Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Nugamburuke kandi ugire umutima rugabo nka kumwe kwa Kristu

Nugamburuke kandi ugire umutima rugabo nka kumwe kwa Kristu

Nugamburuke kandi ugire umutima rugabo nka kumwe kwa Kristu

“Nimureme! Jewe naratsinze isi.”​—YOH. 16:33.

1. Ni gute Yezu yagamburukiye Imana agaherezako?

 YEZU KRISTU yamye nantaryo akora ivyo Imana igomba. Ntiyigeze na rimwe yiyumvira ivyo kugambararira Se wiwe wo mw’ijuru. (Yoh. 4:34; Heb. 7:26) Ariko, ivyamushikiye igihe yari ng’aha kw’isi ntivyamworohereza mu ngendo yiwe yo kugamburuka. Kuva Yezu agitangura igikorwa ciwe co kwamamaza, abansi biwe, harimwo na Shetani ubwiwe, baragerageje kumujijura, kumuhata canke kumuhenda ngo ahebe ingendo yiwe yo kuba umwizigirwa. (Mat. 4:1-11; Luka 20:20-25) Abo bansi baratumye Yezu ata umutwe, bongera batuma agira umubabaro mwinshi mu mutima no ku mubiri. Amaherezo, barashoboye kumwicira ku giti co gusinzikarizwako. (Mat. 26:37, 38; Luka 22:44; Yoh. 19:1, 17, 18) Naho Yezu yashikiwe n’ivyo bintu vyose kandi agacumukuzwa bimwe bikomeye, yagumye “[a]gamburuka gushika no ku rupfu.”​—Soma Abafilipi 2:8.

2, 3. Ni ibiki dushobora kwigira ku kuba Yezu yagumye agamburuka naho yaba ariko aracumukuzwa?

2 Ivyashikiye Yezu igihe yari ng’aha kw’isi ari umuntu nkatwe vyaramwigishije kugamburuka mu bundi buryo. (Heb. 5:8) Bisa n’aho ata kindi kintu Yezu yari akeneye kwiga mu bijanye n’ugusukurira Yehova. Nakare, yari yaramaze imyaka n’iyindi afitaniye ubucuti somambike na Yehova Imana kandi yari yarabaye “umukozi [wiwe] w’umuhanga” mu gihe c’irema. (Imig. 8:30) Ariko rero, igihe yari umuntu nkatwe, ukuba yagumye yihanganye afise ukwizera naho yacumukujwe, vyaragaragaje ugutungana kwiwe kutagira agahaze. Yezu, Umwana w’Imana yarabaye umuntu ahumuye mu vy’impwemu. Ni ibiki none dushobora kwigira ku vyamushikiye?

3 Naho Yezu yari umuntu atunganye, ntiyarondeye kuguma agamburuka mu buryo butagira agahaze yihetse ku bushobozi bwiwe bwite. Yarasenga Imana ayisaba ngo imufashe kuguma agamburuka. (Soma Abaheburayo 5:7.) Kugira ngo tugume tugamburuka, na twebwe nyene turakeneye kwicisha bugufi, tugasenga Imana tuyisaba ngo idufashe. Ni co gituma intumwa Paulo yahanuye abakirisu ati: “Mugumane uyu mutima muri mwebwe ari na wo wari muri Kristu Yezu . . . [uw]icishije bugufi, a[ka]gamburuka gushika no ku rupfu.” (Flp. 2:5-8) Iyo ngendo ya Yezu yaragaragaje ko abantu bashobora kugamburuka naho baba mu kibano kibi. Ego ni ko Yezu yari atunganye, ariko none tuvuge iki ku bijanye na twebwe abantu b’abanyagasembwa?

Turashobora kugamburuka naho turi abanyagasembwa

4. Kuba twaremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo bisobanura iki kuri twebwe?

4 Adamu na Eva, Imana yabaremanye ubwenge be n’ubushobozi bwo kwihitiramwo. Kubera ko dukomoka kuri bo, na twebwe turafise ubwo bushobozi bwo kwihitiramwo. None ivyo bisobanura iki? Bisobanura yuko dushobora kwifatira ingingo yo gukora iciza canke ikibi. Mu yandi majambo, Imana yaraduhaye umwidegemvyo wo kwihitiramwo kuyigamburukira canke kuyigambararira. Naho dufise uwo mwidegemvyo ukomeye gutyo, turi n’ico tubazwa. Nkako, ingingo dufata mu bijanye n’ikibereye canke ikitabereye zirashobora gutuma turonka ubuzima canke tukabubura. Ziragira kandi ico zikoze ku bantu badukikuje.

