Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise

Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise

Mugumane muri mwebwe wa mutima Kristu yari afise

“[Mugire] hagati yanyu wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise.”​—ROM. 15:5.

1. Ni kubera iki dukwiye kurondera kugira wa mutima Kristu yari afise?

 YEZU KRISTU yavuze ati: “Nimuze kuri jewe, . . . munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzoronka ukuruhuka kw’imitima yanyu.” (Mat. 11:28, 29) Ubwo butumire burangwa igishika buragaragaza neza umutima w’urukundo Yezu yari afise. Nta wundi muntu yotubereye akarorero keza twokwigana nka Yezu. Naho Yezu yari Umwana w’Imana w’umunyabubasha, yaragaragariza abantu impuhwe n’ikibabarwe, na canecane ababa bari n’ivyo bakeneye.

2. Ni kamere izihe za Yezu zigiye kurimburwa?

2 Muri iki kiganiro no mu biganiro bibiri bikurikira, turaza kurimbura ingene dushobora gutsimbataza no kuzigama wa mutima nyene Yezu yari afise be n’ingene twogira “umuzirikanyi wa Kristu” mu buzima bwacu. (1 Kor. 2:16) Turaza kwibanda ahanini kuri kamere za Yezu zitanu ni ukuvuga ubwitonzi be n’ukwicisha bugufi kwiwe, ubuntu bwiwe, ukugamburukira Imana kwiwe, uburindutsi bwiwe be n’urukundo rwiwe rutananirwa.

Twigire ku bwitonzi bwa Kristu

3. (a) Ni icigwa kimwe ikihe Yezu yigishije abigishwa biwe mu bijanye no kwicisha bugufi? (b) Yezu yavyakiriye gute igihe abigishwa biwe bagaragaza ubugoyagoye?

3 Yezu, uno akaba ari Umwana w’Imana atunganye, yaraje ng’aha kw’isi abikunze kugira ngo asukurire mu bantu b’abanyagasembwa kandi b’abanyabicumuro. Bamwe muri abo amaherezo bomwishe. Yamara, Yezu yagumanye umunezero n’ukwigumya yari afise. (1 Pet. 2:21-23) ‘Gushinga ijisho’ akarorero ka Yezu birashobora kudufasha kubigenza gutyo nyene igihe amakosa y’abandi be n’udusembwa twabo bigize ico bidukozeko. (Heb. 12:2) Yezu yarasavye abigishwa biwe gufatanya na we kwikorera ingǒgo yiwe, gutyo bakamwigirako. (Mat. 11:29) Ni ibiki bashobora kumwigirako? Kimwe coco, Yezu yaritonda kandi akihanganira abigishwa biwe naho bakora amakosa. Muri rya joro ry’imbere y’urupfu rwiwe, Yezu yarabogeje ibirenge, gutyo aba abahaye icigwa batokwigeze bibagira co kuba “[abi]yoroheje mu mutima.” (Soma Yohani 13:14-17.) Mu nyuma, igihe Petero, Yakobo na Yohani bananirwa ‘kuguma bateramye,’ Yezu yarerekanye abigiranye impuhwe ko atahura ubugoyagoye bwabo. Yabajije ati: “Simoni, urasinziriye?” Yaciye ababwira ati: “Gume muteramye kandi musenga, kugira ngo ntimuje mu kigeragezo. Nkako umutima urashashaye, mugabo umubiri ni goyigoyi.”​—Mrk. 14:32-38.

4, 5. Akarorero ka Yezu gashobora gute kudufasha kwihanganira udusembwa tw’abandi?

4 Twovyifatamwo gute igihe uwo dusangiye ukwizera afise agatima ko guhiganwa, ari inkomwahato canke ateba gukurikiza impanuro ahabwa n’abakurambere canke wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge”? (Mat. 24:45-47) Naho twoshobora kuba twiteguriye kwihanganira impengamiro z’umubiri zirangwa mw’isi ya Shetani, ushobora gusanga bigoye kwihanganira mwene utwo dusembwa igihe canecane twigaragaje mu bavukanyi bacu. Niba dushavuzwa n’ingoga n’udusembwa tw’abandi, umwe wese muri twebwe arakwiye kwibaza ati: ‘Noshobora gute kurushiriza kugira “umuzirikanyi wa Kristu”?’ Niwibuke ko Yezu atashavuriye abigishwa biwe, naho nyene vyashitse bakagoyagoya mu vy’impwemu.

