Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Intambara yoba ijanye n’ubukirisu?

Intambara yoba ijanye n’ubukirisu?

Intambara yoba ijanye n’ubukirisu?

“Ni ingingo ngenderwako iyihe intambara iba ihonyanze kugira ngo ifatwe ko ari ubukozi bw’ikibi canke icaha? Ng’ico mu vy’ukuri ikibazo gisiga ubwenge.”​—Vyavuzwe na Oliver O’Donovan, umwigisha w’ibijanye n’inyifato zibereye abakirisu

IGICAPO kimwe cataziriwe ngo Ikimazi, kino kikaba ahanini cacapuwe ku vyabaye muri ya Ntambara ya mbere y’isi yose maze gishirwa mw’Iratiro ry’ivy’intambara ryo muri Kanada, gicafyeko imivyimba y’abasoda, abantu barushe cane bacitse kw’icumu be n’imiryango yabo iriko isubira i muhira. Hejuru y’ivyo bintu hamanitse igishusho ca Yezu Kristu abambwe ku musaraba. Abantu bamwebamwe bavyitegereza barababazwa n’uko Yezu, wa “Mukama w’amahoro,” yerekanwa iruhande y’ivyo bintu vyaranze intambara yatikije inganda. (Yesaya 9:6) Abandi na bo barakenguruka kuba abo bagabo bo mu bihugu vyabo baritanze, bakabona yuko Imana n’Umwana wayo biteze ko abakirisu barwana kugira ngo bakingire umutekano be n’umwidegemvyo w’igihugu cabo.

Abakuru b’amadini baramaze ibinjana n’ibindi bamamaza ubutumwa bushigikira ibijanye n’intambara. Mu mwaka wa 417 G.C., umunyatewolojiya umwe wa Ekeleziya yitwa Augustino yanditse ati: “Ntukwiye kwiyumvira ko ata musoda n’umwe akoresha ibirwanisho mu ntambara, ashobora kwemerwa n’Imana. . . . Abandi baba bariko bararwana n’abansi bataboneka ku bw’ineza yawe biciye ku bisabisho, magingo nawe uba uriko urarwana n’abantu b’inkazi babonwa n’amaso, ivyo ukabigira ku bw’ineza y’abo baba bariko barasenga.” Mu kinjana ca 13, uwitwa Thomas Aquinas yasiguye ko “intambara ziba zemewe kandi ata we zirenganije mu gihe zigizwe kugira bitume ntahonikora be n’abanyagihugu bose bakingirwa ububisha bw’umwansi wabo.”

None wewe uvyibazako iki? Igihe abantu bagiye kurwana mu ntumbero yo gukora ikintu gisa n’icumvikana, nk’ukurwanira umwidegemvyo w’igihugu kinaka canke kubohoza abahahajwe, Imana yoba ihezagira iyo ntambara? Ni “ingingo ngenderwako” iyihe abakirisu bokwisunga yobafasha kumenya neza ivyo Imana igomba ku bijanye n’ico kibazo?

Akarorero ka Yezu Kristu

Vyoba bishoboka ko umuntu amenya ukuntu Imana ibona ibijanye n’ikibazo kigoye cane cerekeye intambara zo mu bihe vya none? Intumwa Paulo yaremeye icese ko na twebwe vyotugoye cane, igihe yabaza ati: “‘Ni nde yamenye umuzirikanyi wa Yehova, ngo amwigishe?’ Mugabo twebwe turafise umuzirikanyi wa Kristu.” (1 Abakorinto 2:16) Kugira Yehova Imana adufashe, yararungitse Yezu ng’aha kw’isi ngo atubere Akarorero. Ivyo Yezu yavuze be n’ivyo yakoze vyagaragaza ivyiyumviro vya Yehova be n’inzira ziwe bwite. None Yezu yavuze iki ku bijanye n’intambara? Mbega hoho yari ahagaze he ku bijanye n’intambara?