5. Ni urugamba uruhe twese dutegerezwa kurwana, kandi tworutsinda gute?

5 Kubera ko twarazwe agasembwa, kugamburuka si ikintu gipfa kwizana. Ntivyama bitworohera kugamburuka amategeko y’Imana. Paulo yararwanye urwo rugamba. Yanditse ati: “Mbona mu bihimba vyanje irindi tegeko rirwanya itegeko ry’umuzirikanyi wanje rikanjana ndi imbohe kw’itegeko ry’igicumuro riri mu bihimba vyanje.” (Rom. 7:23) Mu vy’ukuri, usanga kugamburuka bitworohera igihe ata kigoro bidusaba, ata mubabaro canke ingorane bidutera. Ariko none tuvyifatamwo gute igihe icipfuzo dufise co kugamburuka kidahuza n’“icipfuzo c’umubiri n’icipfuzo c’amaso?” Ivyo vyipfuzo bibi biva ku gasembwa twarazwe no ku kosho k’“impwemu y’isi.” (1 Yoh. 2:16; 1 Kor. 2:12) Kugira ngo turwanye ivyo vyipfuzo, dutegerezwa ‘gutegura umutima wacu’ imbere y’uko dushikirwa n’ingorane canke ikigeragezo, tukongera tukiyemeza kuzogamburukira Yehova, naho hoza iki. (Zab. 78:8, NW) Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’abantu batsinze urwo rugamba kubera ko bari barateguye umutima wabo.​—Ezr. 7:10; Dan. 1:8.

6, 7. Tanga akarorero kerekana ingene kwiyigisha bishobora kudufasha kugira amahitamwo aranga ubukerebutsi.

6 Uburyo bumwe bwo gutegura umutima wacu ni ukwiyigisha Ivyanditswe be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya tubigiranye ubwira. Niwihe ishusho y’iki kintu. Dufate ko ari ikiringo cawe co ku mugoroba co kwiyigisha. Urahejeje gutura isengesho Yehova umusaba impwemu yiwe ngo igufashe gushira mu ngiro ivyo uza kwiga mw’Ijambo ryiwe. Waramaze gutegekanya ko ku mugoroba ukurikira uzororera kuri televiziyo isenema y’agakura. Warumvise yuko hariho abayivuga neza, yamara kandi ukaba usanzwe uzi yuko irimwo ibintu bimwebimwe biteye isoni be n’ivy’ubukazi.

7 Urazirikanye ku mpanuro Paulo yatanze dusanga mu Banyefeso 5:3, igira iti: “Ubusambanyi n’ubuhumane bw’ubwoko bwose canke umunoho, no kuvugwa ntibikavugwe muri mwebwe, nk’uko bibereye abantu beranda.” Uribuka kandi impanuro Paulo yatanze dusanga mu Bafilipi 4:8. (Soma.) Uko uzirikana kuri iyo mpanuro yahumetswe, uribajije uti: ‘Hamwe nobigira nkana ngashira umutima wanje be n’umuzirikanyi wanje kuri mwene ivyo biganiro, mbega noba ndiko nkurikiza akarorero ka Yezu ko kugamburukira Imana ata guca ku ruhande?’ None uzoca ukora iki? Woba uzoshira mu ngiro ca cipfuzo cawe co kurorera nya senema?

8. Ni kubera iki dutegerezwa kuzigama ingingo mfatirwako ziri hejuru zigenga ivy’ukwigenza runtu n’ivy’impwemu?

8 Kwoba ari ukwihenda hamwe twotitura ingingo mfatirwako twisunga mu vyo kwigenza runtu no mu vy’impwemu, kumbure twiyumvira yuko dufise ubushobozi buhagije bwo kunanira akosho kava ku kwifatanya n’abagenzi babi, no mu gihe nyene ukwo kwifatanya na bo kwoba kurimwo ivyo kwinezereza biranga ubukazi n’ubuhumbu. Ahubwo riho, dutegerezwa kwikingira kandi tugakingira abana bacu utwosho twonona tuva ku mpwemu ya Shetani. Nka kurya nyene abantu bakora uko bashoboye kwose kugira bikingire ngo ntibafatwe n’indwara yandukira, ni ko na twebwe dukwiye kuba maso mu bijanye n’ukwirinda “uruyeri” rwa Shetani.​—Ef. 6:11.