5 Rimbura ivyashikiye intumwa Petero. Igihe Yezu yamusaba ngo yururuke ubwato maze agendere ku mazi amugana, mu vy’ukuri yarabigize akanya gatoyi. Petero yahavuye araba igihuhusi c’umuyaga maze aca atangura kunyika. Yezu yoba yaramushavuriye maze akamubwira ngo “Biragusha”! Uworukarisha rwomumwa”? Habe namba! “Buno nyene Yezu [yaciye] aramvura ukuboko aramufata, hanyuma amubwira ati: ‘Wa muntu w’ukwizera guke we, kubera iki wakekeranije?’” (Mat. 14:28-31) Nka hamwe twobona yuko umuvukanyi munaka abuze ukwizera, twoba dushobora kumera nk’abaramvura ukuboko kwacu maze tukamufasha kugira ngo ukwizera kwiwe gusubire gukomera? Mu vy’ukuri, ico ni co cigwa cigaragaza muri ico gikorwa kiranga ubwitonzi Yezu yagiriye Petero.

6. Ni igiki Yezu yigishije intumwa ziwe ku bijanye n’ukurondera kuba mukuru?

6 Petero kandi yaragize uruhara muri ya mihazuko yaza iraduka hagati y’intumwa ku bijanye n’uwari mukuru muri bo. Yakobo na Yohani baripfuza kwicarana na Yezu mu Bwami bwiwe, umwe iburyo uwundi ibubamfu. Igihe Petero n’izindi ntumwa bavyumva, baciye bashavura cane. Yezu yari azi ko ako gatima bashobora kuba bagakuye mu kibano bari bakuriyemwo. Yarabahamagaye, hanyuma avuga ati: “Murazi yuko abatware b’amahanga bayakandamiza be n’uko abakomakomeye bayereka ko bayafiseko ubukuru. Ukwo si ko bimeze muri mwebwe; mugabo uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu, kandi uwo wese ashaka kuba uwa mbere muri mwebwe ategerezwa kuba umushumba wanyu.” Yezu yaciye ubwiwe yitangako akarorero ati: “Umwana w’umuntu yaje, atari kugira ngo asukurirwe, ariko kugira ngo asukurire abandi no kugira ngo atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.”​—Mat. 20:20-28.

7. Umwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico aterereye kugira ngo mw’ishengero harangwe ubumwe?

7 Kuzirikana kuri wa mutima w’ukwicisha bugufi wa Yezu birashobora kudufasha ‘kwigenza nk’abato’ igihe turi kumwe n’abavukanyi bacu. (Luka 9:46-48) Ivyo biragira ico biterera ku bumwe dufitaniye. Yehova, uno akaba ameze nka serugo w’umuryango munini, ashaka ko abana biwe “babana mu bumwe,” bakagiranira imigenderanire myiza. (Zab. 133:1, NW) Yezu yarasenze asaba Se wiwe ko abakirisu bose b’ukuri bokwunze ubumwe, kugira ngo ‘isi imenye yuko ari we yamutumye be n’uko yabakunze nk’uko yamukunze.’ (Yoh. 17:23) Ku bw’ivyo, ukuba twunze ubumwe biratuma abandi babona ko turi abayoboke ba Kristu. Kugira ngo tugiranire ubwo bumwe, dutegerezwa kubona udusembwa tw’abandi nk’uko Kristu yatubona. Yezu yaraharira abandi, kandi yigishije ko guharira abandi ari vyo vyonyene bishobora gutuma natwe duharirwa.​—Soma Matayo 6:14, 15.