Hari abokwiyumvira yuko kurwanira Yezu Kristu n’umutekano wiwe ari co kintu kibereye kuruta ibindi vyose cari gutuma bafata ibirwanisho. Imwe mu ntumwa ziwe ni ko yabibona. Igihe Yezu yagurwa maze agafatwa n’umugwi w’abantu bitwaje ibirwanisho mu gicugu, umugenzi wiwe Petero “[yaratumye] ukuboko, asokora inkota yiwe, ayikubita umushumba w’umuherezi mukuru, amukurako ugutwi.” None ico kintu Petero yakoze coba cari gifise ishingiro? Yezu yabwiye Petero ati: “Subiza inkota yawe mu kibanza cayo, kuko abafata inkota bose bazokwicwa n’inkota.”​—Matayo 26:47-52.

Ntibitangaje namba kuba Yezu yavyifashemwo gutyo. Imyaka ibiri imbere y’aho, yari yavuze ati: “Mwarumvise ko vyavuzwe ngo: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe ukanka umwansi wawe’. Ariko rero, jewe ndababwiye nti: Mushishikare gukunda abansi banyu no gusabira ababahama; kugira mwerekane ko muri abana ba So ari mw’ijuru, kuko atuma izuba rirasira ababi n’abeza, agatuma n’imvura igwira abagororotse n’abatagororotse.” (Matayo 5:43-45) Vyoba vyumvikana none kwiyumvira ko umukirisu yokunda abansi biwe kandi akabasabira mu gihe yoba ariko arwana na bo?

Kahise kerekana ko abakirisu bari bafise abansi benshi. Nk’akarorero, Abaroma baraciriye urubanza Yezu Kristu bongera baramwica. Gatoyi inyuma y’aho, kuvuga gusa ko uri umukirisu vyabonwa ko ari icaha gikomeye. Yezu yarabona ko abakirisu bohavuye bagira agatima ko gufata ibirwanisho no kugarariza agahahazo k’Abaroma, nk’uko Abayuda bamwebamwe bari barabigize. Ni co gituma yavuze ku vyerekeye abayoboke biwe ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yohani 17:16) Abakirisu bahisemwo kuguma batagira aho bahengamiye mu vya politike. Baba barenganijwe canke bagizweko iterabwoba kibure na ho igihugu babamwo kikaba ari co gishikiwe n’ivyo bintu, ivyo ntivyatuma babona ko ari imvo zumvikana zotumye bagira uruhara mu ntambara.

Bashigikira Ubwami bw’Imana

Abakirisu b’ukuri barakoze nk’uko Yezu yavyipfuza maze baguma batagira aho bahengamiye. Rimbura ivyabaye mu gisagara ca kera co muri Aziya Ntoya, ico na co kikaba ari ico muri Ikoniyo. “Igihe abanyamahanga n’Abayuda hamwe n’abatware babo bagerageza n’ubukazi n’akantu [kugirira] nabi bimwe biteye isoni [Paulo na Barunaba] no kubatera amabuye, aho babimenyesherejwe bahungira mu bisagara vya Likawoniya, Lisitira na Derube no mu gihugu co mu micungararo; hanyuma ng’aho babandanya kumenyesha inkuru nziza.” (Ibikorwa 14:5-7) Urabona ko igihe abakirisu barwanywa bimwe bikaze, bataciye bafata ibirwanisho kugira ngo birwanire, eka kandi ntibihoye. Ahubwo nyabuna, babandanije kwamamaza “inkuru nziza.” Ni inkuru nziza iyihe bamamaza?

Abo bakirisu bamamaza ubutumwa nka burya nyene Yezu yamamaza. Yezu yavuze ati: “Ntegerezwa kumenyesha . . . inkuru nziza y’ubwami bw’Imana.” (Luka 4:43) Yezu n’abayoboke biwe baburanira Ubwami bw’Imana. Kristu ntiyigeze akoresha igisirikare c’igihugu kinaka kugira ngo arwanire ubwo Bwami. Yavuze ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si. Iyo ubwami bwanje buba ari ubwo muri iyi si, abasuku banje bari kurwana ngo sinshikirizwe Abayuda. Mugabo, nk’uko biri, ubwami bwanje ntibukomoka ino.”​—Yohani 18:36.

‘Nimugiriranire urukundo hagati yanyu’

Ukutagira aho umuntu ahengamiye mu gihe c’intambara ni kamere iranga ugusenga kw’ukuri. Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje, nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.” (Yohani 13:35) Hari abantu amamiliyoni bahimbawe no kuba barubuye umugwi w’abantu bagaragaza mwene urwo rukundo, naho batyekezwa, bagapfungwa canke bakicwa bahorwa ko banse gufata ibirwanisho.