9. Ni kubera iki dutegerezwa kwiyemeza kugamburukira Yehova imisi yose?

9 Bisa n’uko mu buryo ubu canke buriya tubwirizwa buri musi guhitamwo niba tuzokora ibintu nk’uko Yehova agomba. Kugira ngo tuze turonke ubukiriro, dutegerezwa kugamburukira Imana kandi tukabaho twisunga ingingo ngenderwako ziwe zigororotse. Igihe twiganye akarorero ka Kristu ko kugamburuka “gushika no ku rupfu,” tuba tugaragaje ko dufise ukwizera nyakuri. Yehova azoduha impera nitwaguma turi abizigirwa. Yezu yasezeranye ati: “Uwihanganye gushika ku muhero ni we azokira.” (Mat. 24:13) Mu vy’ukuri, ivyo bisaba ko dutsimbataza koko umutima rugabo nk’uwo Yezu yagaragaje.​—Zab. 31:24.

Yezu ni we karorero ntangere mu vyo kugira umutima rugabo

10. Ni imikazo bwoko ki yoshobora kudushikira, kandi dukwiye kuvyifatamwo gute?

10 Kubera ko dukikujwe n’agatima be n’inyifato vy’iyi isi, turakeneye kugira umutima rugabo kugira ngo ntibitwandukire. Abakirisu barashikirwa n’imikazo mu vy’inyifato runtu, mu kibano babamwo, mu vy’ubutunzi be n’iyiva ku bo badasangiye idini, ino ikaba ishobora gutuma bata inzira za Yehova zigororotse. Benshi usanga barwanywa mu miryango yabo. Mu bihugu bimwebimwe, amashure usanga arushiriza gushira umukazo ku banyeshure mu bijanye no kwigisha ya nyigisho ivuga yuko ibiriho vyabayeho biciye kw’ihindagurika, kandi abantu benshi barushiriza kuba abahakanyi. Ntidushobora kwirengagiza mwene iyo mikazo. Dutegerezwa kugira ico dukoze kugira ngo tuyirwanye, gutyo tube twikingiye. Akarorero ka Yezu karatwereka ingene dushobora gutsinda urwo rugamba.

11. Kuzirikana ku vyerekeye akarorero ka Yezu bishobora gute gutuma turushiriza kugira umutima rugabo?

11 Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mw’isi muragira amakuba, mugabo nimureme! Jewe naratsinze isi.” (Yoh. 16:33) Ntiyigeze areka ngo atwarwe n’akosho k’isi. Ntiyigeze areka ngo isi imubuze kurangura igikorwa yari yarashinzwe co kwamamaza canke ngo itume atitura ingingo mfatirwako yisunga zigenga ugusenga kw’ukuri n’inyifato ibereye; na twebwe ni ko dukwiye kubigenza. Mw’isengesho Yezu yatuye, yavuze ku bijanye n’abigishwa biwe ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yoh. 17:16) Kwiga ivyerekeye akarorero Kristu yadusigiye mu bijanye n’ukugira umutima rugabo be no kubizirikanako birashobora kuturonsa umutima rugabo dukeneye kugira ngo tugume twitandukanije n’isi.

Niwigire kuri Yezu kamere yo kugira umutima rugabo

12-14. Tanga uburorero bwerekana ukuntu Yezu yagaragaje umutima rugabo.

12 Yezu yaragaragaje umutima rugabo mu buryo budasanzwe mu kiringo cose yamaze arangura ubusuku. Akoresheje ubukuru yari afise bwa Mwana w’Imana, “[yarinjiye] mu rusengero [ata bwoba], ahindira hanze abari mu vyo kugurishiriza no kugurira mu rusengero bose, ahenagura imeza z’abakaba amahera be n’intebe z’abariko bagurisha inuma.” (Mat. 21:12) Igihe abasoda baza gufata Yezu mw’ijoro rya nyuma yamaze ng’aha kw’isi, yarigiye imbere n’umutima rugabo kugira ngo akingire abigishwa biwe, maze avuga ati: “Nimba . . . ari jewe muriko murarondera, nimureke aba bagende.” (Yoh. 18:8) Haheze akanya gato, yarabwiye Petero gusubiza inkota mu rwubati, gutyo aba yerekanye yuko atari yizigiye ibirwanisho vy’isi, ahubwo ko yari yizigiye Yehova.​—Yoh. 18:11.