8. Ni igiki dushobora kwigira ku karorero k’abasavyi b’Imana bamaze igihe kirekire?

8 Turashobora kandi kwiga ibintu vyinshi mu kwigana ukwizera kw’abamaze imyaka myinshi bigana Kristu. Akenshi usanga abo basavyi b’Imana batahura udusembwa tw’abandi nka kumwe kwa Yezu. Baratahuye ko kugirira ikibabarwe abandi nk’uko Kristu yabigira, bitadufasha gusa “kwikorera ubugoyagoye bw’abadakomeye,” ariko kandi ko bigira ico biterereye ku bumwe dufitaniye. Ikigeretseko, biraremesha abagize ishengero ryose kugira wa mutima Kristu yari afise. Usanga bipfuriza abavukanyi babo ikintu gisa n’ico intumwa Paulo yipfuriza abakirisu b’i Roma, igihe yavuga ati: “Ya Mana . . . itanga ukwihangana n’uruhoza ibahe kugira hagati yanyu wa mutima nyene Kristu Yezu yari afise, kugira ngo muhuje inama muninahaze n’akanwa kamwe Imana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu.” (Rom. 15:1, 5, 6) Emwe, ukuba twunze ubumwe mu gusenga biratuma Yehova ashemezwa.

9. Ni kubera iki dukeneye impwemu nyeranda kugira ngo twigane akarorero ka Yezu?

9 ‘Ukwiyorosha mu mutima’ Yezu yabisanishije n’ubwitonzi, buno bukaba ari kimwe mu vyamwa vy’impwemu nyeranda y’Imana. Ku bw’ivyo, uretse kwigira gusa ku karorero ka Yezu, turakeneye kandi impwemu nyeranda ya Yehova kugira ngo dushobore kwigana neza ako karorero. Turakwiye gusenga dusaba impwemu nyeranda y’Imana kandi tukihatira gutsimbataza ivyamwa vyayo, na vyo akaba ari “urukundo, akanyamuneza, amahoro, ukwiyumanganya, ubuntu, ukumera neza, ukwizera, ubwitonzi, ukwigumya.” (Gal. 5:22, 23) Gutyo, nitwakurikiza ako karorero ko kwicisha bugufi be no kwitonda Yezu yatanze, tuzohimbara Data wa twese wo mw’ijuru Yehova.

Yezu yafatana abandi ubuntu

10. Yezu yagaragaje gute ubuntu?

10 Ubuntu na bwo nyene ni icamwa c’impwemu nyeranda. Yezu yamye nantaryo afatana abandi ubuntu. Abantu bose barondera Yezu ata gufyina bariboneye yuko ‘yabakirana ubugwaneza.’ (Soma Luka 9:11.) Ni igiki none dushobora kwigira kuri kamere y’ubuntu ya Yezu? Umuntu w’umunyabuntu usanga ari umugwaneza afatana abandi umutima mwiza n’ikibabarwe. Ukwo ni ko Yezu yari ameze. Yarumvira abantu ikigongwe “kuko bari baratabaguwe, basabagiye nk’intama zitagira umwungere.”​—Mat. 9:35, 36.

11, 12. (a) Tanga akarorero kamwe kerekana ukuntu Yezu yagaragaje impuhwe mu bikorwa. (b) Ni igiki ushobora kwigira kuri ako karorero duhejeje kurimbura?

11 Yezu kandi yaragaragaza ikigongwe n’impuhwe mu vyo yagirira abantu. Rimbura akarorero kamwe kavyerekana. Hari umugore umwe yari amaze imyaka 12 afise ingorane yo kuva amaraso. Yari asanzwe azi yuko, hisunzwe Itegeko rya Musa, uko ivyiwe vyari vyifashe kwatuma we be n’uwo wese yomukozeko baba abahumanye ku buryo batemererwa kuja mu birori bijanye n’ivy’ugusenga. (Lew. 15:25-27) Naho ari ukwo, ukuntu Yezu yari azwi be n’ukuntu yafata abandi bitegerezwa kuba vyarajijuye uwo mugore yuko yari ashoboye kumukiza kandi ko yobigize. Yaguma yibwira ati: “Ninakora gusa ku mitamana yiwe ndakira.” Yarariye umutima amenyo aramukorako maze ubwo nyene aca yumva arakize.

12 Yezu yaramenye ko hari umuntu amukozeko maze aca araba hirya no hino kugira ngo amenye uwo ari we. Nya mugore, uno bikaba bishoboka ko yatinya ko Yezu ahava amukarira kubera ko yari yarenze kw’Itegeko, yaciye n’ukujugumira kwinshi yikubita hasi imbere y’ibirenge vyiwe maze amubwira ukuri kwose. Yezu yoba yarakankamiye uwo mugore yari yarigorewe kandi yari yarisinzikariye? Habe namba! Yaramusubirije umutima mu nda, ati: “Mukobwa, ukwizera kwawe kuragukijije. Genda amahoro.” (Mrk. 5:25-34) Ese ukuntu ategerezwa kuba yarasubirijwe umutima mu nda no kwumva amajambo nk’ayo arangwa ubuntu!

