniram Judson bahuriyeko?

Bose barakunze Ijambo ry’Imana bongera bararihindura mu ndimi abantu babayabaye bashobora gusoma. Abo babiri ba mbere barihinduye mu congereza, Morrison arihindura mu gishinwa, Judson na we arihindura mu kinyabirimaniya (co muri Myanmar).​—1/6, urupapuro rwa 8-11.

• Abami benshi b’Ubuyuda berekanye gute ko bari bafitiye umwete udasanzwe inzu y’Imana?

Abami 19 ni bo batwaye ubwami bwo mu Bumanuko bw’Ubuyuda, kandi bane ni bo bazwi ko bagaragaje mwene uwo mwete, ni ukuvuga Asa, Yehoshafati, Hezekiya na Yosiya.​—6/15, urupapuro rwa 7-11.

• Abakirisu bose barobanuwe bakiri kw’isi boba bagira uruhara mu gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu?

Oya. Abarobanujwe impwemu y’Imana bose bagize umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge, ariko abagize Inama Nyobozi ni bo bahagarikiye igikorwa co gutanga ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu.​—15/6, urupapuro rwa 22-24.

• Ni kubera iki abasoda b’Abaroma bahahamiye cane impuzu ya Yezu y’imbere?

Abasoda bahagarikiye iyicwa rya Yezu ntibagabuye iyo mpuzu yiwe ngo umwe atware igipande. Akenshi, mwene iyo kanzu yakorwa mu kubaririra hamwe ibitambara bibiri bigerekeranije, ariko kubera ko impuzu ya Yezu itagira umubariro, ni co catumye irushiriza kuba iy’agaciro.​—1/7, urupapuro rwa 22.

• Ni kubera iki bishobora kuvugwa ko urukundo rwari ikintu nyamukuru catandukanya ukuntu Yezu yafata abantu be n’ingene indongozi z’idini zabafata?

Aho gukunda abantu basanzwe, izo ndongozi zarabasuzugura. Vyongeye, ntizakunda Imana. Yezu yarakunda Se wiwe kandi akumvira abantu akagongwe. (Mat. 9:36) Yarabagaragariza igishika, ikibabarwe n’ubuntu.​—15/7, urupapuro rwa 15.

• Ni kubera iki gukoresha amahera neza bishobora kuba urugamba mu mubano w’abubatse, kandi ni ibiki bishobora gufasha abubakanye kuvyifatamwo neza?

Ukudahuza ku bijanye n’amahera kw’abubakanye usanga akenshi kuba guhagaze ku kutizigiranirana canke ku gutinyana, kandi boshobora kuba bakuriye mu bintu bitandukanye. Ibintu bine nyamukuru bishobora kubafasha kuvyifatamwo neza ni ibi: Kwiga kuganira ku bijanye n’amahera batekanye, kwemeranya ku kuntu amahera umuryango uronka akwiye kubonwa, kwandika amahera umuryango utegekanya gukoresha be no guhitamwo ico umwumwe wese azokwitwararika.​—1/8, urupapuro rwa 10-12.