13 Yezu yarashize ku kabarore ata bwoba abigisha b’ibinyoma batagira urukundo bo mu gihe ciwe be n’inyigisho zabo z’ikinyoma. Yezu yababwiye ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mwugarira ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu; . . . mwirengagije ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ukwizigirwa. . . . Mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere vyuzuye ubusahuzi n’ukurenza urugero.” (Mat. 23:13, 23, 25) Abigishwa ba Yezu bokeneye kugira umutima rugabo nk’uwo kubera ko na bo nyene bohamwe n’indongozi z’idini z’ikinyoma kandi zikica bamwe muri bo.​—Mat. 23:34; 24:9.

14 Yezu yaranarwanije amadayimoni n’umutima rugabo. Igihe kimwe, yarahanganye n’umugabo yari yariziziwe n’amadayimoni akaze cane ku buryo ata muntu n’umwe yashobora kumubohesha umunyororo. Yezu yarirukanye ata bwoba namba nya madayimoni menshi yari yariziziye uwo mugabo. (Mrk. 5:1-13) Muri iki gihe, Imana ntiyahaye abakirisu ububasha bwo gukora ibitangaro nk’ivyo. Naho ari ukwo, mu gikorwa turangura co kwamamaza no kwigisha, na twebwe nyene dutegerezwa kurwanya mu buryo bw’impwemu Shetani, umwe “[yahumye] imizirikanyi y’abatemera.” (2 Kor. 4:4) Nka kumwe kwa Yezu, ibirwanisho dukoresha “[si] ivy’umubiri, mugabo bigirwa ivy’ububasha n’Imana ku bwo gutembagaza ibintu bihamangiye,” bino na vyo akaba ari ivyiyumviro vyo mu madini vyashinze imizi mu bantu ariko bitari vyo. (2 Kor. 10:4) Turigira vyinshi ku karorero ka Yezu biciye ku gukoresha ivyo birwanisho vyo mu buryo bw’impwemu.

15. Ni kubera iki Yezu yagaragaza umutima rugabo?

15 Yezu ntiyagaragaza umutima rugabo kugira ngo gusa atangaze abantu, ariko yabigira kubera ukwizera yari afise. Na twebwe nyene ni ko bitegerezwa kumera. (Mrk. 4:40) Dushobora gute none kugira ukwizera nyakuri? N’ubu nyene, akarorero ka Yezu ni ko twisunga. Yarerekanye ko azi Ivyanditswe bimwe bitagira agahaze kandi ko avyizigira agaherezako. Ikirwanisho Yezu yakoresha, ntiyari inkota nya nkota, ariko yari inkota yo mu buryo bw’impwemu, ni ukuvuga Ijambo ry’Imana. Akatari gake, yarashigikira inyigisho yigisha akoresheje Ivyanditswe. Akenshi yatangura amajambo yiwe mu kuvuga ati: “Vyanditswe ngo,” aho akaba yaba avuze ibiri mw’Ijambo ry’Imana. a

16. Dushobora gute kugira ukwizera gukomeye?

16 Kugira ngo dutsimbataze ukwizera kwodufasha kwihanganira ibigeragezo bibwirizwa gushikira uwo wese ahisemwo kuba umwigishwa, dutegerezwa gusoma no kwiga Bibiliya buri musi kandi tukitaba amakoraniro ya gikirisu kugira ngo dushire mu mizirikanyi yacu ibintu vy’ukuri ukwizera gushingiyeko. (Rom. 10:17) Dutegerezwa kandi kuzirikana bimwe bigera kure ku vyo twiga, tukareka bikinjira ibwina mu mutima wacu. Ukwizera kuzima ni kwo kwonyene gushobora gutuma dukorana ibintu umutima rugabo. (Yak. 2:17) Vyongeye, dutegerezwa gusenga dusaba impwemu nyeranda kubera ko ukwizera ari kimwe mu vyamwa vyayo.​—Gal. 5:22.