13. (a) Ni mu buryo ki ukuntu Yezu yafata abandi kwari gutandukanye n’uko Abafarizayo babafata? (b) Yezu yafata abana gute?

13 Kristu ntiyari ameze nka ba Bafarizayo b’imburakigongwe; ntiyigeze akoresha ubukuru bwiwe mu kwongerereza abandi imitwaro. (Mat. 23:4) Ahubwo riho, yarigisha abandi inzira za Yehova abigiranye ubuntu n’ukwihangana. Yezu yari umugenzi nyakuri w’abayoboke biwe, akaba atigeze ahengeshanya kubagaragariza igishika, urukundo n’ubuntu. (Imig. 17:17; Yoh. 15:11-15) N’abana barumva bisanze bari kumwe na Yezu, kandi si agaseseshwarumuri ko na we nyene yumva yisanze ari kumwe na bo. Ntiyari afatiriwe cane ku buryo atari guhagarika na gatoyi ivyo yaba ariko arakora kugira ngo amare umwanya ari kumwe n’abana. Igihe kimwe, abigishwa biwe babitumwe n’uko bari bagifise ivyiyumviro vyo kwibona ko bahambaye, baragerageje kubuza abantu kuzanira Yezu abana kugira ngo abakoreko. Yezu ntiyahimbawe n’ico kintu abigishwa biwe bakoze. Yababwiye ati: “Nimureke abana batoyi baze kuri jewe; ntimugerageze kubabuza, kuko ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nk’abo.” Yaciye rero yikora ku bana kugira ngo yigishe abigishwa biwe icigwa gihambaye, ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Uwo wese atakira ubwami bw’Imana nk’umwana mutoyi ntazogenda abwinjiyemwo.”​—Mrk. 10:13-15.

14. Ni ivyiza ibihe abana baronka igihe bitwararikwa mu buryo bubereye?

14 Zirikana gatoyi ku kuntu bamwebamwe muri abo bana bokwumvise bamerewe igihe, bamaze gukura bakagera mu bigero, bosubije amaso inyuma bakibuka ko Yezu Kristu yahora ‘abafata mu maboko yiwe agatangura kubahezagira.’ (Mrk. 10:16) Abana bo muri iki gihe na bo nyene ntibazokwigera bibagira abakurambere be n’abandi bavukanyi babitwararitse vy’ukuri. Igihambaye kuruta, abana bitwararikwa mw’ishengero muri ubwo buryo kuva bakiri bato, baratahura yuko impwemu ya Yehova iri ku basavyi biwe.

Nitugaragaze ubuntu mw’isi itagiramwo ubuntu

15. Ni kubera tudakwiye gutangazwa n’ukubona ko muri iki gihe abantu batakigira kamere y’ubuntu?

15 Muri iki gihe abantu benshi babona ko ata mwanya bafise wo kugaragaza ubuntu. Ni co gituma buri musi abasavyi ba Yehova bategerezwa guhangana n’agatima k’isi, igihe baba bari kw’ishure, ku kazi, bafashe ingendo canke bari mu busuku. Agatima kataranga ubuntu koshobora kutuvuna umutima, ariko ntibikwiye kudutangaza. Yehova yarahumekeye Paulo kugira ngo atuburire ku vy’uko ubuzima bwo muri iyi “misi ya nyuma” itoroshe bwotumye biba ngombwa ko abakirisu b’ukuri baba bari kumwe n’“abikunzi, . . . batagira igishika c’abantu.”​—2 Tim. 3:1-3.