Mu bihugu vy’i Buraya vyari vyiganziwe n’Abanazi, abategetsi barapfunze Ivyabona vya Yehova bashika 10.000 kubera ko batagira aho bahengamiye, harimwo n’abashika 3.000 barungitswe mu makambi y’itunatuniro. Magingo ivyo vyariko biraba, Ivyabona barenga 4.300 muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika barapfunzwe bahorwa ko banse kuja mu gisirikare. Baba ivyo Vyabona bo mu Budagi canke abo muri Amerika, nta n’umwe muri bo yafashe ibirwanisho maze ngo arwanye abavukanyi biwe kibure uwundi muntu uwo ari we wese. Boshoboye gute none gufata ibirwanisho hanyuma bakabandanya bavuga ko bagiriranira urukundo hagati yabo be n’uko bakunda abantu nkabo?

Abantu benshi babona ko kurwana ari ikintu gikenewe kugira ngo umuntu yirwanire. Ariko rimbura kino kintu: Naho abakirisu bo mu kinjana ca mbere bahamwe bunyamaswa kandi bakaba baranse kurwanya ababahama, bararusimvye. Inganji y’Abaroma yari ifise ububasha bukomeye ntiyashoboye kurandurana n’imizi ubukirisu. No muri iki gihe abakirisu b’ukuri baguma batera imbere nk’umuzinga, vyongeye baguma batagira aho bahengamiye. Aho kwifatira ibintu mu minwe, bahanga amaso Imana bizigiye ko ibafasha. Ijambo ryayo Bibiliya rivuga riti: “Ntimwihore, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake; kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’”​—Abaroma 12:19.

[Uruzitiro ku rup. 30]

Intambara Imana yigeze kuba ihezagira

Abisirayeli bo mu gihe ca kera, bano bakaba bari bagize ihanga Imana ubwayo yari yaritoreye hasigaye ibinjana n’ibindi imbere y’uko ubukirisu bushingwa, rimwe na rimwe barahabwa uburenganzira bwo gukoranya ingabo maze zikaja kurwana. Imbere y’uko Abisirayeli binjira i Kanani, ca gihugu Imana yari yarasezeraniye Aburahamu, babwiwe bati: “Uhoraho Imana yanyu ni yama- ra [kugabura amahanga indwi] mu maboko yanyu, mukabatsinda, muze mubarandure. Ntimuze mugire isezerano musezerana na bo, canke ngo mubagirire akagongwe.” (Gusubira mu vyagezwe 7:1, 2) Ku bw’ivyo, Umujenerali w’Umwisirayeli ari we Yosuwa, yaranesheje ayo mahanga yabarwanya “nk’uko Uhoraho Imana y’Abisirayeli yavuze.”​—Yosuwa 10:40.

Abisirayeli boba barigarurira bunyamaswa ivyo bihugu vy’abanyamahanga barondera n’umwina n’akantu kubiganza? Habe namba! Ayo mahanga yari yuzuyemwo ugusenga ibigirwamana, ugusesa amaraso be n’ingeso zononekaye ziranga ubuhumbu. Mbere n’abana baricirwa mu muriro batanzweko ibimazi. (Guharūra 33:52; Yeremiya 7:31) Ubweranda bw’Imana, ubutungane bwayo be n’urukundo ikunda abasavyi bayo ni vyo vyayisunikiye gukura muri ico gihugu ubwo buhumane bwose. Naho vyari ukwo, Yehova yabanje gusuzuma imitima y’abantu bose, ico kikaba ari ikintu ata mukomanda n’umwe wa gisirikare ashobora gukora muri iki gihe, maze araziguriza abari bafise umutima ukunze wo guheba inzira zabo mbi maze bakamukorera.

[Ifoto ku rup. 31]

Yezu yoba yari yiteze ko abayoboke biwe bamurwanira canke barwanira abakirisu bagenzi babo?

[Ifoto ku rup. 31]

Uwu ni umugwi w’Ivyabona vya Yehova inyuma y’aho barekuriwe mw’ikambi ry’itunatuniro ry’i Buchenwald mu 1945