17, 18. Umuvukanyikazi umwe akiri muto yagaragaje gute umutima rugabo kw’ishure?

17 Umuvukanyikazi umwe akiri muto yitwa Kitty yariboneye ukuntu ukwizera nyakuri gutuma umuntu agira umutima rugabo. Kuva akiri muto cane, yari azi yuko adakwiye “[gu]terwa isoni n’inkuru nziza” kw’ishure, kandi vy’ukuri yaripfuza kubwira inkuru nziza abanyeshure bigana. (Rom. 1:16) Buri mwaka, yariyemeza kubwira abandi inkuru nziza, ariko akaguma atinyatinya bitumwe n’ukubura umutima rugabo. Igihe yari mu kurangiza imyaka yiwe y’ubuyabaga, yaragiye kwiga ku rindi shure. Yavuze ati: “Ubu ho, ngira nze nishura uturyo twose natakaje.” Kitty yarasenze asaba kugira umutima rugabo nk’uwa Kristu, kuba umuntu yiyubara no kuronka akaryo kabereye.

18 Ku musi wa mbere w’ishure, umunyeshure wese yarasabwe kwidondora. Abatari bake baravuze idini bakuriyemwo, ariko bongerako yuko batarigizemwo uruhara vy’ukuri. Kitty yaratahuye yuko ako ari ko karyo yari yarasenze asaba. Igihe na we yari ashikiriwe, yaravuze umutima uri mu nda ati: “Jewe ndi Icabona ca Yehova, kandi Bibiliya ni yo nkuramwo ubuyobozi nisunga mu bijanye n’ugusenga be n’ukwigenza runtu.” Uko yabandanya kwidondora, ni ko bamwe muri abo banyeshure baguma bamuraba urujisho. Abandi bobo baramuteze yompi maze mu nyuma baramubaza ibibazo. Mbere n’umwigisha wabo yaravuze ko Kitty ari akarorero keza mu bijanye n’ukuburanira ivyo umuntu yemera. Kitty arahimbawe cane no kuba yarigiye ku karorero Yezu yasize mu bijanye no kugira umutima rugabo.

Tugaragaze ukwizera n’umutima rugabo nka Kristu

19. (a) Kugira ukwizera nyakuri bisobanura iki? (b) Dushobora gute gutuma Yehova ahimbarwa?

19 Intumwa na zo nyene zaratahuye ko ibikorwa zokoranye umutima rugabo vyategerezwa kuba bishingiye ku kwizera. Zinginze Yezu ziti: “Twongerereze ukwizera.” (Soma Luka 17:5, 6.) Kugira ukwizera nyakuri ntibisobanura gusa kwemera ko Imana iriho. Bisaba gutsimbataza ubucuti somambike na Yehova, nka burya umwana mutoyi afitaniye na se wiwe w’umunyabuntu kandi w’umunyarukundo. Salomo ahumekewe yanditse ati: “Mwana wanje, umutima wawe ni wagira ubgenge uwanje mutima bgite uzonezerwa, mber’umushaha wanje uzohimbarwa iminwa yawe ni yavuga ibiroranye.” (Imig. 23:15, 16) Muri ubwo buryo nyene, igihe dushigikira ingingo ngenderwako zigororotse tubigiranye umutima rugabo birahimbara Yehova, kandi kumenya ivyo birarushiriza gutuma tugira umutima rugabo. Ku bw’ivyo rero, nimuze twame nantaryo twigana akarorero ka Yezu, dushigikire ubugororotsi tubigiranye umutima rugabo!

[Akajambo k’epfo]

Woshobora kubisigura?

• Ni ibiki bizodufasha kuguma tugamburuka naho turi abanyagase- mbwa?

• Ukwizera nyakuri gushingiye ku biki, kandi ivyo bishobora gute kudufasha kugira umutima rugabo?

• Ni ivyiza ibihe tuzokura ku kuba turi abantu bagamburuka kandi bagaragaza umutima rugabo nk’uwa Kristu?

[Ibibazo vy’icigwa]

[Ifoto ku rup. 13]

Woba uriko ‘urategura umutima wawe’ ku bwo kwihanganira ibigeragezo?

[Ifoto ku rup. 15]

Turashobora kugaragaza umutima rugabo ushingiye ku kwizera, nk’uko Yezu yabigize