16. Dushobora gute kuremesha mw’ishengero kamere y’ubuntu nk’iya Kristu?

16 Ariko rero, akayaga karangwa mw’ishengero rya gikirisu ry’ukuri karatuma abavukanyi bumva baruhuriwe, ivyo bikaba bitandukanye n’uko ibintu vyifashe muri iyi si itagiramwo ubuntu. Igihe umwe wese muri twebwe yiganye Yezu, arashobora kugira ico aterereye kuri ako kayaga keza. None ivyo dushobora kubigira gute? Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye gufasha abatari bake mw’ishengero kandi tukabaremesha kubera ko usanga bafise ingorane z’amagara canke bashikirwa n’ibindi bintu bigoye cane. Muri iyi “misi ya nyuma,” ingorane mwene izo zoshobora kuguma ziyongera, ariko ntugire ngo ni bishasha. Abakirisu bo mu bihe vya Bibiliya na bo nyene barashikirwa n’ingorane nk’izo. Ni co gituma kugira ico dukoze kugira ngo dufashe abandi usanga bibereye nk’uko vyari biri ku bakirisu bo muri ico gihe. Nk’akarorero, Paulo yarahimirije abakirisu ‘guhoza abadendebukiwe, gufata mu mugongo abagoyagoya, no kuba abiyumanganya kuri bose.’ (1 Tes. 5:14) Ivyo bisaba kugaragaza mu bikorwa kamere y’ubuntu nk’iya Kristu.

17, 18. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twokwigana kamere y’ubuntu ya Yezu?

17 Twebwe abakirisu turafise ibanga ryo ‘kwakirana ubuntu abavukanyi bacu,’ ni ukuvuga, tukabafata nk’uko Yezu yobafashe, tukitwararika vy’ukuri abo tumaze imyaka n’iyindi tuzi be n’abo dushobora kuba tutari bwigere tubona. (3 Yoh. 5-8) Nka kurya nyene Yezu yibwiriza mu bijanye no kugaragariza abandi impuhwe, na twebwe nyene turakwiye kwama nantaryo turi abantu baruhurira abandi.​—Yes. 32:2; Mat. 11:28-30.

18 Umwe wese muri twebwe arashobora kugaragaza ubuntu mu kugira ico akoreye abandi. Nurondere uturyo two kubigira kandi wihatire kubishikako! Paulo yahimirije ati: “Mu vy’urukundo rwa kivukanyi mugiriranire ikibabarwe. Mu vyo guterana iteka mube aba mbere.” (Rom. 12:10) Ivyo bisobanura ko dukurikiza akarorero ka Kristu, tugafata abandi mu buryo burangwa igishika n’ubuntu, tukiga kubagaragariza “urukundo ruzira ubwiyorobetsi.” (2 Kor. 6:6) Urwo rukundo Kristu yari afise Paulo yarudondoye muri ubu buryo: “Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu. Urukundo ntirugira ishari, ntirwiyemera, ntirwishira hejuru.” (1 Kor. 13:4) Aho kugirira inzika abavukanyi n’abavukanyikazi bacu, ese twokwumvira impanuro igira iti: “Mucike abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.”​—Ef. 4:32.

19. Ni ivyiza ibihe biva ku kugaragaza kamere y’ubuntu nk’iya Kristu?

19 Nitwihatira gutsimbataza kamere y’ubuntu nk’iya Kristu kandi tukayigaragaza mu bihe vyose be no mu bintu vyose, tuzoronka impembo nyinshi. Impwemu ya Yehova izoshobora gukorera mw’ishengero atakiyitangira, riheze ryame ivyamwa vyiza vyayo. Vyongeye, nitwakurikiza icitegererezo Yezu yasize tukongera tugafasha abandi kubigenza gutyo, umunezero tugira mu gusenga Imana twunze ubumwe uzotuma na yo ubwayo inezerwa. Ku bw’ivyo rero, mu bijanye n’ukuntu dufata abandi, nimuze twame nantaryo twihatira kugaragaza kamere y’ubwitonzi n’ubuntu nk’izo Yezu yari afise.

Woshobora kubisigura?

• Yezu yerekanye gute ko ‘yitonda kandi ko yiyoroheje mu mutima’?

• Yezu yagaragaje gute ubuntu?

• Ni uburyo bumwebumwe ubuhe tugaragazamwo kamere y’ubwitonzi n’ubuntu nka Kristu muri iyi isi idatunganye?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 8]

Igihe umuvukanyi abuze ukwizera, nka Petero, twoba tuzoramvura ukuboko kugira ngo tumufashe?

[Ifoto ku rup. 10]

Woterera gute agacumu ku bumwe kugira ngo ishengero rirangwemwo kamere y’ubuntu?